ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/9 rup. 3
  • Woshobora Gutandukanya Ikibi n’Iciza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woshobora Gutandukanya Ikibi n’Iciza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Ivyo bijanye
  • Nugire ijwi ryo mu mutima ryiza
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Ingene wogumana ijwi ryo mu mutima ryiza
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoba ryaramenyerejwe neza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Nomenyereza gute ijwi ryanje ryo mu mutima?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/9 rup. 3

Woshobora Gutandukanya Ikibi n’Iciza?

“Ubwanje nishe abantu nka 25. . . . Biguma bingaruka mu bwenge imisi yose haba ku murango, haba mw’ijoro. Ndagira ibirotoroto. . . . Ndashobora kuja nk’ahantu nkabona umuntu nca nibukirako abo nishe. Ivyo ndashobora kubibona mu buryo bukomeye, nk’aho vyoba vyashitse uyu musi, ubu bwa jisho. . . . Numva ntashobora kwibabarira ku vyo nakoze.”—V.S. “Nategetswe ngo ndahinjire nkureho umwansi. . . . Sinicaye ngo nkubite agatima mpembero yuko ari abagabo, abagore n’abana. . . . Uko navyiyumvisemwo ico gihe, kandi n’ubu ni ko ndavyiyumvamwo, ni uko nakoze ivyo nari nategetswe, nkaba nashikije amategeko nari nahawe, kandi siniyumvamwo ko muri ivyo hari ikibi nakoze.”—W.K.

KU WA 16 Ntwarante 1968, abo bagabo babiri bavuze ayo majambo ari aho haruguru bari bagiye mu vyokwiswe mu nyuma ubukozi bw’ikibi bwakozwe mu ntambara bw’agahomerabunwa. Abo, hamwe n’abandi basoda, binjiye mu kagari ko muri Viyetinamu bahica abanyagihugu amajana—harimwo abagore, abana n’abatama. Ariko raba ukuntu abo basoda babiri babibonye mu buryo bubiri butandukanye. Umusoda wa mbere araburanya imitima cane kubera ivyo yakoze. Uwa kabiri yumva yuko adaharurwako ivyo yakoze. Bishoboka bite ko abantu babiri bumva bamerewe ugutandukanye ku bintu bimwe bakoze?

Inyishu ihagaze kw’ijwi ryo mu mutima—rikaba ari ubushobozi Imana yaduhaye budufasha kwisuzuma ata buryarya tukarimbura ibikorwa vyacu n’imigabo dufise. Ijwi ryo mu mutima ni ugushobora kwiyumvamwo ikibi n’iciza ico ari co.

Abantu bamwebamwe igihe bafata ingingo, bikinga inyuma y’iyi mvugo ngo “Kami ka muntu ni umutima wiwe.” Ariko rero ikibabaje ni uko ijwi ryo mu mutima ritama ari iryokwizigirwa. Mu vy’ukuri, hari benshi barengeje uruho rw’amazi ku bintu vy’agacavutu, baranabikora, ariko ijwi ryabo ryo mu mutima ntiryabababaza na gato. (Yohana 16:2; Ivyakozwe 8:1) Nk’uko Samuel Butler umwanditsi w’inkuru z’inyiremerano w’umwongereza yabivuze igihe kimwe, ijwi ryo mu mutima “ntiriteba kureka kubwira abadashaka kuryumviriza.”

None woshobora kwizera ijwi ryawe ryo mu mutima? Inyishu ahanini ihagaze ku kuntu riba ryaramenyerejwe neza, nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana.

[Ifoto ku rup. 3]

Intambara zo haruguru: Ifoto ya U.S Signal Corps

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika