ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/9 rup. 13-18
  • Dukomeze Ukwizigira Ubugororotsi bw’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukomeze Ukwizigira Ubugororotsi bw’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Iyo Twiyumvamwo ko Twacumukuye Bidakenewe
  • Twigire Kuri Yona
  • Ubu Ni Igihe co Gukomeza Ukwizigira Kwacu!
  • Urubanza rwa Yehova Ruzoba Rugororotse
  • Yehova Ni We Dukwiye Kwizigira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Dukwiye kubona abantu gute uko umusi wa Yehova wegereza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/9 rup. 13-18

Dukomeze Ukwizigira Ubugororotsi bw’Imana

“Kugira ngo ukwizigira kwawe kube kuri Yehova ubwiwe ndaguhaye ubumenyi.”—IMIGANI 22:19, NW.

1, 2. (a) Ni kuki Ivyabona vya Yehova berekana ko bizigiye Yehova? (Imigani 22:19) (b) Ni igiki cerekana ko hari abantu bakeneye gukomeza ukwizigira Yehova kwabo?

ABAKIRISU b’ukuri barahezagirwa mu guhabwa ubumenyi nyakuri bwerekeye Yehova n’imigambi yiwe. Hari “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” abahana urukundo ‘ibifungurwa vy’umutima ku gihe kibereye.’ (Matayo 24:45, NW) Ubumenyi baronka burabaha umushinge ukomeye bashingirako ukwizigira Imana. Gutyo, bafatiwe hamwe, Ivyabona vya Yehova barerekana ko bizigiye bimwe bikomeye Yehova n’ubugororotsi bwiwe.

2 Ariko rero biboneka yuko Ivyabona vya Yehova, bafashwe umwumwe ukwiwe, boshobora gukenera gukomeza ukwizigira mwene ukwo. Sosayiti rimwe na rimwe iraronka amakete y’abavuga yuko bakekeranya ku vyerekeye insobanuro zitangwa mu bisohokayandikiro vyayo. Ayo makenga ashobora kuba aza igihe hari ibihinduwe mu ntahuro, canke agashobora kuba ajanye n’ibintu bibabaza nyene kubibaza, canecane biserura ukuntu amerewe mu mutima.—Gereranya na Yohana 6:60, 61.

3. Ni ibiki bishobora gushikira n’abasavyi ba Yehova b’abizerwa, kandi bibashikira kubera iki?

3 N’abasavyi ba Yehova b’ukuri nyene barashikirwa n’uku kuri dusanga mu Musiguzi 9:11: “Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.” Ivyo bishobora gute kugaragara ko ari ivy’ukuri mu nsobanuro yagutse, yo mu vy’umutima? Dushobora kuba tuzi Abakirisu bakurikiza ningoga impanuro ivuye muri Bibiliya, bakomeye mu kuvugira ukuri, b’abanyabwenge mu gukurikiza ingingo zo muri Bibiliya, kandi b’abanyamwete mu vy’ugukurikirana ubumenyi nyakuri. Yamara kubera “ibihe n’ibiza ku muntu,” bamwe ubu bashobora kuba babona ko bashoboye bike biturutse ku mpanuka canke ku busaza. Boshobora kwibaza ko boba bazokwinjira mw’isi nshasha y’Imana batarinze kwigera bapfa.

4, 5. Ni kuki Abakirisu badafise imvo n’imwe yo gutakaza umwizero bafise mu bugororotsi bwa Yehova?

4 Mu gihe Umukirisu abuze uwo bari bubakanye, umubabaro be n’ukwumva ko yabuze usanga bikomeye cane. Igihe bari bacubakanye bashobora kuba baramaze imyaka canke mbere imyaka mirongo bakorera Yehova. Uwusigaye muri bo arazi yuko urupfu rucacura umugozi wunga abubatse.a (1 Ab’i Korinto 7:39) Muri ico gihe, kugira ngo ukwizigira kwiwe ntikugwabire, ategerezwa kuguma acunze inyiyumvo ziwe zo mu mutima.—Gereranya na Mariko 16:8.

5 Iyo twabuze uwo twari twubakanye, umuvyeyi, umwana canke Umukirisu yari atubereye umugenzi akomeye, uzi ukuntu ari ivy’ubwenge kubibona ko ari akaryo ko kugaragaza ukwizigira dufitiye ubugororotsi bwa Yehova! No mu gihe ubwacu twoba tugiye gupfa, turashobora kwizigira yuko Yehova atari uwugabitanya. Turashobora kwizigira yuko umuntu wese aronka ubuzima budashira—haba biciye ku kuzoba arokotse canke ku kuzuka—azogira ubuhirwe. Umwanditsi wa Zaburi avuga ku vyerekeye Imana ati: “Upfumbaturura igipfunsi cawe ugahāza ukwifuza kw’ibiriho vyose. [Yehova] agororoka mu nzira zose, n’umunyabuntu mu bikorwa vyiwe vyose. [Yehova] aba hafi y’abamwambaza bose, y’abamwambaza mu vy’ukuri bose. Azoshitsa ivyo abamwubaha bagomba; kand’azokwumva ugutakamba kwabo, abakize.”—Zaburi 145:16-19.

Iyo Twiyumvamwo ko Twacumukuye Bidakenewe

6, 7. (a) Ni kuki Ivyabona bamwebamwe bacumukuye kera ubu boshobora gutahura ibintu mu buryo butandukanye n’uko bahora babitahura? (b) Ni kuki tudakwiye kubona Yehova nk’aho abuze ukugororoka mu kuba yararetse ugucumukura mwene ukwo kukahaba mu gihe caheze?

6 Kera, hari Ivyabona bacumukuye bazira ukwanka kwifatanya n’abandi mu gikorwa ijwi ryabo ryo mu mutima ryobemerera gukora ubu. Nk’akarorero, mu myaka iheze bashobora kuba bari barahisemwo kubigenza gutyo ku vyerekeye ugukora ubuzi bumwebumwe bw’igihugu. Kumbure ntihabuze umuvukanyi ubu ashobora kuba yumva ko yokora igikorwa nk’ico ntihagire ikibi umutima wiwe umwagiriza, kandi ntabe arenze ku kwitaramura kw’Abakirisu mu vy’iyi si.

7 None Yehova yoba yari yabuze ukugororoka mu kwemera ko uwo muntu acumukuzwa n’ukwanka ikintu ubu yogira ntihagire ingaruka bimuzanira? Abenshi mu bo ivyo vyashikiye ntibokwiyumvira gutyo. Ahubwo, baranezerwa kuba bararonse akaryo ko kugaragaza icese, kandi mu buryo butomoye, yuko bari biyemeje gushikama ku vya ca kibazo cerekeye uwugaba akaganza kw’isi no mw’ijuru. (Gereranya na Yobu 27:5.) Ni imvo iyihe yotuma hagira uwicuza kuba yarakurikiye ijwi ryiwe ryo mu mutima mu guhagarara ashikamye ku ruhande rwa Yehova? Mu gushigikira ingingo za gikirisu badahemuka nk’uko bazitahura canke mu kwumvira ivyo batumwe n’ijwi ryo mu mutima, baragaragaje ko bakwiriye kwitwa na Yehova incuti ziwe. Vy’ukuri, ni ibiranga ubwenge kwirinda ingendo yohava ibabariza umuntu ijwi ryo mu mutima, canke yohava kumbure ituma abandi batsitara. Muri ivyo turashobora kwiyumvira akarorero keza ntangere katanzwe n’intumwa Paulo.—1 Ab’i Korinto 8:12, 13; 10:31-33.

8. Ni kuki Abakirisu b’Abayuda, abari bahoze bumiye ku Vyagezwe, batari bafise imvo n’imwe yotumye bagirira amazinda ukugororoka kwa Yehova?

8 Abayuda kugira ngo bahimbare Yehova, basabwe kugamburuka ya Mabwirizwa Cumi hamwe n’ayandi mategeko menshi anyuranye ashika nk’600 yiyongeyeko. Mu nyuma, mu ndinganizo y’ivya gikirisu, ukugamburuka ayo mategeko uko ari ntivyari bikibaye igisabwa umuntu kugira ngo akorere Yehova, eka habe no ku Bayuda bo mu buryo bw’umubiri. Mu mategeko atari akibaraba harimwo ayerekeye ugukebwa, ukwubahiriza Isabato, ugutanga ibimazi vy’ibitungwa, n’ivy’ukuziririza ibifungurwa bimwebimwe. (1 Ab’i Korinto 7:19; 10:25; Ab’i Kolosayi 2:16, 17; Abaheburayo 10:1, 11-14) Abayuda bahindutse Abakirisu—gushiramwo na za ntumwa—ntibabaye bagihatiwe ku gukurikiza amategeko bari barasabwe kugamburuka igihe bari bakiyoborwa n’isezerano ry’Ivyagezwe. None boba baridodomvye ngo ivyo Imana yaringanije nta bugororotsi vyari birimwo mu kuba imbere yaho yari yarabasavye ibintu bitobaye bigikenewe mu nyuma? Oya, baranezerejwe n’ugutahura imigambi ya Yehova mu buryo bwagutse.—Ivyakozwe 16:4, 5.

9. Ni igiki cagaragaye ko ari ic’ukuri ku Vyabona bamwebamwe, ariko ni kuki badafise impamvu n’imwe yo kwicuza?

9 Mu bihe vya none, harabayeho Ivyabona badadaza cane mu kuntu babona ivyo bokora canke batokora. Ku bw’iyo mvo baracumukuye kuruta abandi. Mu nyuma, ubumenyi bwongerekanye bwarabafashije kwagura ukuntu babona ibintu. Ariko nta mvo n’imwe bafise yotuma bicuza kuba imbere yaho bari barakoze bahuje n’ijwi ryabo ryo mu mutima, naho mbere ivyo vyoba vyaratumye bacumukura bimwe birengeje. Mu vy’ukuri turashima ukuntu bemeye n’umutima ukunze gucumukura bazira ukudahemukira Yehova, barondera ‘gukora ikintu cose ku bw’inkuru nziza.’ Yehova arahezagira ukuyobokera Imana mwene ukwo. (1 Ab’i Korinto 9:23; Abaheburayo 6:10) Intumwa Petero yarandikanye ubwenge ati: “Mwokwihanganira kubabazwa muhōwe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana.”—1 Petero 2:20.

Twigire Kuri Yona

10, 11. Yona yerekanye gute ko yari abuze ukwizigira Yehova (a) igihe yatumwa kuja i Ninewe? (b) igihe Imana yareka guhonya Abanyaninewe?

10 Igihe Yona yategekwa kuja i Ninewe, yarerekanye ko adakengurutse umwizero Yehova yari yamugiriye. Aho amariye gushikirwa n’ibintu biteye ubwoba bizanywe n’ukuba ubwiwe yari yanse kugamburuka, uwo Yona yaragaruye umutima, arabona ikosa ryiwe, aremera kuja iyo yari yatumwe mu mahanga, hanyuma araburira Abanyaninewe yuko agatikizo kari kimirije. Maze habaye ibitari vyitezwe: Biturutse ku mutima w’ukwihana Abanyaninewe bagaragaje, Yehova yiyemeje kureka kubatikiza.—Yona 1:1–3:10.

11 Yona yavyakiriye ate? Kubera agize umwikomo, yaridodomvye ku Mana mw’isengesho. Iciyumviro nyamukuru cari mu kwidodomba kwiwe cari iki: ‘Nari niyumviriye yuko ibintu ari uko vyogenze. Ni co gituma ntari nashatse guca nshoka nja i Ninewe. None n’ingene naciye mu bintu bikomeye, harimwo n’ivutu hamwe n’agateterwe nagize mu kumirwa n’urufi, nkaraba kandi n’ukuntu nakoze ngatama mburira Abanyaninewe ko agatikizo kimirije, raba uko bigenze! Ivyo nakoze hamwe n’ugucumukura nagize vyose bibaye impfagusa! Nopfuma mpfa!’—Yona 4:1-3.

12. Ni igiki dushobora kwigira ku vyabaye kuri Yona?

12 Yona yoba yari afise imvo yumvikana yo kwidodomba? Yehova yari yabuze ukugororoka mu kugirira ikigongwe inkozi z’ikibi zihanye? Mu vy’ukuri, Yona yari akwiye kunezerwa; abantu ibihumbi mirongo bari bagiye gukira itikizwa! (Yona 4:11) Ariko agatima yagize karanga ukutubaha, k’ukwidodomba, karagaragaje yuko atari yerekanye ko yizigiye ukugororoka kwa Yehova bimwe bigera kure. Yiyumviriye ivyiwe kurenza urugero, abandi bo basa nk’abo yahevye. Nidukure icigwa kuri Yona mu kutishira imbere, twebwe be n’inyiyumvo zacu bwite. Nitunyurwe yuko ikintu ciza umuntu akwiye gukora ari ukugamburukira Yehova, gukurikira ubuyobozi duhabwa biciye kw’ishirahamwe ryiwe hamwe n’ukwemera ingingo afata. Turazi neza yuko “abubaha Imana ari bo bazoba amahoro.”—Umusiguzi 8:12.

Ubu Ni Igihe co Gukomeza Ukwizigira Kwacu!

13. Twese dushobora gute gukomeza ukwizigira Yehova kwacu?

13 Ugukomeza ukwizigira Yehova kwacu ni ryo soko ry’ubukerebutsi. (Imigani 3:5-8) Birumvikana, si ugupfa gusaba gusa yuko Yehova yodufasha kugira ukwizigira kurushirije. Ukwizigira gukura gushingiye ku bumenyi nyakuri, ni co gituma ukwigirira inyigisho ya Bibiliya, ugusoma Bibiliya hamwe n’ivyandiko biyisigura, dutegerezwa kubishira mu vyo dukora vya misi yose. Ukwitaba amakoraniro ya gikirisu tudahorereza ni ikintu gihambaye cane, nk’uko n’ukuyategura neza be n’ukuyagiramwo uruhara ku rugero rushoboka na vyone ari ibintu bihambaye cane. Tugize akamenyero ko kubwira abandi ukuri kwa Bibiliya, tugatsinda ibidutangira dukoresheje ubwenge, na vyone vyotsimbataza ukwizigira Yehova kwacu n’ukwizigira Ijambo ryiwe. Gutyo twoba turiko turamwiyegereza uko bukeye uko bwije.

14. Ni kuki abo mu gisata ca Yehova vuba bazosabwa kwerekana yuko bizigiye Yehova kuruta uko bigeze kubigira kwose?

14 Muri kazoza ka vuba cane, igihe gihambaye kuruta ibindi vyose c’amakuba ataribwigere ahwikira abantu, kigiye kwaduka bukwi na bukwi. (Matayo 24:21) Ivyo nivyaba, kizoba ari igihe abasavyi b’Imana bazoba bakeneye kugaragaza, kuruta uko boba bari barigeze kubigaragaza, yuko bizigiye ukugororoka kwa Yehova n’ubuyobozi atanga biciye kw’ishirahamwe ryiwe. Mu buryo bw’ikigereranyo, bazoheza bagamburuke iyi nkeburo ikurikira iva ku Mana, bafise ukwizigira kwinshi. Iyo nkeburo ivuga iti: “Wa bgoko bwanje, ngwino winjire mu [vyumba vyawe vy’imbere, NW], wiyugarane, ube urihishije akanya gato, gushitsa ah’ubushangashirwe buzoshirira.” (Yesaya 26:20) Ubu baramaze kuja ahantu ho kubakingira, ari yo mashengero arenga 85 000 mu bihugu 232. Ibindi ivyo ari vyo vyose vyoba bisabwa muri iyo nkeburo ivuga ngo ‘ngwino winjire mu vyumba vyawe vy’imbere,’ turashobora kwizigira ko Yehova azodufasha kubishitsa.

15. Ivyerekeye ukwizigira vyashimitsweko gute mu 1998, kandi ni kuki ivyo vyari bikwiriye?

15 Dutegerezwa rero gukomeza ukwizigira kwacu ubu. Tutizigiye abavukanyi bacu b’Abakirisu, ngo twizigire ishirahamwe rya Yehova, kandi ikiruta vyose tukizigira Yehova ubwiwe, kurokoka ntibizoshoboka. Ese rero ukuntu bibereye kubona mu 1998 Ivyabona vya Yehova kw’isi yose bamye bibutswa kenshikenshi biciye mu majambo y’icanditswe c’umwaka, yuko “umuntu wese azokwambaza izina ry[a Yehova] azokizwa”! (Abaroma 10:13) Ivyo dutegerezwa kubandanya kuvyizigira. Mu gihe twumva ko dufise n’akantu na gatoyi k’ugukekeranya ivy’ukwo kwizigira, dukwiye kwihata kugira ngo tukagorore ubu, uyu musi nyene.

Urubanza rwa Yehova Ruzoba Rugororotse

16. Ni ibiki bishobora gushikira ukwizigira mu gihe kudatsimbatajwe, kandi twoshobora gute kwirinda kugira ngo ivyo ntibishike?

16 Mu Baheburayo 3:14 Abakirisu basizwe baburirwa bati: “Twacitse abasangiye Kristo, namba tubangiriye rwose ivyizigiro vyacu twatanguranye gushitsa kw iherezo.” Ku bwa ngingo, ayo majambo araraba n’Abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi. Ukwizigira umuntu yari afise ubwa mbere kurashobora kugenda kurayama mu gihe kudatsimbatajwe. Ese ukuntu bihambaye cane ko tubandanya gukurikirana ubumenyi nyakuri, gutyo tugakomeza umushinge ukwizigira kwacu gushingiyeko!

17. Ni kuki dushobora kwizigira yuko ku vyerekeye ukurokoka Yezu azoca urubanza mu buryo buroranye?

17 Amahanga yose vuba agiye gusuzumwa na Kirisitu kugira ngo ashobore ‘gutanya abantu n’abandi, nk’uko umwungere atanya intama n’impene.’ (Matayo 25:31-33) Turashobora kwizigira yuko Kirisitu azokoresha ubutungane mu gutoranya abakwiriye kurokoka. Yehova yaramuhaye ubukerebutsi, ubwenge, hamwe n’izindi kamere zikenewe ‘kugira acire bose urubanza rutunganye.’ (Ivyakozwe 17:30, 31, UB) Nimuze ukujijuka kwacu kumere nka kumwe kwa Aburahamu, uwavuze ati: ‘Ntibikabe kuri wewe Yehova gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira! Ntibikabe kuri wewe! None Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?’—Itanguriro 18:25.

18. Ni kuki tudakwiye kurazwa ishinga birenze urugero n’ibintu tudashobora kumenya ubu?

18 Twizigiye ubugororotsi bwa Yehova tugaherezako, ntitwoba dukeneye kuhagarika umutima ku vyerekeye ukuronkera inyishu ibibazo nk’ibi: ‘Utuyoya n’abana batoyi bazocirwa urubanza gute? Mbega Harumagedoni ishobora kuzoshika hakiri abantu benshi batarashikanwako inkuru nziza? Mbega abarwaye mu mutwe bo bizobagendera gute? Mbega . . .?’ Ego ni ko ubu dushobora kuba tutazi ukuntu Yehova azotunganya ivyo bibazo. Ariko rero ivyo azobitunganya mu buryo buranga ubutungane n’ikigongwe. Ivyo ntidukwiye kwigera kubigiramwo amazinda. Kukaba nkako, dushobora kuzotangazwa, tunahimbarwe, no kubona ukuntu azobitunganya mu buryo tutigeze mbere twiyumvira.—Gereranya na Yobu 42:3; Zaburi 78:11-16; 136:4-9; Matayo 15:31; Luka 2:47.

19, 20. (a) Ni kuki atari bibi kwibaza ibibazo bihuye n’ubwenge? (b) Ni ryari Yehova azotanga inyishu zikenewe?

19 Ishirahamwe rya Yehova ntiribuza abantu kwibaza ibibazo bivuye ku mutima, bihuye n’igihe, nk’uko abarirwanya bamwebamwe bavuga babesha. (1 Petero 1:10-12) Ariko rero, Bibiliya iduhanura kwirinda ibibazo vy’ubupfu, vy’ukunuganuga ibintu. (Tito 3:9) Kwibaza ibibazo bihuye n’ubwenge be no gucukura mw’Ijambo ry’Imana no mu bisohokayandikiro vya gikirisu kugira ngo dutore inyishu zihuye n’Ivyanditswe birashobora kwongereza ubumenyi nyakuri bwacu, kandi tugashobora rero gukomeza ukwizigira Yehova kwacu. Ishirahamwe rikurikira akarorero ka Yezu. Yaririnze kugira ico avuga ku bibazo bitaribwashikire igihe kibereye cavyo co kwishurwa. Yasiguye ati: “Nari ngifise vyinshi vyo kubabgira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.” (Yohana 16:12) Yariyemereye kandi yuko hari ibintu bimwebimwe we ubwiwe atari azi ico gihe.—Matayo 24:36.

20 Yehova aracafise vyinshi vyo guhishura. Ese ukuntu vyoba biranga ubwenge tumurindiriye, twizigiye yuko igihe yashinze c’ukugaragaza imigambi yiwe kizoshika, agatunganya ibikenewe. Turashobora kwizigira yuko igihe gikwiriye Yehova yagenye kigeze, tuzogira umunezero wo kuronka ubwenge bwiyongereye bwerekeye inzira ziwe. Egome, tuzohabwa impera, dupfe gusa kugaragaza ukwizigira Yehova n’ishirahamwe ariko arakoresha tutayegayega. Mu Migani 14:26 haratumara amazinda hati: “[Gutinya Yehova, NW] n’icizigiro gikomeye, kand’abana biwe bazogira ubuhungiro.”

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 15 Gitugutu 1967, urupapuro 638; 1 Ruheshi 1987 (mu Gifaransa), urupapuro 30.

Uvyibazako Iki?

◻ Ni kuki bitoba biranga ubwenge turetse ngo inyiyumvo zo mu mutima zikugute ukwizigira Yehova kwacu?

◻ Ni ibiki dushobora kwigira ku vyashikiye Yona?

◻ Ni kuki ukwiga Bibiliya n’ukwitaba amakoraniro ari ibintu bihambaye cane?

[Ifoto ku rup. 15]

Naho ubwacu twoba tugiye gupfa, turashobora kwizigira ko Yehova atagabitanya

[Ifoto ku rup. 16]

Ubwo uremeza neza ko uwo wizigiye ari Yehova?

[Ifoto ku rup. 18]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika