ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/12 rup. 19
  • Nitwirinde ka Gatima ka Simoni!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nitwirinde ka Gatima ka Simoni!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/12 rup. 19

Nitwirinde ka Gatima ka Simoni!

SIMONI w’i Samariya yarubahwa cane mu karere yabamwo. Yabayeho mu kinjana ca mbere G.C., kandi abantu barakwezwe cane n’ivy’amareba yagira, gushika aho bamuvugako ibi: “Uyu ni we bga bushobozi bg’Imana bgitwa Ubuhambaye.”—Ivyakozwe 8:9-11.

Ariko rero aho Simoni yizereye akabatizwa, yarabonye ububasha bukomeye cane kuruta ubwo yari yahoze yerekana. Bwari ububasha bwari bwarahawe intumwa za Yezu, buzishoboza guha abandi ingabirano z’impwemu yera ku gitangaro. Simoni vyaramutangaje gushika aho yingingira amahera intumwa, azisaba ati: “Nanje ni mumpe ubgo bushobozi, kugira ng’uwo nzorambikakw ibiganza az’ahabge [im]pwemu [y]era.”—Ivyakozwe 8:13-19.

Intumwa Petero yarakariye Simoni, ati: “Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuk’ugira ngw ingabire y’Imana woyironkesha amahera. Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’umutima wawe udatunganye imbere y’Imana.”—Ivyakozwe 8:20, 21.

Muri iyo nkuru ya Bibiliya hakuwemwo iyi mvugo ngo “agatima ka Simoni,” iyasobanuwe ngo “icaha c’ukugura canke kugurisha ibanga mu vy’idini, canke ubukuru mu vya ekeleziya.” Igitabu New Catholic Encyclopedia kiremeza yuko guhera canecane mu kinjana c’9 gushika mu kinjana ca 11 “agatima ka Simoni kari kiganje mu bigo vy’abapadiri, mu bamenyeshamana, mu basenyeri, eka no kwa pāpa.” Igitabu The Encyclopædia Britannica (1878) casohowe ubugira icenda kivuga giti: “Itohoza ry’inkuru za kahise zerekeye amanama y’ugutora Pāpa ryatumye ababitohoza babona yuko ata tora ritarimwo ivy’agatima ka Simoni ririgera rigirwa, mu gihe kenshi agatima ka Simoni kagaragajwe muri iyo nama kabaye akamaramaza, agateye isoni kandi katihishije namba.”

Abakirisu b’ukuri muri iki gihe bategerezwa kwirinda ako gatima ka Simoni. Nk’akarorero, hari abashobora guhayagiza cane canke gutura amaturo menshi abantu bashobora kubemerera kubongera ayandi mabanga. Eka n’abashobora gutanga ayo mabanga boshobora kugirira nkunzi abobatura amaturo menshi, kandi ugasanga benshi barabishashaye. Muri ubwo buryo bubiri bwompi harimwo ka gatima ka Simoni, kandi Ivyanditswe biriyamiriza ingendo mwene iyo mu buryo butomoye. Petero yahimirije Simoni ati: “Nuko wihane ubgo bubi bgawe, usenge Umwami Imana, namba kumbure ivyo wiyumviriye mu mutima wawe [“uwo mugambi wawe mubi,” New Jerusalem] wobiharirwa. Kuko mbona yuk’uri mw ibamba ry’umururazi no mu ngoyi zo kugabitanya.”—Ivyakozwe 8:22, 23.

Igishimishije ni uko Simoni atabuze kubona uburemere bw’icipfuzo ciwe kibi. Yatakambiye intumwa ati: “Munsengere Umwami Imana, ivyo muvuze hoye kugira ikimbako.” (Ivyakozwe 8:24) Abakirisu nyakuri barakurikiza icigwa gihambaye kiri muri iyo nkuru, bakihata kugira ngo birinde agatsi kose k’ako gatima ka Simoni.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika