IKIGABANE CA CUMI NA GATANU
“Sinshobora kuguma ncereje”
1. Ni kubera iki Yeremiya be n’abandi bahanuzi ba Yehova batagumye bacereje?
“NIWUMVE ijambo rya Yehova.” Ayo majambo yatanguye kwumvikana mu mabarabara y’i Yeruzalemu no mu bibanza abantu bahuriramwo, kuva mu 647 B.G.C. Kandi uwo muhanuzi w’Imana ntiyigeze arambirwa no gutangaza ayo majambo. N’igihe hari haciye imyaka 40 ico gisagara gisanganguwe, yagumye asubiramwo ayo majambo yo guhimiriza. (Yer. 2:4; 42:15) Imana Mushoboravyose yararungitse abahanuzi kugira ngo Abayuda bose bashobore kwumva impanuro yabaha, maze bigaye. Nk’uko twabibonye mu ntango y’iki gitabu, Yeremiya yari umuvugizi w’Imana adasanzwe. Igihe Imana yashinga Yeremiya ico gikorwa, yamubwiye iti: “[Haguruka], ubabwire ibintu vyose ngutegeka. Ntucike ivutu kubera bo.” (Yer. 1:17) Ntihari aho gutuma umwana. Yeremiya yaragiriwe nabi ku mubiri yongera aragira intuntu mu mutima, ariko naho yashikirwa n’izo ngorane, yumva agoberewe kurangura ico gikorwa yari yashinzwe. Yavuze ati: “Umutima wanje uriko urasebagirika muri jewe. Sinshobora kuguma ncereje.”—Yer. 4:19.
2, 3. (a) Ni gute abigishwa ba Yezu biganye Yeremiya? (b) Ni kubera iki ukwiye kwigana akarorero ka Yeremiya?
2 Uravye ukuntu Yeremiya yaranguye igikorwa yari yarashinzwe co kuvuga ubuhanuzi, yarabereye akarorero keza abasavyi ba Yehova bo hanyuma. (Yak. 5:10) Gatoyi inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C., abategetsi b’Abayuda barafashe intumwa Petero be n’intumwa Yohani babategeka guhagarika kwamamaza. Usanzwe uzi ukuntu bavyifashemwo. Bavuze bati: “Ntidushobora kureka kuvuga ivyo twabonye kandi twumvise.” (Ivyak. 4:19, 20) Nya bategetsi bamaze gutera ubwoba Petero na Yohani mu kubabwira yuko nibasubira bazokwibonerako, baciye babareka baragenda. Ivyakurikiye urabizi. Abo bagabo b’abizigirwa ntiborose bareka kwamamaza.
3 Woba ubona ingene amajambo Petero na Yohani bavuze dusanga mu Vyakozwe 4:20 yerekana ko na bo nyene bari bafise ishaka nk’iryo Yeremiya yari afise? Ushobora kuba wariyemeje ‘kuguma udacereje,’ narirya usukurira Yehova Imana muri iyi misi ya nyuma igoye cane. Reka turabe ukuntu dushobora kuguma twumiye kw’ibanga nka Yeremiya kugira ngo tubandanye twamamaza inkuru nziza naho twoba turi mu bihe bigoye gute.
NIWUMIRE KW’IBANGA NAHO HARI ABATABINEGWA
4. Ni agatima akahe kari kimonogoje mu bantu b’i Yeruzalemu ha kera?
4 Ntiwemera none udakeka ko umuhango Imana yatanze w’uko hazobaho kazoza keza igitangaza mu gihe c’ubutegetsi bw’Umwana wayo ari inkuru nziza abantu bakwiye kwumva? Yamara rero, abenshi usanga bagaragaza agatima nk’ako Abayuda bamwebamwe bigeze kugaragaza igihe babwira Yeremiya bati: “Ku bijanye n’ijambo utubwiye mw’izina rya Yehova, ntitukwumviriza.” (Yer. 29:19; 44:16) Amajambo nk’ayo Yeremiya yarayumvise akatari gake. Ukwo ni ko bigenda no ku basavyi ba Yehova bo muri iki gihe, kubera ko abantu benshi usanga bavuga bati: “Nta vyo nshaka.” Kuba abantu benshi batanegwa ubutumwa dushikiriza birashobora gutuma umwete abamamaji b’Ubwami bari bafise uyama. Hokorwa iki none niba hari abo mu cibare ukoreramwo batanegwa inkuru nziza, kandi ivyo bikaba vyaratumye bamwebamwe mw’ishengero ukukira canke mbere na wewe ubwawe mutakaza umwete wanyu?
5. (a) Yeremiya yabona gute abantu batanegwa ubutumwa yashikiriza? (b) Ni kubera iki abatanegwa inkuru nziza muri iki gihe bari mu kaga gakomeye?
5 Reka turimbure ukuntu Yeremiya yabona Abayuda benshi cane batanegwa ubutumwa yashikiriza. Yeremiya agitangura igikorwa ciwe, Yehova yaramweretse imbere y’igihe urubanza yari agiye gushitsa kuri abo Bayuda urwo ari rwo. (Soma Yeremiya 4:23-26.) Uwo muhanuzi yaratahuye ko abantu ibihumbi n’ibihumbi borokotse mu gihe gusa bokwumvirije ivyo yobabwiye kandi bakabishira mu ngiro. Ukwo ni ko biri no ku bantu bo muri iki gihe, ushizemwo n’abo mu cibare wakebewe. Ku bijanye n’“uwo musi” aho Imana izocira urubanza iyi si mbi, Yezu yavuze ati: “Uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera. Mugume murikanuye rero, mutakamba igihe cose kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu.” (Luka 21:34-36) Ufatiye kuri ayo majambo ya Yezu, ushobora gushika ku ciyumviro c’uko abiyamiriza inkuru nziza bari mu kaga gakomeye.
6. Ni kubera iki ukwiye kuguma ubwira ubutumwa, mbere na barya babwitaho buhoro?
6 Ariko rero, abumviriza bakongera bakemera ijambo rya Yehova tubashikiriza bazokwironkera imihezagiro ntangere. Imana iraturonsa akaryo ko gushobora kuzorokoka isangangurwa ryimirije maze tukinjira mw’isi nshasha yayo. Hari ukuntu ivyo bihuye n’ubusuku Yeremiya yarangura. Abanyagihugu bo mu bwami bwa Yuda bari gushobora kurokoka isangangurwa rya Yeruzalemu. (Soma Yeremiya 26:2, 3.) Kugira ngo Yeremiya afashe abo banyagihugu, yamaze imyaka mirongo aguma abahimiriza ngo ‘bumvirize maze bahindukire,’ ivyo bikaba vyasobanura kugamburuka ijambo rya ya Mana y’ukuri. Ntituzi igitigiri c’abigaye maze bagahindura ubuzima bwabo kubera ko bumviye ubutumwa uwo muhanuzi yashikiriza. Ikizwi coco ni uko hari ababigize, kandi ni ko bimeze no muri iki gihe cacu. Uko tubandanya kwamamaza inkuru nziza, akatari gake turumva ibijanye n’abantu bahavuye bayakira neza, kandi kare bari bahoze batabinegwa. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Umuntu atahora abinegwa yoshobora gushimishwa,” ruri ku rupapuro rwa 184.) None iyo si iyindi mvo yotuma tuguma turi abanyamwete muri ico gikorwa ndokorabuzima co kwamamaza inkuru nziza?
Ni kubera iki wiyemeje kuguma wamamaza inkuru nziza naho hoba hari abatayinegwa?
ABATURWANYA NTIBAZOKWAMA BATUGIRIRA NABI
7. Abansi ba Yeremiya bagerageje gute kuzimanganya igikorwa ciwe co kuvuga ubuhanuzi?
7 Ikintu kidasanzwe cibonekeje mu busuku Yeremiya yaranguye ni ingene abamurwanya bagerageje akatari gake kumuzimanganya no kuzimanganya igikorwa ciwe. Abahanuzi b’ikinyoma baramuvuguruza izuba riva. (Yer. 14:13-16) Igihe Yeremiya yaba ariko agendagenda mu mabarabara ya Yeruzalemu, baramutuka kandi bakamutyekeza. (Yer. 15:10) Bamwe mu bansi biwe bararondeye uburyo bwose bwo kumutyoza. (Yer. 18:18) Abandi na bo barakwiragije urusaku rwari rufise intumbero yo kumutyoza kugira ngo batume abantu b’umutima mwiza baheba ukuri yamamaza kwerekeye Imana. (Int. 3:61, 62) None Yeremiya yoba yaratanye n’akabando? Uwokubesha! Yagumye yamamaza. None yabishoboye gute?
8. Yeremiya yavyifatamwo gute uko barushiriza kumurwanya?
8 Igihe Yeremiya yaba arwanijwe, kwizigira Yehova ni co kirwanisho nyamukuru yaca yikorako. Mu ntango y’ubusuku bwiwe, Imana yamusezeraniye yuko yomushigikiye kandi ko yomukingiye. (Soma Yeremiya 1:18, 19.) Yeremiya yarizigiye uwo muhango, kandi Yehova ntiyigeze amuhemukira. Uko abamurwanya barushiriza kumushirako umukazo no kumufatira ingingo ruhasha, ni ko yarushiriza kugira ubutinyutsi, umutima rugabo be n’ukwihangana. Raba ukuntu izo kamere zamubereye kirumara.
9, 10. Ni ibiki vyashikiye Yeremiya bikwiye gutuma ugira ubutinyutsi?
9 Igihe kimwe, abaherezi b’abagarariji be n’abahanuzi b’abagarariji barajanye Yeremiya imbere y’abaganwa ba Yuda kugira ngo bamwicishe. None ivyo vyoba vyaratumye Yeremiya asha coba? Habe namba. Yarahinduye ubusa ibirego vy’abo bahuni ku buryo abo baganwa batabaye bakimwica.—Soma Yeremiya 26:11-16; Luka 21:12-15.
10 Uribuka kandi yuko inyuma y’aho umukuru umwe wo ku rusengero yitwa Pashuri yumviye ubutumwa bukomeye cane Yeremiya yari ashikirije, yaciye amubohera mu mpatane z’ibiti. Pashuri ategerezwa kuba yibaza ko ivyo vyohaye icigwa Yeremiya ku buryo atosubiye gukurako umunwa. Ni co gituma bukeye bw’aho, Pashuri yamurekuye. Ariko rero, naho Yeremiya ashobora kuba yari agifise ububabare buturutse ku kuba yari yashizwe muri izo mpatane, yarabwiye Pashuri urubanza Imana yari igiye kumucira. Naho Yeremiya yakubaguwe ukuraho, ntiyigeze acereza! (Yer. 20:1-6) Uti kubera iki? Yeremiya ubwiwe atubwira ati: “Yehova yari kumwe nanje nk’umunyenkomezi ateye ubwoba. Ni co gituma abampama bazotsitara, ntibaneshe.” (Yer. 20:11) N’igihe nyene Yeremiya yaba ahanganye n’abamurwanya b’ibirara, ntiyigeze asha coba. Yari yizigiye Yehova bimwe bikomeye, kandi ukwo ni ko na wewe ukwiye kubigenza.
11, 12. (a) Yeremiya yagaragaje gute ubukerebutsi igihe Hananiya yamurwanya? (b) Ni ivyiza ibihe bishobora kuva mu kuguma ‘twiyumanganije mu mibabaro’?
11 Ariko ntiwumve, Yeremiya ntiyari umuntu w’ishaka rirenze urugero. Igihe yaba arwanijwe yarakoresha ubukerebutsi, akamenya igihe kibereye co kwikurira meza. Rimbura nk’akarorero ibijanye na Hananiya. Uwo muhanuzi w’ikinyoma ahejeje kuvuguruza ijambo ry’ubuhanuzi rya Yehova bene umurango babona, Yeremiya yaramukosoye yongera arasigura ibiranga umuhanuzi w’ukuri. Yeremiya yari afise ingǒgo ku rutugu kugira ngo yereke Abayuda ko bobaye abaja ba Babiloni; ariko Hananiya yarashangashiwe maze aca avuna nya ngǒgo. Nta n’umwe yari azi ico Hananiya yociye akora. Yeremiya wewe yakoze iki? Bibiliya ivuga iti: “Nuko [uwo] muhanuzi arigira.” Emwe, Yeremiya yaciye akinjura. Mu nyuma, abitegetswe na Yehova, yaragarutse maze abwira Hananiya ivyo Imana yari igiye gukora. Abayuda bobaye abaja b’umwami wa Babiloni, Hananiya na we agapfa.—Yer. 28:1-17.
12 Twisunze iyo nkuru yahumetswe, biragaragara yuko igihe twamamaza tudakwiye gusa kugira uburindutsi, ariko kandi ko dukwiye kugira ubukerebutsi. Nk’igihe uwo dusanze ku muhana yanse kwemera ivyo Ivyanditswe bivuga, agashavura, eka mbere akatugirako iterabwoba, twoca tumusaba ngo adutunge tubigiranye urupfasoni, hanyuma tugaca tuja ku wundi muhana. Ntibikenewe ko twirirwa turaranda imitsi turiko duharira n’umuntu igihe tuba turiko turamamaza inkuru nziza y’Ubwami. ‘Nitwaguma twiyumanganije mu mibabaro,’ tuzoba tweretse uwo muntu yuko twiteguriye kumufasha akandi karyo keza kabonetse.—Soma 2 Timoteyo 2:23-25; Imig. 17:14.
Ni kubera iki bihambaye ko twizigira Yehova igihe twamamaza inkuru nziza? Ni kubera iki dukwiye kugaragaza uburindutsi be n’ubukerebutsi?
“NTUTINYE”
13. Ni kubera iki Yehova yabwiye Yeremiya ati: “Ntutinye,” kandi ni kubera iki ivyo dukwiye kubirimbura?
13 Abasavyi b’ukuri barashikiwe n’ibintu biteye agahinda imbere y’uko i Yeruzalemu hasangangurwa mu 607 B.G.C. Uca ubona rero igituma Imana yabwiye Yeremiya iti: “Ntutinye.” (Yer. 1:8; Int. 3:57) Vyongeye, Yehova yamutegetse kubwira abandi basavyi biwe ayo majambo nyene aremesha. (Soma Yeremiya 46:27.) None ivyo bitwigisha iki? Muri iki gihe ca nyuma giteye akaga, vyoshobora gushika tukagira ubwoba. Twoba ico gihe tuzokwumviriza Yehova, uwuzoba ari nk’aho ariko atubwira ati: “Ntutinye”? Mu ntango y’iki gitabu, twarabonye ingene Imana yashigikiye Yeremiya muri ico gihe vy’ukuri cari giteye ubwoba. Nimuze dusubire kurimbura muri make ivyabaye ico gihe, kugira ngo turabe icigwa twohakura.
14, 15. (a) Ni ahantu nyabaki hateye akaga Yeremiya yashizwe? (b) Yehova yashikije gute umuhango yari yahaye Yeremiya w’uko yomukingiye?
14 Igihe Abanyababiloni bari basugereje Yeruzalemu, harageze aho inzara izura inzara. Budakeye na kabiri abantu benshi bari basigaye batagira ico bafungura. (Yer. 37:21) Uti amagorwa ntasiga ayandi, uretse iyo nzara yazura inzara, Yeremiya yaranashizwe ahantu hari gutuma apfa bitagoranye. Abaganwa ba Yuda bari bashizeko umukazo Umwami Zedekiya, uwari mugabo n’iryo, kugira ngo akore nk’uko bipfuza. Baciye rero baterera Yeremiya mw’itangi rirerire cane. Iryo tangi ryarimwo urwondo. Aho Yeremiya atanguriye kunyikira muri nya rwondo, yaciye abona ko ivyiwe birangiye. Iyo aba ari wewe ivyo bishikiye, none ntiwari kugira ubwoba?—Yer. 38:4-6.
15 Naho Yeremiya yari umuntu nkatwe, yarizigiye ivyo Yehova yari yaravumereye yuko atokwigeze amuheba. (Soma Yeremiya 15:20, 21.) Yehova yoba none yarashikije ivyo yari yaravumereye? Cane nyene! Imana yaratumye Ebedi-meleki ahindura ubusa umugambi wa ba baganwa maze arakura Yeremiya muri nya kaga. Umwami yaremereye Ebedi-meleki gukura uwo muhanuzi muri nya tangi, amukura muri rwa rwondo yari gupfiramwo.—Yer. 38:7-13.
16. Yehova yatabaye abasavyi biwe b’intahemuka ibintu ibihe vyari bibageramiye?
16 N’igihe nyene Yeremiya yari yakuwe muri nya tangi, ingorane ntizari ziheze. Igihe Ebedi-meleki yasabira Yeremiya ku mwami, yari yabwiye uwo mwami ati: “[Azopfira] aho ari yishwe n’ikigoyi. Kuko ata mukate ugisigaye mu gisagara.” (Yer. 38:9) Ibifungurwa vyari vyarakenye aho i Yeruzalemu gushika n’aho abantu bari basigaye barya abandi bantu. Yamara, Yehova yarongeye kuhaseruka, arakiza uwo muhanuzi wiwe. Mu nyuma, Yehova abicishije kuri Yeremiya yarasezeraniye Ebedi-meleki ko yomukingiye. (Yer. 39:16-18) Yeremiya ntiyigeze yibagira umuhango Imana yari yaramuhaye ugira uti: “Ndi kumwe nawe kugira ngo nkurokore.” (Yer. 1:8) Kubera ko Imana Mushoboravyose ari yo yari ikingiye abo bagabo babiri b’intahemuka, baba abansi babo canke ikigoyi, nta na kimwe cabagiriye nabi. Ntibaguye muri ico gisagara Yehova yari yaraciriye urubanza. Ni icigwa ikihe none tuhakura? Yehova yari yarasezeranye kubakingira kandi yarashikije iryo sezerano.—Yer. 40:1-4.
17. Ni kubera iki dukwiye kwizigira umuhango Yehova yatanze w’uko azokiza abasavyi biwe?
17 Iranguka ry’ubuhanuzi Yezu yavuze ku bijanye n’insozero y’ivy’iyi si riguma ritera rigana ku gihe caryo c’agaheta. Vuba hagiye kuba “ibimenyetso mu zuba n’ukwezi n’inyenyeri, kandi kw’isi [habe] umubabaro mwinshi mu mahanga, ntamenye ingene yobikika . . . kandi abantu bazorabikwa n’ubwoba be n’ukwitega ibintu biza kw’isi.” (Luka 21:25, 26) Dutegerezwa kurindira kugira ngo tuze tubone ukuntu ivyo bimenyetso bizoba bimeze be n’ingene bizotera ubwoba abantu benshi. Ariko rero, uko vyogenda kwose, ntukwiye kwigera ukekeranya ko Yehova afise ubushobozi bwo gukiza abasavyi biwe be n’uko avyipfuza. Abadatoneshwa na we bobo bazotikizwa. (Soma Yeremiya 8:20; 14:9.) Naho abasavyi biwe boba basa n’abatagira gitabara, bakaba ari nk’aho bari hasi mw’itangi mu mwiza w’umuzitanya, arashobora kubarokora. Amajambo Imana yabwiye Ebedi-meleki azorangukira ku basavyi biwe, na yo akaba agira ati: “‘Nzogukiza ata kabuza, ntuzogwishwa n’inkota; ntuzobura kunyaga amagara yawe, kuko wanyizigiye,’ ni ko Yehova avuze.”—Yer. 39:18.
AMAJAMBO YANDITSWE KU NEZA YAWE
18. (a) Ni amajambo ayahe yahinduye ubuzima bwa Yeremiya? (b) Itegeko ry’Imana dusanga muri Yeremiya 1:7 risobanura iki kuri wewe?
18 “Abo nzogutumako bose, ni bo uzojako; kandi ico nzogutegeka cose, ni co uzovuga.” (Yer. 1:7) Ubuzima bwa Yeremiya bwaciye bufata iyindi ntumbero igihe yumva iryo tegeko yahawe n’Imana. Kuva ico gihe, kwamamaza “ijambo rya Yehova” ni co kintu yashira imbere. Imvugo ngo “Ijambo rya Yehova” iraboneka incuro nyinshi mu gitabu ca Yeremiya. Mu kigabane ca nyuma, Yeremiya aravuga ibijanye n’igihe i Yeruzalemu hafatwa be n’igihe umwami wa nyuma wa Yuda, ari we Zedekiya yajanwa mu kindi gihugu ari inyagano. Mu vy’ukuri, Yeremiya yagumye yigisha abanyagihugu bo mu bwami bwa Yuda yongera abahimiriza kugamburukira Yehova gushika aho bigaragariye ko igikorwa ciwe kirangiye.
19, 20. (a) Ni kubera iki umurimo Yeremiya yaranguye ukwiye kukubera akarorero? (b) Ni isano irihe riri hagati y’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza be no kuronka umunezero hamwe no gushira akanyota? (c) Wungukiye gute ku kurimbura ibiri mu gitabu ca Yeremiya be n’ibiri mu co Gucura intimba?
19 Hariho ibintu vyinshi igikorwa Yeremiya yashinzwe kurangura gihurizako n’ubusuku Ivyabona vya Yehova barangura muri iki gihe. Nka kumwe kwa Yeremiya, na wewe usukurira ya Mana y’ukuri mu gihe c’urubanza. Naho ayandi mabanga ujejwe usanga agusaba umwanya n’inguvu, kwamamaza inkuru nziza ni co gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose ushobora gukorera muri iyi si. Biciye kuri ico gikorwa, uraninahaza izina rihambaye ry’Imana ukongera ukagaragaza ko wemera yuko ari yo ifise uburenganzira bwose bwo kugaba ikaganza ibiriho vyose. (Soma Gucura intimba 5:19.) Vyongeye, uragaragariza urukundo rudasanzwe abandi bantu nkawe mu kubafasha kumenya ya Mana y’ukuri be n’ivyo idusaba.—Yer. 25:3-6.
20 Ku bijanye n’igikorwa Yehova yari yamushinze gukora, Yeremiya yavuze ati: “Ijambo ryawe rimbereye umwigino n’umunezero w’umutima wanje; kuko nitiriwe izina ryawe, ewe Yehova Mana nyen’ingabo!” (Yer. 15:16) Abantu bose bafise umutima ukunze wo kuvugira ya Mana y’ukuri barashobora kwironkera umunezero, bakongera bakumva bashize akanyota nk’ukwo kwa Yeremiya. Ku bw’ivyo rero, urafise imvo yumvikana yo kuguma utangaza ubutumwa bwa Yehova, nka kumwe kwa Yeremiya.
Uburorero twasigiwe na Yeremiya be na Ebedi-meleki bushobora gute kugufasha kugira umutima rugabo? Ni kamere iyihe Yeremiya yari afise wipfuza kwigana igihe uba uriko uramamaza inkuru nziza?