Nurondeze Yehova Umutima Uteguye
EZIRA umuherezi w’Umwisirayeli yari rurangiranwa mu kuba umushakashatsi, umunyabwenge, umwimuzi n’umwigisha w’Ivyagezwe. Ku vyerekeye Abakirisu bo muri iki gihe, arongera akaba akarorero keza ku bijanye n’igikenurwa gikoranwa ubugingo bwose. Uti gute? Mu buryo bw’uko yagumanye ukwibanga Imana kwiwe n’igihe mbere yaba i Babiloni, igisagara cari cuzuye ibigirwamana hamwe n’ugusenga amadayimoni.
Ukwibanga Imana kwa Ezira ntikwapfuye kwizana. Yaragize ico akora kugira ngo agushikire. Si ivy’imbeshere, atubwira yuko “yari [yarateguye u]mutima [wiwe] kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho ngw abishitse.”—Ezira 7:10, ni twe tubihiritse.
Cokimwe na Ezira, abasavyi ba Yehova muri iki gihe bashaka gukora ibintu vyose Yehova abasaba naho baba mw’isi yanka ugusenga kw’ukuri. Nuko rero, reka dusuzume uburyo dushobora natwe gutegura umutima wacu, wa muntu w’imbere, ushizemwo ivyiyumviro vyacu, inyifato zacu, ivyipfuzo vyacu, hamwe n’imvo zituma dukora, kugira ngo ‘twitwararike ivyagezwe vya Yehova ngo tubishitse.’
Gutegura Umutima Wacu
“Gutegura” bisigura “gutunganya ikintu imbere y’igihe kubera umugambi kanaka: kugitunganya kugira ngo gikoreshwe ibintu binaka, canke kigirwe ukunaka.” Ego ni ko, mu gihe ushikiriye ubumenyi nyakuri bw’Ijambo ry’Imana ukaba kandi wareguriye ubuzima bwawe Yehova, ico gihe nta mazinda ko umutima wawe uba waragaragaye yuko uri mu mero iteguye kandi ukaba ushobora kugereranywa n’“ivu ryiza” Yezu yavuze muri wa mugani wiwe w’umubivyi.—Matayo 13:18-23.
Naho ari uko, umutima wacu ukeneye kuguma witwararikwa kandi ugakurwamwo inkamba. Kubera iki? Kubera imvo zibiri. Iya mbere, kubera ko nka kumwe kw’urwamfu mu murima, impengamiro zonona zirashobora gushinga imizi bitagoranye, na canecane muri “iyi misi y’iherezo” mu gihe “akayaga” k’uru runkwekwe rwa Shetani kuzuyemwo imbuto mbi z’ivyiyumviro vyo mu buryo bw’umubiri, kuruta ikindi gihe ico ari co cose. (2 Timoteyo 3:1-5; Abanyefeso 2:2) Imvo igira kabiri yerekeye ivu ubwaryo. Ivu ritabungabunzwe, rishobora kugaduka bidatevye, rikagangara hanyuma ntiryimbuke. Canke abantu benshi kurenza boshobora gupfa aho bahonyanze mu murima hanyuma bagatsindagira ivu gushika aho hamera nk’igitandara. N’ivu ry’ikigereranyo ry’umutima wacu rimeze nk’uko nyene. Ryoshobora gucika iritimbuka mu gihe rititwararitswe canke rikandagiwe n’abantu badashimishwa n’ukumererwa neza kwacu kwo mu vy’impwemu.
Ese ukuntu rero bihambaye ko twese hamwe dukurikiza iyi nkeburo ya Bibiliya igira iti: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw ari ho ubugingo bududubiriza.”—Imigani 4:23.
Ibintu Vyongereza Uburyohe bw’“Ivu” ry’Umutima Wacu
Nimuze turimbure ibintu bimwebimwe, canke kamere zimwezimwe zizokwongereza uburyohe bw’“ivu” ry’umutima wacu ku buryo woroherwa ugakura neza. Birumvikana ko hari ibintu vyinshi bizoryohora umutima wacu, ariko ngaha tuja kurimbura bitandatu: kumenya ko dukeneye ivy’impwemu, ukwicisha bugufi, kuba inzirabugunge, ugutinya kurimwo ukwibanga Imana, ukwizera, hamwe n’urukundo.
Yezu yavuze ati: “Hahirwa abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Matayo 5:3, NW) Nka kurya twumva inzara ikatwibutsa yuko dukeneye gufungura, n’ukumenya ko dukeneye ivy’impwemu bituma tuguma dushonje imfungurwa z’ivy’impwemu. Muri kamere y’abantu, baripfuza cane imfungurwa mwene izo kubera ko zituma ubuzima buba uburi n’ico buvuze kandi bukagira intumbero. Mu bijanye n’ukwiga, imikazo iva kuri uru runkwekwe rw’ibintu rwa Shetani canke ubunebwe gusa birashobora kunyoha ivy’ukumenya yuko dukeneye ivyo bintu. Naho ari uko, Yezu yavuze ati: “Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.”—Matayo 4:4.
Tubifashe urudome ku rundi, twihereje imfungurwa ubudahorereza ziri ku rugero, zirazana amagara y’umubiri kandi zigatuma utsimbataza akayabagu ko gufungura n’izindi igihe kigeze. Ivyo ni ko biri no mu buryo bw’ivy’impwemu. Ushobora kuba utibona nk’umuntu afise ishaka ryo kwiga, ariko ugize akamenyero ko gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi hanyuma ukiga ubudahorereza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, uzosanga akayabagu kawe kaguma kongerekana. Kukaba nkako, uzoba ufise igishika co kwitega ibihe wigirako Bibiliya. Nuko rero ntuce ubiheba; nukore cane kugira ngo utsimbataze akayabagu keza k’ivy’impwemu.
Ukwicisha Bugufi Kurorosha Umutima
Ukwicisha bugufi ni ikintu gihambaye mu vy’ukugira umutima uteguye kubera ko gutuma tutagora kwigishwa, kandi kukadufasha kurushiriza kwemera ata kangonongono impanuro hamwe n’ugukosorwa biranga urukundo. Nurimbure akarorero keza k’Umwami Yosiya. Mu gihe c’ubutegetsi bwiwe, icete carimwo Ivyagezwe vy’Imana vyatanzwe biciye kuri Musa caratowe. Igihe Yosiya yumva amajambo y’Ivyagezwe akongera akabona ukuntu basekuruza biwe bataye cane ugusenga kw’ukuri, yaritantamuriyeko impuzu hanyuma aririra imbere ya Yehova. Ni kuki Ijambo ry’Imana ryakoze ku mutima cane uwo mwami? Inkuru ivuga yuko umutima wiwe wari ‘woroshe,’ (NW) ku buryo yicisha bugufi mu kwumviriza amajambo ya Yehova. Yehova yarabona umutima w’ukwicisha bugufi kandi wuguruka wa Yosiya hanyuma arabimuhezagirira.—2 Abami 22:11, 18-20.
Ukwicisha bugufi kwarashoboje abigishwa ba Yezu “batigishijwe, [kandi] atar’abanyabgenge” gutahura no gushira mu ngiro ukuri kwo mu vy’impwemu kwasiga abari “abanyabgenge n’abahanga” yamara bo “mu buryo bw’umubiri” gusa. (Ivyakozwe 4:13; Luka 10:21; 1 Ab’i Korinto 1:26) Abo ntibari biteguriye kwemera Ijambo rya Yehova kubera ko imitima yabo yari yakomantajwe n’ubwibone. None vyoba bitangaje kuba Yehova yanka abibona?—Imigani 8:13; Daniyeli 5:20.
Kuba Inzirabugunge be n’Ugutinya Kurimwo Ukwibanga Imana
Umuhanuzi Yeremiya yanditse ati: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?” (Yeremiya 17:9) Ukwo kwibesha kuribonekeza mu buryo bwinshi, nk’igihe dusavye imbabazi iyo dukoze ikosa. Vyongeye, kuragaragara igihe twisigura ku vy’utunenge dukomeye ubwacu dufise. Ariko rero, ukuba inzirabugunge bizodufasha gutsinda umutima wibesha mu kudusahiriza guhangana n’ukuntu ivyacu vyifashe, kugira ngo dushobore kugira iterambere. Umwanditsi wa Zaburi yarerekanye mwene ukwo kuba inzirabugunge igihe yasenga ati: “Uhoraho, unsuzume, ungerageze, sesa umushaha wanje n’umutima wanje.” Biribonekeza ko umwanditsi wa Zaburi yari yarateguye umutima wiwe kugira ngo wemere guseswa no kugeragezwa na Yehova, naho ivyo vyomusavye kwiyemerera icese ko afise utugeso tumeze nk’inkamba kugira ngo dushobore gutunganywa.—Zaburi 17:3; 26:2.
Ugutinya kurimwo ukwibanga Imana, ukurimwo “kwanka ikibi,” ni imfashanyo ikomeye muri ukwo gukurwamwo inkamba. (Imigani 8:13) Mu gukenguruka ubuntu mvarukundo bwa Yehova hamwe n’ubugwaneza bwiwe, umuntu vy’ukuri atinya Yehova yama azi yuko Yehova afise ubushobozi bwo gutanga igihano, eka mbere n’urupfu, ku bamugambararira. Yehova yarerekanye yuko abamutinya botegerejwe kandi kumwubaha igihe yavuga ivyerekeye Abisirayeli ati: “Icompa bagahorana ben’uwo mutima, ubatera kunyubaha no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose, kugira ngo bamererwe neza, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose!”—Gusubira mu Vyagezwe 5:29.
Biragaragara yuko intumbero y’ugutinya kurimwo ukwibanga Imana atari ukutugumiza mu kwubaha kurimwo iterabwoba, ariko bituvyurira umutima wo kwubaha Data wa twese munyarukundo, uwo tukaba tuzi ko yitwararika cane ineza yacu. Kukaba nkako, ukwo gutinya kurimwo ukwibanga Imana kureza umutima kandi mbere kukazana n’umunezero, kukaba ari kwo kwagaragajwe mu buryo bwagutse na Yezu Kirisitu ubwiwe.—Yesaya 11:3; Luka 12:5.
Umutima Uteguye Ufise Ukwizera Kwinshi
Umutima ukomeye mu kwizera urazi yuko ikintu ico ari co cose Yehova asaba canke ayobora biciye kw’Ijambo ryiwe cama nantaryo kigororotse kandi kikaba ku neza yacu. (Yesaya 48:17, 18) Umuntu afise umutima nk’uwo arumva ashize akanyota cane kandi akagira n’umunezero mwinshi bimwe bigera kure, bivuye ku gukurikira inkeburo iri mu Migani 3:5, 6, ahagira hati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” Ariko rero, umutima ubuze ukwizera woshobora kuba utizigira cane Yehova, na canecane mu gihe gukora ivyo bisaba utwigoro, nka tumwe umuntu agira mu kworosha ubuzima bwiwe kugira ngo yitwararike ivyungura Ubwami. (Matayo 6:33) Ku bw’imvo nziza, Yehova abona ko umutima utizera ari “mubi.”—Abaheburayo 3:12.
Ukwizera Yehova kwacu kubonekera mu mice myinshi, harimwo n’ibintu dukorera ahiherereye i muhira iwacu. Dufate nk’akarorero, ingingo ngenderwako iri mu b’i Galatiya 6:7 ivuga iti: “Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’umuntu abiba cose ari co azokwimbura.” Ukwizera kwacu iyo ngingo ngenderwako kuzobonekera mu bintu nk’amasinema turorera, mu bitabu dusoma, mu rugero rw’ukuntu twiga Bibiliya, hamwe no mu masengesho dutura. Ego ni ko, ukwizera gukomeye kudutuma tubiba ‘mu mpwemu’ ni ikintu nyamukuru mu vy’ukugira umutima uteguye kugira ngo wemere Ijambo rya Yehova kandi urigamburukire.—Ab’i Galatiya 6:8.
Urukundo Ni Kamere Ihambaye Kuruta Izindi Zose
Kuruta izindi kamere zose, urukundo mu vy’ukuri rutuma ivu ry’umutima wacu ryakira Ijambo rya Yehova. Ku bw’ivyo rero, igihe yarugereranya n’ukwizera be n’ukwizigira, intumwa Paulo yadondoye urukundo ko ari kamere ‘iruta izo zindi.’ (1 Ab’i Korinto 13:13) Umutima wuzuye ugukunda Imana uragira uguhera akanyota cane be n’umunezero mwinshi biva ku kuyubaha; mu vy’ukuri ntubabazwa n’ivyo Imana isaba. Intumwa Yohani yavuze iti: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora.” (1 Yohana 5:3) Mu bijanye n’ivyo nyene, Yezu yavuze ati: “Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda.” (Yohana 14:23) Urabona yuko mwene urwo rukundo rusubirizwa mu ndumane. Ni vyo, Yehova arakunda bimwe bigera kure abakwegerwa kuri we mu rukundo.
Yehova arazi ko turi abanyagasembwa kandi tumucumurako ubudahengeshanya. Naho ari uko, ntaguma atwigirwa kure. Ico Yehova araba ku basavyi biwe ni “umutima utunganye,” umwe udusunikira ku kumusukurira tuvyishakiye n’‘ubugingo bunezerewe.’ (1 Ngoma 28:9; NW) Ego ni ko Yehova arazi yuko bifata umwanya hamwe n’utwigoro kugira ngo dutsimbataze kamere nziza mu mutima wacu hanyuma maze tukabona kwama ivyamwa vy’impwemu. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Kubera ico, aratwihanganira, “kukw azi iremwa ryacu, yibuka ko tur’umukungugu.” (Zaburi 103:14) Mu kugaragaza agatima nkako nyene, Yezu ntiyigeze anebagura abigishwa biwe abakarira kubera amakosa yabo, ariko yarihanganye arabafasha yongera arabaremesha. Mbega none mwene urwo rukundo, ikigongwe hamwe n’ukwihangana Yehova na Yezu berekanye, ntibigusunikira ku bakunda rwose kuruta?—Luka 7:47; 2 Petero 3:9.
Nimba rimwe na rimwe usanga ari urugamba guheba utumenyero twashinze imizi tumeze nk’urwamfu, canke kumenagura ibirundo vy’utugeso dukomantaye kandi tugumye nk’ibumba, ntuvunike umutima canke ngo wihebure. Ahubwo, nubandanye gukora ngo ugire ivyo uryohoye uko “ushishikar[a] gusenga,” harimwo no kwinginga kenshi Yehova kugira ngo akuronse impwemu yiwe. (Abaroma 12:12) Ku bw’imfashanyo yiwe atangana umutima ukunze, uzororanirwa nka kumwe kwa Ezira mu vy’ukugira umutima uteguye bimwe vyuzuye, kugira ngo “witwararik[e] ivyagezwe vy’Uhoraho ngw [u]bishitse.”
[Ifoto ku rup. 31]
Ezira yagumanye ukwibanga Imana kwiwe n’igihe mbere yari ari i Babiloni
[Abo dukesha ifoto ku rup. 29]
Garo Nalbandian