‘Nimugende, muhindure abantu abigishwa, mubabatiza’
“Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, “NW”] abigishwa, mubabatiza . . . , mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose”. —MATAYO 28:19, 20.
1. Ni ingingo iyihe ihanga rya Isirayeli ryafatiye ku mucamo w’Umusozi Sinayi?
HARI ihanga ryose uko ryakabaye ryagize ico riraganiye Imana, ubu hakaba haciye nk’imyaka 3.500 ivyo bibaye. Igihe Abisirayeli bari bakoraniye ku mucamo w’Umusozi Sinayi, bavuze icese bati: “Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora”. Kuva ico gihe, Isirayeli yarabaye ihanga ryiyeguriye Imana, “inyegu yiharije” (Kuvayo 19:5, 8; 24:3). Bari biteganye umushasharo gukingirwa na we no kuba mu gihugu “gitemba amata n’ubūki”, uko amaruka yabo yogiye arakurikirana.—Abalewi 20:24.
2. Ni ubucuti ubuhe abantu bashobora kugiranira n’Imana muri iki gihe?
2 Ariko rero, nk’uko umwanditsi wa Zaburi Asafu yavyiyemereye, Abisirayeli “ntibitondeye isezerano ry’Imana, ba[ra]nse kugendera mu vyagezwe vyayo” (Zaburi 78:10). Ntibagumye bagendera mu vyo ba sokuruza babo bari bararaganiye Yehova. Amaherezo, iryo hanga ryaratakaje ubwo bucuti budasanzwe ryari rifitaniye n’Imana (Umusiguzi 5:4; Matayo 23:37, 38). Ku bw’ivyo rero, Imana “ya[ra]tanguye kugendera abanyamahanga ngw ibarobanuremw’ubgoko bg’izina ryayo” (Ivyakozwe n’intumwa 15:14). Muri iyi misi y’iherezo, Imana iriko iratororokaniriza hamwe abagize “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose”, biyemerera banezerewe bati: “Agakiza n’ak’Imana yacu ivyagiye kur’irya ntebe n’ak’Umwagazi w’Intama”.—Ivyahishuriwe 7:9, 10.
3. Ni intambwe izihe umuntu ategerezwa gutera kugira ngo agiranire ubucuti n’Imana?
3 Kugira ngo umuntu abe mu bagiranira na Yehova Imana ubwo bucuti bw’agaciro, ategerezwa kumwiyegurira akongera akavyerekana icese mu kubatizwa mu mazi. Igihe yiyeguye hanyuma akabatizwa, aba agamburutse itegeko Yezu ubwiwe yahaye abigishwa biwe rigira riti: “Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose” (Matayo 28:19, 20). Abisirayeli barumvirije igihe Musa yasoma “igitabo c’isezerano” (Kuvayo 24:3, 7, 8). Ku bw’ivyo, baratahuye ivyo Yehova abasaba. No muri kino gihe, birahambaye ko umuntu aronka ubumenyi ntagakosa bwerekeye ivyo Imana igomba vyerekanwa mw’Ijambo ryayo Bibiliya imbere y’uko atera intambwe y’ukubatizwa.
4. Ni igiki umuntu ategerezwa gukora kugira akwize ibisabwa ngo abatizwe? (Nuvuge n’ibiri mu ruzitiro ruri aho haruguru.)
4 Biribonekeza ko Yezu yipfuza yuko abigishwa biwe bashingira ukwizera kwabo ku mushinge ukomeye imbere y’uko babatizwa. Ntiyategetse abayoboke biwe kugenda guhindura abantu abigishwa gusa, ariko kandi yabategetse kubigisha ‘kwitondera ivyo yari yarabageze vyose’ (Matayo 7:24, 25; Abanyefeso 3:17-19). Ku bw’ivyo, abakwiza ibisabwa kugira ngo babatizwe akenshi usanga baba bamaze amezi, umwaka umwe kibure ibiri biga Bibiliya, ku buryo ingingo bafata itaba ari iya gihutihuti canke ngo bayifate batazi neza ico bariko baragira. Igihe co kubatizwa, abagiye kubatizwa barishura ego ku bibazo bibiri nyamukuru babazwa. Kubera ko Yezu yashimitse ku vy’uko ‘Ego yacu ikwiye kuba Ego, Oya yacu ikaba Oya’, twese biraza kutugirira akamaro dusubiye kwihweza twitonze insobanuro y’ivyo bibazo bibiri bibazwa abagiye kubatizwa.—Matayo 5:37.
Ukwigaya n’ukwiyegura
5. Ni izihe ntambwe zibiri nyamukuru ikibazo ca mbere kibazwa uwugiye kubatizwa gishimikako?
5 Ikibazo ca mbere kibazwa uwugiye kubatizwa kimubaza nimba yarigaye agaheba uburyo yari abayeho akongera akegurira ubuzima bwiwe Yehova kugira ngo akore ivyo agomba. Ico kibazo kirashimika ku ntambwe zibiri zihambaye umuntu ategerezwa gutera imbere y’uko abatizwa, ari zo ukwigaya n’ukwiyegura.
6, 7. (a) Ni kubera iki abagiye kubatizwa bose bikenewe ko baba barigaye? (b) Ni amahinduka ayahe uwigaye ategerezwa kugira?
6 Ni kubera iki none umuntu ategerezwa kwigaya imbere y’uko abatizwa? Intumwa Paulo asigura ati: “Natwe twese twahora . . . kera mu kwifuza kw’imibiri yacu” (Abanyefeso 2:3). Imbere y’uko turonka ubumenyi ntagakosa bwerekeye ivyo Imana igomba, twabaho duhuza n’isi, twisunga imico yayo be n’ivyo ikurikiza. Uburyo bwacu bwo kubaho bwaganzwa n’imana y’iki gihe, ari yo Shetani (2 Ab’i Korinto 4:4). Ariko rero, tumaze kuronka ubumenyi bwerekeye ivyo Imana igomba, turagira umwiyemezo wo kubaho ‘tutagikorera ivyipfuzo vy’abantu, ariko dukora ivyo Imana igomba’.—1 Petero 4:2.
7 Ubwo buryo bushasha bwo kubaho buratuma turonka impera nyinshi. N’igihambaye kuruta, burugururira umuntu inzira yo kugiranira na Yehova ubucuti bw’agaciro, ubwo Dawidi yagereranije n’ugutumirwa kwinjira mw’“ihema” ry’Imana no kuba ku ‘musozi wera’ wayo, ako kakaba mu vy’ukuri ari agateka ntangere (Zaburi 15:1). Birumvikana ko Yehova atotumira uwo ari we wese, ariko ko yotumira gusa ‘abagendera mu bitunganye, bagakora ivy’ukugororoka, bakongera bakavuga ukuri mu mutima wabo’ (Zaburi 15:2). Bivanye n’uko ivyacu vyari vyifashe imbere y’uko twiga ukuri, kugira dukwize ibisabwa hari aho vyosaba ko dutegerezwa kugira ivyo duhindura, haba mu kuntu twigenza canke mu bijanye na kamere yacu (1 Ab’i Korinto 6:9-11; Ab’i Kolosayi 3:5-10). Ikituvyurira umutima wo kugira ayo mahinduka ni ukwigaya, ni ukuvuga ukwicuza rwose ku bijanye n’uburyo twari tubayeho maze tukagira umwiyemezo ukomeye wo guhimbara Yehova. Ivyo bituma duhinduka rwose, tugaheba uburyo bwo kubaho bwo muri iyi si buranga ubwikunzi, maze tugakurikirana ingendo ihimbara Imana.—Ivyakozwe n’intumwa 3:19.
8. Twiyegura gute, kandi ni isano irihe riri hagati y’ukwiyegura n’ibatisimu?
8 Igice ca kabiri c’ikibazo ca mbere kibazwa abagiye kubatizwa kibabaza nimba bariyeguriye Yehova kugira ngo bakore ivyo agomba. Ukwiyegura ni intambwe ihambaye umuntu ategerezwa gutera imbere y’uko abatizwa. Kugirwa mw’isengesho, muri ryo tukaba duserura icipfuzo dufise co guha Yehova ubuzima bwacu tubicishije kuri Kirisitu (Abaroma 14:7, 8; 2 Ab’i Korinto 5:15). Yehova Imana aca rero aba Databuja wacu akongera akaba na We twegukira, maze nka kurya kwa Yezu, tugahimbarwa no gukora ivyo agomba (Zaburi 40:8; Abanyefeso 6:6). Iryo sezerano dusezeranira Yehova ata gufyina turigira rimwe rizima. Yamara rero, kubera ko twiyegura turi twenyene, turaturisha akanwa kacu ku musi w’ibatisimu kugira ngo bose bamenye ko twiyeguriye Data wacu wo mw’ijuru ata gufyina.—Abaroma 10:10.
9, 10. (a) Gukora ivyo Imana igomba bidusaba iki? (b) Ni mu buryo ubuhe mbere n’abategetsi b’Abanazi berekanye ko batahura insobanuro y’ukwiyegura kwacu?
9 None gukurikira akarorero ka Yezu mu bijanye no gukora ivyo Imana igomba bidusaba iki? Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere [“igiti ciwe co kubabarizwako hanyuma abandanye”, NW] ankurikir[a]” (Matayo 16:24). Muri ico canditswe Yezu yarerekanye ibintu bitatu dutegerezwa gukora. Ica mbere, ‘turiyanka’. Mu yandi majambo, turavuga oya ku mpengamiro zacu z’ubwikunzi kandi ziranga agasembwa, tukavuga ego ku mpanuro no ku buyobozi biva ku Mana. Ica kabiri, ‘turikorera igiti cacu co kubabarizwako’. Mu gihe ca Yezu, igiti co kubabarizwako cagereranya agateterwe n’ugucumukura. Kubera yuko turi abakirisu, turemera gucumukura ku bw’inkuru nziza (2 Timoteyo 1:8). Naho isi yodutwengera mw’ijigo canke ikatunebagura, nka kumwe kwa Kirisitu ‘ntitugira isoni’, ahubwo turanezerezwa no kumenya ko turiko turahimbara Imana (Abaheburayo 12:2). Ica nyuma, ‘turabandanya’ gukurikira Yezu.—Zaburi 73:26; 119:44; 145:2.
10 Igishimishije ni uko hari n’abaturwanya batahura insobanuro y’ukwiyegurira Imana Ivyabona vya Yehova bagize kugira ngo bayikorere batiziganya. Nk’akarorero, mw’ikambi y’itunatuniro y’i Buchenwald mu Budagi bwategekwa n’Abanazi, Ivyabona banka kwihakana ukwizera kwabo barasabwa gushira umukono ku rwete ruvuga ngo: “Ndacari Umutohoji wa Bibiliya yiyeguye kandi sinzokwigera ndenga ku ndahiro narahiriye Yehova”. Mu vy’ukuri ayo majambo arerekana neza agatima abasavyi b’Imana bose biyeguye kandi b’intahemuka bafise.—Ivyakozwe n’intumwa 5:32.
Vyerekana ko umuntu abaye Icabona ca Yehova
11. Ni agateka akahe uwubatijwe aca aterwa?
11 Ikibazo ca kabiri kibanza kubaza uwugiye kubatizwa nimba atahura yuko ibatisimu yiwe ituma aba Icabona ca Yehova. Amaze kwibizwa mu mazi, aca aba umusuku yatiwe yitirirwa izina rya Yehova. Ako ni agateka gahambaye kandi ni ibanga ryo gufatana uburemere. Bituma kandi uwabatijwe ashobora kuzoronka ubukiriro bw’ibihe bidahera, mu gihe yoguma ari intahemuka kuri Yehova.—Matayo 24:13.
12. Ni ikihe kintu kijana n’agateka ko kwitirirwa izina rya Yehova dutegerezwa gukora?
12 Mu vy’ukuri, kwitirirwa izina ry’Imana Mushoboravyose Yehova, ni agateka kadasanzwe. Umuhanuzi Mika yavuze ati: “Ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw izina ry’Uhoraho Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira” (Mika 4:5). Ariko ntiwumve, hariho ikintu kijana n’ako gateka dutegerezwa gukora. Dutegerezwa kwihatira kubaho mu buryo buhesha icubahiro iryo zina twitirirwa. Nk’uko Paulo yavyibukije abakirisu b’i Roma, mu gihe umuntu adakora ivyo yigisha, izina ry’Imana ‘riratukwa’ canke rigasigwa iceyi.—Abaroma 2:21-24.
13. Ni kubera iki abasavyi ba Yehova biyeguye bafise ibanga ryo gushingira intahe Imana yabo?
13 Igihe umuntu abaye Icabona ca Yehova, aba kandi yemeye ibanga ryo gushingira intahe Imana yiwe. Yehova yasavye rya hanga rya Isirayeli ryiyeguye kumubera ivyabona kugira ngo bashinge intahe y’uko ari we Mana yamaho (Yesaya 43:10-12, 21). Ariko, iryo hanga ntiryashikije iryo banga, kandi amaherezo Yehova yararyikunkumuye. Muri iki gihe, abakirisu b’ukuri bariratira kuba baratewe agateka ko gushingira intahe Yehova. Turamushingira intahe kubera yuko tumukunda kandi dushashaye kubona izina ryiwe ryezwa. None ubona dushobora kunuma kandi tuzi ukuri kwerekeye Data wa twese wo mw’ijuru be n’umugambi wiwe? Twiyumva nka kumwe intumwa Paulo yiyumva igihe yavuga ati: “Mfise ikingōbēra: ntavuze ubutumwa nobona ibara”.—1 Ab’i Korinto 9:16.
14, 15. (a) Ishirahamwe rya Yehova rirangura uruhe ruhara mw’iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu? (b) Ni intunganyo izihe zihari zidufasha mu vy’impwemu?
14 Ikibazo ca kabiri kiributsa kandi uwugira abatizwe ibanga ajejwe ryo gukorana n’ishirahamwe rya Yehova rirongowe n’impwemu yiwe. Ntituri twenyene mu gukorera Imana, kandi turakeneye gufashwa, gushigikirwa no kuremeshwa n’“umuryango wose w’abavukanyi” (1 Petero 2:17, NW; 1 Ab’i Korinto 12:12, 13). Ishirahamwe ry’Imana rirarangura uruhara runini mw’iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu. Riraturonsa ibitabu umukimba bishingiye kuri Bibiliya bidufasha kurushiriza kugira ubumenyi ntagakosa, kuvyifatamwo neza igihe turi mu ngorane, be no gutsimbataza ubucuti bwa hafi dufitaniye n’Imana. Nka kurya kwa inabibondo yitaho kuraba yuko umwana wiwe afungura neza kandi yitwararikwa, wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” aratanga ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu biza ku gihe, bigenewe kudufasha gutera imbere mu vy’impwemu.—Matayo 24:45-47; 1 Ab’i Tesalonike 2:7, 8.
15 Ku makoraniro abasavyi ba Yehova bagira ku ndwi ku ndwi, baraharonkera inyigisho be n’indemesho bakeneye kugira ngo bagume ari Ivyabona vya Yehova b’intahemuka (Abaheburayo 10:24, 25). Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi riratwigisha kuvugira imbere y’abantu benshi, Ikoraniro ry’umurimo na ryo rikatumenyereza gushikiriza ubutumwa mu buryo ngirakamaro. Twaba turi ku makoraniro canke turiko turiyigisha dukoresheje ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, turibonera ko impwemu ya Yehova iriko irakora, iyobora ishirahamwe ryiwe. Biciye kuri izo ntunganyo zigirwa ubudahorereza, Imana iradufasha kuba maso ku ngeramizi, ikatumenyereza kuba abasuku kirumara, ikongera ikadufasha kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu.—Zaburi 19:7, 8, 11; 1 Ab’i Tesalonike 5:6, 11; 1 Timoteyo 4:13.
Ikituvyurira umutima wo gufata iyo ngingo
16. Ni igiki kituvyurira umutima wo kwiyegurira Yehova?
16 Vya bibazo bibiri bibazwa abagiye kubatizwa birabibutsa ico kubatizwa mu mazi bisobanura bikongera bikabibutsa amabanga iyo batisimu ituma baronka. Ni igiki none gikwiye kubavyurira umutima wo gufata iyo ngingo yo kubatizwa? Ntituba abigishwa babatijwe kubera yuko hari umuntu aduhase kubigira, ariko ni kubera yuko Yehova ‘adukwegēra’ (Yohana 6:44). Kubera yuko “Imana [ari] urukundo”, iganza ibiremwa vyayo mu buryo buranga urukundo, si ku gahato (1 Yohana 4:8). Kamere z’igikundiro za Yehova be n’uburyo adufata ni vyo bidukwegera kuri we. Yehova yaratanze Umwana wiwe w’ikinege ku bwacu, kandi araduha akaryo ko kugira kazoza keza ntangere (Yohana 3:16). Natwe turaheza tukavyurirwa umutima wo kumuha ubuzima bwacu, ni ukuvuga kubumwegurira.—Imigani 3:9; 2 Ab’i Korinto 5:14, 15.
17. Ni igiki tutiyeguriye?
17 Ntitwiyegurira ikintu kinaka duharanira canke igikorwa kinaka, ahubwo twiyegurira Yehova ubwiwe. Igikorwa Imana yipfuza ko abasavyi bayo bakora kizohinduka, ariko ukwiyegura kwabo kwo ntikuzokwigera guhinduka. Nk’akarorero, ivyo Imana yabwiye Aburahamu gukora si vyo yabwiye Yeremiya gukora (Itanguriro 13:17, 18; Yeremiya 1:6, 7). Yamara, bompi bararanguye ivyo Yehova Imana yabashinze gukora, kubera yuko bamukunda kandi bipfuza gukora ivyo agomba badahemuka. Muri iki gihe c’iherezo, abayoboke bose ba Kirisitu babatijwe barihatira gushitsa itegeko ryiwe ribasaba kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu abigishwa (Matayo 24:14; 28:19, 20). Gukora ico gikorwa n’umutima wacu wose ni uburyo bwiza twerekaniramwo ko dukunda Data wa twese wo mw’ijuru kandi ko twamwiyeguriye koko.—1 Yohana 5:3.
18, 19. (a) Igihe tubatijwe tuba twatuye iki? (b) Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?
18 Nta gukeka, ibatisimu iratwugururira inzira yo kuronka imihezagiro myinshi, ariko si intambwe yo gufata minenegwe (Luka 14:26-33). Iraserura umwiyemezo ukwiye gushirwa imbere y’irindi banga iryo ari ryo ryose (Luka 9:62). Igihe tubatijwe, tuba mu vy’ukuri turiko turatura duti: “Iyi Mana [ni] Imana yacu ibihe bitazoshira, ni yo izoturōngōra gushitsa ku rupfu”.—Zaburi 48:14.
19 Ikiganiro gikurikira kiraja kurimbura ibi bindi bibazo bishobora kuvyuka ku bijanye n’ukubatizwa mu mazi: Hoba hari imvo zumvikana zotuma umuntu agonanwa kubatizwa? Imyaka umuntu afise coba ari ikintu gikwiye kurimburwa mu bijanye n’ukubatizwa? Twese dushobora gute gutuma igihe c’ibatisimu kiba igiteye iteka?
Woshobora kubisigura?
• Ni kubera iki bikenewe ko umukirisu wese yigaya imbere y’uko abatizwa?
• Ukwiyegurira Imana bisobanura iki?
• Ni amabanga ayahe ajana n’agateka ko kwitirirwa izina rya Yehova?
• Ni igiki gikwiye kutuvyurira umutima wo gufata ingingo yo kubatizwa?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 22]
Vya bibazo bibiri bibazwa abagira babatizwe
Wisunze inkuka ya Yezu Kirisitu, woba warigaye ivyaha vyawe ugatako ukiyegurira Yehova kugira ngo ukore ivyo agomba?
Woba utahura yuko ukwiyegura kwawe hamwe n’ukubatizwa kwawe vyerekana ko ubaye Icabona ca Yehova yifadikanije n’ishirahamwe ry’Imana rirongowe n’impwemu yayo?
[Ifoto ku rup. 23]
Ukwiyegura ni isezerano umuntu asezeranira Yehova mw’isengesho ata gufyina
[Ifoto ku rup. 25]
Igikorwa cacu co kwamamaza kiragaragaza ko twiyeguriye Imana