Woshobora Kwizera Ijwi Ryawe Ryo mu Mutima?
MU BISANZWE rugenimpande ni igikoresho umuntu yokwizera. Agashinge kayo, akaguma kerekeje ahantu gakurikije ukuntu isi ikwega ibintu bwa sumaku, kaguma kerekeje iyo uburaruko buherereye. Abagira ingendo barashobora rero kwishimikiza rugenimpande kugira ngo ibayobore, igihe ata bintu bibayobora biriho bogenda bararabirako. Ariko bigenda gute nk’igihe iruhande ya rugenimpande hashizwe isumaku? Ka gashinge kayo gaca kerekeza aho iyo sumaku iherereye aho kwerekana uburaruko. Ntikaba kakibaye indongozi umuntu yokwizera.
Ibintu bisa n’ivyo birashobora gushikira ijwi ryo mu mutima umuntu afise. Umuremyi yadushizemwo ubwo bushobozi kugira ngo butubere nk’indongozi itazimiza. Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, ijwi ryo mu mutima rikwiye kwama ritwerekeza mu nzira nziza igihe dukeneye gufata ingingo. Rikwiye gutuma tugaragaza ko twisunga ingingo ngenderwako z’Imana. (Itanguriro 1:27) Kenshi ivyo rirabikora. Nk’akarorero, intumwa Paulo mukirisu yanditse yuko na bamwebamwe mu batagira ivyagezwe vy’Imana vyahishuwe “[bakora] igikorwa kibgirijwe n’ivyagezwe canditswe mu mitima yabo.” Ni kubera iki? Kubera ko ‘ijwi ryabo ryo mu mutima ribabera icabona.’—Abaroma 2:14, 15.
Naho biri ukwo, ijwi ryo mu mutima ntiryama rivuga igihe riba rikwiye kuvuga. Biturutse ku gasembwa kari mu muntu, turahengamira ku gukora ibintu tuzi ko ari bibi. Intumwa Paulo yariyemereye ibi: “Nka ko na none, numva ibwirizwa ry’Imana rimpimbara ku mutima, ariko nkabona mu ngingo zanje ibwirizwa rindi rirwanya ibwirizwa ry’umutima kandi rimbohera muri rya bwirizwa ry’igicumuro riba mu ngingo zanje.” (Abaroma 7:22, 23, Ubwuzure Bushasha) Turetse tukinjirwamwo n’impengamiro mbimbi kenshi cane, ijwi ryacu ryo mu mutima buhorobuhoro rishobora kuza rirapfushwa, amaherezo ntiribe rikitubwira ko ingeso yinaka ari mbi.
Ariko rero naho turi abanyagasembwa, turashobora guhuza ijwi ryacu ryo mu mutima n’ingingo ngenderwako z’Imana. Vy’ukuri, kubigenza gutyo ni ikintu ntabanduka. Ijwi ryo mu mutima rikeye, ryamenyerejwe neza, ntirituma gusa umuntu ubwiwe agiranira ubucuti n’Imana burangwa igishika, ariko ni ntahara kugira ngo tuze turokoke. (Abaheburayo 10:22; 1 Petero 1:15, 16) Ikindi kandi, ijwi ryo mu mutima ryiza rizodufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu buzima, ari na vyo bizotuma tugira amahoro n’ubuhirwe. Umwanditsi wa Zaburi yaravuze ivy’umuntu afise ijwi ryo mu mutima mwene iryo ati: “Ivyagezwe vy’Imana yiwe biri mu mutima wiwe; nta ntambuko ziwe zizonyerera.”—Zaburi 37:31.
Tukumenyereze Ijwi ryo mu Mutima
Kumenyereza ijwi ryo mu mutima si ugufata ku mutwe urutonde rw’amategeko no kuyumirako vyonyene. Ivyo ni vyo Abafarisayo bo mu gihe ca Yezu bagira. Izo ndongozi z’idini bari bazi Ivyagezwe bakaba kandi bari barashizeho umugenzo usaba ibintu indiri, uwiyumvirwa ko ari uwo gufasha abantu kwirinda gucumura ku Vyagezwe. Ivyo vyatumye badateba kuvyura impari igihe abigishwa ba Yezu bamyoza ingano ku musi w’Isabato hanyuma bakazirya. Baranaharirije Yezu igihe yakiza kw’Isabato ukuboko kw’umuntu umwe kwari kwaranyunyutse. (Matayo 12:1, 2, 9, 10) Dukurikije umugenzo w’Abafarisayo, ivyo bikorwa vyompi kwari ukurenga ibwirizwa rya kane.—Kuvayo 20:8-11.
Ego ni ko, abo bafarisayo bari barize Ivyagezwe. Ariko none ijwi ryabo ryo mu mutima ryoba ryari rihuye n’ingingo ngenderwako z’Imana? Sigaho! Ahubwo buno nyene inyuma yaho Abafarisayo bamariye kunegura ico bo biyumvira ko ari ukurenga bikomeye itegeko rigenga Isabato, baciye bagira inama Yezu “ngo babone ingene bomwica.” (Matayo 12:14) Ibaze—izo ndongozi z’idini bibona ubugororotsi bararakajwe n’ivy’ukurya intete zari zihejeje guhuruturwa be n’ivy’ugukiza kw’Isabato; ariko habe n’igicuro igihe baja inama yo kwica Yezu!
Abaherezi bakuru baragaragaje mwene ukwo kwiyumvira kugoramye. Abo bagabo bononekaye nta n’umusonga na mutoyi w’icaha biyumvisemwo igihe baha Yuda ibiceri 30 vy’amafeza bakuye mu kigega co mu bubiko bw’urusengero, yo kugura Yezu. Ariko igihe Yuda yabasubiza ayo mahera batari bavyiteze, akayata mu rusengero, ijwi ryo mu mutima ry’abo baherezi bakuru ryarahuye n’ikibazo c’urusobe. Bavuze, bati “[Izo ntete] ntizemerwa gushirwa mu mashikanwa, kukw ar’ibiguze amaraso.” (Matayo 27:3-6) Biboneka ko abo baherezi bakuru bari bahagaritswe umutima n’uko amahera ya Yuda yari ahumanye. (Gereranya no mu Gusubira mu Vyagezwe 23:18.) Yamara, uwo mugwi nyene w’abagabo ntiwabonye ko hari ikibi namba kiri mu gusohora amahera ngo bagure Umwana w’Imana!
Duhuze n’Ukwiyumvira kw’Imana
Utwo turorero duhejeje gutangwa turerekana yuko kumenyereza ijwi ryo mu mutima bidasaba gusa kwuzuza umuzirikanyi urutonde rw’amabwirizwa. Ego ni ko, ukumenya amategeko y’Imana ni ikintu ntahara, kandi kuyumvira birakenewe kugira ngo tuze turokoke. (Zaburi 19:7-11) Ariko rero, turetse ukwiga amategeko y’Imana, dutegerezwa gutsimbataza umutima ujanye n’ukwiyumvira kw’Imana. Ni ho dushobora kuzokwibonera ishitswa ry’ubu buhanuzi Yehova yatanze biciye kuri Yesaya: ‘Amaso yanyu azokwibonera Umwigisha wanyu Ahambaye, kandi nimwakikamira i buryo cank’i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse imyuma rivuga, rit’Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.’—Yesaya 30:20, 21; 48:17.
Birumvikana, ivyo ntibisobanura ko igihe duhanganye n’ugufata ingingo ikomeye tuzokwumva ijwi bujwi ritubwira ico dukwiye gukora. Mugabo rero, igihe ukwiyumvira kwacu guhujwe n’ukw’Imana, ijwi ryacu ryo mu mutima rizorushiriza kugira ibikenewe kugira ngo ridufashe gufata ingingo zihimbara Imana.—Imigani 27:11.
Iyumvire ivya Yozefu, uwabayeho mu kinjana ca 18 B.G.C. Igihe umugore wa Potifari yamuhindagiza ngo basambane, Yozefu yariyankiye, avuga ati: “Noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?” (Itanguriro 39:9) Mu gihe ca Yozefu, nta vyagezwe vyanditswe Imana yaribwatange vyihaniza icaha c’ubusambanyi. Vyongeye kandi, Yozefu yaba mu Misiri, kure y’aho yari gushobora gutozwa indero n’umuryango canke kuronkera amabwirizwa akomoka kuri basekuru. None ni igiki cafashije Yozefu kunanira inyosha mbi? Tutiriwe turazirora, ni ijwi ryiwe ryo mu mutima ryari ryaramenyerejwe. Yozefu yakurikiye ukuntu Imana yabona umugabo n’umugore, yuko bakwiye kuba bagize “umubiri umwe.” (Itanguriro 2:24) Yabona yuko vyoba rero ari bibi atwaye umugore w’uwundi. Ukwiyumvira kwa Yozefu kwari guhuje n’ukw’Imana kuri ico kintu. Ubusambanyi yumva buteye kubiri n’inyifato runtu yiwe.
Muri iki gihe, ni abantu bake bameze nka Yozefu. Ubushegabo bureze, kandi benshi bumva ko ku Muremyi, kuri bo ubwabo, canke mbere no ku bo bubakanye, ataco babazwa ku vyerekeye ukuguma badahumanye mu vy’inyifato runtu. Ibintu bimeze cane nka bimwe bidondorwa mu gitabu ca Yeremiya, bivuga ngo: “Nta muntu yihannye ibibi vyiwe, ngo yibaze, ati Mbeg’ico nakoze n’igiki? Umuntu wese apfa guhuruduka, akajana inzira yiwe, ameze nk’ifarasi igenda akabushungwe.” (Yeremiya 8:6) Gutyo, harakenewe cane ko duhuza n’ukwiyumvira kw’Imana, kuruta ikindi gihe cose cabayeho. Hari ibintu vyiza igitangaza twatunganirijwe kugira ngo ico kintu tugishikeko.
Icodufasha Kumenyereza Ijwi ryo mu Mutima
Ivyanditswe vyahumetswe “bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.” (2 Timoteyo 3:16, 17) Kwiga Bibiliya bizodufasha kumenyereza ico Bibiliya yita “ububasha [bwacu] bo gutegera,” kugira ngo dutandukanye ikibi n’iciza. (Abaheburayo 5:14, NW) Bizotuma dutsimbabaza ugukunda ibintu Imana ikunda, n’ukunukirwa n’ibintu Imana yanka.—Zaburi 97:10; 139:21.
Intumbero y’ukwiga Bibiliya rero ni kugira dutahure ico ukuri kuvuze aho gupfa kurundanya ubumenyi bwayo. Inomero y’Umunara w’Inderetsi [mu Congereza] wo ku wa 1 Nyakanga 1976, ivuga iti: “Mu gihe twiga Bibiliya dukwiye kwigora tugategera ico ubutungane bw’Imana, urukundo n’ukugororoka vyiwe bivuze, hanyuma ivyo tukabibadika epfo mu mitima yacu kugira ngo bitwinjiremwo nk’uko twinjirwamwo n’ivyo kurya hamwe n’impemu. Dukwiye kugerageza kuba maso bimwe vyuzuye ku vyerekeye ukwiyumvamwo ko tubwirizwa kugira inyifato runtu, mu gutsimbabaza ukumenya neza iciza n’ikibi ico ari co. Si ivyo gusa, dukwiye gutuma ijwi ryacu ryo mu mutima ryumva cane ko hari ico ribazwa na wa Mushingamategeko akaba n’Umucamanza atagira agasembwa. (Yes. 33:22) None rero igihe twiga ibintu vyerekeye Imana, dukwiye kugerageza kuyigana mu vyo tugira mu buzima vyose.”
Ukugira “Ivyiyumviro vya Kristo”
Ukwiga Bibiliya kuzodufasha kandi kugira “ivyiyumviro vya Kristo,” ka gatima k’ukugamburuka n’ukwicisha bugufi kagaragazwa na Yezu. (1 Ab’i Korinto 2:16) Gukora ivyo Se agomba cari ikintu kimutera umunezero, ntikari akamenyero gusa gakurikizwa buhumyi atiyumviriwe. Agatima yari afise kari karadondowe n’umwanditsi wa Zaburi Dawidi mu buhanuzi, uwanditse ati: “Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; mber’ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.”a—Zaburi 40:8.
Kugira “ivyiyumviro vya Kristo” ni ikintu gihambaye cane kugira ngo tumenyereze ijwi ryacu ryo mu mutima. Igihe Yezu yari kw’isi ari umuntu atagira agasembwa, yaragaragaje kamere za Se hamwe n’ukuntu ateye, abigira ku rugero rwuzuye rwose bishoboka, aho umuntu nyene ageza. Ni co gituma yashoboye kuvuga ati: “Ūbonye jewe aba abonye Data.” (Yohana 14:9) Mu bintu vyose Yezu yahangana na vyo kw’isi, yakoze ico nyene Se yashaka ko akora. Mu gihe dutohoza ubuzima bwa Yezu rero, tuba turiko turamenya neza ukugene Yehova Imana ameze.
Dusoma yuko Yehova ‘ari munyakigongwe na mugwaneza, ateba kuraka kandi agwije ubuntu mvarukundo.’ (Kuvayo 34:6) Incuro nyinshi Yezu yaragaragaje izo kamere mu vyo yagirana n’intumwa ziwe. Igihe baharira kenshi ngo bamenye umukuru muri bo uwo ari we, Yezu yarabigishije mu vyo yavuga no mu kubaha akarorero, yihanganye, yuko “ūgomba kuba mukuru muri mwebge [akwiye kuba] umukozi wanyu; kand’ūgomba kuba uw’imbere [akwiye kuba] umuja wanyu.” (Matayo 20:26, 27) Ako ni akarorero kamwe gusa k’ukwerekana yuko dushobora guhuza n’ukwiyumvira kw’Imana mu kurimbura ubuzima bwa Yezu.
Uko turushiriza kwiga ivyerekeye Yezu, ni ko tuzorushiriza kuronka ibikenewe kugira twigane Data wa twese wo mw’ijuru Yehova. (Abanyefeso 5:1, 2) Ijwi ryo mu mutima rijanye n’ukwiyumvira kw’Imana rizotuyobora mu nzira nziza. Yehova asezeranira abamwizera ati: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.”—Zaburi 32:8.
Nitwungukire kw’Ijwi ryo mu Mutima Ryamenyerejwe
Kubera ko Musa yari azi ukuntu abantu b’abanyagasembwa bigira ibiro biteze, yaburiye Abisirayeli ati: “Mushire imitima yanyu ku majambo yose mbabariye uyu musi, muze muyatoze abana banyu kugira ngo baze bitondere amajambo yose y’ivyo vyagezwe, babishitse.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:46) Na twebwe dutegerezwa kwandika itegeko ry’Imana ku mitima yacu. Tubigize dutyo, ijwi ryacu ryo mu mutima rishobora kumbure kuzoyobora intambwe zacu kandi ridufashe gufata ingingo nziza.
Birumvikana, dutegerezwa kuba maso. Umugani wa Bibiliya uvuga uti: “Har’inzira umuntu yibgira kw ari nziza, arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu.” (Imigani 14:12) Ni kuki ivyo ari ko kenshi bikunda kumera? Kubera ko, nk’uko Bibiliya ibivuga, “Umutima [w]ibesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?” (Yeremiya 17:9) Birakenewe rero ko twese dukurikira inkeburo iri mu Migani 3:5, 6 ivuga iti: “Wizigize [Yehova] umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: Umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.”
[Utujambo tw’epfo]
a Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaheburayo, yakoresheje amajambo yo muri Zaburi ya 40 ayerekeza kuri Yezu Kirisitu.—Abaheburayo 10:5-10.
[Ifoto ku rup. 7]
Rugenimpande: Tuyikesha Peabody Essex Museum, Salem, Mass.
[Ifoto ku rup. 7]
Nka kurya kwa rugenimpande, ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya rirashobora kutwerekeza mu nzira nziza