Tugendane n’Imana—Duhanze Amaso Ibihe Bidashira
“Tweho tuzogendera mw izina ry[a Yehova, NW] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.”—MIKA 4:5.
1. Ni kuki Yehova ashobora kwitwa ‘Umwami w’ibihe bidashira’?
YEHOVA IMANA ntiyagize intango. Birakwiriye koko yuko yitwa “Uwa Kera w’Imisi,” kubera ko ukubaho kwiwe kutagira aho gutangurira muri kahise. (Daniyeli 7:9, 13, NW) Yehova kandi ntazogira iherezo. We musa ni we ‘Mwami w’ibihe bidashira.’ (Ivyahishuriwe 10:6; 15:3, NW) Kandi mu nyonga ziwe, imyaka igihumbi ni “nk’umusi w’ejo wahise, canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.”—Zaburi 90:4.
2. (a) Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye abantu bagamburuka? (b) Ivyizigiro vyacu n’imigabo yacu dukwiye kubishingira ku ki?
2 Kubera ko uwo Mutanzi w’ubuzima ari uwamaho, yari ashoboye guha wa mugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva, icizero co kugira ubuzima budashira mw’Iparadizo. Ariko rero, kubera ukugambarara, Adamu yarahomvye uburenganzira bwo kubaho ibihe bidashira, yandukiza icaha n’urupfu abamukomotseko. (Abaroma 5:12) Yamara, ukugarariza kwa Adamu ntikwatangiriye umugambi Imana yari ifise mu ntango. Yehova agomba ko abantu bagamburuka babaho ibihe bidashira, kandi azoshitsa umugambi wiwe ata kabuza. (Yesaya 55:11) Ese ukuntu bikwiriye rero ko ivyizigiro vyacu n’imigabo yacu tubishingira ku gukorera Yehova duhanze amaso ibihe bidashira! Naho dushaka kugumiza ‘umusi wa Yehova’ hafi mu muzirikanyi, birakenewe cane ko twibuka yuko intumbero yacu ari ukugendana n’Imana ibihe bidashira.—2 Petero 3:12.
Yehova Ahaguruka Igihe Yashinze Kigeze
3. Tuzi dute ko Yehova afise ‘igihe cashinzwe’ azorangurirako imigambi yiwe?
3 Kubera ko turi abagendana n’Imana, turashimishwa cane no gushitsa ivyo igomba. Turazi ko Yehova ari we Mudatisango Mukuru, kandi turizigiye ko atigera ananirwa no gushitsa imigambi yiwe igihe yashinze kigeze. Nk’akarorero, “igihe gikwiye gishitse, Imana [yatumye] Umwana wayo.” (Ab’i Galatiya 4:4) Intumwa Yohani yabwiwe ko hariho ‘gihe cashinzwe’ kizorangukirako ibintu vyo mu buhanuzi yabonye mu bimenyetso. (Ivyahishuriwe 1:1-3) Hariho “igihe co guciramw’amateka abapfuye.” (Ivyahishuriwe 11:18) Haraciye imyaka irenga 1900 intumwa Paulo ahumekewe kuvuga yuko Imana “yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri.”—Ivyakozwe 17:31.
4. Tumenya dute ko Yehova yipfuza guherengeteza ivy’iyi si mbi?
4 Yehova azorandura iyi si mbi, kuko izina ryiwe ririko rirasigwa iceyi mw’isi ya kino gihe. Abanyakibi baratotahaye. (Zaburi 92:7) Mu mvugo yabo no mu ngiro zabo baratuka Imana, na yo ikababazwa no kubona abasavyi bayo batukwa kandi bagahamwa. (Zekariya 2:8) Ntibitangaje kubona Yehova yaravumereye ko ishirahamwe rya Shetani ryose uko ringana rigiye kurandurwa vuba! Imana yarashinze igihe neza na neza ivyo bizoberako, kandi iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya riratomora yuko ubu turi mu “gihe c’iherezo.” (Daniyeli 12:4) Vuba igiye guhaguruka, biheshe umuhezagiro abayikunda bose.
5. Mbega Loti na Habakuki babona gute ibintu vyari bibakikuje?
5 Abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya kera baripfuza kubona iherezo ry’ubukozi bw’ikibi. Umugororotsi Loti “ya[ra]babazwa cane n’ingeso z’isoni nke z’abatirinda.” (2 Petero 2:7) Umuhanuzi Habakuki yari yatuntujwe n’ibintu vyabera hirya no hino yiwe, aratakamba ati: “[Yehova, NW] we, nzogeza ryari kugutakambira, ntunyumve? Kandi nkuborogera kubg’umuryano uriho, nawe ntuwunkize? N’iki gituma unyereka ibigabitanyo, ukitegereza ivy’inzigo? Kuk’ubugesera n’umuryano bir’imbere yanje, hakaba n’imitongano, kandi havyutse n’ibihāri.”—Habakuki 1:2, 3.
6. Yehova yishuye iki kw’isengesho rya Habakuki, kandi ni ibiki dushobora kwigira kuri ivyo?
6 Ng’iki igihimba c’inyishu Yehova yahaye Habakuki: “Ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.” (Habakuki 2:3) Muri ubwo buryo Imana yaramenyesheje ko yohagurutse ku ‘gihe cashinzwe.’ Naho vyosa n’ibiteba, Yehova azoshitsa umugambi wiwe—ata kunanirwa!—2 Petero 3:9.
Dukorane Umwete Udatezura
7. Naho Yezu atari azi neza igihe umusi wa Yehova woziriyeko, ni mu buryo ubuhe yashishikaye ibikorwa vyiwe?
7 Mbega ukumenya igihe nyaco Yehova yashingiye ibiba ni co kintu dukeneye kugira ngo tugendane n’Imana n’umwete? Oya si co gikenewe. Ihweze uturorero dukeyi. Yezu yaritwararikana ubwira ivy’igihe ukugomba kw’Imana kwogizwe kw’isi nk’uko kugirwa mw’ijuru. Mu vy’ukuri, Kirisitu yarigishije abayoboke biwe gusenga, ati: “Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.” (Matayo 6:9, 10) Naho Yezu yari azi ko ico kintu gisabwe cokwishuwe, ntiyari azi igihe nyaco ibintu vyobereyeko. Mu buhanuzi buhambaye yashikirije ku biraba umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu, yavuze ati: “Uwo musi cank’iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’Umwana w’Imana, atari Data gusa.” (Matayo 24:36) Kubera ko Yezu Kirisitu ari we shimikiro ry’iranguka ry’imigambi y’Imana, ubwiwe azokoreshwa mu guhonya abansi ba Se wiwe wo mw’ijuru. Ariko igihe Yezu yari kw’isi, na we nyene ntiyari azi igihe Imana yoviriye hasi. None ivyo vyoba vyatumye agabanya umwete mu murimo wa Yehova? Habe namba! Aho baboneye ukuntu Yezu ahumanura urusengero n’umwete mwinshi, “abigishwa biwe bibu[tse] ko handitswe, ngw Ishaka ry’inzu yawe rizondya.” (Yohana 2:17; Zaburi 69:9) Yezu yagumye afise vyinshi akora mu gikorwa yarungitswe gukora, kandi yagikoranye umwete udatezura. Vyongeye yakorera Imana ahanze amaso ubuzima budashira.
8, 9. Igihe abigishwa ba Yezu bamubaza ivyerekeye igarukanwa ry’Ubwami, babwiwe iki, hanyuma na bo bavyakira bate?
8 No ku bigishwa ba Kirisitu ni ko vyari bimeze. Yezu yarabonanye na bo hasigaye igihe gitoyi gusa ngo aduge mw’ijuru. Iyo nkuru ivuga iti: “Nuko bakoranye, baramubaza, bati Mwami, iki gihe ni co ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli?” Nk’uko na Shebuja wabo yari, baripfuza ko Ubwami buza. Yamara Yezu yasubijeyo ati: “S’ivyanyu kumenya imisi cank’ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene; ariko muzohabga ubushobozi, [im]pwemu [y]era ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.”—Ivyakozwe 1:6-8.
9 Nta kintu cerekana yuko abo bigishwa bavunywe umutima n’iyo nyishu. Ahubwo baragize umwete mu gikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza. Mu mishamvu mikeyi, bari bamaze kwuzuza Yeruzalemu inyigisho yabo. (Ivyakozwe 5:28) Mu myaka 30 na ho, bari bamaze guteza imbere cane igikorwa cabo c’ukwamamaza inkuru nziza gushika aho Paulo yubahuka kuvuga yuko inkuru nziza yari yavuzwe “mu bāremwe bose bo musi y’ijuru.” (Ab’i Kolosayi 1:23) Naho Ubwami butari ‘bwagarukanywe kuri Isirayeli’ nk’uko nya bigishwa bari bavyiteze, yamara bavyiteze ukutariko, kandi bukaba butashinzwe mw’ijuru bakibona, bagumye bakorera Yehova n’umwete bahanze amaso ibihe bidahera.
Dusuzume Imvo Zidutuma Gukora
10. Kuba tutazi igihe Imana izohonerezako urunkwekwe rw’ivya Shetani biduha uburyo bwo kugaragaza iki?
10 Abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe na bo nyene baripfuza kubona umuhero w’ivy’iyi si mbi. Ariko rero ikintu nyamukuru kituraje ishinga, si ukurokorwa tukinjira mw’isi nshasha yasezeranywe n’Imana. Dushaka kubona izina rya Yehova ryezwa, ukugaba n’ukuganza kwiwe na kwo kukagaragazwa. Kubera ico rero, turashobora kunezerwa n’ukuba Imana itatubwiye ‘umusi n’isaha’ vyashingiwe isangangurwa ry’urunkwekwe rw’ivya Shetani. Ivyo biraduha uburyo bwo gutanga ikimenyamenya c’uko twiyemeje kugendana n’Imana ibihe bidashira kubera ko tuyikunda, atari ukubera ko dufise intumbero z’igihe gito ziranga ubwikunzi.
11, 12. Ni mu buryo ki ukutadohoka kwa Yobu kwahigishijwe, kandi ako gahigo katwerekeye gute?
11 Tugumanye ukutadohoka kwacu ku Mana, birafasha kandi kwerekana ko Diyabule yabeshe igihe yagiriza wa mugororotsi Yobu—aba yagirije kandi abantu bose bameze nka we—yuko ngo yakorera Imana bivuye ku kwikunda. Aho Yehova avugiye ko umusavyi wiwe Yobu ari umuntu atunganye, w’umugororotsi, atinya Imana, Shetani yaciye azana iki citwazo ngo: “Mbeg’ugira ngo Yobu yubahira Imana ubusa? Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivy’atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko yiwe, kand’itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu. Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’afise vyose, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.” (Yobu 1:8-11) Yobu yagumye ari intadohoka mu bigeragezo, aba agaragaje yuko ico citwazo kirimwo urwenge cari ikinyoma.
12 Natwe tugumanye ukutadohoka nk’ukwo nyene, turashobora kubeshuza ikirego ico ari co cose ca Shetani c’uko ngo dukorera Imana kubera gusa tuzi ko impembo yimirije. Kuba tutazi umusi Imana izokwihorerako abanyakibi, biraduha akaryo ko kugaragaza ko dukunda Yehova vy’ukuri n’uko dushaka kugendera mu nzira ziwe ibihe bidahera. Birerekana ko tudahemukira Imana be n’uko twizigiye uburyo itunganya ibintu. Vyongeye, kuba tutazi uwo musi n’isaha biradufasha kuguma turikanuye, kandi tukaba maso mu vy’impwemu kubera tuzi yuko umuhero ushobora kuza igihe ico ari co cose, nka kurya kw’igisuma mw’ijoro. (Matayo 24:42-44) Tugendanye na Yehova umusi ku wundi, turanezereza umutima wiwe kandi tukaronsa inyishu Diyabule asomborotsa Imana.—Imigani 27:11.
Tegekaniriza Ibihe Bidashira!
13. Bibiliya yerekana iki ku vyerekeye ugutegekaniriza kazoza?
13 Abagendana n’Imana barazi yuko ari ivy’ubwenge gutegekaniriza kazoza mu buryo butegereka. Kubera ko abantu benshi bazi ingorane ziterwa n’ubusaza hamwe n’ibintu umuntu ataba agishoboye bivuye kuri bwo, baragerageza gukoresha neza ubuto bwabo n’inguvu zabo kugira ngo mu buzima bwabo muri kazoza ntibazogire ingorane mu vy’amahera. None kuri kazoza kacu ko mu vy’impwemu gahambaye cane kuruta, ho twogira iki? Mu Migani 21:5 havuga hati: ‘Imigabo y’umunyabwenge izana ubukenuke gusa, arik’umuntu wese ahutagiza bimuzanira ubukene gusa.’ Gutegekanya ibintu hakiri kare duhanze amaso ibihe bidashira birazana akunguko vy’ukuri. Kubera ko tutazi neza igihe umuhero w’ivy’iyi si uzozira, turakeneye kuzirikana ivyo tuzokenera muri kazoza. Mugabo tugire uburimbane kandi dushire ivy’Imana mu kibanza ca mbere. Abantu babuze ukwizera boshobora guca biyumvira ko umuntu yitwararitse canecane ugukora ivyo Imana igomba kwoba ari ukutabona kure? Ariko ubwo ivyo ni vyo?
14, 15. (a) Ni ikigereranirizo ikihe Yezu yatanze ku vy’ugutegekaniriza kazoza? (b) Ni kuki wa mugabo w’umutunzi avugwa mu kigereranirizo ca Yezu atabona kure?
14 Yezu yaratanze ikigereranirizo gitanga umuco muri ivyo. Yavuze ati: “Hābaye umuntu w’umutunzi yar’afise itongo rimera cane. Yiyumvira mu mutima wiwe, ati Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje? Ati Ndabigenza ntya: ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi binini-binini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n’ibintu vyanje vyose. Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe. Maz’Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde? Umuntu yishingurira ni kw amera, atar’umutunzi mu vy’Imana.”—Luka 12:16-21.
15 Yezu yoba yashaka kuvuga yuko uwo mugabo w’umutunzi atari akwiye kugira utwigoro kugira ngo kazoza kiwe kazobe gatekaniwe? Oyaye, kuko Ivyanditswe bituremesha gukora tugatama. (2 Ab’i Tesalonike 3:10) Ikosa uwo mutunzi yakoze ni uko atagize ivyari bikenewe kugira abe “umutunzi mu vy’Imana.” Naho nyene yari kuba yarashoboye kunezererwa ubutunzi bwiwe bw’umubiri mu kiringo c’imyaka itari mike, amaherezo yopfuye. Ntiyabona kure; ntiyiyumvira ibihe bidahera.
16. Ni kuki dushobora kwizigira Yehova tudakeka yuko azotuma kazoza kacu gatekanirwa?
16 Kugendana na Yehova duhanze amaso ibihe bidashira ni ikintu ngirakimazi kandi kiranga ukubona kure. Ni bwo buryo bwiza burushirije bwo gutegekaniriza kazoza. Naho ari ibiranga ubwenge kugira imigabo ngirakimazi mu vyerekeye amashure, akazi hamwe no mu vy’ugutunga umuryango, dukwiye nantaryo kwibuka ko Yehova atigera aheba abasavyi biwe b’intahemuka. Umwami Dawidi yaririmvye ati: “Uhereye nkiri muto, none ndashāje, ariko sinigeze kubona umugororotsi yahebge, cank’uruvyaro rwiwe rusēgerereza ivyo kurya.” (Zaburi 37:25) Yezu na wene yaremeje yuko ababanza kurondera Ubwami bose kandi bakagendera mu nzira zigororotse za Yehova, azobaronsa ivyo bakeneye.—Matayo 6:33.
17. Tumenya dute ko umuhero uri hafi?
17 Naho dukorera Imana duhanze amaso ibihe bidashira, tugumiza umusi wa Yehova hafi mu muzirikanyi. Iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya riremeza neza yuko uwo musi wegereje. Iki kinjana caranzwe n’intambara, ibiza, vya nyamugigima n’amapfa, hamwe n’uguhamwa kw’Abakirisu b’ukuri, tutibagiye kwa kwamamazwa hose kw’inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Iyo yose ni imice iranga igihe c’iherezo ry’ivy’iyi si mbi. (Matayo 24:7-14; Luka 21:11) Isi iruzuye “[a]bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana.” (2 Timoteyo 3:1-5) Muri iyi misi ya nyuma igoye, twebwe abasavyi ba Yehova ubuzima ntibutworoheye. Ese ukuntu twipfuza kubona umusi Ubwami bwa Yehova buzohanagura ububi bwose! Mu kurindira, nitwiyemeze kugendana n’Imana duhanze amaso ibihe bidashira.
Dukore Duhanze Amaso Ubuzima Budahera
18, 19. Ni igiki cerekana ko abizerwa ba kera bakoreye Imana bahanze amaso ibihe bidashira?
18 Uko tugendana na Yehova, nimuze tugumize mu muzirikanyi ukwizera kwa Abeli, Henoki, Nowa, Aburahamu na Sara. Paulo amaze kubavuga, yanditse ati: “Abo bose bāpfuye bacizeye, batarahabga ivyasezeranywe, ariko bārabibona biri kure bakabisāsira, bakemera kw ar’akavantara n’ingenzi kw isi.” (Abaheburayo 11:13) Abo bantu b’abizerwa “barifuza igihugu kirushije ico kuba ciza, n’ico mw ijuru.” (Abaheburayo 11:16) Mu kwizera, bari bahanze amaso ikibanza kirushirije kuba ciza munsi y’ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana buganzwa na Mesiya. Turashobora kwemera tudakeka ko Imana izobaha impera y’ubuzima budahera muri ico kibanza kirushirije kuba ciza—ni co Paradizo yo kw’isi munsi y’ubutegetsi bw’Ubwami.—Abaheburayo 11:39, 40.
19 Umuhanuzi Mika yaraseruye umwiyemezo igisata ca Yehova gifise wo gusenga Imana ibihe bidashira. Yanditse ati: “Ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw izina ry[a Yehova] Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.” (Mika 4:5) Gushika ku gupfa kwiwe, Mika yarakoreye Yehova adahemuka. Nta gukeka ko uwo muhanuzi niyazukira mw’isi nshasha azobandanya kugendana n’Imana ibihe bidashira. Ese ukuntu ari akarorero keza twese abageze kure mu bihe vy’iherezo twokurikiza!
20. Dukwiye kwiyemeza iki?
20 Yehova arashima urukundo tugaragaza ku bw’izina ryiwe. (Abaheburayo 6:10) Arazi yuko twebwe bitatworoheye kuguma turi intadohoka kuri yo muri iyi si iganzwa na Diyabule. Ariko rero naho ‘isi irikw irashira,’ “ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” (1 Yohana 2:17; 5:19) Maze rero dufashijwe na Yehova, nitwiyemeze kwihanganira ibigeragezo duhura na vyo umusi ku wundi. Ivyiyumviro vyacu hamwe n’uburyo bwacu bwo kubaho nitubishingire kuri ya mihezagiro y’igitangaza twasezeranirwa na Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo. Iyo turashobora kuyironka mu gihe tugumye tugendana n’Imana duhanze amaso ibihe bidashira.—Yuda 20, 21.
Wokwishura Gute?
◻ Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye abantu bagamburuka?
◻ Ni kuki Yehova atarahaguruka ngo aherengeteze iyi si itibanga Imana?
◻ Ni kuki ukutamenya umusi nyawo Imana izohagurukirako bidakwiye kugabanya umwete wacu?
◻ Inyungu zimwezimwe ziva ku kugendana n’Imana duhanze amaso ibihe bidashira ni izihe?
[Ifoto ku rup. 17]
Kugendana n’Imana bisaba ko kuyikorera n’umwete nk’uko abigishwa ba mbere ba Kirisitu babigize