ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/3 rup. 18-23
  • Yehova—Uwufise Ububasha Bwinshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova—Uwufise Ububasha Bwinshi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ububasha bw’Imana Bugaragarira mu vyo Yaremye
  • “Uhoraho Nyen’Ingabo, [Umu]nyenkomezi”
  • Yehova Ahishurira Ububasha Bwiwe Abasavyi Biwe
  • Ububasha bwa Yehova Buremeza ko Ivyo Yasezeranye Bizoranguka
  • «Yehova . . . afise ububasha bwinshi»
    Niwiyegereze Yehova
  • ‘Turondere Yehova n’Inkomezi Ziwe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • «Kristu ni ububasha bw’Imana»
    Niwiyegereze Yehova
  • Ububasha bw’Imana burabonekera mu nyenyeri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/3 rup. 18-23

Yehova​—Uwufise Ububasha Bwinshi

“Kubg’ububasha bg’ubushobozi bgiwe, no kubg’inkomezi ziwe nyinshi, nta n’imwe ihara.”​—YESAYA 40:26.

1, 2. (a) Twese twikora ku rihe soko ntanganguvu riboneka? (b) Sigura igituma Yehova ari we Soko nyamukuru ry’inkomezi zose.

INGUVU zitangwa n’amasoko ntanganguvu ni ikintu benshi muri twebwe bafata minenegwe. Nk’akarorero, ni gake cane tuzirikana ku vy’inguvu z’umuyagankuba zituronsa umuco n’ubushuhe, canke ku kuntu ari icoroshe kuba twocomeka ku muyagankuba igikoresho cose kiwukoresha dushobora kuba dutunze. Igihe umuyagankuba ucitse bitari vyitezwe ni ho gusa dutahura yuko ata wuriho, mu bisagara birimwo abantu ibikorwa vyohagarara. Mwinshi mu muyagankuba twikorako tuwuronka vyaciye kw’isoko ntanganguvu ry’isi ridahara kuruta yose, ari ryo zuba.a Kw’isegunda yose, ico kimashini ntanganguvu ari co zuba gikoresha ibintu vyaka bipima amatoni imiliyoni zitanu, kikarekurira kw’isi inguvu zibungabunga ubuzima.

2 None izo nkomezi z’izuba zose ziva he? Ni nde yubatse iryo soko ntanganguvu ryo mu kirere? Ni Yehova Imana. Mu kwerekeza kuri we, muri Zaburi 74:16 hagira hati: “Waremye umuco n’izuba.” Egome, Yehova ni we Soko nyamukuru ry’inkomezi zose, nk’uko nyene ari we Soko ry’ubuzima bwose. (Zaburi 36:9) Ntidukwiye kwigera na rimwe dufata minenegwe ububasha bwiwe. Biciye ku muhanuzi Yesaya, Yehova atwibutsa kurangamiza turabe ibisyo vyo mu kirere nk’izuba n’inyenyeri twongere tuzirikane ku kuntu vyabayeho. Yagize ati: “Ni mwunamure amaso yanyu murābe hejuru, murābe uwaremye izo nyenyeri uw’ari we, asohora ingabo zazo mu bitigiri: azihamagara zose mu mazina; kubg’ububasha bg’ubushobozi bgiwe, no kubg’inkomezi ziwe nyinshi, nta n’imwe ihara.”​—Yesaya 40:26; Yeremiya 32:17.

3. Twungukira gute ku kuntu Yehova agaragaza ububasha bwiwe?

3 Kubera ko Yehova afise ububasha bwinshi, turashobora kwizigira yuko izuba rizobandanya kuturonsa umuco n’ubushuhe ubuzima bwacu buhagazeko. Ariko rero, turiheka ku bubasha bw’Imana ku bw’ibindi bintu vyinshi atari gusa ivyo dukenera vy’ishimikiro mu vy’umubiri. Icungurwa ryacu tugakurwa mu caha n’urupfu, icizigiro cacu ca kazoza be n’ukwizigira kwacu Yehova, vyose birafitaniye isano ntabanduka n’ukuntu akoresha ububasha. (Zaburi 28:6-9; Yesaya 50:2) Bibiliya iruzuye uturorero tugaragaza yuko Yehova ari n’ububasha bwo kurema no gucungura, gukiza abasavyi biwe no guhonya abansi biwe.

Ububasha bw’Imana Bugaragarira mu vyo Yaremye

4. (a) Ukwihweza ikirere mu gihe c’ijoro vyagize ico bikoze gute kuri Dawidi? (b) Ibisyo vyo mu kirere bihishura iki ku biraba ububasha bw’Imana?

4 Intumwa Paulo yasiguye yuko ‘ubushobozi budashira bw’[Umuremyi wacu bushobora] kubonerwa neza mu bintu yaremye.’ (Abaroma 1:20) Ibinjana n’ibindi imbere yaho, umwanditsi wa Zaburi Dawidi, kubera ko yari umwungere, ategerezwa kuba kenshi na kenshi yararangamiza mu kirere mw’ijoro, akabona ubunini bwaco be n’ubushobozi bw’Uwakiremye. Yanditse ati: “Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, n’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; umuntu n’iki ah’umwibuka, cank’umwana w’umuntu ah’umugendera?” (Zaburi 8:3, 4) Naho yari afise ubumenyi buke ku vyerekeye ibisyo vyo mu kirere, Dawidi yaratahuye yuko yari akantu isase agereranijwe n’Umuremyi w’ikirere amahanga tubona. Muri iki gihe, abatohozamibumbe barazi vyinshi kuruta ku vyerekeye ukuntu ikirere ari kinini be n’inguvu zikizigamye. Nk’akarorero, batubwira yuko uko isegunda ihera izuba tubona rirekura inguvu zingana n’iturika ry’amatoni agera ku miliyaridi imiliyoni 100.000 y’ibintu vyaka nk’irisansi vyitwa trinitrotoluène.b Agace inzatsa k’izo nguvu ni ko gashikira isi; yamara ako karahagije kugira ngo kazigame ubuzima bwose kuri uyu mubumbe wacu. N’aho nyene ntiwumve, izuba tubona si rwo runyenyeri rukomeye kuruta izindi zose zo mu kirere. Hari ibinyenyeri birekura mw’isegunda imwe gusa inguvu izuba rirekura ku musi wose. Iyumvire rero ububasha bufiswe n’Uwaremye ibisyo nk’ivyo vyo mu kirere! Elihu yaritangaje bikwiriye ati: “Īshobora vyose nta ho twoshobora kuyiserangura: ifise ububasha bunyomoje.”​—Yobu 37:23.

5. Ni ikimenyamenya ikihe c’inkomezi za Yehova dusanga mu bikorwa vyiwe?

5 ‘Nitwasesa ibikorwa vy’Imana’ nk’uko Dawidi yabigize, tuzobona ikimenyamenya c’ububasha bw’Imana ahantu hose​—mu muyaga no mu mipfunda, mu nkuba no mu miravyo, mu nzuzi zikomakomeye no mu misozi amahanga. (Zaburi 111:2; Yobu 26:12-14) Vyongeye, nk’uko Yehova yavyibukije Yobu, ibikoko biragaragaza inkomezi ziwe. Muri ivyo harimwo imvubu. Yehova yabwiye Yobu ati: “Inkomezi zayo ziri mu masohoro yayo . . . Ingingo zayo zimeze nk’ibihindizo vy’ivyuma.” (Yobu 40:15-18) Inguvu ziteye ubwoba z’imbogo na zo nyene zari zizwi cane mu bihe vya Bibiliya, gutyo Dawidi yarasenze ngo arindwe “akanwa k’intambge . . . [no] mu mahembe y’imbogo.”​—Zaburi 22:21; Yobu 39:9-11.

6. Impfizi igereranya iki mu Vyanditswe, kandi kuki? (Raba akajambo k’epfo.)

6 Kubera inkomezi impfizi ifise, ikoreshwa muri Bibiliya mu kugereranya ububasha bwa Yehova.c Ivyo intumwa Yohani yeretswe vyerekeye intebe y’ubwami ya Yehova bidondora ibinyabuzima bine, kimwe muri vyo kikaba cari gifise mu maso nk’ah’impfizi. (Ivyahishuriwe 4:6, 7) Biboneka ko imwe muri kamere nyamukuru zine za Yehova zigereranywa n’abo bakerubi ari ububasha. Izindi ni urukundo, ubukerebutsi, n’ubutungane. Kubera ko ububasha ari ikintu gihambaye gutyo mu bigize kamere za Yehova, nitwatahura mu buryo butomoye ububasha bwiwe n’ukuntu abukoresha bizotwegereza kuri we kuruta, vyongere bidufashe kwigana akarorero kiwe mu gukoresha neza ububasha ubwo ari bwo bwose twoba dufise.​—Abanyefeso 5:1.

“Uhoraho Nyen’Ingabo, [Umu]nyenkomezi”

7. Dushobora gute kwemera tudakeka ko iciza kizotsinda ikibi?

7 Mu Vyanditswe, Yehova yitwa “Imana Ishobora vyose,” akaba ari izina ry’icubahiro ritwibutsa yuko tudakwiye kwigera na rimwe dufatira mu rwara ububasha bwiwe canke ngo tugire amakenga ku vy’uko ashobora gutsinda abansi biwe. (Itanguriro 17:1; Kuvayo 6:3) Urunkwekwe rw’ibintu rubi rwa Shetani rushobora gusa nk’urwashinze imizi, mugabo mu nyonga za Yehova “amahanga ameze nk’ima ry’amazi riri mu mubindi, agereranywa n’umukungugu ufashe ku munzane.” (Yesaya 40:15) Bivuye ku bubasha bw’Imana nk’ubwo, nta nkeka ko iciza kizotsinda ikibi. Muri iki gihe ububisha bwimonogoje, turashobora guhumurizwa n’ukumenya ko “Uhoraho nyen’ingabo, [Umu]nyenkomezi [w]’Abisirayeli” azokuraho ikibi ibihe bidahera.​—Yesaya 1:24; Zaburi 37:9, 10.

8. Yehova ategeka izihe ngabo zo mw’ijuru, kandi ni igiki kitugaragariza ububasha bwazo?

8 Imvugo ngo “Uhoraho nyen’ingabo,” iyigaruka incuro 285 muri Bibiliya, ni ikindi kintu kitwibutsa ububasha bw’Imana. Izo “ngabo” zivugwa ngaho ni amasinzi y’ibiremwa vy’impwemu Yehova ategeka. (Zaburi 103:20, 21; 148:2) Mw’ijoro rimwe gusa, umwe gusa muri abo bamarayika yarararitse abasoda b’Abanyasiriya 185.000 bari bahanamiye Yeruzalemu. (2 Abami 19:35) Nitwemera icese ububasha bw’ingabo za Yehova zo mw’ijuru, ntibizokworoha ko duterwa ubwoba n’abaturwanya. Umuhanuzi Elisa ntaco vyamubwiye igihe yagwa mu mutego w’ingabo nyinshi zariko ziramurondera, kubera ko mu buryo butandukanye na wa musuku wiwe, we yashoboye kubona n’amaso y’ukwizera isinzi ry’ingabo zo mw’ijuru zimufashe mu mugongo.​—2 Abami 6:15-17.

9. Ni kuki dukwiye kwizigira uburinzi bw’Imana, nka kumwe kwa Yezu?

9 Yezu na wene yari azi ko abamarayika bamufashe mu mugongo igihe yahangana n’igitero c’abantu benshi bari bitwaje inkota n’amahiri mw’itongo ry’i Getsemane. Amaze kubwira Petero ngo asubize inkota yiwe ahayo, Yezu yamubwiye yuko mu bihe vyoba bikenewe, yotakambira Se ngo amuronse “abamarayika basāga legiyono cumi na zibiri.” (Matayo 26:47, 52, 53) Niba na twe dutahura dutyo ingabo zo mw’ijuru Imana ifise, tuzokwizigira kandi ntidukekeranye ugufatwa mu mugongo n’Imana. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ko bimeze birtyo, tuvuge iki? Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?”​—Abaroma 8:31.

10. Yehova akoresha ububasha bwiwe ku neza ya bande?

10 Turafise impamvu zikwiye rero zo kwizigira uburinzi bwa Yehova. Nantaryo akoresha ububasha bwiwe ku neza no mu buryo bujanye n’izindi kamere ziwe​—na zo zikaba ari ubutungane, ubukerebutsi n’urukundo. (Yobu 37:23; Yeremiya 10:12) Mu gihe abantu b’abanyabubasha kenshi bacura bufuni na buhoro abakene n’abantu batobato kubera inyungu iranga ubwikunzi, Yehova ‘akura umugorwa mu mukungugu’ kandi akaba “umunyabushobozi bgo gukiza.” (Zaburi 113:5-7; Yesaya 63:1) Nka kurya kwa Mariya nyina wa Yezu yifata ruto ntiyishire hejuru yabitahuye, “Iy’ubushobozi” ikoresha ububasha bwayo ata bwikunzi ku bw’abayitinya, igacisha bugufi abibone maze igashira hejuru abatobato.​—Luka 1:46-53.

Yehova Ahishurira Ububasha Bwiwe Abasavyi Biwe

11. Ni igiki Abisirayeli babonye mu mwaka w’1513 B.G.C. gishingira intahe ububasha bw’Imana?

11 Mu bihe bitari bike, Yehova yaragaragarije abasavyi biwe inkomezi afise. Kimwe mu bihe nk’ivyo cabaye ku Musozi Sinayi mu 1513 B.G.C. Muri uwo mwaka, Abisirayeli bari bamaze kubona ibimenyamenya bitangaje vy’ububasha bw’Imana. Ivyago cumi biyogeza vyari vyahishuye ukuboko gukomeye kwa Yehova be n’ukuntu imana zo mu Misiri ata bubasha zari zifise. Haciye igihe gito, kwa kujabuka ku gitangaro Ikiyaga Gitukura na kwa guhonywa kw’ingabo za Farawo vyaratanze ikindi gihinyuza c’inkomezi z’Imana. Haheze amezi atatu, ku mucamo w’Umusozi Sinayi, Yehova yarateye akamo Abanyisirayeli ngo bacike “inyegu yihariye, yitoranirije mu mahanga yose.” Ku ruhande rwabo basezeranye bati: “Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora.” (Kuvayo 19:5, 8) Maze, Yehova yaragize ikintu cerekana mu buryo bukomeye ububasha bwiwe. Hagati y’inkuba n’imiravyo n’ijwi rinini ry’inzamba, Umusozi Sinayi warafumvye umwotsi wongera uranyiganyiga. Abantu bari bahagaze nka hariya baratekewe n’ubwoba. Mugabo Musa yababwiye yuko ivyo bibaye bikwiye kubigisha gutinya Imana, kukaba ari ugutinya kwotumye bagamburukira Imana yabo y’ukuri ishobora vyose kandi imwe rudende, ari we Yehova.​—Kuvayo 9:16-19; 20:18-20.

12, 13. Ni ibintu ibihe vyatumye Eliya ata igikorwa yari ajejwe, mugabo Yehova yamukomeje gute?

12 Haciye ibinjana bitari bike, mu gihe ca Eliya, ku Musozi Sinayi harabereye ikindi kintu kigaragaza ububasha bw’Imana. Uwo muhanuzi yari amaze kubona ububasha bw’Imana bukora. Mu kiringo c’imyaka itatu n’igice, Imana “yarugaye amajuru” biturutse ku buhakanyi bw’ihanga rya Isirayeli. (2 Ngoma 7:13) Mu gihe c’uruzuba ivyo vyakweze, ibikona vyaragaburiye Eliya ku mugezi Keriti, kandi mu nyuma udufu n’utuvuta dukeyi umupfakazi umwe yari afise twarongerejwe ku gitangaro kugira ngo aronke ibifungurwa. Yehova yaranahaye Eliya ububasha bwo kuzura umuhungu w’uwo mupfakazi. Amaherezo, mw’isuzuma ry’akaroruhore ry’ukumenya uwuri Imana ryabereye ku Musozi Karumeli, umucanwa waratibutse uvuye mw’ijuru urarigita ikimazi ca Eliya. (1 Abami 17:4-24; 18:36-40) Naho vyabaye ukwo, haheze igihe gito, Eliya yaratekewe n’ubwoba yongera aracika intege igihe Yezebeli yamuhigira kumwica. (1 Abami 19:1-4) Yarahunze ico gihugu, yibaza yuko igikorwa ciwe c’ukuba umuhanuzi cari kirangiye. Kugira ngo Yehova amusubirize umutima mu nda yongere amukomeze, abigiranye ubugwaneza yaramwihereye ikimenyamenya c’ububasha afise bwa Mana.

13 Igihe Eliya yari yinyegeje mw’isenga, yarabonye ibintu bitatu yeretswe biteye akoba Yehova afitiye ubushobozi: umuyaga w’igihuhusi, ikinyamugigima hanyuma amaherezo abona umuriro. Ariko rero, igihe Yehova yavugisha Eliya, yabigize akoresheje “ijwi ritekanye, ritoyi.” (NW) Yaramushinze ikindi gikorwa co kurangura yongera amumenyesha yuko muri ico gihugu hari hakiriyo abasenga Yehova b’abizigirwa 7.000. (1 Abami 19:9-18) Mu gihe nka kurya kwa Eliya vyoshika ko twumva yuko tudendebuwe n’uko igikenurwa cacu ataco kivamwo, turashobora kwazambira Yehova ngo aturonse “ubushobozi buhebuje”​—ni ukuvuga ububasha bushobora kudukomeza kugira tubandanye kwamamaza inkuru nziza ata gutezura.​—2 Ab’i Korinto 4:7.

Ububasha bwa Yehova Buremeza ko Ivyo Yasezeranye Bizoranguka

14. Izina ry’uruharo rya Yehova rihishura iki, kandi ububasha bwiwe bufitaniye isano gute n’izina ryiwe?

14 Ububasha bwa Yehova kandi burafitaniye isano cane n’izina ryiwe be n’iranguka ry’ivyo agomba. Iryo zina yiharije, Yehova, irisobanura ngo “Atuma Biba,” rihishura yuko atuma ubwiwe aba Nyenekurangura ivyo yasezeranye. Nta kintu na kimwe canke umuntu n’umwe ashobora kubuza Imana gushitsa imigambi yayo, ariko rero abakekeranya b’intagondwa bashobora kubona ko itashitse. Nk’uko igihe kimwe Yezu yabibwiye intumwa ziwe, “ku Mana vyose birashoboka.”​—Matayo 19:26.

15. Aburahamu na Sara bibukijwe gute ko ata na kimwe conanira Yehova?

15 Tubitangire akarorero. Igihe kimwe Yehova yasezeraniye Aburahamu na Sara yuko azotuma abazobakomokako bacika ihanga rinini. Ariko rero, bamaze imyaka myinshi ata kana bafise. Bose bari bashaje cane igihe Yehova yababwira yuko iryo sezerano ryari ryegereje kuranguka maze Sara aratwenga. Umumarayika yasubijeyo agira ati: “Mbega har’ikinanira Uhoraho?” (Itanguriro 12:1-3; 17:4-8; 18:10-14) Haciye ibinjana bine, igihe Musa amaherezo yakoranya abakomotse kuri Aburahamu mu Kiyaya c’i Mowabu, ico gihe bakaba bari ihanga rinini, yarabibukije yuko Imana yaranguye isezerano ryayo. Musa yavuze ati: “Kuko [Yehova] yakunda ba sogokuruza banyu, ni co catumye atoranya uruvyaro rwabo, we ubgiwe akabakūra muri Egiputa, abakūjey’ubushobozi bgiwe buhambaye, akirukana amahanga imbere yanyu abarusha ubginshi n’inkomezi, ngo mwebge abinjize mu gihugu cabo, akibahe kibe ishamvu yanyu, nk’uko biri n’uyu musi.”​—Gusubira mu Vyagezwe 4:37, 38.

16. Ni kuki Abasadukayo baguye mw’ikosa ryo guhakana izuka ry’abapfuye?

16 Haciye ibinjana n’ibindi, Yezu yaraciriyeko iteka Abasadukayo batemera izuka. Ni kuki banka kwemera isezerano ry’Imana ry’uko yogaruye abapfuye? Yezu yababwiye ati: “[Ntimw]āmenye ivyanditswe n’ubushobozi bg’Imana.” (Matayo 22:29) Ivyanditswe biradukura amazinda yuko ‘abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’umuntu, bakazivamwo.’ (Yohana 5:27-29) Niba tuzi ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye izuka, ukwizigira ububasha bw’Imana kuzotujijura yuko abapfuye bazozurwa. Imana “urupfu [i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose, . . . kuk’Uhoraho ari we abivuze.”​—Yesaya 25:8.

17. Ni ku wuhe musi uri imbere ukwizigira Yehova kuzoba gukenewe mu buryo budasanzwe?

17 Muri kazoza katari kure, hazoza igihe umwe wese muri twebwe azoba akeneye kwizigira ububasha bwo kurokora bw’Imana mu buryo budasanzwe. Shetani wa Mucokoranyi azogaba igitero ku basavyi b’Imana, abazoba bameze nk’abadakingiwe. (Ezekiyeli 38:14-16) Imana rero izoca igaragaza ububasha bwayo bukomeye ku neza yacu, kandi umwe wese azotegerezwa kumenya ko ari Yehova. (Ezekiyeli 38:21-23) Ubu ni co gihe co kwubaka ukwizera kwacu n’ukwizigira kwacu Imana Mushoboravyose kugira ngo ntituzohungabane muri ico gihe gihambaye cane.

18. (a) Ni ibihe vyiza dukura ku kuzirikana ku bubasha bwa Yehova? (b) Ni ikibazo ikihe kiza kurimburwa mu kiganiro gikurikira?

18 Nta nkeka, turafise imvo nyinshi zo kuzirikana ku bubasha bwa Yehova. Uko twitegereza ibikorwa vyiwe, turavyurirwa umutima wo kwicisha bugufi ngo dushemeze Umuremyi wacu Ahambaye twongere tumukurire ubwatsi yuko akoresha ububasha afise mu buryo bw’ubukerebutsi kandi buranga urukundo ntangere. Ntakizokwigera kidutera ubwoba mu gihe tuzoba twizigira Yehova nyen’ingabo. Ukwizera ivyo yasezeranye kwacu ntikuzohungabana. Niwibuke rero yuko twaremwe mw’ishusho y’Imana. Ni co gituma na twe dufise ububasha​—naho nyene bufise aho bugera. Dushobora kwigana Umuremyi wacu gute mu buryo dukoresha ububasha dufise? Ivyo biraza kurimburwa mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Birazwi cane yuko ibintu ntanganguvu biri mu kuzimu nk’ipeterori, n’ubwoko bunaka bw’ibizuku, ari na vyo canecane usanga bitanga inkomezi mu masôko ntanganguvu, bikura inguvu zavyo ku zuba.

b Ibombe ruhonyanganda ikomeye kuruta izimaze kugeragezwa zose, yoyo igihe yaturika yagize inguvu zingana n’amatoni imiliyoni 57 z’ivyo bintu bita trinitrotoluène.

c Imbogo ivugwa muri Bibiliya ishobora kuba ari imbogo za kera zahonye (mu Kilatini urus). Mu myaka ibihumbi bibiri iheze, ivyo bikoko babisanze ahahoze hitwa Gaule (ubu ni mu Bufaransa), kandi Jules César yaranditse indondoro ikurikira ku bivyerekeye: “Ivyo bikoko uri bishaka kungana n’inzovu, ariko uravye uko biteye, ibara ryavyo, n’ukuntu bisa, ni nk’impfizi. Bifise inguvu nyinshi, kandi biranyaruka cane. Igihe bibonye umuntu canke inyamaswa birabihitana.”

Woba Ushobora Kwishura Ibi Bibazo?

• Ivyaremwe bigaragaza gute ububasha bwa Yehova?

• Ni izihe ngabo Yehova ashobora gukoresha kugira ngo afate mu mugongo abasavyi biwe?

• Ni mu bihe bimwebimwe nyabaki Yehova yagaragaje ububasha bwiwe?

• Ni icemeza ikihe dufise c’uko Yehova azorangura ivyo yasezeranye?

[Ifoto ku rup. 20]

‘Ni mwunamure amaso yanyu murābe hejuru, ni nde yaremye ivyo vyose?’

[Abo dukesha ifoto]

Photo by Malin, © IAC/RGO 1991

[Amafoto ku rup. 23]

Kuzirikana ku kuntu Yehova yagaragaje ububasha bwiwe birubaka ukwizera ivyo yasezeranye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika