ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/3 rup. 24-28
  • ‘Turondere Yehova n’Inkomezi Ziwe’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Turondere Yehova n’Inkomezi Ziwe’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nurondere Ububasha Yehova Atanga
  • “Aha Inkomezi Abadendebukiwe”
  • Ububasha bwo Kubabaza n’Ububasha bwo Gukiza
  • Ikoreshwa Ribereye ry’Ububasha
  • «Yehova . . . afise ububasha bwinshi»
    Niwiyegereze Yehova
  • “Niwigane Imana” mu kuntu ukoresha ububasha
    Niwiyegereze Yehova
  • Yehova—Uwufise Ububasha Bwinshi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Yehova Araha Inkomezi Uwurushe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/3 rup. 24-28

‘Turondere Yehova n’Inkomezi Ziwe’

“Inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye.”​—2 NGOMA 16:9.

1. Ububasha ni iki, kandi abantu babukoresheje gute?

UBUBASHA bushobora gusobanura ibintu bitari bike, nk’ukugira ubuyobozi, ubukuru canke akosho ku bandi; ububangukirwe bwo kugira ico ukoze canke ushikako, inguvu z’umubiri (inkomezi); canke ububasha bwo kugira ico ushikako mu vy’ubwenge canke mu vy’ukwigenza runtu. Tuvuze ivy’ikoreshwa ry’ububasha dusanga abantu batavyifashemwo neza. Umutohozakahise Lord Acton, igihe yavuga ivyerekeye ububasha bufiswe n’abanyapolitike, yagize ati: “Ububasha burakunda kwonona, kandi ububasha ntayegayezwa buronona mu buryo ntangere.” Ivyabaye mu bihe vya none vyuzuyemwo uturorero twerekana yuko amajambo ya Lord Acton ari ukuri kwibonekeza. Mu kinjana ca 20 kuruta ikindi gihe cose, “umuntu umwe [yagize] ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Intwazamukazo bononekaye barakoresheje nabi cane ububasha bwabo gutyo barirahira ubuzima bw’abantu amamiliyoni. Ububasha butisunga urukundo, ubukerebutsi n’ubutungane bwotera ingeramizi.

2. Sigura ukuntu izindi kamere z’Imana zigira ico zikoze ku buryo Yehova akoresha ububasha bwiwe.

2 Imana yo ntimeze nk’uko abantu benshi bameze, nantaryo ikoresha ububasha bwayo ku bw’ineza. “Inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye.” (2 Ngoma 16:9) Yehova akoresha ububasha bwiwe mu buryo burimwo ukwifata. Ukwihangana kuratuma Imana idahonya ababisha kugira ngo ibahe akaryo ko kwigaya. Urukundo ruratuma yakiriza izuba abantu bose, abagororotsi n’abagabitanya. Ubutungane amaherezo buzotuma ikoresha ububasha bwayo ntangere kugira ngo iherengeteze wa wundi afise uburyo bwo guteza urupfu, ari we Shetani wa Mucokoranyi.​—Matayo 5:44, 45; Abaheburayo 2:14; 2 Petero 3:9.

3. Ni kuki ububasha buruta bwose bw’Imana ari imvo yotuma tuyizigira?

3 Ububasha buteye akoba bwa Data wa twese wo mw’ijuru ni imvo yotuma twishimira tukongera tukizigira amasezerano yiwe n’uburinzi bwiwe. Akana gato kumva ata nkomanzi mu bantu katazi, igihe kagumije ukuboko kwa se, kubera yuko kaba kazi ko se atoreka ngo hagire ikibi na kimwe kigashikira. Muri ubwo buryo nyene, Dawe wa twese wo mw’ijuru wa “munyabushobozi bgo gukiza,” azoturinda inabi yose idahera nitwaramuka tugendanye na we. (Yesaya 63:1; Mika 6:8) Kandi kubera ko Yehova ari Umuvyeyi mwiza, nantaryo ararangura ivyo asezerana. Ububasha ntangere bwiwe ni icemeza yuko ‘ijambo ryiwe rizosozera ico yaritumye.’​—Yesaya 55:11; Tito 1:2.

4, 5. (a) Igihe Umwami Asa yizigira Yehova agaherezako vyatanze iki? (b) Ni igiki gishobora gushika turamutse twihetse ku vy’uko abantu botorera umuti ingorane zacu?

4 Ni kuki ari ibihambaye cane ko twiyemeza kutigera twibagira uburinzi bwa Dawe wa twese wo mw’ijuru? Kubera yuko bishoboka ko turengerwa n’ibidushikira maze tukibagira aho umutekano nyakuri wacu uri. Ivyo bibonekera ku karorero k’Umwami Asa, umugabo mu bisanzwe yizigira Yehova. Ku ngoma ya Asa, ingabo z’Abanyetiyopiya zigera ku muliyoni zarateye Yuda. Asa abonye ko mu vya gisirikare abansi biwe ari bo bakomeye, yasenze ati: “Ewe Uhoraho, nta mutabazi ariho atari wewe, ashobora gutabara abanyantege nke akabakiza abanyenkomezi; ewe Uhoraho Mana yacu, udutabare, kukw ari wewe twizigiye, kandi tuje mw izina ryawe kurwanya iki gitero kingana girtyo. Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yacu: ntuneshwe n’umuntu buntu.” (2 Ngoma 14:11) Yehova yarishuye ivyo Asa amusavye amuha intsinzi ikomeye.

5 Ariko rero, Asa amaze imyaka n’iyindi asukura ari umwizerwa, ukwizigira kwiwe ububasha bwa Yehova bwo kurokora kwarahungabanye. Kugira ngo yikize ugusugerezwa n’igisirikare c’ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko, yituye Siriya kugira imufashe. (2 Ngoma 16:1-3) Naho igiturire yahaye Umwami w’i Siriya Beni-Hadadi catumye Isirayeli itagisugereza Yuda, isezerano Asa yagiraniye na Siriya ryarerekanye ukubura ukwizigira Yehova. Hanani umuhanuzi yamubajije adakikiriza ati: “Mbeg’Abanyetiyopiya n’[“Abanyalibiya,” NW] ntibār’ingabo nyinshi z’isinzi, zifise imikogote y’intambara n’abagendera ku mafarasi vyinshi cane? Ariko kuko wari wizigiye Uhoraho abagabura mu maboko yawe?” (2 Ngoma 16:7, 8) Ariko rero, Asa yarateye akagere ico gikangīro. (2 Ngoma 16:9-12) Igihe duhanganye n’ingorane, nimuze tureke kwiheka ku vy’uko abantu ari bo bozitorera umuti. Ahubwo nimuze tugaragaze ko twishimiye Imana, kubera yuko twizigiye ububasha bw’abantu impera n’imperuka bizotuma dutaha zirayoye.​—Zaburi 146:3-5.

Nurondere Ububasha Yehova Atanga

6. Ni kuki dukwiye ‘kurondera Uhoraho n’inkomezi ziwe’?

6 Yehova arashobora guha abasavyi biwe ububasha akanabakingira. Bibiliya iduhimiriza ‘kurondera Uhoraho n’inkomezi ziwe.’ (Zaburi 105:4) Kubera iki? Kubera yuko igihe dukora ibintu ku nguvu z’Imana, ububasha bwacu buzokoreshwa ku bw’ineza y’abandi atari ku bw’ukubagirira nabi. Muri ivyo nta handi dusanga akarorero keza kuruta aka Yezu Kirisitu, uwakoze ibitangaro vyinshi mu “bushobozi bg’Umwami Imana.” (Luka 5:17) Yezu yari gushobora kwihebera ivy’ugucika umutunzi rurangiranwa, canke mbere umwami nyenububasha bwose. (Luka 4:5-7) Aho kwihebera ivyo, yakoresheje ububasha Imana yamuhaye mu kumenyereza no kwigisha, mu gufasha no gukiza. (Mariko 7:37; Yohana 7:46) Ese ukuntu ari akarorero keza kuri twebwe!

7. Ni kamere nyamukuru iyihe dutsimbataza igihe tugira ibintu twisunze inkomezi z’Imana aho kwisunga izacu bwite?

7 Vyongeye, igihe dukora ibintu “nk’[aba]fise ubushobozi Imana itanga,” ivyo bizodufasha kuguma twicisha bugufi. (1 Petero 4:11) Abantu bironderera ububasha baca bagira ubwibone. Umuntu twofatirako akarorero ni Umwami w’i Ashuri yitwa Esarihadoni, uwamenyesheje n’ubwishime n’akantu ati: “Ndi agakomeye, ndi mushoboravyose, ndi rurangiranwa, ndi igihangange, ndi umugabo w’ijunja.” Yehova we si ukwo, “yatoranije ibinyantege nke vyo mw isi, ngw [a]māramāze ibikomeye.” Gutyo, mu gihe Umukirisu w’ukuri yirata, yiratira muri Yehova kuko azi yuko ivyo yakoze bitarangutse ku bw’inkomezi ziwe bwite. ‘Twicishije bugufi turi musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi,’ bizodushira hejuru vy’ukuri.​—1 Ab’i Korinto 1:26-31; 1 Petero 5:6.

8. Ni igiki dukwiye kubanza gukora kugira turonke ku bubasha bwa Yehova?

8 Turonka gute ku nkomezi z’Imana? Ubwa mbere, dutegerezwa kuzisaba mw’isengesho. Yezu yarakuye amazinda abigishwa biwe yuko Se yohaye impwemu yera abayisavye. (Luka 11:10-13) Rimbura ukuntu iyo mpwemu yashize mu bigishwa ba Kirisitu ububasha igihe bahitamwo kugamburukira Imana aho kugamburukira indongozi z’amadini bari bategetse guhagarika gushinga intahe ku vyerekeye Yezu. Igihe basenga basaba imfashanyo ya Yehova, isengesho ryabo ritarimwo uburyarya ryarishuwe, maze impwemu yera ibaha ububasha bwo kubandanya kwamamaza inkuru nziza bashize amanga.​—Ivyakozwe 4:19, 20, 29-31, 33.

9. Vuga isoko rigira kabiri ry’inkomezi zo mu vy’impwemu, wongere uvuge akarorero ko mu Vyanditswe kerekana ko iryo ari ngirakamaro.

9 Ubwa kabiri, dushobora kuronkera inkomezi zo mu buryo bw’impwemu muri Bibiliya. (Abaheburayo 4:12) Ububasha bw’ijambo ry’Imana bwaragaragaye mu misi y’Umwami Yosiya. Naho uwo mwami w’i Buyuda yari yaramaze gukura ibigirwamana vy’abapagani muri ico gihugu, ukwubura mu rusengero Ivyagezwe vya Yehova bitari vyitezwe vyaramusunikiye ku gukomeza uwo mugambi w’ityorora.a Yosiya amaze ubwiwe gusomera ivyo Vyagezwe abanyagihugu, iryo hanga ryose uko ringana ryaragiraniye na Yehova isezerano kandi isekeza rigira kabiri, rikomeye kuruta, ryo kurwanya ugusenga ibigirwamana ryaratangujwe. Ikintu ciza cavuye muri ukwo guhindura ibintu kwa Yosiya cari ic’uko “igihe cose yamaze akiriho [a]ta ho bāretse gukurikira Uhoraho, Imana ya ba sekuruza.”​—2 Ngoma 34:33.

10. Uburyo bugira gatatu bwo kuronkeramwo inkomezi za Yehova ni ubuhe, kandi ni kuki ari ngirakamaro?

10 Ubwa gatatu, turaronkera ikomezi kuri Yehova biciye ku kwifatanya n’abandi Bakirisu. Paulo yaremesheje Abakirisu kwitaba amakoraniro ubudahorereza kugira ngo “[ba]rwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza” bongere baremeshanye. (Abaheburayo 10:24, 25) Igihe Petero yabohorwa mw’ibohero ku gitangaro, yashaka kuba kumwe n’abavukanyi biwe, ari co gituma yaciye agana ku nzu ya nyina wa Yohani Mariko, aho “bāri bakoraniye benshi, bariko barasenga.” (Ivyakozwe 12:12) Ego ni ko, bose bari gushobora kwigumira muhira bagasenga. Mugabo bahisemwo guhurira hamwe kugira basenge bongere baremeshanye muri ico gihe kigoye. Paulo agiye kurangiza rwa rugendo rwiwe rurerure kandi rutari rworoshe yagize i Roma, yarahuye n’abavukanyi bamwebamwe i Puteyoli, mu nyuma abonana n’abandi bari bafashe urugendo baje kumusanganira. Yavyakiriye gute? “Paulo [a]bonye [abo baje kumusanganira] ashima Imana, umutima urarema.” (Ivyakozwe 28:13-15) Yarakomejwe n’ugusubira kuba kumwe n’Abakirisu bagenziwe. Na twebwe nyene turaronkera inkomezi ku kwifatanya n’Abakirisu bagenzi bacu. Mu gihe tugifise umwidegemvyo tukaba kandi dushoboye kwifatanya n’abandi, ntidukwiye kugerageza kwigendana muri ya nzira yaga ijana mu buzima.​—Imigani 18:1; Matayo 7:14.

11. Nuvuge ibihe bimwebimwe aho “ubushobozi buhebuje” buba canecane bukenewe.

11 Biciye mu gusenga tudahorereza, mu kwama dutohoza Ijambo ry’Imana no mu kwama twifatanya n’abo dusangiye ukwemera, “[turabandanya] kuronkera ububasha mu Mukama no mu bushobozi bw’inkomezi ziwe.” (Abanyefeso 6:10, NW) Nta nkeka twese turakeneye “ububasha mu Mukama.” Bamwe barwaye indwara zigoyagoza, abandi bakaba basinzikajwe n’ubusaza canke ukubura umugenzi bari bamaranye ubuzima bwabo bwose. (Zaburi 41:3) Abandi bihanganira ukurwanywa n’uwo bubakanye atizera. Abavyeyi, canecane abirerana abana, bashobora gusanga ugukora akazi k’igihe cose mu gihe barera abana ari ibanga riruhisha cane. Abakirisu bakiri bato barakeneye inkomezi kugira ngo bashikame mu guhangana n’akosho k’urunganwe bongere bamirire kure ibiyayura umutwe n’ubushegabo. Nta n’umwe akwiye kwijijanya imitima gusaba Yehova “ubushobozi buhebuje” kugira ngo tuvyifatemwo neza muri izo ngorane.​—2 Ab’i Korinto 4:7.

“Aha Inkomezi Abadendebukiwe”

12. Yehova adushigikira gute mu gikenurwa ca gikirisu?

12 Ubukurikira, Yehova aha ububasha abasavyi biwe igihe barangura igikenurwa cabo. Mu buhanuzi bwa Yesaya tuhasoma duti: “Ni we aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ūtagira intege amwongeramw’inkomezi. . . . Abīteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodūgisha amababa nk’inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.” (Yesaya 40:29-31) Intumwa Paulo ubwiwe yararonse ububasha bwo kurangura igikenurwa ciwe. Ico vyatanze ni uko igikenurwa ciwe cabaye ngirakimazi. Yandikiye Abakirisu b’i Tesalonike ati: “Ubutumwa bgacu [ntibwa]bashitseko ar’amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi n[’im]pwemu [y]era.” (1 Ab’i Tesalonike 1:5) Ukwamamaza inkuru nziza n’ukwigisha kwiwe vyari bifise ububasha bwo gutuma haba ibintu bikomakomeye bihinduka mu buzima bw’abamwumviriza.

13. Ni igiki cakomeje Yeremiya kugira ngo akomere ku muheto naho yarwanywa?

13 Igihe mu karere kacu duhanganye n’agatima k’ukutanegwa ivyo dushikiriza​—kumbure kakaba ari akarere twamamajemwo inkuru nziza incuro nyinshi mu myaka n’iyindi, hakitabira bake​—turashobora kuvunika umutima. Yeremiya na we nyene yaraciwe intege n’ukurwanywa, ugucokorwa, n’ukutabinegwa kw’abo bahura. Yibwiye ati: “Sinzosubira ku[vuga ivy’Imana], canke ngo ngire ico mvuga mw izina ry[ayo].” Mugabo ntiyashobora gucereza. Ubutumwa bwiwe “[bwabaye] nk’umuriro uyingana . . . [mu] magufa y[iwe].” (Yeremiya 20:9) Ni igiki camuhaye ububasha bunaguwe mu gihe yari ahanganye n’ingorane nyinshi gutyo? Yeremiya yavuze ati: “Uhoraho ari kumwe nanje nk’umunyenkomezi n’uw’igitinyiro.” (Yeremiya 20:11) Ukuba Yeremiya yaratahura akamaro gahambaye k’ubutumwa bwiwe n’ibanga yashinzwe n’Imana vyatumye yakiriza yompi indemesho ya Yehova.

Ububasha bwo Kubabaza n’Ububasha bwo Gukiza

14. (a) Ururimi ni igikoresho gifise ububasha bungana iki? (b) Tanga uturorero twerekana amabi ururimi rushobora gukora.

14 Ububasha bwose dufise ntibuva ku Mana ubwayo. Nk’akarorero, ururimi rurafise ububasha bwo kubabaza n’ubwo gukiza. Salomo abura ati: “Urupfu n’ubu[zima] biri mu bubasha bg’ururimi.” (Imigani 18:21) Ivyavuye muri ca kiyago kigufi Shetani yagirana na Eva birerekana ukuntu amabi menshi ashobora gukwegwa n’amajambo. (Itanguriro 3:1-5; Yakobo 3:5) Na twebwe nyene turashobora gukora amabi menshi dukoresheje ururimi. Kunebagura umukobwa akiri muto ku vyerekeye ubunini bwiwe vyotuma abura akayabagu igihe kirekire. Gusubiramwo insaku kanaka ata kwiyubara birashobora gusenyura ubugenzi bw’abari bakundanye ubuzima bwabo bwose. Egome, ururimi rurakwiye gucungerwa.

15. Dushobora gute gukoresha ururimi rwacu mu kwubaka no mu gukiza?

15 Ariko rero, ururimi rurashobora kwubaka rugashobora no gusambura. Umugani wo muri Bibiliya uvuga uti: “Har’ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota, arik’ururimi rw’abanyabgenge ruravūra.” (Imigani 12:18) Abakirisu b’inkerebutsi bakoresha ububasha bw’ururimi mu guhumuriza abadendebuwe n’umubabaro no kwirura ababuze. Amajambo agaragaza impuhwe arashobora kuremesha urwaruka ruriko rurarwana n’akosho konona k’urunganwe. Ururimi ruvuga ibiroranye rurashobora gusubiriza umutima mu nda abavukanyi n’abavukanyikazi bageze mu zabukuru yuko bagikenewe kandi bagikundwa. Amajambo avuganywe ubuntu arashobora kweza umutima abarwaye. Ikiruta vyose, turashobora gukoresha ururimi rwacu mu kugira uruhara mu gushikiriza bwa butumwa bukomeye bw’Ubwami abantu bose batega amatwi. Tugira ububasha bwo kwamamaza Ijambo ry’Imana mu gihe umutima wacu uba uri muri ryo. Bibiliya igira iti: “Ntukanke kugirira ivyiza ababibereye, ugifise uburyo bgo kubikora.”​—Imigani 3:27.

Ikoreshwa Ribereye ry’Ububasha

16, 17. Igihe bakoresha ubukuru bahawe n’Imana, abakurambere, abavyeyi, abanega n’abakenyezi bashobora gute kwigana Yehova?

16 Naho Yehova ari mushoboravyose, ategeka ishengero n’urukundo. (1 Yohana 4:8) Mu kumwigana, abacungezi b’Abakirisu babungabunga ubusho bw’Imana babigiranye urukundo​—bagakoresha ubukuru bafise, atari mu buryo bubi. Ni vyo, rimwe na rimwe abacungezi barakenera ‘guhana, kwihaniza, guhanura,’ mugabo ivyo bikagirwa “mu kwihangana kwose no mu kwigisha.” (2 Timoteyo 4:2) Ni co gituma abakurambere bama nantaryo bazirikana ku majambo intumwa Petero yandikiye abafise ubukuru mw’ishengero ati: “Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo. Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy’ubusho.”​—1 Petero 5:2, 3; 1 Ab’i Tesalonike 2:7, 8.

17 Abavyeyi n’abanega na bo nyene barafise ubukuru bahawe na Yehova kandi ubwo bubasha bukwiye gukoreshwa mu gufasha, mu kurera no mu gukunda cane. (Abanyefeso 5:22, 28-30; 6:4) Akarorero ka Yezu karerekana yuko ubukuru bushobora gukoreshwa mu buryo ngirakimazi no mu rukundo. Igihe igihano kiri ku burimbane kandi kikaba gikwiranye na bo, abana ntibaranduka imitima. (Ab’i Kolosayi 3:21) Imibano y’abubakanye irakomera igihe abanega b’Abakirisu bakoresha ubukuru bwabo mu rukundo, abakenyezi na bo bakubaha cane imitwe yabo ari bo banega, aho kurenga akarimbi ku vyo Imana yabashinze ngo bagiremwo ijambo, barondera kuganza canke ko ibintu bigenda uko bashaka.​—Abanyefeso 5:28, 33; 1 Petero 3:7.

18. (a) Dukwiye kwigana gute akarorero ka Yehova mu kurinda ishavu ryacu? (b) Abafise ubukuru bakwiye kugerageza kuremesha iki mu bo babungabunga?

18 Abafise ubukuru mu muryango no mw’ishengero bakwiye canecane kuba maso kugira ngo barinde ishavu ryabo, kubera yuko ishavu ritera ubwoba aho kuremesha urukundo. Umuhanuzi Nahumu yavuze ati: “Uhoraho ateba kuraka, kand’afise ububasha bginshi.” (Nahumu 1:3; Ab’i Kolosayi 3:19) Kurinda ishavu ryacu ni ikimenyetso c’inkomezi, mu gihe kurireka ari ikigaragaza intege nke. (Imigani 16:32) Haba mu muryango canke mw’ishengero, intumbero ni iyo kuremesha urukundo​—gukunda Yehova, gukundana, no gukunda ingingo zigororotse. Urukundo ni wo mugozi ukomeye kuruta wunga abantu ukaba na co kintu gikomeye kuruta gituma abantu bakora ibigororotse.​—1 Ab’i Korinto 13:8, 13; Ab’i Kolosayi 3:14.

19. Yehova adukura amakenga gute mu buryo buhumuriza, kandi dukwiye kuvyakira gute?

19 Kumenya Yehova ni ukwemera icese ububasha afise. Yehova abicishije kuri Yesaya yavuze ati: “Ntiwaribgabimenye? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi; ntadendebukirwa, nta ho aruha.” (Yesaya 40:28) Ububasha bwa Yehova ntibushobora kwigera buhera. Nitwamwizigira maze ntitwiyizigire, ntazoduta. Adukura amazinda ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.” (Yesaya 41:10) Dukwiye kwakira gute ukwo kuntu atubungabungana urukundo? Nka kumwe kwa Yezu, nimuze twame nantaryo dukoresha ububasha ubwo ari bwo bwose Yehova aduha mu gufasha no mu kuremesha. Ese tworinda ururimi rwacu kugira ngo rukize aho kubabaza. Kandi, ese nantaryo twoguma turi maso mu vy’impwemu, duhagaze dushikamye mu kwizera kandi dukomeye mu bubasha bw’Umuremyi wacu Ahambaye, Yehova Imana.​—1 Ab’i Korinto 16:13.

[Akajambo k’epfo]

a Biboneka yuko Abayuda bubuye ikopi y’Ivyagezwe vya Musa yiyandikiye ubwiwe, hari haheze ibinjana n’ibindi izigamwe mu rusengero.

Woshobora Kubisigura?

• Yehova akoresha gute ububasha bwiwe?

• Ni mu buryo ubuhe dushobora kuronka ku bubasha bwa Yehova?

• Ububasha bw’ururimi bukwiye gukoreshwa gute?

• Ubukuru buhabwa n’Imana bushobora gute kuba umuhezagiro?

[Ifoto ku rup. 25]

Yezu yakoresheje inkomezi za Yehova mu gufasha abandi

[Amafoto ku rup. 26]

Kwamamaza Ijambo ry’Imana tubishobora igihe umutima wacu uri muri ryo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika