Atera Aja Imbere Agana ku Ntsinzi ya Nyuma!
“Mbona ifarasi y’igitare, kand’ūyicayeko yar’afise umuheto, ahabga igitsibo, agenda anesha, kandi ngo [“asozere intsinzi yiwe,” “NW”].”—IVYAHISHURIWE 6:2.
1. Ni ibintu ibihe vyobaye muri kazoza Yohani yabonye mw’iyerekwa?
INTUMWA Yohani ahumekewe n’Imana, yarashoboye kubona ivyo muri kazoza vyobaye nko mu myaka 1.800, maze aradondora iyimikwa rya Kirisitu bwa Mwami. Yohani yari akeneye ukwizera kugira ngo yemere ivyo yabonye mw’iyerekwa. Twebwe muri iki gihe turafise ikimenyamenya gitomoye c’uko iryo yimikwa ryari ryarabuwe ryabaye mu 1914. Dukoresheje amaso y’ukwizera, turabona Yezu Kirisitu ariko agenda “anesha kandi ngo [“asozere intsinzi yiwe,” NW].”
2. Ni gute wa Mucokoranyi yakiriye ivuka ry’Ubwami, kandi ivyo ni ikimenyamenya c’iki?
2 Ubwami bumaze kuvuka, Shetani yarirukanywe mw’ijuru, bituma arwana bimwe bikomeye kandi afise ishavu ryinshi, ariko ntiyashoboye kwererwa na gato. (Ivyahishuriwe 12:7-12) Ishavu ryiwe ryatumye uko ivy’isi vyifashe vyunyuka. Ikibano c’abantu bisa n’uko kiriko kirasambuka. Ku Vyabona vya Yehova, ico ni ikimenyamenya gitomoye c’uko Umwami wabo ariko aratera imbere agana ku “[gu]sozer[a] intsinzi yiwe.”
Ikibano c’Isi Nshasha Kiriko Kiratunganywa
3, 4. (a) Ni amahinduka ayahe ajanye n’ishirahamwe yagizwe mw’ishengero rya gikirisu kuva Ubwami buvutse, kandi ni kuki yari akenewe? (b) Nk’uko vyari vyarabuwe na Yesaya, ayo mahinduka yagize inyungu iyihe?
3 Ubwami bumaze kuvuka, ishengero rya gikirisu ryasubijwe umutamana ryaciye rigira amabanga y’Ubwami yiyongereye, kikaba cari igihe c’uko rirushiriza guhuza n’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere. Ni co gituma mu nomero z’Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) zo kw’igenekerezo rya 1 no ku rya 15 Ruheshi 1938 hasuzumwe ukuntu ishirahamwe rya gikirisu rikwiye gukora. Mu nyuma, mu nomero (yo mu Gifaransa) yo kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 1972, harasiguwe mu buryo butomoye kuruta Inama Nyobozi yo mu gihe ca none mu kiganiro cavuga ngo “Un collège central est différent d’une association déclarée” (Inama Nyobozi Iratandukanye n’Urwego Rugengwa n’Amategeko). Mu 1972, inama z’abakurambere zaragenwe kugira ngo zifashe zongere ziyobore amashengero zikukira.
4 Ugusubira gushiraho ubucungezi bubereye vyarakomeje rwose ishengero rya gikirisu. Vyongeye intunganyo zagizwe n’Inama Nyobozi zo kwigisha abakurambere amabanga bajejwe, ushizemwo n’ukubamenyereza mu bijanye n’uguca imanza, vyaragize ico biterera kuri ivyo. Ayo mahinduka yagizwe intambwe ku yindi yari yerekeye ivy’ugutunganya ishirahamwe ry’Imana ryo kw’isi be n’ingaruka nziza vyogize vyari vyarabuwe muri Yesaya 60:17, ahagira hati: “Mu gishingo c’imiringa nzozana izahabu, no mu gishingo c’ivyuma nzozana ifeza; nzane imiringa mu gishingo c’ibiti, n’ivyumva mu gishingo c’amabuye; nzokwimika amahoro abe ari yo akuganza, n’ukugororoka abe ari kwo kugutwara.” Ayo mahinduka meza yagizwe yaragaragaje umuhezagiro w’Imana kandi yabaye ikimenyamenya c’uko Imana yemeye abari bashigikiye Ubwami bwayo bivuye inyuma kandi bafise umwete.
5. (a) Shetani yakiriye gute ukuntu Yehova yahezagiye abasavyi biwe? (b) Mu buryo buhuje n’Ab’i Filipi 1:7, abasavyi ba Yehova bakoze iki kw’ishavu rya Shetani?
5 Shetani ntiyabuze kubona ukuntu Imana yitwararitse ikongera ikayobora abasavyi bayo mu buryo buranga urukundo inyuma y’ivuka ry’Ubwami. Rimbura uturorero dukurikira. Mu 1931, uwo mugwi mutoyi w’Abakirisu waramenyesheje icese yuko batari Abatohoji ba Bibiliya gusa. Mu buryo buhuje na Yesaya 43:10, bari Ivyabona vya Yehova! Vyaba vyarahuriranye canke bitahuriranye, Shetani yaravyuye igihuhusi c’uruhamo rutari bwigere rubaho, hirya no hino kw’isi. No mu bihugu bisanzwe bizwi ko bifise umwidegemvyo wo gusenga, nka Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Kanada n’Ubudagi, vyaguma biba ngombwa ko Ivyabona barwana urugamba rujanye n’ivy’amategeko kugira ngo bagumane umwidegemvyo wabo w’ivy’ugusenga. Mu 1988, Sentare Nkuru yo muri Leta Zunze Ubumwe yarasubiye kwihweza imanza 71 zerekeye Ivyabona vya Yehova, 47 muri zo bakaba barazitsinze. Muri iki gihe, kw’isi yose, urugamba rujanye n’ivy’amategeko rurabandanya kugira ngo nka kurya kwo mu kinjana ca mbere hashobore kuba “[u]kurwanira no gutsimbataza inkuru nziza hishimikijwe amategeko.”—Ab’i Filipi 1:7, NW.
6. Ukubuzwa kwoba kwarahagaritse abasavyi ba Yehova gutera baja imbere? Tanga akarorero.
6 Mu myaka y’1930, mu misi y’imbere yuko Intambara ya Kabiri y’Isi Yose ishika, intwaro zitwaza igikenye zarabujije igikorwa c’Ivyabona vya Yehova mu Budagi, muri Esupanye no mu Buyapani, tuvuze ivyo bihugu bitatu gusa. Mugabo mu mwaka w’2000, ivyo bihugu bitatu vyonyene vyari bifise abamamaji b’Ubwami bw’Imana b’abanyamwete bababa 500.000. Ico gitigiri cababa ic’Ivyabona bariho kw’isi yose mu 1936 ubagwije incuro cumi! Biragaragara ko ukubuzwa kudashobora guhagarika abasavyi ba Yehova gutera baja imbere bayobowe n’indongozi yabo nyeninstinzi, Yezu Kirisitu.
7. Ni ikintu cibonekeje ikihe cabaye mu 1958, kandi ni ihinduka ryibonekeje irihe ryabaye guhera ico gihe?
7 Ese ukuntu ukwo gutera imbere kwigaragaje igihe mu 1958 Ivyabona vya Yehova bagira ihwaniro rinini mu Gisagara ca New York riruta ayo bari baragize yose, rikaba ryari Iteraniro Mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Ukugomba kw’Imana,” abaryitavye bakaba bashika ku gitigiri c’agaheta 253.922. Mu 1970 igikorwa cabo cari kimaze kurekurwa mu bihugu bitatu vyavuzwe aho haruguru, kiretse ahahoze ico gihe hitwa Ubudagi bwo mu Buseruko. Ariko Ivyabona bari bakibujijwe mu gice kinini ca Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti be no mu bihugu vyashize hamwe na yo muri ya masezerano y’i Varusoviya. Muri iki gihe, muri ivyo bihugu vyahoze bitwarwa n’Abakominisita, hariyo Ivyabona b’abanyamwete barenga igice c’umuliyoni.
8. Kuba Yehova yarahezagiye abasavyi biwe vyavuyemwo iki, kandi ni ibiki Umunara w’Inderetsi wo mu 1950 wabivuzeko?
8 Ivyabona vya Yehova barahezagiwe barongerekana kubera babandanije “[kubanza] kwitwararika ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo.” (Matayo 6:33) Mu buryo butari ikigereranyo, ubuhanuzi bwa Yesaya buramaze kuranguka. Bugira buti: “Inkēngērwa izovamw’igihumbi, kandi nyarucari azoba ihanga rikomeye. Jewe Uhoraho nzobishitsa n’ingoga, igihe cavyo kigeze.” (Yesaya 60:22) Vyongeye iyongerekana rirabandanya. Mu myaka cumi gusa iheze, igitigiri c’abantu b’abanyamwete bavugira ubutegetsi bw’Ubwami cariyongereyeko abantu barenga 1.750.000. Abo bantu barabaye bavyigombeye abo mu mugwi Umunara w’Inderetsi umwe wo mu 1950 wavuzeko ibi bikurikira: “Imana ubu iriko irategura ikibano c’isi nshasha. . . . Uwo mugwi w’intango uzorokoka Harumagedoni, . . . ube uwa mbere mu kuba mw’‘isi nshasha’ . . . , wungunganijwe hakurikijwe uburyo Imana itegeka, uzi neza ukuntu ivy’ishirahamwe bigenda.” Ico kiganiro casozereye kivuga giti: “Dutere tuja imbere rero, dushikamye, twese hamwe bwa kibano c’isi nshasha!”
9. Ibintu Ivyabona vya Yehova bari bize mu myaka n’iyindi vyagaragaye gute ko ari ngirakamaro?
9 Mu kurindira ico gihe, abagize ico kibano c’isi nshasha badahengeshanya kwongerekana, barize gukora ibintu mu buryo bworoshe kandi bw’ingirakimazi, bikaba vyagaragaye ko bafise akamaro muri iki gihe, kandi kumbure bikazokagira no mu bikorwa vyo gusubira gutunganya ibintu inyuma ya Harumagedoni. Nk’akarorero, Ivyabona barize kwungunganya amahwaniro maninimanini, gutabara mu buryo bwihutirwa no kwubaka inyubakwa ningoga na ningoga. Ico gikorwa catumye benshi batangarira Ivyabona vya Yehova kandi barabubaha.
Ivyiyumviro Bitari vyo Bikosorwa
10, 11. Tanga akarorero k’ukuntu ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova vyakosowe.
10 Mugabo rero, hariho abantu bagiriza Ivyabona vya Yehova y’uko badahuza n’ikibano c’abantu. Ivyo ahanini bitumwa n’impagararo Ivyabona bafata ishingiye kuri Bibiliya, nko ku bijanye n’ivy’uguterwa amaraso, ukutagira aho begamiye, kunywa itabi n’inyifato runtu. Ariko abantu barushiriza kuba benshi bariko baratangura kwemera icese yuko ivyiyumviro vy’Ivyabona bakwiye kuvyitwararika. Nk’akarorero, umugangakazi umwe w’i Polonye yaraterefonye ibiro bihagarikiye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova maze avuga yuko we hamwe n’abo bakorana ku bitaro bari bamaze amasaha n’amasaha baharira ku kibazo cerekeye uguterwa amaraso. Ico kiyago cakabuwe n’ikiganiro kimwe cabonetse uwo musi nyene mu kinyamakuru kimwe (Dziennik Zachodni) gisohoka ku musi ku musi mu Gipolonye. Uwo mugangakazi yiyemereye ati: “Ubwanje ndababazwa n’ukubona amaraso akoreshwa birenze urugero mu vy’ubuvuzi. Ivyo bitegerezwa guhindurwa, kandi ndashima ko hari umuntu yavyuye ico kiganiro. Ndipfuza kuronka ayandi makuru kuri ivyo.”
11 Mu gihe c’inama yabaye mu mwaka uheze, abakuru mu vy’ubuvuzi bava i Buraya, muri Isirayeli, muri Kanada no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baraganiriye ku makuru yanditse agenewe gufasha abaganga kuvura abarwayi badakoresheje amaraso. Muri iyo nama yagizwe mu Busuwisi barerekanye ko abarwayi bapfa baba batewe amaraso mu vy’ukuri ari benshi kuruta abarwayi bapfa batayatewe, ivyo na vyo bikaba bihushanye n’ivyiyumviro abantu benshi bafise. Abarwayi bo mu Vyabona muri rusangi barashobora kunyaruka gusohoka ibitaro kuruta abavurwa hakoreshejwe amaraso, ivyo na vyo kenshi bikagabanya amahera bariha.
12. Nutange akarorero k’ukuntu abantu bakomakomeye bashimagije impagararo Ivyabona vya Yehova bafashe ku biraba ukutagira aho begamiye mu vya politike.
12 Haranavuzwe ibintu vyinshi vyiza ku vyerekeye impagararo Ivyabona vya Yehova bafashe yo kutagira aho begamiye imbere y’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose no mu gihe cayo, igihe bagira umutima rugabo ku ntwaro y’Abanazi. Ya Videwo, La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova Bahanganye n’Uruhamo rw’Abanazi) yahinguwe n’Ivyabona vya Yehova kandi ikerekanwa bikwiriye ari bwo bwa mbere mw’ikambi y’itunatuniro y’i Ravensbrück mu Budagi kw’igenekerezo rya 6 Munyonyo 1996, yaratumye abantu bavuga ibintu vyizavyiza vyinshi. Dr. Wolfgang Scheel, umuyobozi w’aho bigishiriza ivya politike i Lower Saxony, mu gihe c’ugutanguza iyerekanwa ry’iyo videwo nyene kw’ikambi y’itunatuniro yabaye iciro ry’umugani y’i Bergen-Belsen, hakaba hari kw’igenekerezo rya 18 Ndamukiza 1998, yiyemereye ibi: “Kimwe mu bintu vy’ukuri bidutera ubuyega vyabaye muri kahise ni uko Ivyabona vya Yehova bateye akagere umugambwe w’Abanazi bafise umwiyemezo ukomeye kuruta uwo ayandi madini y’Abakirisu yagize. . . . Ukwo twoba tubona kwose inyigisho n’umwete w’ivy’idini Ivyabona vya Yehova bafise, ugushikama bagaragaje mu gihe c’intwaro y’Abanazi kurakwiye gutuma tububaha.”
13, 14. (a) Ni amajambo abereye ayahe yavuzwe avugira neza Abakirisu bo mu ntango avuye ku muntu batari biteze? (b) Tanga uturorero tw’amajambo mezameza yavuzwe avugira neza abasavyi b’Imana muri iki gihe.
13 Igihe abantu bakomakomeye canke ingingo zifatwa muri sentare bivugira neza Ivyabona vya Yehova ku bibazo bivyura impari, ivyiyumviro bibi abantu babafiseko birashobora guhera maze bigatuma Ivyabona barushiriza kubonwa neza. Ivyo kenshi na kenshi birabacira inzira yo kuganiriza abantu mbere batigera bashaka kwumviriza. Ibikorwa nk’ivyo rero vyakirwa neza, kandi mu vy’ukuri Ivyabona vya Yehova barabishima. Ivyo biratwibutsa ivyashitse mu kinjana ca mbere i Yeruzalemu. Igihe rya Kombe, ari yo sentare nkuru y’Abayuda, ryashaka gukuraho Abakirisu kubera bamamaza n’umwete mwinshi, Gamaliyeli, uwari “umwigisha w’ivyagezwe yubahwa n’abantu bose,” yaratanze imburizi avuga ati: “Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu. . . . Ni muzibukire aba bantu, mubarekure: kukw iyi nama n’iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa: ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.”—Ivyakozwe 5:33-39.
14 Nka kumwe kwa Gamaliyeli, abantu bakomakomeye baherutse kuvugira neza Ivyabona vya Yehova kugira ngo baronke umwidegemvyo wo gusenga. Nk’akarorero, uwahoze ari umuhagarikizi w’Ishure Mpuzamakungu Riraba ivy’Umwidegemvyo w’Idini be n’Ukwemera yashikirije ibi: “Uburenganzira bwo mu vy’idini bw’idini kanaka, idini ntirikwiye kureka kubuhabwa kubera gusa ivyo ryemera abantu babona ko bitabereye canke bidasanzwe.” Vyongeye umwigisha umwe w’inyigisho z’ubuhinga bwerekeye ivy’amadini kuri kaminuza y’i Leipzig, yarabajije ikibazo kijanye neza n’urwego rwa leta y’Ubudagi rwashinzwe kugira ngo rugire itohoza ku vyerekeye ivyitwa utudumbi tw’idini, abaza ati: “Ni kuki hakwiye gusuzumwa gusa amadini y’inkehwa ariko ntihasuzumwe ya madini maninimanini abiri [Ekeleziya Gatolika ya Roma be na Ekeleziya ya Luther]?” Kugira ngo turonke inyishu, ntibikenewe ko tuja kure, ariko tuyisanga mu majambo yavuzwe n’umuntu umwe yahoze afise igiti mu Budagi, uwanditse ati: “Nta nkeka dushobora kugira ko abantu b’abanyamwete bari mu madini ari bo babaye inyuma y’ivyo vyose, bakaja mu matwi urwo rwego rwa leta kugira rufate iyo ngendo ya politike.”
Imfashanyo Tuyironderera Kuri Bande?
15, 16. (a) Ni kuki igikorwa kirumara Gamaliyeli yakoze kitashitse ku kintu kinini? (b) Ni gute abantu bandi batatu bakomakomeye batari bafise ubushobozi buhagije mu vyo bari gushobora gukora ku bw’ineza ya Yezu?
15 Ivyo Gamaliyeli yavuze bishira ahabona gusa ivy’uko igikorwa Imana ifashe mu mugongo kidashobora kureka kwererwa. Nta nkeka ko Abakirisu bo mu ntango batoreye akoyoko ku majambo Gamaliyeli yabwiye Abanyekombe, ariko ntibibagiye yuko amajambo Yezu yavuze ku vyerekeye abayoboke biwe ko bohamwe na yo nyene yari ay’ukuri. Ikintu Gamaliyeli yakoze catumye imigambi abarongozi b’idini bari bafise yo kubakuraho bayihagarika, ariko ivyo ntivyaranduranye n’imizi uruhamo, kubera dusoma duti: “Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura.”—Ivyakozwe 5:40.
16 Igihe Yezu yariko acirwa urubanza, Ponsiyo Pilato abonye ata kosa amutoyeko, yaciye agerageza kumurekura. Ariko ntiyerewe. (Yohana 18:38, 39; 19:4, 6, 12-16) Eka n’abantu babiri bo muri iryo Kombe, ari bo Nikodemo na Yozefu w’Umunyarimataya bari bashigikiye Yezu, nta bushobozi buhagije bari bafise butuma bashobora kugira ico bakora kugira ngo babuze sentare gucira rubi Yezu. (Luka 23:50-52; Yohana 7:45-52; 19:38-40) Imvo ibibatuma yaba iyihe, igihe abantu bahagurutse ngo baburanire abasavyi ba Yehova ntibabaremurura ikintu kinini. Isi izobandanya kwanka abayoboke nyakuri ba Kirisitu, nk’uko yamwanse. Yehova ni we gusa ashobora kuturemurura mu buryo bushitse.—Ivyakozwe 2:24.
17. Ni gute Ivyabona vya Yehova babona ibintu nk’uko biri, mugabo ni kuki batagoyagoya mu mwiyemezo wabo wo kubandanya kwamamaza inkuru nziza?
17 Ivyabona vya Yehova babona ibintu nk’uko biri, ni co gituma bitega ko uruhamo rubandanya. Ukurwanywa kuzohagarara gusa igihe urunkwekwe rwa Shetani ruzoba rwatsinzwe buhere. Yamara, urwo ruhamo, naho rudahimbaye, ntirutuma Ivyabona bareka kurangura ibanga ryabo ryo kwamamaza Ubwami. Rwobituma gute kandi bafatwa mu mugongo n’Imana? Bahanga amaso Indongozi yabo igaragaza uburindutsi, Yezu Kirisitu, bwa karorero kabereye.—Ivyakozwe 5:17-21, 27-32.
18. Ni ingorane iyihe ikiraririye gushikira abasavyi ba Yehova, ariko bajijutse ko bizovamwo iki?
18 Guhera mu ntango yayo, idini y’ukuri yarahuye n’ukurwanywa gukomeye. Vuba, igiye guterwa igitero simusiga na Gogi, ni ukuvuga Shetani muri kwa gushirwa hasi kwiwe kuva yirukanywe mw’ijuru. Ariko idini y’ukuri izorokoka. (Ezekiyeli 38:14-16) “Abami bo mw isi yose,” barongowe na Shetani, “bazorwanya umwagazi w’intama, uwo mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami.” (Ivyahishuriwe 16:14; 17:14) Egome, Umwami wacu ariko aratera aja imbere agana ku ntsinzi ya nyuma kandi vuba ‘agiye gusozera intsinzi yiwe.’ Ese ukuntu ari agateka kuba turiko turajana na we, tuzi yuko vuba ata muntu azokwigera asubira kuvuguruza abantu basenga Yehova, igihe bavuga ngo: “Imana iri mu ruhande rwacu”!—Abaroma 8:31; Ab’i Filipi 1:27, 28.
Woshobora Kubisigura?
• Ni igiki Yehova yakoze kugira ngo akomeze ishengero rya gikirisu kuva Ubwami buvutse?
• Ni ibiki Shetani yakoze kugira ngo agerageze guhagarika Kirisitu ngo ntasozere intsinzi yiwe, kandi vyavuyemwo iki?
• Ni uburimbane ubuhe dukwiye kugira ku bintu vyiza abatari Ivyabona bakora?
• Vuba Shetani agiye gukora iki, kandi bizovamwo iki?
[Ifoto ku rup. 30]
Ukuba Ivyabona batagize aho begamira mu Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose biracatuma Yehova ashemezwa
[Video cover on page 30]
La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie