Yehova Ni We Dukwiye Kwizigira
“[Yehova] azokubera ivyizigiro.” —IMIGANI 3:26.
1. Naho benshi bivugisha ko bizigiye Imana, ni igiki cerekana yuko atariko bama babigira?
ICIVUGO ngo “Imana Ni Yo Twizigiye” kiraboneka ku noti ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ariko none abakoresha idolari bose, haba muri ico gihugu canke ahandi, boba vy’ukuri bizigiye Imana? Canke ayo mahera ubwayo ni yo bizigiye? Ukwizigira amahera mwene ukwo kuri muri ico gihugu canke mu kindi gihugu ico ari co cose ntigushobora gushirwa hamwe n’ukwizigira Imana Mushoboravyose y’urukundo, iyitigera ikoresha nabi ububasha ifise, ikaba kandi ataho igira umunoho na gato. Kukaba nkako, umunoho irawubuza mu majambo atomoye.—Abanyefeso 5:5.
2. Abakirisu b’ukuri babona gute ivyerekeye ububasha bw’amatungo?
2 Abakirisu b’ukuri bizigira Imana, ntibizigira amatungo, ayarimwo “uruhendo.” (Matayo 13:22) Barazi yuko ububasha amahera afise bwo kuzana ubuhirwe no gukingira ubuzima ari buke cane. Ububasha bw’Imana Mushoboravyose bwo si ko bumeze. (Zefaniya 1:18) Kubera ico, ca wumva ukuntu iyi nkeburo irimwo ubwenge ivuga ngo: “Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta”!—Abaheburayo 13:5.
3. Ibikikuje Gusubira mu Vyagezwe 31:6 bituboneshereza gute ku kuntu Paulo yasubiyemwo uwo murongo?
3 Igihe intumwa Paulo yandika ayo majambo ari haruguru ayandikira Abakirisu b’Abaheburayo, yasubiyemwo amabwirizwa Musa yahaye Abisirayeli hasigaye igihe gitoyi ngo apfe. Yavuze ati: “Mushikame, mushire amanga, ntimutinye, ntimubacikire ivutu: kuk[o Yehova] Imana yanyu ari we azojana namwe; ntazobaheba, ntazobata.” (Gusubira mu Vyagezwe 31:6) Amajambo ayakikije yerekana yuko Musa yariko arabaremesha kwizigira Yehova bitari gusa ukumwizigira ngo azobahe ivyo bakeneye vy’umubiri. Uti gute?
4. Imana yagaragarije Abisirayeli gute ko ishobora kwizigirwa?
4 Mu gihe c’imyaka 40 Isirayeli yamaze iyerera mu bugaragwa, Imana ntiyahemutse mu kubaha ivyo bari bakeneye mu buzima. (Gusubira mu Vyagezwe 2:7; 29:5) Yaranabahaye ikibaja imbere. Kimwe mu vyavyerekanye ni igicu caba kihari ku murango be n’umuriro waba uhari mw’ijoro, bikayobora Abisirayeli bibajana mu ‘gihugu gitemba amata n’ubuki.’ (Kuvayo 3:8; 40:36-38) Aho hashikiye igihe co kwinjira vy’ukuri mu Gihugu c’Isezerano, Yehova yahisemwo Yosuwa ngo abe ari we asubirira Musa. Vyari vyitezwe ko ababa muri ico gihugu bobarwanije. Ariko Yehova yari yaragendanye n’abantu biwe mu kiringo c’imyaka mirongo, ari co gituma batari bakeneye kwirirwa baragira ubwoba. Abisirayeli bari bafise ibintu bihagije bituma bamenya ko Yehova yari Imana ishoboye kwizigirwa!
5. Ni mu buryo ki ukuntu ivy’Abakirisu bimeze muri iki gihe ari nk’uko ivy’Abisirayeli vyari imbere y’uko binjira muri ca Gihugu c’Isezerano?
5 Abakirisu muri iki gihe baraca mu bugaragwa bw’isi mbi y’ubu mu nzira barimwo ibajana mw’isi nshasha y’Imana. Bamwe muri bo bamaze imyaka irenga 40 bakurikira iyo ngendo. Ubu bahagaze ku nkengera y’isi nshasha y’Imana. Yamara abansi baracahagaze mu nzira, barondera kugira uwo bobuza kwinjira mu kizocika nk’Igihugu c’Isezerano, ciza kuruta kimwe ca kera catemba amata n’ubuki. Ku Bakirisu bo muri iki gihe rero, ibaze ukuntu amajambo ya Musa abereye, nk’uko Paulo yayasubiyemwo ngo: “Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta”! Abaguma bose bakomeye kandi baremye, buzuye ukwizera, bakizigira Yehova, barazi neza ko bazoronka impera.
Ukwizigira Gushingiye ku Bumenyi no ku Bucuti
6, 7. (a) Ni igiki cabereye Aburahamu ikigeragezo mu vy’ukwizigira Yehova kwiwe? (b) Aburahamu ashobora kuba yumvise amerewe gute igihe yagira urugendo aja aho yategerezwa gutangirako ikimazi Isaka?
6 Igihe kimwe, Aburahamu sekuruza w’Abisirayeli yategetswe guhereza umuhungu wiwe Isaka amutanzeko ikimazi coshejwe. (Itanguriro 22:2) Ni igiki cashoboje uwo muvyeyi yuzuye urukundo kugira ukwizigira Yehova kutanyiganyiga mwene ukwo ku buryo buno nyene yaciye yemera kubigira? Mu Baheburayo 11:17-19 hishura hati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka kw ikimazi, hamwe yagezwa: mber’uwari yarākīranye igishika amasezerano, yarikw aratanga kw ikimazi umwana wiwe w’ikinege, uwo yari yarabariwe ivyiwe, ngo kuri Isaka ni ho uruvyaro rwawe ruzokwītīrirwa: kuko yishimiye yukw Imana ishobora no kuzura abapfuye, ni co catumye amugarurirwa nk’ūzutse.”
7 Uribuka yuko ivyo vyasavye Aburahamu na Isaka kugira urugendo rw’imisi itatu kugira ngo bashikire nya hantu hari gutangirwa ikimazi. (Itanguriro 22:4) Aburahamu yari afise umwanya munini cane wo kwongera kwihweza ivyo yari yasabwe kugira. Nitwibaze ukuntu yumva amerewe! Ivuka rya Isaka ryari ryabateye umunezero batari biteze. Ico kimenyamenya c’uko Imana ishobora guseruka mu ngorane caratumye Aburahamu n’umugore wiwe Sara yari yahoze ari ingumba biyegereza Imana cane. Mu nyuma y’aho Isaka avukiye bategerezwa kuba babayeho barorereye ico kazoza komuzaniye, we hamwe n’abomukomotseko. None ivyizigiro vyabo vyoba vyari bigiye guhera bukwi na bukwi, nk’uko vyosa n’ibibonekera mu co Imana yari ibasavye ico gihe?
8. Ni mu buryo ki ukwizigira Imana kwa Aburahamu kutari gusa ukwizera ko yoshoboye kuzura Isaka?
8 Mugabo ukwizigira kwa Aburahamu kwari gushingiye kuri kwa kuntu usanga abakunzi pfampfe bazinanyi. Kubera ko Aburahamu yari ‘umukunzi wa Yehova,’ “yizeye [Yehova, a]bimuharūrako nk’ukugororoka.” (Yakobo 2:23) Ukuntu Aburahamu yari yizigiye Yehova ntikwari gusa ukwemera yuko Imana yoshoboye kuzura Isaka. Aburahamu yari yarajijutse kandi ko ivyo Yehova yari amusavye gukora vyari bibereye, naho nyene Aburahamu atari azi inkuru y’imvaho yose ivyerekeye. Nta mvo yari afise yotumye aharira yuko Yehova atamusavye ico kintu abitumwe n’ubugororotsi. Maze ukwizigira Yehova kwa Aburahamu kwarakomejwe igihe umumarayika wa Yehova aziriye akabuza ko Isaka yicwa vy’ukuri atanzweko ikimazi.—Itanguriro 22:9-14.
9, 10. (a) Ni ryari imbere y’ico gihe Aburahamu yari yaragaragaje ko yizigiye Yehova? (b) Ni icigwa gihambaye ikihe dushobora gukura kuri Aburahamu?
9 Imyaka nka 25 imbere yaho, Aburahamu yari yarerekanye mwene ukwo kwizigira ubugororotsi bwa Yehova nyene. Aho amariye kuburirwa ko Sodomu na Gomora vyari bigiye gusangangurwa, birumvikana ko yari arajwe ishinga n’ukuntu vyogendeye abantu b’abagororotsi bose bahaba, harimwo n’umuhungwabo Loti. Aburahamu yaritabaje Imana muri aya majambo: “Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’Umucamaza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?”—Itanguriro 18:25.
10 Umuvyaramiryango Aburahamu yari yarajijutse ko Yehova atigera akora ikintu ico ari co cose kitagororotse. Umwanditsi wa Zaburi mu nyuma yaririmvye ati: “[Yehova] agororoka mu nzira ziwe zose, n’umunyabuntu mu bikorwa vyiwe vyose.” (Zaburi 145:17) Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba nemera ivyo Yehova areka bikanshikira ata kugirira amazinda ubugororotsi bwiwe? Noba narajijutse yuko ikintu cose areka ngo gishike kizomviramwo iciza kikaviramwo iciza n’abandi?’ Niba dushobora kwishura duti “egome,” tuzoba twarakuye icigwa gikomeye kuri Aburahamu.
Tugaragaze ko Twizigiye Amahitamwo ya Yehova
11, 12. (a) Ni umuce w’ukwizigira uwuhe wabaye nkenerwa ku basavyi b’Imana? (b) Ni igiki gishobora rimwe na rimwe kutugora?
11 Ababona Yehova ko ari we bizigiye barerekana kandi ko bizigiye abantu Yehova ahitamwo gukoresha mu gushitsa imigambi yiwe. Ku Bisirayeli, ivyo vyasobanura kwerekana ko bizigiye Musa, no mu nyuma bakerekana ko bizigiye umusubirizi wiwe Yosuwa. Ku Bakirisu ba mbere, vyasaba kwerekana ko bizigiye intumwa hamwe n’abagabo b’inararibonye b’ishengero ry’i Yeruzalemu. Kuri twebwe muri iki gihe, bisobanura kwizigira “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yagenywe ngo aduhe ‘ibifungurwa vy’umutima ku gihe kibereye,’ hamwe n’abo muri bo bagize Inama Nyobozi.—Matayo 24:45, NW.
12 Mu vy’ukuri, twizigiye abatuja imbere mw’ishengero rya gikirisu ni twebwe vyogirira akamaro. Tubwirwa duti: “Mwumvire [ababaja imbere], mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.”—Abaheburayo 13:17.
Twirinde Kunuganugira Amahitamwo ya Yehova
13. Ni imvo iyihe dufise yotuma twizigira abagennywe ngo baje imbere abandi?
13 Bibiliya iradufasha kugira uburimbane mu vy’ukugaragaza ko twizigiye abaja imbere abandi mu gisata ca Yehova. Twoshobora kwibaza duti: ‘Musa yoba yarigeze gukora amakosa? Intumwa zoba zamye nantaryo zigaragaza agatima gasa n’aka Yezu, kamwe yari yarabasavye kugira?’ Inyishu ziribonekeza. Yehova yahisemwo gukoresha abagabo b’intahemuka kandi bayobokera Imana ngo bayobore igisata ciwe, naho nyene ari abantu b’abanyagasembwa. Duhuje n’ivyo, naho abakurambere bo muri iki gihe ari abanyagasembwa, n’ubu dukwiye kumenya ko ari ‘abagenywe n’impwemu yera kuba abacungezi, ngo baragire ishengero ry’Imana.’ Bakwiriye ko tubashigikira kandi tukabubaha.—Ivyakozwe 20:28.
14. Ni igiki tubona mu buryo Yehova yahisemwo Musa aho guhitamwo Aroni canke Miriyamu ngo abe ari bo baba imboneza?
14 Aroni yarusha Musa imyaka itanu y’amavuka, ariko abo bose bari barumuna ba mushiki wabo Miriyamu. (Kuvayo 2:3, 4; 7:7) Kandi kubera ko Aroni yari imvuzi kuruta Musa, yaragenywe ngo abere murumunawe umuvugizi. (Kuvayo 6:29–7:2) Yamara kugira ngo Yehova ayobore Isirayeli, ntiyahisemwo uwaruta abandi mu myaka, ari we Miriyamu, canke uwarusha abandi kworoherwa kuvuga, ari we Aroni. Yahisemwo Musa, abigira azi neza uko ibintu vyose bimeze hamwe n’ivyari bikenewe ico gihe. Igihe Aroni na Miriyamu bamara igihe badatahura ibintu mu buryo butomoye gutyo, baridodomvye bati: “Mbeg[a Yehova] avugisha Mose gusa? Tweho ntatuvugisha?” Miriyamu, uwo biboneka ko yoba ari we yakweze ubwo bunugunugu, yarahaniwe uwo mutima w’ukutubaha uwo Yehova yari yarahisemwo. Miriyamu na Aroni bari bakwiye kubona ko Musa yari ‘incabugufi kuruta abantu bose bo mw isi.’—Guharūra 12:1-3, 9-15.
15, 16. Kalebu yerekanye gute yuko yizigiye Yehova?
15 Igihe abatasi 12 barungikwa gutata ca Gihugu c’Isezerano, 10 bagarutse bazanye raporo ica intege. Barashize ubwoba mu mitima y’Abisirayeli mu kuvuga ivy’abagabo b’Abanyakanani ngo ni “abahizi.” Ivyo vyatumye Abisirayeli “bidodombera Mose na Aroni.” Ariko si abatasi bose berekanye ko batizigiye Musa na Yehova. Dusoma ngo: “Kalebu yamira abantu bariko baridodombera Mose, aravuga, ati Ni muze tudūge ubu nyene, tuhashikire, kuko dushobora rwose kuhatsinda.” (Guharūra 13:2, 25–33; 14:2) Kalebu yari ashikamye, hamwe na mugenziwe Yosuwa. Abo bompi barerekanye yuko bari bizigiye Yehova igihe bavuga bati: “[Yehova] namba tumuhimbaye, azotujana mur’ico gihugu, akiduhe; kandi n’igihugu gitemba amata n’ubūki. Mugabo . . . ntimutinye bene’ico gihugu . . . [Yehova] ari mu ruhande rwacu: nta co mutimya!” (Guharūra 14:6-9) Ukwo kwizigira Yehova kwaratangiwe impera. Mu bari bakuze ico gihe, Kalebu, Yosuwa n’Abalewi bamwebamwe bonyene ni bo baronse agateka ko kwinjira mu Gihugu c’Isezerano.
16 Inyuma y’imyaka mikeyi Kalebu yavuze ati: “Mugabo jeho nakurikiye [Yehova] Imana yanje muri vyose. . . . Kand’ehe rāba, [Yehova] yampaye kumara iyi myaka mirongwine n’itanu nk’uko yavuze, uhereye igihe yabaririye Mose iryo jambo, Abisirayeli bagatangura kuyerēra mu bugaragwa; non’ehe rāba, uyu musi mmaze imyaka mirongumunani n’itanu. Kandi n’uyu musi ndacafise inkomezi, nk’uko nari ndazifise kuri wa musi Mose yantuma; ukw inkomezi zanje zari ziri ico gihe ngitabara mu rugamba ngatabaruka, n’ubu ni ko zikiri.” (Yosuwa 14:6-11) Urabona ko Kalebu atihebura, ko yari intahemuka, n’uko yari n’inguvu z’umubiri. Yamara Yehova ntiyari yahisemwo Kalebu ngo abe umusubirizi wa Musa. Ako gateka kahawe Yosuwa. Turashobora kwizigira yuko Yehova yari afise imvo zo kugira iryo hitamwo, kandi ni ryo hitamwo ryari ryiza kuruta ayandi yose.
17. Ni ibiki vyosa n’ivyatumye Petero aboneka ko atari akwije ibisabwa ngo ashingwe amabanga?
17 Intumwa Petero yarihakanye Shebuja incuro zitatu. Vyongeye hari igihe yihutiye kwifatira ibintu mu minwe, aca ugutwi umusuku w’umuherezi mukuru. (Matayo 26:47-55, 69-75; Yohana 18:10, 11) Hari abovuga yuko Petero yari umuntu w’umunyabwoba, atagira uburimbane, adakwiriye gushingwa amabanga akomakomeye. Yamara ni nde yari yahawe impfunguzo z’Ubwami, agaterwa agateka ko kwugururira imigwi itatu inzira yo guhamagarirwa ijuru? Ni Petero.—Ivyakozwe 2:1-41; 8:14-17; 10:1-48.
18. Ni ikosa irihe dushaka kwirinda, nk’uko bivugwa na Yuda?
18 Utwo turorero turerekana yuko dutegerezwa kugaba ku vyerekeye ukuvuga nabi umuntu tubirabiye inyuma gusa. Mu gihe twizigiye Yehova, ntituzogirira amazinda amahitamwo agira. Naho ishengero ryiwe ryo kw’isi rigizwe n’abantu b’abanyagasembwa badashobora kuvuga ko batihenda, ariko Yehova arabakoresha mu buryo bukomeye. Yuda, uwavukana na Yezu kuri nyina, yaraburiye Abakirisu bo mu kinjana ca mbere ngo birinde abantu ‘bakengera ukuganzwa kandi bagatuka abanyacubahiro.’ (Yuda 8-10) Ntitukigere tumera nka bo.
19. Ni kuki ata mvo n’imwe dufise yotuma tunuganugira amahitamwo Yehova agira?
19 Yehova biboneka ko ahitamwo gushinga amabanga amwamwe abantu bafise kamere zihariye zikenewe kugira bayobore igisata ciwe mu buryo ashaka ko bamera muri ico gihe nyene. Dukwiye kugerageza kwemera ico kintu, ntitunuganugire amahitamwo y’Imana, ariko tukicisha bugufi, tukanezerezwa no gukora aho Yehova ashira umwe wese muri twebwe. Gutyo, tuzoba twerekanye ko twizigiye Yehova.—Abanyefeso 4:11-16; Abafilipi 2:3.
Tugaragaze ko Twizigiye Ubugororotsi bwa Yehova
20, 21. Ni igiki twoshobora kwigira ku kuntu Yehova yagiranye ibintu na Musa?
20 Niba hari ibihe duhengamira ku kwiyizigira bimwe birenze hanyuma Yehova tukamwizigira gahoro cane, nitwigire kuri Musa. Igihe yari amaze imyaka 40 y’amavuka, ubwiwe yarishinze kurekuza Abisirayeli ngo bave mu buhabisho bwo mu Misiri. Birumvikana ko utwigoro yari agize yatugiranye umutima mwiza, ariko ntitwatumye Abisirayeli baca barekurwa, eka ntitwanatumye ivyiwe ubwavyo bimera neza. Mu vy’ukuri, yategerejwe guhunga. Inyuma y’imyaka 40 yamaze amenyerezwa mu buryo butoroshe mu gihugu co mu mahamga, ni ho gusa yashoboye gukwiza ibisabwa kugira ngo acagurirwe gukora ivyo yari yarashatse gukora imbere yaho. Ico gihe yarashoboye kwizigira ugufashwa na Yehova kubera ko ico gihe ibintu vyariko biragirwa mu buryo bwa Yehova no ku gihe cari gihuye n’ingengabihe yiwe.—Kuvayo 2:11–3:10.
21 Umwe wese muri twebwe ashobora kwibaza ati: ‘Noba hari igihe nita imbere ya Yehova n’abakurambere bagenywe mw’ishengero, nkagerageza kunyarutsa ibintu canke kugira ibintu mu buryo jewe nishakira? Aho kwumva ko jeho nirengagizwa simpabwe amabanga amwamwe, noba niteguye kwemera ko ndi mu gihe c’ukumenyerezwa kikibandanya?’ Ku bwa ngingo, twoba twarakuye icigwa kuri Musa?
22. Naho Musa yatakaje agateka gakomeye, yumvise amerewe gute ku vyerekeye Yehova?
22 Vyongeye, turashobora gukura ikindi cigwa kuri Musa. Muri Guharūra 20:7-13 haratubwira ikosa yakoze riramukora. Yaratakaje agateka ko kuyobora Abisirayeli mu Gihugu c’Isezerano. None yoba yaciye avuga ko ingingo Yehova afashe muri ivyo ari iy’akarenganyo? Yoba yaciye yigunga, akagunura ngo Imana iramurenganije? Musa yoba yaratakaje umwizero yari afitiye ubugororotsi bwa Yehova? Turashobora gutorera inyishu mu majambo Musa ubwiwe yabwiye Isirayeli imbere gatoyi y’uko apfa. Musa yavuze ivyerekeye Yehova ati: “Igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, [y’ubutungane, NW] kandi y’Inyakuri.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Musa ategerezwa kuba yagumye yizigiye Yehova gushika kw’iherezo. None tweho bite? Twoba umwumwe ukwiwe turiko turatera intambwe kugira ngo dukomeze ukwizigira Yehova n’ubugororotsi bwiwe? Ivyo twobigira dute? Reka tubirabe.
Wokwishura Ute?
◻ Ni imvo izihe Abisirayeli bari bafise zo kwizigira Yehova?
◻ Ku biraba ukwizigira, ni igiki dushobora kwigira kuri Aburahamu?
◻ Ni kuki dukwiye kwirinda kunuganugira amahitamwo Yehova agira?
[Ifoto ku rup. 11]
Ukwizigira Yehova kurimwo n’ukwubaha abaja imbere abandi mw’ishengero