ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g19 no. 2 rup. 14-15
  • Imico myiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imico myiza
  • Be maso!—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IMICO MYIZA NI IKI?
  • KUBERA IKI KUGIRA IMICO MYIZA BIHAMBAYE?
  • INGENE WOKWIGISHA UMWANA WAWE IMICO MYIZA
  • 7 Imico myiza
    Be maso!—2018
  • Imico runtu ngirakamaro vy’ukuri
    Be maso!—2013
  • Kuzigamwa n’imico runtu idata igihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Kurangura ibanga ujejwe ry’ubuvyeyi
    Be maso!—2012
Ibindi
Be maso!—2019
g19 no. 2 rup. 14-15
Agakobwa kariko karitegereza nyina agira asubize agasakoshi umugore yari agataye

ICIGWA CA 6

Imico myiza

IMICO MYIZA NI IKI?

Umuntu w’imico myiza usanga atahura neza ikibereye n’ikitabereye, kandi ntaza arabihindagura bivanye n’uko ibintu biba vyifashe. Ahubwo inyifato yiwe yama yisunga ingingo ngenderwako yigishijwe, n’igihe aba ari ahantu ata n’umwe amubona.

KUBERA IKI KUGIRA IMICO MYIZA BIHAMBAYE?

Abana bumva ibintu vyinshi bitari vyo ku bijanye n’ikibereye be n’ikitabereye. Hari ivyo bumvira ku banyeshure bagenzi babo, mu miziki, mu masinema no mu biganiro vyo kuri televiziyo. Ivyo rero birashobora gutuma batangura gukekeranya ku vyo bigishijwe ko bibereye canke bitabereye.

Ivyo bikunda gushikira canecane imiyabaga. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, ico gihe “baba bakeneye gutahura ko urunganwe rwabo be n’ibimenyeshamakuru bizobaremera kugira bigenze mu buryo butuma bemerwa na benshi. Baba bakeneye no kwiga gufata ingingo zihuye n’ivyo bazi ko bibereye, naho zoba zitandukanye n’ivyo abagenzi babo bashaka.” Biragaragara rero ko abana bakwiye kumenyerezwa imbere y’uko bashika mu buyabaga.

INGENE WOKWIGISHA UMWANA WAWE IMICO MYIZA

Mwigishe ikibereye n’ikitabereye.

ICO BIBILIYA IVUGA: ‘Abantu bahumuye baramenyereza ububasha bwabo bwo gutegera kugira batandukanye iciza n’ikibi.’​—Abaheburayo 5:14.

  • Koresha amajambo ahushanya iciza n’ikibi. Fatira ku biba mu buzima bwa misi yose maze uvuge uti: “Iki ni ciza, iki na co ni kibi.” “Iki cerekana ko uri umwizigirwa, iki na co ko uri umuhemu.” “Iki kiranga ubuntu, iki na co ntikiranga ubuntu.” Ivyo bizotuma umwana wawe ateba akamenya ico yokora n’ico atokora.

  • Musigurire igituma kimwe kibereye ikindi kitabereye. Nk’akarorero, mubaze uti: Kubera iki kuvugisha ukuri ari vyiza? Kubesha bishobora gute kwonona ubugenzi ufitaniye n’abandi? Kubera iki kwiba ari bibi? Fasha umwana wawe kuzirikana, ku buryo azogenda aratahura ikibereye n’ikitabereye.

  • Vuga ivyiza vyo kwigenza runtu. Womubwira uti: “Niwaba imvugakuri, abandi bazokwizigira” canke uti: “Niwagira umutima mwiza, bizokworoha ko abandi bakwiyegereza.”

Gerageza gutuma mwese mu muryango muvyumva kumwe

ICO BIBILIYA IVUGA: “Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.”​—2 Abakorinto 13:5.

  • Umuryango wanyu wose ukwiye kubaho ukurikiza imico mwahisemwo kwisunga, ku buryo mwovuga ata mutima usimba muti:

    • “Mu muryango iwacu ntitubesha.”

    • “Ntiturwana canke ngo dukankamirane.”

    • “Ntidushwana canke ngo dutukane.”

Umwana wawe azoca abona ko izo ngingo ngenderwako mwisunga atari amategeko mupfa gukurikiza gusa, ahubwo ko ari ko umuryango wanyu wipfuza kubaho.

  • Nuganire kenshi n’umwana wawe imico umuryango wanyu wisunga. Fatira ku biba mu buzima bwa misi yose kugira umwigishe. Womwereka itandukaniro ry’imico mwisunga n’ibivugwa mu bimenyeshamakuru canke kw’ishure. Woshobora guca umubaza uti: “Iyaba ari wewe wari gukora iki?” “Umuryango wacu wari kuvyifatamwo gute?”

Mufashe gushikama.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza.”​—1 Petero 3:16.

  • Mukeze ku nyifato nziza. Igihe cose umwana wawe yigenjeje neza, mukeze umusigurire n’igituma ubigize. Nk’akarorero womubwira uti: “Vyampimbaye kubona wavugishije ukuri.” Igihe na ho yemanze ko yakoze ikosa, banza umushimire kubona avugishije ukuri, ubone kumukosora.

  • Mukosore ku nyifato mbi. Fasha umwana wawe kwemanga ingaruka z’ivyo akora. Abana barakwiye kumenya amakosa bakoze be n’ingene inyifato yabo yaciye kubiri n’iyo umuryango ugenderako. Hari abavyeyi bagonanwa kubibwira abana babo ngo bohava bababaza. Ariko rero, kuganira n’umwana wawe ibijanye n’inyifato mbi yagaragaje bizomufasha kwirinda ikibi muri kazoza.

Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’ukurera abana, ja kuri jw.org.

Agakobwa kariko karitegereza nyina agira asubize agasakoshi umugore yari agataye

MUMENYEREZE HAKIRI KARE

Igihe abana babona ko abavyeyi babo ari imvugakuri bituma na bo birinda guhemuka, n’igihe ata wundi aba ababona

Bigishe biciye ku karorero

  • Mu vyo mvuga no mu vyo nkora, abana banje boba babona ko nkurikiza ingingo ngenderwako umuryango wacu wisunga?

  • Jewe n’uwo twubakanye, twoba dutanga akarorero mu bijanye no kuzisunga?

  • Noba ndazirengagiza nkisigura mvuga ko abakuze bavyemerewe?

Ivyo twakoze . . .

“Twarabwira abana bacu ivyiza abandi bantu bironkeye kubera ukwigenza neza. Twaranababwira ingorane zashikiye abatigenjeje neza. Igihe abana bacu batubwira ibijanye n’umugenzi wabo atigenjeje neza, twaciye tubiganirako kugira ngo ntibaze bamwigane.”​—Nicole.

“Igihe umukobwa wacu yari akiri muto cane, twarakunda kumubwira ko yashobora guhitamwo kimwe muri bibiri: gukora ikibi canke iciza. Twaca tumwereka n’ingaruka za kimwekimwe cose. Ivyo vyatumye yiga gufata ingingo. Vyaramuhaye icigwa gihambaye narirya umuntu yama afata ingingo mu buzima, uko yoba angana kwose.”​—Yolanda.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika