Abarwanya Imana Ntibazotsinda!
“Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha.”—YEREMIYA 1:19.
1. Yeremiya yashinzwe irihe banga, kandi igikorwa ciwe cabandanije igihe kingana iki?
YEHOVA yashinze umusore Yeremiya ibanga ryo kuba umuhanuzi ku mahanga. (Yeremiya 1:5) Ivyo vyabaye ku ngoma y’Umwami mwiza Yosiya w’i Buyuda. Ubusuku bwa Yeremiya bwo kumenyesha kazoza bwarabandanije gushika kuri ca kiringo cari kidurumbanye c’imbere yuko Abanyababiloni bigarurira Yeruzalemu, no mu gihe abasavyi b’Imana batwarwa mu bunyagano.—Yeremiya 1:1-3.
2. Yehova yakomeje gute Yeremiya, kandi kurwanya uwo muhanuzi vyasobanura iki?
2 Ubutumwa bw’urubanza Yeremiya yabwirizwa gutangaza bwategerezwa kuvyura ukurwanywa. Ni co gituma Imana yamukomeje ku bw’ivyari bimurindiriye. (Yeremiya 1:8-10) Nk’akarorero, umutima w’uwo muhanuzi warakomejwe n’amajambo agira ati: “Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.” (Yeremiya 1:19) Kurwanya Yeremiya vyari kuba ari ukurwanya Imana. Muri iki gihe, Yehova arafise umugwi w’abasavyi biwe ugereranywa n’umuhanuzi, ufise igikorwa kikaba gisa n’ica Yeremiya. Cokimwe na we, baratangaza Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana bashize amanga. Kandi ubwo butumwa buragira ico bukoze ku bantu bose no ku mahanga yose, caba ciza canke kibi, bivuye ku kuntu babwakira. Nka kurya kwo mu gihe ca Yeremiya, hari abarwana n’Imana mu kurwanya abasavyi bayo n’imirimo barangura bashinzwe na yo.
Abasavyi ba Yehova Baterwa
3. Ni kuki abasavyi ba Yehova bagiye baraterwa?
3 Abasavyi ba Yehova bagiye baraterwa guhera mu ntango z’ikinjana ca 20. Mu bihugu vyinshi, abantu bafise imigabo y’ububisha bararondeye gutangira, emwe, barondera kunigira mu menshi iyamamazwa ry’inkuru nziza z’Ubwami bw’Imana. Boshwa na wa Mwansi wacu mukuru, ari we Mucokoranyi, “agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.” (1 Petero 5:8) “Ibihe vy’abanyamahanga” bimaze kurangira mu mwaka w’1914, Imana yarimitse Umwana wayo kugira ngo abe Umwami mushasha w’isi, amuha ibwirizwa rigira riti: “Ganza hagati y’abansi bawe.” (Luka 21:24; Zaburi 110:2) Akoresheje ububasha bwiwe, Kirisitu yaromoye Shetani mw’ijuru amuzitirira mu micungararo y’isi. Kubera ko uyo Mucokoranyi azi ko asigaje igihe gito, ata uburake bwiwe ku Bakirisu basizwe no kuri bagenzi babo. (Ivyahishuriwe 12:9, 17) Ibitero bidasiba vy’abo barwanya Imana vyashitse ku ki?
4. Ni ibigeragezo ibihe vyashikiye abasavyi ba Yehova mu kiringo ca ya Ntambara ya Mbere y’Isi Yose, mugabo ni ibiki vyabaye mu 1919 no mu 1922?
4 Abasavyi basizwe ba Yehova barahanganye n’ibigeragezo vyinshi vy’ukwizera mu Ntambara ya Mbere y’Isi Yose. Baracokowe bongera baratukwa, barahigwa n’utugwi tw’inkozi z’ikibi bongera barakubitwa. Nk’uko Yezu yabibuye, “[baranswe] n’amahanga yose.” (Matayo 24:9) Igihe intambara yari ishushe, abansi b’Ubwami bw’Imana barakoresheje uruyeri rwari rwarakoreshejwe mu kurwanya Yezu Kirisitu. Barasize iceyi Abasavyi ba Yehova bababeshera yuko bagumura abantu, maze baratera intimatima y’ishirahamwe riboneka ry’Imana. Muri Rusama 1918, ivyete bitanga uburenganzira bwo gufata perezida wa Watch Tower Society J. F. Rutherford hamwe na ndwi mu bafasha biwe ba hafi vyarasohowe n’ibiro bikuru. Abo bagabo umunani baciriwe umunyororo ukomeye, maze baca barungikwa mw’ibohero rikuru ry’i Atlanta muri Géorgie, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Inyuma y’amezi icenda bararekuwe. Muri Rusama 1919 sentare isubiramwo imanza y’ako karere yemeje ko abaregwa bari barenganijwe muri urwo rubanza, bityo rero urwo rubanza ruca rusubirwamwo. Urwo rubanza rwarasubiwemwo ngo rucibwe bundi busha, mugabo mu nyuma Leta yarafuse ivyo birego, maze Umuvukanyi Rutherford n’abafasha biwe bambikwa izera. Barongeye kubandanya ibikorwa vyabo, kandi ya materaniro yagizwe i Cedar Point, muri Leta ya Ohio, mu 1919 no mu 1922 yaratumye ca gikorwa c’ukwamamaza Ubwami gikoranwa n’izindi ngoga.
5. Ivyabona vya Yehova vyabagendeye gute mu Budagi bw’Abanazi?
5 Mu myaka y’1930, haradutse ubutegetsi bw’agahotoro, maze Ubudagi, Ubutaliyano n’Ubuyapani bigira urunani, biba iciswe ibihugu vya rutura vyo muri Axe. Mu ntango z’iyo myaka, abasavyi b’Imana barahamwe runyamaswa, canecane mu Budagi bwatwarwa n’umugambwe wa Nazi. Igikorwa carabujijwe. Amazu yarasatswe, abayabamwo na bo barafatwa. Abagera ku bihumbi baratawe mu makambi yo kurundamwo imbohe bazira ko banse kwihakana ukwizera. Ukwo kurwanya Imana n’abasavyi bayo kwari kugambiriye guherengeteza Ivyabona vya Yehova muri ako karere gatwarwa n’ubutegetsi bw’agahotoro.a Igihe Ivyabona baja kwitwara mu masentare mu Budagi baharanira uburenganzira bwabo, Ubushikiranganji bw’Ubutungane bwa Leta y’Ubudagi bwarateguye ivyiyumviro vyinshi cane vy’ukwikurayo kugira ngo burabe neza ntibatsinde. Bwavuga buti: “Amasentare ntategerezwa kunanizwa n’ibintu bisa gusa n’uko bijanye n’amategeko; mugabo ategerezwa kurondera kandi akaronka uburyo bwo kurangura amabanga ahambaye yashinzwe, naho hoba hari ingorane nya ngorane.” Ivyo vyasobanura ko ubutungane butokurikijwe. Abanazi baremeje ko ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova bibabangamiye canke bibarwanya, kandi bikaba ‘bihungabanya ukuntu uwo mugambwe utunganijwe.’
6. Ni utwigoro utuhe twagizwe two guhagarika igikorwa cacu mu kiringo ca ya Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose n’inyuma yaco?
6 Mu Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose, igikorwa c’abasavyi b’Imana carabujijwe muri Ostraliya, Kanada no mu bindi bihugu biri mw’Ishirahamwe ry’Ibihugu Bikoresha Ururimi rw’Icongereza vyo muri Afirika, Aziya no mu mazinga ya Karayibe na Pasifike. Muri Leta Zunze Ubumwe, abansi bakomakomaye be n’abantu babwiwe ibintu uko bitari, “[baragize] ivyagezwe urwitwazo rwo kugira nabi.” (Zaburi 94:20) Mugabo ibibazo vyerekeye ukuramutsa ibendera hamwe n’amabwirizwa ashingwa mu kibano abuza kwamamaza inkuru nziza inzu ku nzu, vyaraburanywe mu masentare kandi ingingo nziza zafashwe muri Leta Zunze Ubumwe zarabaye inkingi ishigikira umwidegemvyo mu vyerekeye ugusenga. Bivuye ku mfashanyo ya Yehova, utwigoro tw’abansi nta co twashitseko. Igihe intambara yarangira mu Buraya, kwa kubuzwa kw’igikorwa kwarakuweho. Ivyabona ibihumbi n’ibihumbi bari babohewe mu makambi yo kurundamwo imbohe bararekuwe, mugabo urugamba ntirwari rurangiye. Intambara ya Kabiri y’Isi Yose ikimara kurangira, wa Mushamirano w’Abarusiya n’Abanyamerika waciye utangura. Ibihugu vyo mu Buraya bwo mu Buseruko vyashize uwundi mukazo ku basavyi ba Yehova. Ingingo ivuye ku bategetsi yarafashwe kugira ngo itangire yongere ihagarike ibikorwa vyacu vyo gushinga intahe, ihagarike ukwisuka kw’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, ikureho amakoraniro tugirira ku mugaragaro. Abenshi baratawe mu mvuto canke barungikwa mu makambi akorerwamwo ibikorwa biruhisha.
Barabandanya Igikorwa co Kwamamaza Inkuru Nziza!
7. Ni ibiki vyashikiye Ivyabona vya Yehova muri iyi myaka ya vuba muri Polonye, mu Burusiya no mu bindi bihugu?
7 Uko imyaka mirongo yahera, igikorwa co kwamamaza Ubwami caragurwa. N’aho Polonye yari igitwarwa n’Ubutegetsi bw’Abakominista, yararekuye ko hagirwa amateraniro y’umusi umwe mu 1982. Haragiriweyo amateraniro mpuzamakungu mu 1985. Hakurikiye amateraniro mpuzamakungu maninimanini mu 1989, akaba mu bayitavye harimwo n’abantu ibihumbi n’ibihumbi bavuye mu Burusiya no muri Ukraine. Muri uwo mwaka, Ivyabona vya Yehova baremewe n’amategeko muri Hongiriya na Polonye. Mu gatasi ko mu 1989, ca Gihome c’i Berlin carasenyuwe. Haciye amezi makeyi, twaremewe n’amategeko mu Budagi bwo mu Buseruko, maze bukeye kabiri haragirwa iteraniro mpuzamakungu i Berlin. Kandi mu ntango y’imyaka y’1990, hariko haragirwa utwigoro two kwibonanira n’abavukanyi bo mu Burusiya. Bamwe mu bategetsi b’i Moscou baragendewe, maze mu 1991 Ivyabona vya Yehova baremerwa n’amategeko. Kuva ico gihe, umurimo warateye imbere mu buryo butangaje cane mu Burusiya, hamwe no mu bihugu vyahoze bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti.
8. Ni ibiki vyashikiye Ivyabona vya Yehova mu myaka 45 yakurikiye inyuma yaho Intambara ya Kabiri y’Isi Yose irangiriye?
8 Mu gihe uruhamo rwacureha mu mihingo imwimwe, wasanga mu yindi rwiyongera. Mu myaka 45 yakurikiye inyuma yaho intambara ya kabiri y’isi yose irangiye, hari ibihugu vyinshi vyanse ko Ivyabona vya Yehova bemerwa n’amategeko. Vyongeye kandi, twarabujijwe canke ibikorwa vyacu birabuzwa mu bihugu 23 vyo muri Afirika, 9 vyo muri Aziya, 8 vyo mu Buraya, 3 vyo muri Amerika y’Epfo na 4 vyo mu bihugu bimwebimwe bigizwe n’amazinga.
9. Abasavyi ba Yehova bihanganiye ibiki muri Malawi?
9 Ivyabona vya Yehova bo muri Malawi barahamwe bunyamaswa guhera mu 1967. Abo dusangiye ukwemera bari muri ico gihugu ntibagura amakarata y’umugambwe bitewe n’uko bari bafise impagararo y’ukutagira aho bahengamiye mu vya politike kubera ko ari Abakirisu b’ukuri. (Yohana 17:16) Inyuma y’ikoraniro ry’umugambwe parti du Congrès du Malawi mu 1972, itotezwa ryarasubiriye kwaduka. Abavukanyi baromowe mu zabo kandi barimwa akazi. Abashika ku bihumbi barahunze ico gihugu kugira barokore igufa. Mugabo, abo barwanya Imana n’abasavyi bayo boba baratsinze? Ihibambewe! Ibintu bimaze guhinduka, hari igitigiri gishasha c’abamamaji b’Ubwami bagera ku 43.767 batanze raporo muri Malawi mu 1999, abantu barenga 150.000 na bo baritaba amateraniro y’intara yabereye aho. Ibiro bishasha vy’ishami vyarubatswe ku mugwa mukuru.
Barondera Urwitwazo
10. Nk’uko vyabaye kuri Daniyeli, abarwanya abasavyi b’Imana bo muri ibi bihe bakoze iki?
10 Abahakanyi, abayobozi b’amadini be n’abandi ntibashobora kwihanganira ubutumwa bwacu buva mw’Ijambo ry’Imana. Bohejwe n’abanyamadini bo mu Bitwa Abakirisu, abaturwanya bararondera uburyo bwitwa ngo ni ubushingiye ku mategeko kugira basigure igituma baturwanya. Rimwe na rimwe ni uruhe ruyeri rukoreshwa? None, abagiriye inama yo kugirira nabi umuhanuzi Daniyeli bakoze iki mu kumutera? Muri Daniyeli 6:4, 5, tuhasoma duti: “Abakuru n’abaganwa baherako barondera urwitwazo rw’ico borega Daniyeli ku vy’igihugu; ariko bamuburak’urwitwazo na rumwe cank’igitiriganye; kuko yar’umwizigirwa, ntabonekekw amafuti cank’igitiriganye na kimwe. Bukeye abo bagabo baravugana, bati Nta rwitwazo tuzoronka kuri Daniyeli, shiti tururonse mu vy’ivyagezwe vy’Imana yiwe.” No muri iki gihe nyene, abaturwanya bararondera urwitwazo. Barakoma amaruru ku vyerekeye “utudumbi tw’inkorabara,” hanyuma bakagerageza gushira Ivyabona vya Yehova muri utwo tudumbi. Biciye mu kuvuga ibintu uko bitari, mu gukikiriza no mu kubesha, baratera ugusenga kwacu kandi bagashaka kudukura ku ngingo ziranga ukwibanga Imana.
11. Ni ibirego ibihe abarwanya Ivyabona vya Yehova bamwebamwe babometseko?
11 Mu bihugu bimwebimwe, hari abanyamadini n’abanyapolitike badashaka kwemera ko tugize ya “dini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana.” (Yakobo 1:27) Naho turangura ibikorwa vya gikirisu mu bihugu 234, abaturwanya bavuga yuko tutari “idini rizwi.” Imbere gato yuko haba iteraniro mpuzamakungu mu 1998, hari ikinyamakuru kimwe c’i Atene casubiyemwo amajambo yavuzwe n’indongozi z’Aborotodigisi birarira yuko “[Ivyabona vya Yehova] atari ‘idini rizwi’” naho ivyo vyari bihushanye n’ivyapfunditswe muri ya Sentare y’i Buraya Ijejwe Kwubahiriza Agateka ka Zina Muntu. Hashize imisi mike, ikindi kinyamakuru co muri ico gisagara nyene casubiyemwo ivyavuzwe n’umuvugizi wa ekleziya yagize ati: “[Ivyabona vya Yehova] ntibashobora kuba ‘ishengero rya gikirisu,’ kubera ko ata ho bahuriye n’Abakirisu bizera Yezu Kirisitu.” Ivyo biratangaje, kubera ko ata rindi dini na rimwe rirusha Ivyabona vya Yehova gushimika ku vy’ukuntu twokwigana Yezu!
12. Mu gihe turwana intambara yo mu buryo bw’impwemu, dutegerezwa gukora iki?
12 Turondera kuburanira no gutsimbataza inkuru nziza hakoreshejwe amategeko. (Ab’i Filipi 1:7) Vyongeye, ntituzodohoka ku kwumira kwacu ku ngingo ngenderwako Imana yashinze zigenga ivy’ubugororotsi canke ngo dutezure. (Tito 2:10, 12) Nka kurya kwa Yeremiya, ‘turakenyera tukavuga ivyo Yehova atubarira vyose,’ ntitureke ngo abarwanya Imana baduce ivutu mu buryo ubwo ari bwo bose. (Yeremiya 1:17, 18) Ijambo Ryeranda rya Yehova ryaragaragaje mu buryo butomoye ingendo ibereye dukwiye gufata. Ntidushaka kuzokwigera na rimwe twishimikiza ‘ukuboko kw’inyama’ (NW) kudakomeye, canke ngo turonderere “ubgugamo bgo mu gitūtu ca Egiputa,” ni ukuvuga iyi si. (2 Ngoma 32:8; Yesaya 30:3; 31:1-3) Mu gihe turwana intambara yo mu buryo bw’impwemu, dutegerezwa kubandanya kwizigira Yehova n’umutima wacu wose, tukareka akayobora intambuko zacu, kandi ntitwizigire ugutahura kwacu bwite. (Imigani 3:5-7) Yehova atadufashe mu mugongo kandi ngo we ubwiwe adukingire, ivyo dukora vyose bizoba ‘ukuruhira ubusa.’—Zaburi 127:1.
Barahamwa Mugabo Ntibadohoka
13. Ni kuki dushobora kuvuga yuko igitero Shetani yagavye kuri Yezu cananiwe?
13 Akarorero ntangere k’ivy’ukuyobokera Yehova ata kudohoka ni aka Yezu, uwagirijwe ibinyoma yuko agumura abantu akongera agahungabanya inzego zashinzwe. Pilato amaze gusuzuma urubanza rwa Yezu, yagize umutima wo kumurekura. Ariko isinzi ry’abantu bohejwe n’abayobozi b’idini, barasemerera basaba ko Yezu amanikwa, naho ataco yagirizwa. Mu gishingo ciwe, basavye ko harekurwa Baraba—akaba yari umugabo yari yatawe mu mvuto yagirizwa ubugumutsi n’ubwicanyi! Pilato yarongeye kugerageza kugondoza abo barwanya Yezu b’inshirwarimenetse, mugabo amaherezo arahava araneshwa n’urwamo rw’abantu. (Luka 23:2, 5, 14, 18-25) Naho Yezu yapfiriye ku giti, ico gitero cuzuye urwanko Shetani yagavye ku Mwana w’Imana ataco yagirizwa carananiwe buhere kubera yuko Yehova yazuye Yezu maze akamuduza i buryo bwiwe bwite. Ikindi, biciye kuri Yezu yaninahajwe, impwemu yera yarasutswe ku musi wa Pentekote mu 33 G.C., haba hashinzwe ishengero ry’Abakirisu—ni ukuvuga “icaremwe gisha.”—2 Ab’i Korinto 5:17; Ivyakozwe 2:1-4.
14. Ni igiki cabaye igihe abanyedini b’Abayuda barwanya abayoboke ba Yezu?
14 Haciye igihe gito, abanyedini baragize iterabwoba ku ntumwa, ariko abo bayoboke ba Kirisitu ntibaretse kuvuga ibintu babonye kandi bumvise. Abigishwa ba Yezu basenze bagira bati: “Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose.” (Ivyakozwe 4:29) Yehova yarishuye ivyo bamutakambiye mu kubuzuza impwemu yera no mu kubakomeza kugira ngo babandanye gutangaza inkuru nziza ata gutinya. Bidatevye, intumwa zarongeye gutegekwa guhagarika kwamamaza inkuru nziza, ariko Petero n’izindi ntumwa basubije bati: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.” (Ivyakozwe 5:29) Iterabwoba, ugufatwa n’ugushishurwa ntivyari gushobora kubavuna inkokora ngo ntibakwiragize umurimo wabo w’ivy’Ubwami.
15. Gamaliyeli yari nde, kandi ni inama iyihe yagiriye abanyamadini barwanya abayoboke ba Yezu?
15 Abayobozi b’amadini bavyakiriye gute? “Bar[ariwe] mu mitima, bashaka k[w]ica [intumwa].” Ariko rero, aho hariho umwigisha w’Amategeko yitwa Gamaliyeli w’Umufarizayo, kandi yarubahwa n’abantu bose. Yataramuye za ntumwa ngo zive mu ngoro y’Ikombe akanya gatoyi, agira inama abo banyamadini barwanya izo ntumwa ati: “Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu: . . . Kandi none ndababgire: Ni muzibukire aba bantu, mubarekure: kukw iyi nama n’iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa: ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.”—Ivyakozwe 5:33-39.
Nta Kirwanisho Cacuriwe Kuturwanya Kizokwererwa
16. Mu mvugo yawe bwite, wodondora gute amajambo adukura amazinda Yehova abwira abasavyi biwe?
16 Impanuro ya Gamaliyeli yari iyumvikana, kandi turakenguruka igihe hari bamwe batuvugira. Turemera icese kandi yuko umwidegemvyo mu vy’ugusenga washigikiwe mu ngingo zafashwe mu masentare n’abacamanza badaca urwa ngondagonde. Ego ni ko, ukwumira kw’Ijambo ry’Imana kwacu ntigushimwa n’abayobozi bo mu Bitwa Abakirisu be n’izindi ndongozi za Babiloni Hahambaye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. (Ivyahishuriwe 18:1-3) Naho abo bantu be n’aboshwa na bo baturwanya, turafise aya majambo adukura amazinda agira ati: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kand’ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe, ni jewe Uhoraho mbivuze.”—Yesaya 54:17.
17. Naho abatatwerekwa baturwanya, ni kuki dufise uburindutsi?
17 Abansi bacu baraturwanya ata gituma, mugabo ntidutakaza uburindutsi. (Zaburi 109:1-3) Ntituzigera tureka ngo abanka ubutumwa bwacu bushingiye kuri Bibiliya badutere ubwoba gushika aho tudohoka ku kwizera kwacu. Naho twiteze ko urugamba rwo mu vy’impwemu turimwo ruzokomera, turazi amaherezo yavyo. Nka kumwe kwa Yeremiya, tuzokwibonera iranguka ry’amajambo y’ubuhanuzi agira ati: “Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.” (Yeremiya 1:19) Egome, turazi ko abarwanya Imana batazotsinda.
[Akajambo k’epfo]
a Raba ikiganiro kivuga giti “Abizerwa n’Intatinya mu Guhangana n’Agacinyizo k’Abanazi,” mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Ndamukiza 2000, ku rupapuro rwa 24-28.
Wokwishura Gute?
• Ni kuki abasavyi ba Yehova bagiye baraterwa?
• Ni mu buryo ubuhe abaterekwa abasavyi ba Yehova babarwanije?
• Ni kuki dushobora kudakeka ko abarwanya Imana batazotsinda?
[Ifoto ku rup. 24]
Yeremiya yarasubirijwe umutima mu nda yuko Yehova yobaye kumwe na we
[Ifoto ku rup. 26]
Abacitse kw’icumu muri ya makambi yo kurundamwo imbohe
[Ifoto ku rup. 26]
Akagwi k’inkozi z’ikibi gatera Ivyabona vya Yehova
[Ifoto ku rup. 26]
J. F. Rutherford n’abo bari bafatanije
[Ifoto ku rup. 29]
Ku vyerekeye Yezu, abarwanya Imana ntibatsinze