Intambwe za Mbere mu vy’Ukugendana n’Imana
“Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.”—YAKOBO 4:8.
1, 2. Ni kuki wovuga yuko gukorera Yehova ari agateka gahambaye?
UMUGABO umwe yari amaze imyaka n’iyindi acumukurira mw’ibohero. Maze arengutswa imbere y’umutegetsi w’ico gihugu. Ibintu ntivyatevye. Buno nyene, iyo mbohe ijanwa gukorera umwami yari akomeye kuruta abari kw’isi bose ico gihe. Nya mugabo yari yahoze ari imbohe aca ashingwa ibanga rikomeye, aterwa iteka ridasanzwe. Uwo mugabo ari we Yozefu, uwo amaguru yari yahoze aboshwe n’iminyororo, ni we ico gihe yari asigaye agendana n’umwami!—Itanguriro 41:14, 39-43; Zaburi 105:17, 18.
2 Muri iki gihe, birashoboka ko abantu baronka akaryo ko gukorera umuntu akomeye cane kuruta Farawo wo mu Misiri. Segaba w’ijuru n’isi adusaba twese kumukorera. Ese ukuntu ari agateka gateye akoba gushobora kugiranira ubucuti bukomeye na Yehova we Mana ishobora vyose, kandi tukabutsimbataza! Ivyanditswe mu kumuvuga bimwitirira ububasha n’ubuninahazwa vy’agatangaza hamwe n’itekane, ubwiza, n’ubuhimbare. (Ezekiyeli 1:26-28; Ivyahishuriwe 4:1-3) Urukundo rwuzuye mu vyo agira vyose. (1 Yohana 4:8) Ntaho yigera abesha. (Guharūra 23:19) Vyongeye Yehova ntaho yigera atetereza abizigirwa biwe. (Zaburi 18:25) Mu gihe tubayeho duhuza n’ivyo asaba bigororotse, muri iki gihe turashobora kugira ubuzima bw’agahimbare buri n’ico buvuze, twiteze ubuzima budashira. (Yohana 17:3) Nta mutegetsi n’umwe w’umuntu yogira ikintu na kimwe atanga coruha kigereranywa n’imihezagiro mwene iyo be n’uduteka mwene utwo.
3. Ni mu buryo ki “Nowa yagendana n’Imana”?
3 Kera, sogokuruza Nowa yariyemeje kubaho ahuza ubuzima bwiwe n’ukugomba kw’Imana be n’umugambi wayo. Ku bimwerekeye, Bibiliya ivuga iti: “Nowa yar’umugororotsi, ntiyagira [ihinyu] mu gihe c’urunganwe rwiwe: kandi Nowa yagendana n’Imana.” (Itanguriro 6:9) Mugabo si ukuvuga ko Nowa yagenda ari kumwe na Yehova, kubera ko ata muntu n’umwe mbere ‘yabonye Imana na rimwe.’ (Yohana 1:18) Ahubwo Nowa yagendana n’Imana mu buryo bw’uko yakora ivyo Imana imubwiye gukora. Kubera ko Nowa yakoresheje ubuzima bwiwe mu gukora ukugomba kwa Yehova, yari afitaniye n’Imana Mushoboravyose ubucuti bweza umutima kandi bukomeye. Nk’ukwo kwa Nowa, abantu amamiliyoni muri iki gihe bariko ‘bagendana n’Imana’ mu kubaho bahuza ubuzima bwabo n’impanuro be n’amabwirizwa Yehova abaha. Uti none umuntu atangura ingendo mwene iyo gute?
Ubumenyi Nyakuri Ni Ntahara
4. Yehova acisha ubwenge gute abasavyi biwe?
4 Kugira tugendane na Yehova, dutegerezwa kubanza kumumenya. Umuhanuzi Yesaya yamenyesheje imbere y’igihe ati: “Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’amahanga yose azosendanisha aja kuri wo. Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.” (Yesaya 2:2, 3) Egome, turashobora kugira umwizero w’uko Yehova azocisha ubwenge abo bose barondera kugendera mu nzira ziwe. Yehova yaratanze Ijambo ryiwe, Bibiliya, kandi aradufasha kuritahura. Uburyo bumwe akora ivyo, abicisha kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47, NW) Yehova arakoresha uwo “mushumba w’umwizerwa” kugira ngo atange inyigisho z’Ijambo ry’Imana akoresheje ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, amakoraniro ya gikirisu, hamwe n’indinganizo y’ivy’ukurongora inyigisho za Bibiliya zibera ku muhana ku buntu. Imana irafasha kandi abasavyi bayo gutahura Ijambo ryayo ikoresheje impwemu yera yayo.—1 Ab’i Korinto 2:10-16.
5. Ni kuki ukuri kwo mu Vyanditswe gufise agaciro gakomeye?
5 Naho ukuri kwa Bibiliya tutakurihira amahera, kuri n’agaciro gakomeye. Uko twiga Ijambo ry’Imana, turamenya ivyerekeye Imana ubwayo—izina ryayo, kamere yayo, umugambi ifise, hamwe n’ukuntu igirana ibintu n’abantu. Turaronka kandi inyishu ziduha umwidegemvyo z’ibibazo ngenderwako twibaza mu buzima, nk’ibi: Ni kuki turi ngaha? Ni kuki Imana ireka ubucumukure bukabaho? Kazoza katubikiye iki? Ni kuki dusaza kandi tugapfa? Hoba hariho ubuzima inyuma yo gupfa? Vyongeye, turamenya ico Imana itugombako, ni ukuvuga ukuntu dukwiye kugenda kugira ngo tuyihimbare muri vyose. Turamenya yuko ivyo idusaba ari ibitegereka, be n’uko bigira ikimazi mu buryo butangaje igihe tubayeho tuvyisunga. Ata nyigisho Imana iduha, ntitwokwigera dutahura ibintu mwene ivyo.
6. Ubumenyi nyakuri bwa Bibiliya budufasha gukurikirana ingendo nyabaki?
6 Ukuri kwa Bibiliya kuri n’ububasha, kukaba kandi kutuvyurira umutima wo kugira ivyo duhinduye mu buzima bwacu. (Abaheburayo 4:12) Imbere y’uko turonka ubumenyi bw’Ivyanditswe, dushobora kuba twagenda gusa “nk’ukw ivy’iyi si bigenda.” (Abanyefeso 2:2) Mugabo ubumenyi nyakuri bw’Ijambo ry’Imana buratwereka ingendo imeze ukundi twokurikira, kugira ngo dushobore ‘kugenda nk’uko bibereye aba Yehova, tumunezera muri vyose.’ (Ab’i Kolosayi 1:10) Ese ukuntu biteye umunezero igihe duteye intambwe za mbere mu vy’ukugendana na Yehova, we Muntu w’agahore kuruta bose kw’isi no mw’ijuru!—Luka 11:28.
Intambwe Zibiri Zihambaye—Kwiyegurira Imana no Kubatizwa
7. Igihe twiga Ijambo ry’Imana, ni ukuri ukuhe kwigaragaza ku vyerekeye ubuyobozi bw’abana b’abantu?
7 Igihe tumaze gukomera mu vy’ugutahura Bibiliya, duca dutangura gusuzuma ivyo abantu bakora be n’ubuzima bwacu dukoresheje umuco wo mu buryo bw’impwemu utangwa n’Ijambo ry’Imana. Hari ukuri guhambaye guca rero kwibonekeza. Ukwo kuri kwaraseruwe kera n’umuhanuzi Yeremiya, uwanditse ati: “[Yehova, NW], nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” (Yeremiya 10:23) Abantu twese hamwe turakeneye ubuyobozi bw’Imana.
8. (a) Ni igiki gituma abantu biyegurira Imana? (b) Ukwiyegurira Imana kw’Umukirisu ni iki?
8 Gutahura ico kintu ca nkenerwa biratuma turondera ubuyobozi buva kuri Yehova. Kandi ugukunda Imana kuratuma tumwegurira ubuzima bwacu. Kwiyegurira Imana bisigura kuyiyegereza mw’isengesho no kuyisezeranira n’ubwira ko tuzokoresha ubuzima bwacu mu kuyikorera no mu kugendera mu nzira zayo tudahemuka. Mu kugira ivyo, dukurikira ka karorero ka Yezu, we yishikanye kuri Yehova afise umwiyemezo ntabanduka wo gushitsa ivyo agomba.—Abaheburayo 10:7.
9. Ni kuki abantu, umwumwe ukwiwe, begurira Yehova ubuzima bwabo?
9 Yehova Imana ntiyigera agobera canke ngo ahatire umuntu kumwiyegurira. (Gereranya na 2 Ab’i Korinto 9:7.) Vyongeye, Imana ntiyiteze ko hagira umuntu ayegurira ubuzima bwiwe kubera ari ibintu vy’igihe gito bimujemwo. Imbere y’uko umuntu abatizwa, ategerezwa kuba amaze kuba umwigishwa, ivyo na vyo bikaba bisaba akigoro gakomeye k’ukwakira ubumenyi. (Matayo 28:19, 20) Paulo yaringinze abari bamaze kubatizwa ngo ‘batange imibiri yabo nk’ibimazi bizima, vyeranda, vyemerwa n’Imana, igikorwa ceranda bakorana ububasha bwabo bwo kuzirikana.’ (Abaroma 12:1) Natwe nyene twiyegurira Yehova Imana dukoresheje ububasha bwacu bwo kuzirikana. Tumaze kumenya ico ivyo bisaba kandi tukazirikana ico kibazo tuvyitondeye, turaheza tukegurira Imana ubuzima bwacu n’umutima ukunze kandi tubigiranye umunezero.—Zaburi 110:3.
10. Ukwiyegurira Imana gufitaniye isano irihe n’ukubatizwa?
10 Tumaze kwiyegereza Imana twiherereye mw’isengesho ryo kuyiserurira ko twiyemeje kugendera mu nzira zayo, turaheza tugatera intambwe ikurikira. Ukwiyegurira Imana kwacu turakumenyekanisha icese igihe tubatizwa mu mazi. Ukwo ni ukumenyesha icese yuko twasezeraniye Imana gukora ivyo igomba. Igihe Yezu yatangura igikenurwa ciwe co kw’isi, yarabatijwe na Yohani, aba aduhaye akarorero. (Matayo 3:13-17) Mu nyuma, Yezu yashinze abayoboke biwe ibanga ryo guhindura abantu abigishwa no kubabatiza. Ukwiyegurira Imana n’ukubatizwa rero ni intambwe ntahara kuri uwo wese yipfuza kugendana na Yehova.
11, 12. (a) Ukubatizwa kwoshobora kugereranywa gute n’ubugeni? (b) Twoshobora kugereranya gute ubucuti tugiranira na Yehova n’uburi hagati y’umugabo n’umugore?
11 Gucika umwigishwa wa Yezu Kirisitu yiyeguriye Imana kandi yabatijwe, birashaka gusa n’ubugeni. Mu bihugu vyinshi, kugira ngo habe ubugeni, hacamwo intambwe zitari nke. Umugabo n’umugore barahura, bakamenyana, hanyuma bagakundana. Haca hakurikira ukunywana ari kwo kwemeranya ko bazobana. Ubugeni bushira ku mugaragaro ikintu cafatiwe ingingo mu mwiherero, ni ukuvuga ukwinjira mu mubano w’ababiranye no kubana bwa mugabo n’umugore. Ubugeni ni bwo buranga icese intango y’ubwo bucuti budasanzwe. Uwo musi uranga intango y’umubano w’ababiranye. Tubigereranije, ukubatizwa kwerekana intango y’ubuzima buhebewe ukugendera mu bucuti umuntu agiranira na Yehova yaramwiyeguriye.
12 Raba ikindi kintu bifitaniye isano. Inyuma y’umusi bagiriyeko ubugeni, urukundo ruri hagati y’umugabo n’umugore rukwiye gutsimbatara kandi rugakomera. Kugira ngo ababiranye bame biyegerezanya, bompi bategerezwa kwita ku rutare kugira ngo bagumane ubucuti bw’ababiranye butagiramwo ukwikunda, kandi bakabukomeza. Naho tutaba tugiranye n’Imana umubano w’ababiranye, iyo tumaze kubatizwa dutegerezwa kugira akigoro ko kuzigama ubucuti bukomeye na Yehova. Aritegereza kandi agashima utwigoro tugira kugira ngo dukore ivyo agomba, kandi akatwiyegereza. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.”—Yakobo 4:8.
Kugera Ikirenge mu ca Kirisitu
13. Mu vy’ukugendana n’Imana, dukwiye gukurikira akarorero ka nde?
13 Kugira tugendane na Yehova, dutegerezwa kubaho duhuza n’akarorero katanzwe na Yezu Kirisitu. Intumwa Petero yanditse ati: “Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.” (1 Petero 2:21) Kubera ko Yezu we yari uwutagira agasembwa ariko twebwe tukaba turi abanyagasembwa, ntidushobora gukurikira neza akarorero yatanze tudahusha. Mugabo rero Yehova yiteze ko dukora ivyo dushoboye vyose. Reka twihweze ibintu bitanu vyibonekeza mu buzima bwa Yezu no mu gikenurwa yaranguye, bikaba ari ibintu Abakirisu biyeguriye Imana bakwiye kwihatira kwigana.
14. Kumenya Ijambo ry’Imana harimwo ibiki?
14 Yezu yari afise ubumenyi nyakuri kandi bushika kure bw’Ijambo ry’Imana. Igihe yarangura igikenurwa ciwe, Yezu kenshi yarasubiramwo ivyo akuye mu Vyanditswe vy’Igiheburayo. (Luka 4:4, 8) Mugabo rero n’indongozi mbi z’idini zo muri iyo misi na zo nyene zarasubiramwo ivyo zikura mu Vyanditswe. (Matayo 22:23, 24) Itandukaniro ryari rihari ni uko Yezu yatahura ico Ivyanditswe bisobanura, kandi akabishira mu ngiro mu buzima bwiwe. Ntiyari azi gusa kubidonda, ahubwo yari azi n’ico bishaka kuvuga. Uko dukurikira akarorero ka Kirisitu, na twebwe dukwiye kwihatira gutahura Ijambo ry’Imana, tugategera ico rivuze. Tugenjeje gutyo, turashobora kuba abakozi bemewe n’Imana, bashoboye ‘gukoresha neza ijambo ry’ukuri.’—2 Timoteyo 2:15.
15. Yezu yatanze gute akarorero mu kuvuga ivyerekeye Imana?
15 Kirisitu Yezu yarabwira abandi ivyerekeye Se wiwe wo mw’ijuru. Yezu ntiyigumijeko ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana. N’abansi biwe bamwise “Mwigisha,” kubera ko aho yaja hose yabwira abandi ivyerekeye Yehova n’imigambi yiwe. (Matayo 12:38) Yezu yaramamaje icese inkuru nziza mu rusengero, mu masinagogi, mu bisagara no mu misozi. (Mariko 1:39; Luka 8:1; Yohana 18:20) Yigishanya imbabazi n’ubuntu, akagaragariza urukundo abo yafasha. (Matayo 4:23) Abakurikira akarorero ka Yezu na bo nyene bararonka ahantu henshi n’uburyo bwinshi bigisha abandi ivyerekeye Yehova Imana n’imigambi yiwe myiza igitangaza.
16. Ubucuti Yezu yari afitaniye n’abo basangiye ugusenga Yehova bwari bukomeye ku rugero rungana iki?
16 Yezu yumva afitaniye ubucuti bukomeye n’abandi basenga Yehova. Igihe kimwe aho Yezu yariko aganira n’ishengero ry’abantu, nyina wiwe hamwe na barumunawe batizera baraje kuganira na we. Inkuru ya Bibiliya ivuga iti: “Umwe aramubgira, at’Ereg’umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze, baragomba ko mubonana. Yishura uno abimubgiye, ati Mama ni nde? Canke bene mama ni ba nde? Atunga urutoke abigishwa biwe, ati Ngaba mama na bene mama. Kuk’umuntu wese akora ivyo Data wo mw ijuru agomba ari we murumunanje na mushikanje na mama.” (Matayo 12:47-50) Ivyo ntibisobanura ko Yezu yikunkumuye umuryango wiwe, kuko ivyabaye mu nyuma birabigaragaza. (Yohana 19:25-27) Yamara, iyo nkuru irashimika ku rukundo Yezu yari afitiye abo bisangiye ukwizera. No muri iki gihe nyene, abagendana n’Imana bararondera kwiyegereza abandi basuku ba Yehova no kubakunda cane rumwe rwo mu mutima.—1 Petero 4:8.
17. Yezu yumva amerewe gute ku vyerekeye ugukora ivyo Se wiwe wo mw’ijuru agomba, kandi ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute kuri twebwe?
17 Mu gukora ivyo Imana igomba, Yezu yaragaragarije urukundo Se wiwe wo mw’ijuru. Yezu yagamburukira Yehova mu bintu vyose. Yavuze ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.” (Yohana 4:34) Kirisitu yaravuze kandi ati: “Jewe na ntaryo nama nkora [ibihimbara Imana].” (Yohana 8:29) Yezu yarakunze cane Se wiwe wo mw’ijuru gushika aho “yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu, kand’urupfu rwo ku [giti c’ukubabarizwako].” (Ab’i Filipi 2:8) Mu nyuma Yehova na we yarahezagiye Yezu, aramuduza amuha ubukuru aranamutera iteka ryo kuba we musa cegera ca Yehova ubwiwe. (Ab’i Filipi 2:9-11) Nk’ukwo kwa Yezu, turagaragaza urukundo dukunda Imana mu gukurikiza amabwirizwa yayo no mu gukora ivyo igomba.—1 Yohana 5:3.
18. Ni mu buryo ubuhe Yezu yatanze akarorero mu vyerekeye isengesho?
18 Yezu yari umuntu akunda gusenga. Yarasenze igihe c’ukubatizwa. (Luka 3:21) Imbere y’uko acagura intumwa ziwe 12, yamaze ijoro ryose asenga. (Luka 6:12, 13) Yezu yarigishije abigishwa biwe gusenga. (Luka 11:1-4) Mw’ijoro rya buca apfa, yarasenze asabira abigishwa biwe, kandi abigira bari kumwe. (Yohana 17:1-26) Isengesho cari igihimba gihambaye c’ubuzima bwa Yezu, nk’uko nyene ari ko bikwiye kumera mu buzima bwacu, kuko turi abayoboke biwe. Ese ukuntu ari agateka kuyagira Segaba w’ijuru n’isi mw’isengesho! Ikindi kandi, Yehova arishura amasengesho, kuko Yohani yanditse ati: “Ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’igomba, itwumva. Kandi ko tuzi yuko yumva ico dusavye cose, bitumenyesha yuko duhawe ivyo tuyisavye.”—1 Yohana 5:14, 15.
19. (a) Ni kamere izihe za Yezu dukwiye kwigana? (b) Ni mu buryo ubuhe twungukira ku gutohoza ubuzima bwa Yezu n’igikenurwa yaranguye?
19 Hari ibintu vyinshi dushobora kumenya twihweje twitonze ukuntu Yezu Kirisitu yabayeho kw’isi be n’igikenurwa yaharanguriye! Zirikana kamere yagaragaje: urukundo, imbabazi, ubuntu, inkomezi, uburimbane, ukugira ibitegereka, ukwicisha bugufi, ubutinyutsi, n’ukutikunda. Uko turushiriza kwiga ivyerekeye Yezu, ni ko icipfuzo cacu co kuba abayoboke biwe b’abizigirwa kirushiriza kuba kinini. Ukumenya Yezu kandi biratwegereza cane Yehova. Kanatsinda, Yezu vy’ukuri yari ameze nka ka Se wiwe wo mw’ijuru. Yari afitaniye na Yehova ubucuti bwa somambike, ku buryo yubahutse kuvuga ati: “Ūbonye jewe aba abonye Data.”—Yohana 14:9.
Niwizigire Imana ngo na Yo Igufashe
20. Dushobora dute kugendana na Yehova tudatinya?
20 Igihe abana baciga gutambuka, intambwe zabo bazitera badandabagirana. None biga gute gutambuka badatinya? Babishobora gusa bavyimenyereje kandi bagakomera ku muheto. Abagendana na Yehova barihata kugira ngo batambuke badatinya, kandi neza. Ivyo na vyo nyene bisaba igihe n’ugukomera ku muheto. Paulo yarerekanye akamaro ko gukomera ku muheto mu kugendana n’Imana igihe yandika ati: “Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.”—1 Ab’i Tesalonike 4:1.
21. Uko tugendana na Yehova, ni imihezagiro iyihe dushobora kuronka?
21 Niba twarihebeye Imana ataco twisigarije, izodufasha kuguma tugendana na yo. (Yesaya 40:29-31) Nta kintu iyi si ifise yoduha gishobora kugereranywa n’imihezagiro Yehova ahunda abagendera mu nzira ziwe. Ni ‘We atwigisha kugira ngo tuhungukire, We atuma tugendera mu nzira dukwiye kugenderamwo. Kandi mu gihe vy’ukuri twubahirije amabwirizwa yiwe, amahoro yacu azocika nk’uruzi, n’ubugororotsi bwacu bucike nk’imifunda y’ikiyaga.’ (Yesaya 48:17, 18, NW) Twemeye ubutumire duhabwa bwo kugendana n’Imana kandi tukabigira tudahemuka, turashobora kugiranira na Yo amahoro ibihe bidahera.
Wokwishura Ute?
◻ Ni kubera iki ukugendana n’Imana y’ukuri ari iteka tuba dutewe?
◻ Ni kubera iki ukwiga, ukwiyegurira Imana n’ukubatizwa ari intambwe za mbere mu vy’ukugendana na Yehova?
◻ Twoshobora dute kugera ikirenge mu ca Yezu?
◻ Tumenya dute ko Yehova azodufasha igihe tugendana na we?
[Amafoto ku rup. 11]
Ukwiga, ukwiyegurira Imana n’ukubatizwa, ni intambwe za mbere mu vy’ukugendana n’Imana