ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/12 rup. 20-25
  • Barankwa Bahorwa Ukwizera Kwabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barankwa Bahorwa Ukwizera Kwabo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico Ukuba Umwigishwa ‘Bisaba’
  • Abazanye Urwanko na bo Bakankwa
  • Abakirisu ba Mbere Bankwa na Bande?
  • Ni Kuki Abakirisu ba Mbere Bahamwa mw’Isi y’Abaroma?
  • Tuburanire Ukwizera Kwacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Abakirisu bo mu ntango be n’Ivyagezwe vya Musa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • “S’Ab’Isi”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Abakirisu n’Isi y’Abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/12 rup. 20-25

Barankwa Bahorwa Ukwizera Kwabo

“Muzo[kwankwa] na bose babahōra izina ryanje.”—MATAYO 10:22.

1, 2. Woshobora kuvuga ibintu vyabaye Ivyabona vya Yehova bihanganiye bitewe n’uko bashira mu ngiro ivyo bemera mu vy’idini?

UMUDANDAJI umwe w’inzirabugunge wo mw’izinga ry’i Kerete yarafashwe incuro nyinshi, aza ararengutswa imbere ya sentare yo mu Bugiriki. Yose hamwe yamaze imyaka irenga itandatu mu munyororo atandukanye n’umupfasoni wiwe be n’abana biwe batanu. Mu Buyapani, umunyeshure w’imyaka 17 y’amavuka yarirukanywe mw’ishure, naho nyene yari afise indero nziza kandi akaba ari umwana wa mbere mw’isomero ririmwo abanyeshure 42. Mu Bufaransa, abantu batari bake barirukanywe ku kazi bidaciye mu mategeko, naho nyene bari bazwi neza ko ari abakozi bashirutse ubute kandi bagakora babishizeko umutima. None ivyo bintu vyabaye bihuriye ku ki?

2 Abo bantu bose bavuzwe ngaho bari Ivyabona vya Yehova. “Ikibi” bari bakoze ni ikihe? Ahanini ni uko bashira mu ngiro ivyo bemera mu vy’idini. Kubera ko yagamburuka inyigisho za Yezu Kirisitu, wa mudandaji yama abwira abandi ivy’ukwizera kwiwe. (Matayo 28:19, 20) Yaragirijwe cane ikibi n’itegeko rya kera ryo mu Bugiriki rivuga yuko ukwinjiza abantu mu yindi dini ari igicumuro gikomeye. Wa munyeshure yirukanywe kubera yuko ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ritomwemereye kugira uruhara mu myimenyerezo ya gisirikare igirwa ku gahato y’ivya kendo (ivy’ukurwanisha inkota bigirwa mu Buyapani). (Yesaya 2:4) Abirukanywe ku kazi mu Bufaransa na bo bamenyeshejwe yuko imvo nyamukuru yatumye birukanwa yari iy’uko bavuze ko ari Ivyabona vya Yehova.

3. Ni kubera iki ugucumukuzwa n’abantu gukaze ari ikintu ugereranije kiba gake ku Vyabona vya Yehova benshi?

3 Ibintu mwene ivyo vyabaye vy’agacavutu birasa n’ivyo Ivyabona vya Yehova bihanganiye muri ibi bihe vya vuba mu bihugu bimwebimwe. Ariko rero ugereranije, abenshi mu Vyabona vya Yehova ni gake bacumukuzwa n’abantu bigeze iyo. Abasavyi ba Yehova barazwi kw’isi iyo iva ikagera ko bafise inyifato nziza—ivyo bikaba bituma ata muntu yogira imvo ifadika n’imwe yo gushaka kubagirira nabi. (1 Petero 2:11, 12) Ntibaja mu vy’imigumuko canke ngo bagire ingeso ziteye isoni. (1 Petero 4:15) Ahubwo nyabuna, bagerageza kubaho bisunga impanuro ya Bibiliya ibasaba kworohera ubwa mbere na mbere Imana, hanyuma bakorohera intwaro z’isi. Barariha amakori asabwa n’amategeko kandi bakihata “[kw]uzura n’abantu bose.” (Abaroma 12:18; 13:6, 7; 1 Petero 2:13-17) Mu gikorwa cabo co kwigisha ivya Bibiliya, bararemesha abantu kwubaha amategeko, kwubahiriza imico myiza yo mu muryango, no kwigenza runtu. Intwaro nyinshi zarabavuze neza kubera ko usanga ari abanyagihugu bubaha amategeko. (Abaroma 13:3) Mugabo, nk’uko ingingo itangura yavyerekanye, rimwe na rimwe bararwanijwe—eka mbere n’intwaro zirabuza umurimo wabo mu bihugu bimwebimwe. None ivyo vyoba bikwiye kudutangaza?

Ico Ukuba Umwigishwa ‘Bisaba’

4. Nk’uko Yezu yabivuze, ni igiki umuntu yokwitega mu gihe abaye umwigishwa wiwe?

4 Yezu Kirisitu yarasiguye neza ico ukuba umwigishwa wiwe bisaba. Yabwiye abayoboke biwe ati: “Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama.” Yezu bamwankiye “ubusa.” (Yohana 15:18-20, 25; Zaburi 69:4; Luka 23:22) Abigishwa biwe bari kwitega ivyo nyene—ukurwanywa kutagira ishingiro riboneka. Incuro zitari nke, yarababuriye ati: ‘Muzokwankwa.’—Matayo 10:22; 24:9.

5, 6. (a) Ni imvo iyihe yatumye Yezu ahimiriza abobaye abayoboke biwe “kurimbura igiciro”? (b) Ni kuki none mu gihe duhuye n’ukurwanywa tudakwiye kubibona ko ari ubupfindo?

5 Kubera ico rero, Yezu yarahimirije abobaye abayoboke “kurimbura igi[sabwa]” c’ukuba umwigishwa. (Luka 14:28) Kubera iki? Ntibobigize kugira ngo barabe yuko bakwiye canke badakwiye kuba abayoboke biwe, ariko bobigize kugira ngo biyemeze kurangura ico ivyo bisaba. Dutegerezwa kuba twiteguye kurindirako ibigeragezo vyose canke amakuba yose azanana n’ako gateka. (Luka 14:27) Nta n’umwe atugobera gukorera Yehova turi abayoboke ba Kirisitu. Iyo ni ingingo umuntu yifatira avyishakiye; bisubiye ni ingingo dufata tubizi. Dusanzwe tuzi yuko uretse imihezagiro ihambaye turonka tubikesheje ukugiriranira ubucuti n’Imana twaramwiyeguriye, ‘twokwanswe.’ Urumva rero ko igihe duhanganye n’abaturwanya bitatubera ubupfindo. ‘Twararimbuye ico bisaba,’ tukaba kandi twariteguye vy’ukuri kugira ngo tukirihe.—1 Petero 4:12-14.

6 Ni kuki none hari abashaka kurwanya Abakirisu b’ukuri, mu mubabarwanya hakaba harimwo n’abategetsi b’intwaro bamwebamwe. Kugira ngo turonke inyishu, turakwiye gusuzuma imigwi y’ivy’idini ibiri yo mu kinjana ca mbere G.C. Yose yarankwa—ariko ku mvo zitandukanye cane.

Abazanye Urwanko na bo Bakankwa

7, 8. Ni inyigisho izihe zagaragaza ko abanyamahanga bakengerwa, ivyo vyatumye hatsimbatara inyifato iyihe mu Bayuda?

7 Mu kinjana ca mbere G.C., Isirayeli yari munsi y’ubutegetsi bwa Roma, idini y’Abayuda na yo uko yakabaye ikaba yaracurwa bufuni na buhoro n’indongozi nka ba Bafarisayo hamwe n’abanyabwenge b’ivyanditswe. (Matayo 23:2-4) Izo ndongozi b’ishaka ndenzarugero bafashe Ivyagezwe vya Musa vyerekeye ukwitandukanya n’amahanga babihindura ivyo gusaba kunena abatari Abayuda. Mu kugira ivyo, bagize idini izana vy’ukwanka Abanyamahanga, kandi ingaruka y’ivyo ni uko Abanyamahanga na bo banse Abayuda.

8 Ntivyari bigoye ku ndongozi z’Abayuda kwigisha kunena Abanyamahanga, kubera yuko Abayuda ico gihe babona ko Abanyamahanga ari ibiremwa vyataye ubuntu. Indongozi z’idini zigisha yuko Umuyudakazi adakwiye kwigera aba ari wenyene kumwe n’Abanyamahanga, kubera yuko “bicurwa ko ari ibihumbu.” Carazira ko umugabo w’Umuyuda “agumana na bo ari wenyene kubera ko bicurwa yuko ari abicanyi.” Amata akamwe n’Umunyamahanga ntiyashobora kunyobwa kiretse niba hari Umuyuda yari ahari ngo arabe ingene akamwa. Biciye ku kosho k’indongozi zabo, Abayuda baratsimbataje inyifato yo kwitandukanya n’Abanyamahanga kandi barabakumira bikomeye.—Gereranya na Yohana 4:9.

9. Inyigisho yashikirijwe n’indongozi z’Abayuda yerekeye abatari Abayuda yagize iki?

9 Inyigisho mwene izo ku vyerekeye abatari Abayuda zaremesheje buhoro imigenderanire myiza hagati y’Abayuda n’Abanyamahanga. Abanyamahanga bahavuye babona ko Abayuda banka umuryango wose w’abantu. Umumenyeshakahise w’Umuroma Tasito (yavutse nko mu 56 G.C.) yavuze ku vyerekeye Abayuda yuko “abasigaye bo mu muryango w’abantu babagirira urwanko rwose rwankwa abansi.” Vyongeye Tasito avuga ko Abanyamahanga bakebanukira idini y’Abayuda bigishwa kwanka igihugu cabo no kutubaha umuryango wabo n’abagenzi babo. Muri rusangi, Abaroma barihanganiye Abayuda, abari benshi bihagije ku buryo bitari vyoroshe kubatera. Mugabo umugumuko Abayuda bagize mu 66 G.C. warasunitse Abaroma kubasubiriza mu ndumane bimwe bikaze, bituma Yeruzalemu hasangangurwa mu 70 G.C.

10, 11. (a) Ivyagezwe vya Musa vyasaba ko abanyamahanga bafatwa gute? (b) Ni icigwa ikihe dukura ku vyashikiye idini y’Abayuda?

10 None ukuntu abanyamahanga babonwa vyari bihuriye he n’ugusenga kwasabwa mu Vyagezwe vya Musa? Niko Ivyagezwe vyararemesha ukwitandukanya n’amahanga, mugabo ivyo vyagizwe kugira ngo hakingirwe Abisirayeli, na canecane ugusenga kwabo gutyoroye. (Yosuwa 23:6-8) Naho ari ukwo, Ivyagezwe vyasaba yuko abanyamahanga bagirirwa ibiranga ubutungane n’ibiroranye, bigasaba kandi ko babakirana umuntima ukunze—magingo baba batarenze ivyagezwe vya Isirayeli mu buryo bukomeye. (Abalewi 24:22) Mu kuva ku nsiguro itegereka yibonekeza mu buryo butomotse mu Vyagezwe vyerekeye abanyamahanga, indongozi z’idini y’Abayuda zo mu gihe ca Yezu zatumye haba ugusenga kuzana urwanko kandi kukankwa. Impera n’imperuka, nya hanga ry’Abayuda ryo mu kinjana ca mbere ryaranswe na Yehova.—Matayo 23:38.

11 Hoba hari icigwa twokura muri ivyo? Cane nyene! Inyifato iranga ukwibona ubugororotsi, yo kwishira hejuru, imwe yo kugaya abatemera ivyo twizeye mu vy’idini, ntiyerekana neza ugusenga Yehova gutyoroye nk’uko kuri, eka ntinamushimisha. Rimbura ivy’Abakirisu b’abizigirwa bo mu kinjama ca mbere. Ntibanka abatari Abakirisu canke ngo bavyure umugumuko urwanya Roma. Ariko rero, ‘barankwa.’ Ni kuki bankwa? Kandi bankwa na bande?

Abakirisu ba Mbere Bankwa na Bande?

12. Ivyanditswe bitomora gute yuko Yezu ashaka ko abayoboke biwe babona abatari Abakirisu mu buryo burimbanye?

12 Biribonekeza mu nyigisho Yezu yashikirije yuko yari yiteze ko abigishwa biwe babona abatari Abakirisu mu buryo burimbanye. Ku ruhande rumwe, yavuze yuko abayoboke biwe bokwitandukanije n’isi—ni ukuvuga ko bokwiyubaye inyifato hamwe n’ingeso bidahuye n’inzira zigororotse za Yehova. Bogumye bitaramuye mu bibazo vy’intambara n’ivya politike. (Yohana 17:14, 16) Ku rundi ruhande, aho gusaba akobeje ngo Abakirisu banke abatari Abakirisu, Yezu yabwiye abayoboke biwe ‘gukunda abansi babo.’ (Matayo 5:44) Intumwa Paulo yahimirije Abakirisu ati: “Umwansi wawe ni yasonza, umugaburire; ni yagira inyota, umuhe ic’anywa.” (Abaroma 12:20) Yarongeye abwira Abakirisu “[k]ugirir[a] bose neza.”—Ab’i Galatiya 6:10.

13. Ni kuki indongozi z’idini y’Abayuda barwanije cane abigishwa ba Kirisitu?

13 Yamara, abigishwa ba Kirisitu bidatevye ‘baranswe’ n’imigwi itatu. Uwa mbere wari indongozi z’idini y’Abayuda. Ntibitangaje rero kubona Abakirisu barakwegereye n’ingoga ivyiyumviro vyabo! Abakirisu bisunga ingingo ziri hejuru z’ivy’ukwigenza runtu n’ukutadohoka, kandi bagashikiriza ubutumwa butanga icizigiro babigiranye umwete mwinshi. Abantu ibihumbi n’ibihumbi barahaye umugongo idini y’Abayuda hanyuma bibera Abakirisu. (Ivyakozwe 2:41; 4:4; 6:7) Ku ndongozi z’idini y’Abayuda, abigishwa ba Yezu b’Abayuda bari nk’abahuni gusa! (Gereranya n’Ivyakozwe 13:45.) Izo ndongozi banyeshavu biyumvamwo yuko Ubukirisu butuma imigenzo yabo iba iyitagira ikimazi. Kanatsinda, Ubukirisu bwaranka mbere uburyo izo ndongozi zafata Abanyamahanga! Kuva mu 36 G.C. kubandanya, Abanyamahanga barashobora kuba Abakirisu, bakagira ukwizera kumwe, kandi bakagira uduteka turinganiye n’utwo Abayuda b’Abakirisu bari baratewe.—Ivyakozwe 10:34, 35.

14, 15. (a) Ni kuki Abakirisu bagiriwe urwanko n’abasenga imana z’agipagani? Tanga akarorero. (b) Abakirisu ba mbere ‘banswe’ n’umugwi uwuhe ugira gatatu?

14 Umugwi ugira kabiri, Abakirisu barihuriye n’urwanko ruturuka ku basenga imana za gipagani. Nk’akarorero, muri Efeso ha kera, ugucura utunyabugoro tw’ikimanakazi Arutemi mw’ifeza kari akazi karimwo inyungu nyinshi. Ariko igihe Paulo yamamaza inkuru nziza aho hantu, Abanyefeso benshi cane barakiriye ukuri, baraheba ugusenga Arutemi. Kubera ko ubudandaji bwabo bwari buhanamiwe, nya bantu bahingura ibintu mw’ifeza baragize imyiyerekano ikomeye. (Ivyakozwe 19:24-41) Ikintu gisa n’ico carabaye Ubukirisu bumaze gukwira i Bitiniya (muri iki gihe hakaba ari mu buraruko bushira uburengero bwa Turikiya). Igihe gitoyi inyuma y’aho Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu bimariye kwuzura, buramatari w’i Bitiniya, Pline le Jeune, yavuze yuko isengero z’abapagani zasigaye zigaragara, n’igurishwa ry’indya z’ibitungwa vy’ugutangako inkuka riragabanuka cane. Abakirisu baratukwa—n’uguhamwa bagahamwa—kubera ko ugusenga kwabo kutabemerera gutanga ibimazi vy’ibitungwa n’ugusenga ibigirwamana. (Abaheburayo 10:1-9; 1 Yohana 5:21) Biragaragara ko ugukwiragira kw’Ubukirisu kwagize ico guhomvya abantu bamwebamwe bungukira ku gusenga kwa gipagani, abahomvye ubuzi n’amahera na bo baburaba ribi.

15 Umugwi ugira gatatu, Abakirisu ‘barankwa’ n’Abaroma bafise agatima ko kwiratira igihugu cabo. Ubwa mbere, Abakirisu bari bazwi n’Abaroma ko ari akadumbi k’ivy’idini gatoyi kumbure k’ishaka rirengeje urugero. Yamara haciye igihe, ukuvuga gusa ko uri Umukirisu vyabaye icaha gicirirwa urwo gupfa. None ni kuki abanyagihugu b’inzirabugunge bari babayeho rukirisu babonwa nk’abakwiriye guhamwa no kwicwa?

Ni Kuki Abakirisu ba Mbere Bahamwa mw’Isi y’Abaroma?

16. Ni mu buryo ubuhe Abakirisu bagumye bitandukanije n’isi, kandi ni kuki ivyo vyatumye badakundwa n’isi y’Abaroma?

16 Ubwa mbere, Abakirisu barankwa mw’isi y’Abaroma kubera ko bashira mu ngiro ivyo bemera mw’idini. Nk’akarorero, baguma bitandukanije n’isi. (Yohana 15:19) Urumva rero ko ata mabanga yo mu vya politike bafata, kandi baranka gukora ibikorwa vya gisirikare. Ico vyavuyemwo, nk’uko umutohozakahise Augustus Neander abivuga, “bavugwa ko ari ba sindabibazwa ku vyerekeye isi, kandi ko ataco bamaze ku bintu vyose vyo mu buzima.” Ukutaba uw’isi vyasigura kandi kwirinda inzira mbi z’isi yononekaye y’Abaroma. Umutohozakahise Will Durant asigura ko “iyo migwi mitomito y’Abakirisu kubera ko bayobokera Imana kandi bakigenza rupfasoni, waradugarika imitima y’abapagani bahurumbira ukwinezereza.” (1 Petero 4:3, 4) Mu gihe bahama kandi bagacira imanza Abakirisu, Abaroma bashobora kuba barondera kunumya abo Bakirisu babavugura umutwe.

17. Ni igiki cerekana ko umurimo wo kwamamaza inkuru nziza waranguwe n’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere watunganiwe?

17 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baramamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana n’umwete w’intadohoka. (Matayo 24:14) Nko mu 60 G.C., Paulo yarashoboye kuvuga yuko inkuru nziza yari “[ya]vuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru.” (Ab’i Kolosayi 1:23) Nko ku mpera z’ikinjana ca mbere, abayoboke ba Yezu bari barahinduye abantu abigishwa mu Nganji y’Abaroma iyo iva ikagera—ni ukuvuga muri Aziya, mu Buraya no muri Afirika! Eka n’abantu bamwebamwe bo “mu rugo kwa Kayisari” barabaye Abakirisu.a (Ab’i Filipi 4:22) Ukwo kwamamaza inkuru nziza n’umwete kwaravyuye urwanko. Neander avuga ati: “Ubukirisu bwagumye butera imbere nk’umuzinga budahengeshanya mu bantu b’uburyo bwose, hanyuma butera ubwoba abantu nk’aho bugiye gutembagaza idini ya Leta hamwe n’ibwirizwa shingiro rigenga ubuzima bw’abanyagihugu.”

18. Ugusenga Yehova ata kumubangikanya kwatumye gute Abakirisu bankwa n’intwaro y’Abaroma?

18 Abayobe ba Yezu basenga Yehova ataco bamubangikanya. (Matayo 4:8-10) Kumbure uwo muce w’ugusenga kwabo ni wo warusha iyindi yose gutuma batemerwa na Roma. Abaroma barareka ayandi madini. Abanywani bayo bapfa gusa kuba baja no mu vy’ugusenga Umwami w’abami. Abakirisu ba mbere ntibashobora namba kuja mu gusenga mwene ukwo. Babona ko bafise ico bazobazwa n’umutegetsi ari hejuru gusumba uwa Leta y’Uburoma, na we akaba ari Yehova Imana. (Ivyakozwe 5:29) Ico vyavuyemwo ni uko naho umunyagihugu w’Umukirisu yaba ameze neza gute mu bindi bintu, babona ko ari inyankagihugu.

19, 20. (a) Ni bande ahanini batuma haba ukurementaniriza Abakirisu b’abizigirwa kwari gukwiye hose? (b) Ni ibirego ibihe vy’ikinyoma vyavyuwe ku Bakirisu?

19 Mugabo hariho n’iyindi mvo yatuma Abakirisu b’abizerwa ‘bankwa’ muri iyo si y’Abaroma. Ibibi babarementaniriza vyaremerwa ningoga, bikaba ari ibirego ahanini wasanga bikwiragizwa n’indongozi z’ivy’idini z’Abayuda. (Ivyakozwe 17:5-8) Nko mu 60 canke mu 61 G.C., igihe Paulo yari i Roma arindiriye gucirwa urubanza n’Umwami w’abami Nero, abakuru b’Abayuda bavuze ivyerekeye Abakirisu, bati: “Kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.” (Ivyakozwe 28:22) Nta gukeka, Nero ntiyabuze kwumva izo nkuru zo kubarementaniriza. Mu 64 G.C., igihe Nero bavuga ko ari we yari yateye wa muriro watema ugatongora igisagara c’i Roma, ngo yoba yabiremetse Abakirisu bari basanzwe bavugwa nabi. Ivyo bishobora kuba ari vyo vyaciye bizana rwa ruhamo rukaze rwatejwe Abakirisu rwo kugira ngo baranduranwe n’imizi.

20 Ivyo birego vy’ikinyoma vyavugwa ku Bakirisu kenshi wasanga ari ukubabeshera be n’ukugoramika ivyo bizeye. Kubera ko bari abantu basenga Imana imwe rudende bakaba batasenga umwami w’abami, biswe abahakanamana. Kubera ko hari imiryango yarimwo abatari Abakirisu barwanya incuti zabo b’Abakirisu, Abakirisu bagirizwa ko basenyura ingo. (Matayo 10:21) Bavugwa ko barya abantu, kikaba ari ikirego abantu bamwebamwe bavuga ko cari gishingiye ku kugoramika amajambo Yezu yavuze mu gihe ca ya Ngaburo y’Umukama yo ku Mugoroba.—Matayo 26:26-28.

21. Ni imvo zibiri izihe zatuma Abakirisu ‘bankwa’?

21 Kubera ivyo rero, Abakirisu b’abizerwa ‘bankwa’ n’Abaroma kubera imvo nyamukuru zibiri: (1) ivyo bemera bishingiye kuri Bibiliya n’ivyo bakora, hamwe (2) n’ivyo babagiriza bababeshera. Imvo yaba iyihe, abo babarwanya bari bafise intumbero imwe itarenga—ugukuraho Ubukirisu. Mugabo ntiwumve, urwo ruhamo rw’Abakirisu abaruteza nyabo bari ababarwanya barengeye abantu, ibiremwa vy’impwemu bitaboneka.—Abanyefeso 6:12.

22. (a) Ni akarorero akahe kerekana ko Ivyabona vya Yehova bita ku rutare ngo “[ba]girire bose neza”? (Raba uruzitiro.) (b) Ni ibiki bivugwa mu kiganiro gikurikira?

22 Nk’uko vyari bimeze ku Bakirisu ba mbere, Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe ‘baranswe’ mu bihugu binyuranye. Yamara, ntibanka abatari Ivyabona; eka mbere ntibigera baba isoko ry’imigumuko irwanya intwaro. Ahubwo barazwi kw’isi yose ko bashira mu ngiro urukundo nyakuri rudatangirwa n’imipaka y’ivyo mu kibano, ibara ry’urukoba n’ubwoko. Ni kuki none bahamwe? Kandi igihe barwanijwe bavyifatamwo gute? Ivyo bibazo biraza kwihwezwa mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Iyo mvugo ngo “abo mu rugo kwa Kayisari” si ngombwa ngo ibe yerekeza ku ncuti za Nero, uwari ku ngoma ico gihe. Ahubwo, ishobora kuba yerekeza ku basuku bo ku kirimba hamwe n’abakozi batobato kumbure bakora ibikorwa vyo ku kirimba, nko gukinjika no kugira isuku babikorera umuryango w’Umwami w’abami bakanabikorera abakozi bakorera aho.

Wokwishura Gute?

◻ Ni kuki Yezu yahimirije abobaye abayoboke kurimbura ico kuba umwigishwa bisaba?

◻ Ukuntu abatari Abayuda babonwa henshi kwagize ingaruka izihe kw’idini y’Abayuda, kandi ni igiki twigira kuri ivyo?

◻ Abakirisu b’abizerwa ba mbere bahanganye n’ukurwanywa guturutse ku migwi itatu iyihe?

◻ Ni imvo nyamukuru izihe zatumye Abakirisu ba mbere ‘bankwa’ n’Abaroma?

[Uruzitiro ku rup. 21]

“Tugirire Neza Bose”

Ivyabona vya Yehova barita ku rutare kugira ngo bashitse inkeburo yo muri Bibiliya yo “[kugirira] neza bose.” (Ab’i Galatiya 6:10) Mu gihe bikenewe, urukundo bafitiye mugenzi wabo rurabavyurira umutima wo gufasha abo badasangiye ivyiyumviro mu vy’idini. Nk’akarorero, mu gihe ca vya vyago vyaba mu Rwanda mu 1994, Ivyabona bo mu Buraya baritanze babikunze baja muri Afirika kugira ngo babagarukire babazaniye ivyobatabara. Amakambi yungunganijwe neza hamwe n’ibitaro vyubatswe nya hantu nyene vyarashinzwe vuba na vuba kugira ngo bifashe. Imfungurwa, ivyambarwa hamwe n’uburengeti vyinshi cane vyararungitswe bizanywe n’indege. Impunzi zatoreye akayoko kuri iyo ntabaro basumba incuro zitatu igitigiri c’Ivyabona vya Yehova bari muri ako karere.

[Ifoto ku rup. 23]

Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baramamaje inkuru nziza n’umwete w’intadohoka

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika