Niwige Wongere Wigishe Inyifato Runtu ya Gikirisu
“Nuko wewe wigisha abandi, mbega ntiwiyigisha?”—ABAROMA 2:21.
1, 2. Ni imvo izihe ufise zituma ushaka kwiga Bibiliya?
URAFISE imvo nyinshi zotuma wiga Ijambo ry’Imana. Kumbure ushaka kumenya ido n’ido ry’ibiri muri ryo, ku bijanye n’abantu, ivyabaye, ibibanza n’ibindi bintu. Ushaka kumenya ukuri mu vyerekeye inyigisho, ugutandukanye n’ibinyoma vy’amadini, nk’Ubutatu canke umuriro udahera. (Yohana 8:32) Ushaka kandi gushika ku kumenya Yehova neza kugira ngo ushobore kurushiriza kumera nka we no kugendera imbere yiwe mu buryo bugororotse.—1 Abami 15:4, 5.
2 Imvo ijanye n’ivyo kandi ihambaye ituma wiga Ijambo ry’Imana ni ukugira ngo wironse ibikwiye vyose kugira wigishe abandi: abo ukunda, abo muzinanyi, eka mbere n’abo utaramenya. Gukora ivyo, si ikintu Abakirisu b’ukuri bagira bishakiye. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Nuko ni mugende, muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.”—Matayo 28:19, 20.
3, 4. Ni kubera iki ari agateka kuri wewe kwigisha nk’uko Yezu yategetse?
3 Kwiga Bibiliya ufise icipfuzo co kwigisha abandi ni vyiza kandi bishobora kuba isoko ry’ugushira akanyota kuramba. Kwigisha wamye ari umwuga wubahwa. Inkoranyabumenyi imwe (Encarta Encyclopedia) ivuga iti: “Mu Bayuda, abakuze babona abigisha ko ari indongozi zijana ku bukiriro, kandi bahimiriza abana gutera iteka abigisha babo kurusha mbere uko batera iteka abavyeyi babo.” Biratera iteka canecane ku Bakirisu kwiyigisha Bibiliya ubwabo hanyuma bakigisha abandi.
4 “Abantu benshi baraja mu vy’ukwigisha kurusha iyindi myuga iyo ari yo yose. Nk’abagabo n’abagore imiliyoni 48 hirya no hino kw’isi ni abigisha.” (The World Book Encyclopedia) Umwigisha wo mw’isi ashingwa kwigisha abakiri bato, kandi ashobora kubagirako akosho mu myaka n’iyindi iba ikiri imbere. Bivamwo ikintu kinini mbere kuruta igihe ugamburutse itegeko rya Yezu ryo kwigisha abandi; urashobora kubagirako akosho gatuma bagira kazoza k’ibihe bidahera. Intumwa Paulo yarashimitse kuri ivyo igihe yahimiriza Timoteyo ati: “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko niwagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.” (1 Timoteyo 4:16, ni twe tubihiritse.) Egome, ukwigisha kwawe kurimwo ubukiriro.
5. Ni kubera iki ukwigisha kw’Umukirisu kuri hejuru y’ibindi vyose?
5 Kwiyigisha maze ukigisha abandi, umwe Soko riri hejuru ya vyose, ari we Segaba w’ijuru n’isi ni we abirekura akaba ari na we abiyobora. Ico ubwaco ni co gituma uwo muce wo kwigisha urushiriza gushirwa hejuru y’ibindi bintu ivyo ari vyo vyose vyo mw’isi, kwaba ugutanga inyigisho z’ishimikiro, ubuhanga bwo mu vy’akazi, canke mbere n’ubuhinga mu vy’ubuvuzi. Ukwigisha kw’Umukirisu gusaba ko umutohoji yiga ubwiwe kwigana Umwana w’Imana Kirisitu Yezu, kandi akigisha n’abandi kugira nk’uko.—Yohana 15:10.
Ni Kubera Iki Wokwiyigisha?
6, 7. (a) Ni kubera iki dutegerezwa kubanza kwiyigisha? (b) Ni mu buhe buryo Abayuda bo kinjana ca mbere bari barananiwe mu vyo kuba abigisha?
6 Ni kubera iki bivugwa ko dutegerezwa kubanza kwiyigisha? Emwe, ntidushobora kwigisha abandi nk’uko bikwiriye niba tutabanje kwiyigisha. Ico kintu Paulo yaragishimitseko mu murongo usaba kuzirikana wari n’ico uvuze ku Bayuda b’ico gihe ariko kandi urimwo ubutumwa buhambaye ku Bakirisu muri iki gihe. Paulo yabajije ati: “Nuko wewe wigisha abandi, mbega ntiwiyigisha? Wewe wihaniza abība, weho ntiwiba? Wewe ubabuza gusambana, weho ntusambana? Wewe wanka ibishushanyo vy’ibigirwamana, weho ntiwiba ivyo mu nsengero zavyo? Wewe wirata ivyagezwe, mbega ntugayisha Imana kuk’ubicumurako?”—Abaroma 2:21-23.
7 Akoresheje ibibazo bifasha umuntu kuzirikana, Paulo yarasubiyemwo ivyaha bibiri ya Mabwirizwa Cumi yavuga ata guca irya n’ino: Ntukibe na ntugasambane. (Kuvayo 20:14, 15) Abayuda bamwebamwe bo mu gihe ca Paulo barirata ko bari bafise Ivyagezwe vy’Imana. ‘Bigishijwe ivyo mu Vyagezwe, kandi bishima yuko bashobora kujana impumyi, kandi ko bari umuco w’abari mu mwiza, n’abigisha b’utwana.’ (Abaroma 2:17-20) Ariko rero, bamwebamwe bari indyadya kubera biba canke bagakora ubusambanyi mu mpisho. Ivyo vyaratukisha Ivyagezwe be n’Uwo bikomokako ari mw’ijuru. Ushobora kubona ko batari bakwije ibisabwa kugira bigishe abandi; mbere mu vy’ukuri ntibiyigisha ubwabo.
8. Ni mu buryo ki Abayuda bamwebamwe bo mu gihe ca Paulo ‘biba ivyo mu nsengero’?
8 Paulo yaravuze ivy’ukwiba mu nsengero. Abayuda bamwebamwe boba vy’ukuri ivyo barabikora? Ni igiki Paulo yari afise mu muzirikanyi? Ata kurya umunwa, turavye amakuru makeyi dusanga muri ico canditswe, ntidushobora guca tuvuga ukuntu Abayuda bamwebamwe ‘biba ivyo mu nsengero.’ Imbere y’aho, umukuru w’igisagara c’i Efeso yavuze ko abagendanyi ba Paulo ‘bativye ivyo mu ngoro z’imana,’ ivyo vyerekana yuko n’imiburiburi abantu bamwebamwe biyumvira ko Abayuda ari bo bagirizwa ico kintu. (Ivyakozwe 19:29-37) Boba ubwabo bariko bakoresha canke bagurisha ibikoresho vy’agaciro vyavuye mu nsengero z’abapagani vyari vyaribwe na bene kunesha canke abanyeshaka bo mu madini? Nk’uko Ivyagezwe vy’Imana bivuga, izahabu n’ifeza vy’ibigirwamana vyategerezwa guturirwa, umuntu ntiyabitwara kuvyikoreshereza. (Gusubira mu Vyagezwe 7:25)a Ni co gituma Paulo ashobora kuba yariko akikiririza ku Bayuda birengagiza itegeko ry’Imana bagakoresha ibikoresho vyavuye mu nsengero za gipagani canke bakavyikorako.
9. Ni ingeso mbi izihe zerekeye urusengero rw’i Yeruzalemu zishobora kuba zari zimeze nk’ukwiba ivyo mu rusengero?
9 Ku rundi ruhande, Josèphe yaravuze ivy’ikintu c’ikizira cakozwe i Roma n’Abayuda bane, bakaba bari barongowe n’umwigisha w’Ivyagezwe. Abo uko ari bane barajijuye Umuromakazi umwe, uwahindukiriye idini y’Abayuda ngo abahe izahabu be n’ibindi bintu vy’agaciro bwa ntererano yo mu rusengero i Yeruzalemu. Amaze kubaha ivyo bintu, baravyikoreshereje ubwabo, ivyo bikaba vyari nk’ukwiba ivyo mu rusengero.b Mu bundi buryo abandi bariko bariba ivyo mu rusengero rw’Imana mu gutanga amashikanwa yononekaye no mu kuremesha ubucuruzi burimwo umwina mu bibuga vyarwo, urusengero baruhindura “isenga ry’abambuzi.”—Matayo 21:12, 13; Malaki 1:12-14; 3:8, 9.
Niwigishe Inyifato Runtu ya Gikirisu
10. Dukwiye kudahusha ikihe ciyumviro nyamukuru kiri mu majambo ya Paulo ari mu Baroma 2:21-23?
10 Ingeso izo ari zo zose zagirwa mu kinjana ca mbere zirimwo ukwiba, ugusambana, ukwiba ivyo mu rusengero Paulo yariko akikiririzako, nimuze ntiduhushe iciyumviro nyamukuru kiri mu vyo yavuze. Yabajije ati: “Nuko wewe wigisha abandi, mbega ntiwiyigisha?” Biragaragara ko uburorero Paulo yavyuye bwari bwerekeye inyifato runtu ya gikirisu. Aha intumwa ntiyashimikiye ku nyigisho za Bibiliya canke kuri kahise. Ukwiyigisha be n’ukwigisha abandi Paulo yerekejeko kurafitaniye isano n’inyifato runtu ya gikirisu.
11. Ni kubera iki ukwiye kwitwararika inyifato runtu ya gikirisu uko wiga Ijambo ry’Imana?
11 Kuri twebwe, gushira mu ngiro icigwa kiri mu Baroma 2:21-23 bisigura kwiga inyifato runtu ya gikirisu mw’Ijambo ry’Imana, tugakora ibihuye n’ivyo twiga, maze tukabona kwigisha abandi kugira nk’ukwo nyene. Uko wiga Bibiliya rero, nube maso ku vyo ingingo mfatirwako za Yehova zikuwemwo inyifato runtu ya gikirisu zerekana. Nuzirikane ku mpanuro be n’ivyigwa usanga muri Bibiliya. Hanyuma n’uburindutsi n’akantu ushire mu ngiro ivyo wiga. Kandi kubigira bisaba ubutinyutsi bufatanije n’umwiyemezo. Biroroshe ku bantu b’abanyagasembwa gutsimbataza agatima ko kwisigura, berekana igituma ukwo ibintu vyifashe bituma birengagiza inyifato runtu ya gikirisu mu gihe kinaka canke mbere bikanasaba ko bayirengagiza. Kumbure ba Bayuda Paulo yavuga bari barakanongoreye mu vy’ukwiyumvira nk’uko kw’uruyeri bizigiye kwisigura ku bandi canke kubazimiza. Naho ari ukwo, amajambo ya Paulo arerekana yuko inyifato runtu ya gikirisu umuntu adategerezwa kuyifata minenegwe canke kuyirengagiza uko yigombeye.
12. Ukwigenza neza canke nabi bishobora gute kugira ico bikoze kuri Yehova Imana, kandi ni kubera iki kugumiza ico kintu mu muzirikanyi bifasha?
12 Iyo ntumwa yarashize ahabona imvo nyamukuru ituma wiga, hanyuma ugashira mu ngiro inyifato runtu usanga muri Bibiliya. Ukwigenza nabi kw’Abayuda kwarasize iceyi Yehova: “Wewe wirata ivyagezwe, mbega ntugayisha Imana kuk’ubicumurako? Izina ry’Imana muritukisha mu mahanga.” (Abaroma 2:23, 24) Ni ko biri no muri kino gihe, mu gihe twirengagije inyifato runtu ya gikirisu, dutukisha umwe Soko wayo. Tubinyuranije, mu gihe twumiye ku ngingo mfatirwako z’Imana dushikamye, bituma abonwa neza, bikamutera iteka. (Yesaya 52:5; Ezekiyeli 36:20) Kumenya ico kintu, birashobora gukomeza umwiyemezo wawe mu gihe uhanganye n’inyosha mbi canke ibintu bishobora gutuma kwirengagiza inyifato runtu ya gikirisu bishobora kuba bwo buryo bworoshe gukora kuruta canke bwo buryo bubereye rwose gukora. Bisubiye, amajambo ya Paulo aratwigisha ikindi kintu. Uretse ukumenya ubwawe ko uburyo wigenza bigira ico bikoze ku Mana, uko wigisha abandi, nubafashe kubona yuko ukuntu bashira mu ngiro ingingo mfatirwako z’inyifato runtu bariko biga bizogira ico bikoze kuri Yehova. Si uko gusa inyifato runtu ya gikirisu ituma umuntu agira ubuhirwe kandi igakingira amagara yiwe. Biragira kandi ico bikoze kuri Umwe yashiraho iyo nyifato runtu akaba ari na we ayiremesha.—Zaburi 74:10; Yakobo 3:17.
13. (a) Bibiliya idufasha gute ku bijanye n’inyifato runtu? (b) Tanga iciyumviro nyamukuru kiri mu mpanuro iri mu 1 B’i Tesalonike 4:3-7.
13 Inyifato runtu iragira ico ikoze no ku bandi bantu. Ivyo urashobora kubibonera mu burorero buri mw’Ijambo ry’Imana bwerekana agaciro ko gukurikiza ingingo mfatirwako z’Imana z’ivy’inyifato runtu be n’ingaruka ziva mu kuzirengagiza. (Itanguriro 39:1-9, 21; Yosuwa 7:1-25) Urashobora kandi kubona nk’iyi mpanuro itomoye y’ivy’inyifato runtu igira iti: “Ico Imana igomba, n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi; kugira ng’umuntu wese muri mwebge amenye kuganziriza uwiwe mubiri mu kwezwa no mu kuwubaha, atari mu buryo bgo kwāngāza umutima mu vyifuzo, nk’ukw abanyamahanga batazi Imana bagira; ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, [“ntababaze kandi ngo arenge ku burenganzira bwa,” NW] mwene Data wundi kur’ivyo, . . . Kukw Imana itāduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.”—1 Ab’i Tesalonike 4:3-7.
14. Ni ibiki ushobora kwibaza ku bijanye n’impanuro iri mu 1 B’i Tesalonike 4:3-7?
14 Hafi uwo ari we wese arashobora kubona ko ubushegabo muri uwo murongo buteye kubiri n’inyifato runtu ya gikirisu. Yamara rero, urashobora kurushiriza gutahura uwo murongo. Ibisomwa bimwebimwe biratanga uburyo bwo kwiga no kuzirikana cane, bigatuma umuntu abona kure. Nk’akarorero, ushobora kwiyumvira ico Paulo yashaka kuvuga igihe yavuga ko kwisuka mu busambanyi bishobora gutuma umuntu ‘ababaza kandi akarenga ku burenganzira bwa mwene Data wundi kur’ivyo.’ Ni uburenganzira ubuhe buvugwa, kandi ugutahura neza ivyo bizotuma wumira gute ku nyifato runtu ya gikirisu? Ibiva muri ubwo bushakashatsi bishobora gute kurushiriza kukuronsa ibikenewe kugira wigishe abandi wongere ubafashe gutera iteka Imana?
Niwige Kugira Wigishe
15. Ni ibikoresho ibihe ushobora gukoresha mu kwiyigisha biciye ku nyigisho ya wenyene?
15 Ivyabona vya Yehova barafise ibikoresho bikorako kugira ngo bagire ubushakashatsi bw’ibibazo bivyuka uko batohoza kugira biyigishe canke bigishe abandi. Igikoresho kimwe kiboneka mu ndimi nyinshi ni ca gitabu c’ironderero Index des publications de la Société Watch Tower. Niba wokironka, urashobora kugikoresha kugira umenye aho amakuru aherereye mu bitabu bishingiye kuri Bibiliya vy’Ivyabona vya Yehova. Urashobora kugira ubushakashatsi ukurikije ibiganiro canke ahatondetswe imirongo ya Bibiliya. Ikindi gikoresho kiboneka ku Vyabona vya Yehova kiri mu ndimi nkurunkuru nyinshi, ni ya Watchtower Library. Iyo porogarama ya orodinateri iri ku kadisiki kitwa CD-ROM kegeranirijwemwo ibisohokayandikiro vyinshi biri mu buryo bwa elegitoronike. Porogarama yayo irashoboza umuntu kurondera ibiganiro be n’ico ivyanditswe vyavuzweko. Niba ushobora kuronka kimwe canke ivyo bikoresho vyose, niwame ubikoresha uko wiga Ijambo ry’Imana kugira wigishe abandi.
16, 17. (a) Ni hehe ushobora gukura insasanuro zitanga umuco ku burenganzira buvugwa mu 1 B’i Tesalonike 4:6? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe umusambanyi ashobora kurenga ku burenganzira bw’abandi?
16 Reka dufate akarorero kamaze kuvugwa, ko mu 1 B’i Tesalonike 4:3-7. Havyutse ikibazo cerekeye uburenganzira. Ni uburenganzira bwa nde? Kandi ubwo burenganzira umuntu ashobora gute kuburengako? Wifashishije vya bikoresho vy’ukwiga vyavuzwe, urashobora kumbure kuronka insasanuro zitari nke zitanga umuco kuri iyo mirongo, eka mbere no ku burenganzira Paulo yavuze. Ushobora gusoma insasanuro nk’izo mu gitabu Étude perspicace des Écritures, Imbumbe ya 1, urupapuro rwa 920-921; La paix et la sécurité véritables: comment est-ce possible? (Amahoro n’Umutekano Nyakuri:—Ushobora Kubironka Gute?) urupapuro rwa 145; Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1989, urupapuro rwa 31.
17 Ubandanije gutohoza, uzobona ko ivyo bisohokayandikiro vyerekana ukuntu amajambo ya Paulo ari ay’ukuri. Umusambanyi aracumura ku Mana kandi akikwegera indwara. (1 Ab’i Korinto 6:18, 19; Abaheburayo 13:4) Umugabo yisuka mu busambanyi ararenga ku burenganzira butandukanye bw’umugore bakoranye icaha. Amubuza kugira impagararo idahumanye mu vy’inyifato runtu, be n’ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi. Niba nya mukobwa ari umwirebange, aba arenze ku burenganzira bwiwe bwo kwabirwa akiri isugi be no ku burenganzira bw’umugabo azomutwara bwo kwitega ko akiri isugi. Arababaza abavyeyi b’umukobwa be n’umugabo wiwe niba yubatse. Umugabo w’igihumbu aronona uburenganzira bw’umuryango wiwe bwo kuvugwa ko ufise inyifato runtu idahumanye. Niba ari mu bagize ishengero rya gikirisu, araritukisha, akonona ukuvugwa neza kwaryo.—1 Ab’i Korinto 5:1.
18. Wungukira gute ku nyigisho ya Bibiliya yerekeye inyifato runtu ya gikirisu?
18 None insasanuro nk’izo zerekeye uburenganzira ntizituma uwo murongo ugufindurira ibintu vyinshi? Ukwiga nk’ukwo nta nkeka ni ukw’agaciro kanini. Uko ukubandanya, uba uriko uriyigisha. Ugutahura kwawe ukuri be n’ingaruka ubutumwa bw’Imana bugira kurakura. Urakomeza umwiyemezo wawe wo kwumira ku nyifato runtu ya gikirisu naho hokwaduka inyosha mbi imeze gute. Kandi niwiyumvire ingene urushiriza kuba umwigisha kirumara! Nk’akarorero, igihe wigisha abandi ukuri kwa Bibiliya, urashobora kwerekana uburyo bwo gutahura 1 Ab’i Tesalonike 4:3-7, ukaba uriko utuma barushiriza gutegera no guha agaciro inyifato runtu ya gikirisu. Gutyo, ugutohoza kwawe kurashobora kugufasha bigafasha kandi n’abandi benshi gutera iteka Imana. Aha twavuze akarorero kamwe gusa, kavuye mw’ikete Paulo yandikiye Abanyatesalonike. Hariho iyindi mice myinshi y’inyifato runtu ya gikirisu, be n’ubundi burorero bwinshi n’izindi mpanuro nyinshi vyo muri Bibiliya bijana ushobora kwiga, gushira mu ngiro no kwigisha.
19. Ni kubera iki ari nkenerwa ko wumira ku nyifato runtu ya gikirisu?
19 Nta gukeka gushobora kuhaba ku vyerekeye ubukerebutsi buri mu kuguma umuntu adahumanye mu nyifato runtu ya gikirisu. Yakobo 3:17 havuga yuko “ubu[kerebutsi] buva mw ijuru,” ni ukuvuga buva kuri Yehova Imana ubwiwe, “irya mbere buratunganye.” Ivyo biragaragara ko birimwo gukurikira ingingo mfatirwako z’Imana z’ivy’inyifato runtu. Mu bisanzwe, Yehova asaba ko abamuserukira mu kwigisha Bibiliya baba uburorero bwiza mu vy’ukugira “umutima utanduye.” (1 Timoteyo 4:12) Ukuntu abigishwa bo mu ntango, nka Paulo na Timoteyo bari babayeho vyaravyerekanye; baririnze ubushegabo, Paulo mbere yandika ati: “Arik’ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk’uko bibereye abera: cank’ibiteye isoni, cank’amagambo y’ubupfu, cank’ibitwenza bibi.”—Abanyefeso 5:3, 4.
20, 21. Ni kubera iki wemeranya n’ivyo intumwa Yohani yanditse, nk’uko biri muri 1 Yohana 5:3?
20 Naho ingingo mfatirwako z’ivy’inyifato runtu ziri mw’Ijambo ry’Imana zitomoye kandi zirashe, si umuzigo ucinyiza. Ivyo vyaragaragariye kuri Yohani, intumwa yaramvye kurusha izindi zose. Yisunze ivyo yari yarihweje mu myaka mirongo y’ubuzima, yaramenye ko inyifato runtu ya gikirisu itababaza. Ahubwo, yagaragaye ko ari nziza, ngirakimazi be n’umuhezagiro. Yohani yarashimitse kuri ivyo mu kwandika ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibi[tureme]ra.”—1 Yohana 5:3.
21 Ariko rero, urabona ko Yohani atavuze ukugamburukira Imana mu gukurikiza inyifato runtu ya gikirisu ko ari yo ngendo nziza kubera gusa bidukingira ingorane, ingaruka mbi z’ugukora ibiteye kubiri na yo. Avuga ibintu mu buryo buranga ukubona ibintu neza, ubwa mbere ni mu kwemera icese ko ukwo kugamburukira Imana ari uburyo bwo guserura ko dukunda Yehova Imana, akaryo k’agaciro ko kugaragaza ko tumukunda. Mu vy’ukuri, kwiyigisha canke kwigisha abandi gukunda Imana bisaba ko twemera kandi tugashira mu ngiro ingingo mfatirwako zayo ziri hejuru. Egome, bisigura kwiyigisha ubwacu no kwigisha n’abandi inyifato runtu ya gikirisu.
[Utujambo tw’epfo]
a Naho adondora ko Abayuda batafata nabi ibintu vyeranda, Josèphe yasubiyemwo itegeko ry’Imana muri ubu buryo: “Ntihakagire uvuga nabi imana ibindi bisagara bisenga, canke ngo atware ivyo mu nsengero zo mu mahanga, canke ngo atware ubutunzi bwatanzwe mw’izina ry’imana n’imwe.” (Ni twe tubihiritse.)—Antiquitiés Judaïques, Igitabu ca 4, ikibane c’8, ingingo y’10.
b Antiquitiés Judaïques, Igitabu ca 18, ikigabane ca 3, ingingo ya 5.
Woba Uvyibuka?
• Ni kubera iki dutegerezwa kwiyigisha imbere yo kwigisha abandi?
• Uko twigenza gushobora gute kugira ico gukoze kuri Yehova?
• Umusambanyi ashobora kurengera uburenganzira bwa bande?
• Umwiyemezo wawe ni uwuhe ku bijanye n’inyifato runtu gikirisu?
[Ifoto ku rup. 18]
‘Ivyagezwe vyayo ntibituremera’