Agaciro k’Ukwizera Kwawe—Ubu Karageragezwa
“Mwiyumvire kw ar’ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, mumenye yukw ibigeza [agaciro k’]ukwizera kwanyu bitera ukwihangana.”—YAKOBO 1:2, 3.
1. Ni kuki Abakirisu bakwiye kwitega ko haba ibigerageza ukwizera kwabo?
ABAKIRISU nyakuri ntibipfuza gucumukura, kandi nta n’umunezero baronkera mu mubabaro canke mu gatetereza. Yamara, bagumiza ku muzirikanyi ayo majambo ari aho haruguru yanditswe na mwenewabo na Yezu basangiye nyina, ari we Yakobo. Kirisitu yaratomoreye abigishwa biwe yuko bari gushobora kwitega uruhamo hamwe n’izindi ngorane bazira ukwumira ku ngingo ngenderwako z’Imana kwabo. (Matayo 10:34; 24:9-13; Yohana 16:33) Naho vyoba bimeze ukwo, ibigeragezo mwene ivyo birashobora kuzana umunezero. Mu buryo ki?
2. (a) Ibigerageza ukwizera kwacu bishobora gute kuvamwo umunezero? (b) Ukwihangana gushobora gute gukora igikorwa cakwo ku bitwerekeye?
2 Impamvu nyamukuru ituma tugira umunezero igihe turi mu makuba canke mu bigerageza ukwizera ni uko ivyo bishobora kwimbuka ivyamwa vyiza. Nk’uko Yakobo abivuga, kurinda mu bigeragezo canke mu ngorane “bitera ukwihangana.” Turashobora kwungukira mu gutsimbataza iyo kamere ya gikirisu y’agaciro. Yakobo yanditse ati: “Ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhīngūwe, mudahajije na kamwe.” (Yakobo 1:4) Ukwihangana kurafise ikintu kurangura, “igikorwa.” Ico gushinzwe ni ukutugira abuzuye muri vyose, bikadufasha kuba Abakirisu bafise uburimbane kandi bahūmuye. Ni co gituma mu gihe turetse ibigeragezo ngo bikore akazi kavyo tutagerageje na gato gukoresha uburyo budahuje n’Ivyanditswe kugira birangire ningoga, ukwizera kwacu kurageragezwa kandi kugakurwamwo inkamba. Mu gihe tubuze ukwihangana, imbabazi, ubuntu, canke urukundo mu kuntu twifata mu bidushikira canke mu vyo tugirana n’abantu nkatwe, ukurindirako kurashobora gutuma turushirizaho kunonosoka. Egome, bikurikirana uku: Ibigeragezo bizana ukwihangana; ukwihangana kurongereza izindi kamere za gikirisu; izo na zo zituma tugira umunezero.—1 Petero 4:14; 2 Petero 1:5-8.
3. Ni kuki tudakwiye gusuha ku bw’ugutinya amakuba canke ibigerageza ukwizera?
3 Intumwa Petero na we nyene yarashize ahabona igituma tudakwiye kugira ubwoba canke ngo dusuhe ku bigerageza ukwizera kwacu. Yanditse ati: “Ivyo murabinezererwa cane, nah’ubu ar’igihe gito mubabazwa n’ibibagerageza vyinshi, kuko bitobura kuza: kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo.” (1 Petero 1:6, 7) Ayo majambo araremesha canecane muri iki gihe kubera ko “amarushwa ahambaye”—igihe c’ishimwe n’ubwiza n’icubahiro, n’ukurokoka—yegereje cane kuruta uko bamwe bashobora kuba bavyiyumvira, kandi aregereje cane kuruta uko vyari biri igihe twizera.—Matayo 24:21; Abaroma 13:11, 12.
4. Umuvukanyi umwe yiyumvise gute ku vyerekeye ibigeragezo we hamwe n’abandi Bakirisu basizwe baciyemwo?
4 Mu kiganiro cakurikiwe n’iki, twarimbūye ibigeragezo amasigarira y’abasizwe bahanganye na vyo kuva mu 1914 kubandanya. None ivyo vyoba vyarabaye ishimikiro ry’umunezero? A. H. Macmillan yarasubuje amaso inyuma avuga ati: “Narabonye ibigeragezo vyinshi bikaze bishikira ishirahamwe, mbona n’ibigerageza ukwizera kw’abari muri ryo. Ryararusimvye ritako rirabandanya gusagamba rifashijwe n’impwemu y’Imana. Narabonye ubukerebutsi buri mu kurindirana ukwihangana ngo Yehova atonganure ugutahura ibintu vyo mu Vyanditswe kwacu, aho guteshwa umutwe n’iciyumviro gishasha. . . . Naho rimwe na rimwe tworinda kuza turagorora ukugene tubona ibintu, ivyo ntivyohindura ya ntunganyo ndangambabazi y’ivy’incungu hamwe na wa muhango Imana yatanze w’ubuzima bwamaho. Ntitwari dukwiye rero kureka ngo ukwizera kwacu kugoyagoyeshwe n’ivyari vyitezwe ntibishike cabure kubera ibihinduka mu buryo bw’ukubona ibintu.”—Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo mu 1966, urupapuro rw’565.
5. (a) Ni inyungu izihe zavuye ku vy’uko amasigarira yaciye mu bigeragezo? (b) Ni kuki ubu dukwiye kwitwararika ivyerekeye ukugeragezwa?
5 Abakirisu basizwe barokotse ikiringo c’ukugeragezwa co mu 1914 gushika mu 1919 barabohowe bakurwako akosho kiganziye iyi si, baranakurwa mu migenzo myinshi y’ivy’idini ya kibabiloni. Amasigarira yarateye imbere ari igisata gityoroye kandi gikuwemwo inkamba, baraha Imana amashikanwa y’ishemezo n’umutima ukunze, bazi neza yuko bagize igisata cemewe na yo. (Yesaya 52:11; 2 Ab’i Korinto 6:14-18) Urubanza rwari rwatanguriye ku nzu y’Imana, ariko ntirworangiye mu kiringo kinaka cagenywe. Ukugeragezwa n’ukugosorwa kw’igisata c’Imana kurabandanya. Abizigiye kuzorokoka “[u]mubabaro mwinshi” wegereje bari mu bagize “ishengero ryinshi” na bo nyene ukwizera kwabo kuriko kurageragezwa. (Ivyahishuriwe 7:9, 14) Ivyo biriko biba mu buryo busa n’ivyo amasigarira yahanganye na vyo, hamwe no mu bundi buryo nyene.
Ushobora Kugeragezwa Gute?
6. Ni ikigeragezo bwoko ki gikomeye benshi bageragejwe?
6 Hari Abakirisu benshi biyumviriye yuko urugamba rwo guhangana n’ibigeragezo rwoza mu buryo bw’ibitero vy’imbonankubone. Baribuka iyi nkuru ivuga iti: “[Abakuru b’Abayuda] bahamaga[ra] intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura. Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.” (Ivyakozwe 5:40, 41) Kandi inkuru y’ivyabaye yo muri iki gihe yerekeye igisata c’Imana, na canecane mu kiringo ca za ntambara z’isi yose, iragaragaza yuko benshi mu Vyabona vya Yehova mu vy’ukuri bakubiswe n’ababahama, barabakorera n’ibindi bintu bibi gusumba.
7. Abakirisu bamwebamwe bo muri iki gihe bagaragaje ukwizera gushika ku rugero rungana iki?
7 Ku biraba uguhamwa kw’Abakirisu, isi ntirobanura hagati y’amasigarira y’abasizwe n’ishengero ryinshi ry’ “izindi ntama.” (Yohana 10:16) Mu myaka myinshi yahaciye, abagize iyo migwi yompi barageragejwe bimwe bibi mu gutabwa mu mvuto, mbere n’ukwicwa bakicwa, bazira urwo bakunda Imana n’ukwizera bayifitiye. Iyo migwi yompi yarakeneye impwemu y’Imana, icizigiro cabo caba ikihe. (Gereranya n’Umunara w’Inderetsi [mu Gifaransa] wo ku wa 15 Ruheshi 1996, uruparuro rwa 31.) Mu kiringo c’imyaka y’1930 n’imyaka y’1940 mu Budagi bw’Abanazi, benshi mu basavyi ba Yehova, ushizemwo n’abana, baragaragaje ukwizera kudasanzwe, kandi abatari bake barageragezwa gushika kw’iherezo. Mu bihe vya vuba cane, igisata ca Yehova carahanganye n’ikigeragezo c’uruhamo mu bihugu nko mu Burundi, Eritireya, Etiyopiya, Malawi, Mozambike, Rwanda, Singapuru, no muri Zayire. Kandi ibigeragezo mwene ivyo biracariho.
8. Ni mu buryo ki amajambo yavuzwe n’umuvukanyi w’Umunyafirika yerekana ko mu kugeragezwa kw’ukwizera kwacu harimwo vyinshi kuruta kwihanganira uruhamo rwo mu buryo bwo gukubitwa?
8 Ariko rero nk’uko tumaze kubibona, ukwizera kwacu kuriko kandi kurageragezwa mu bundi buryo bw’urwenge. Bimwebimwe muri ivyo bigeragezo si ibiza imbonankubone gutyo canke ngo bibe ivyoroshe kubona. Rimbura ingene wovyifashemwo muri ibi bikurikira. Umuvukanyi umwe wo muri Angola afise abana cumi yari mw’ishengero ryari rimaze igihe riri ukwa ryonyene ridashobora gutumanako amakuru n’abavukanyi b’abahagarikizi. Mu nyuma vyarashobotse ko abandi bagendera iryo shengero. Baramubajije ukugene yavyifatamwo kugira ngo agaburire umuryango wiwe. Kwishura ntivyamworoheye, ico gusa yavuze ni uko vyari bigoye. Yoba yarashobora kugaburira abana biwe na rimwe ryoryo ku musi? Yasubijeyo ati: “Emwe, bisa n’ibitashobotse. Twarize gutungwa n’ivyo dufise.” Maze, n’ijwi ryuzuye ukujijuka avuga ati: “None ivyo si vyo twitega mu misi y’iherezo?” Ukwizera mwene ukwo kuribonekeza mw’isi, ariko si ibidasanzwe mu Bakirisu b’intahemuka, kuko bizeye vyuzuye ko ivyasezeranywe vyerekeye Ubwami bizoranguka.
9. Turiko tugeragezwa gute mu buryo bujanye na 1 Ab’i Korinto 11:3?
9 Abo mw’ishengero ryinshi na bo nyene bariko barageragezwa mu vyerekeye intondeko za gitewokarasi. Ishengero ry’Abakirisu ryo kw’isi yose rirongorwa n’ingingo ziva ku Mana hamwe n’ingingo ngenderwako za gitewokarasi. Ivyo bisobanura ko ubwa mbere na mbere ari ukwemera ko Yezu ari we arija imbere, we yagenywe ngo abe Umutwe w’ishengero. (1 Ab’i Korinto 11:3) Ukumugamburukira hamwe n’ukugamburukira Se wiwe ata gahato, bigaragazwa n’ukwizera abagenwa mu vya gitewokarasi hamwe n’ingingo za gitewokarasi zifatwa kugira ngo dukore ukugomba kwa Yehova duhuje inama. Vyongeye, mw’ishengero rimwerimwe ryose, harimwo abagabo bagenywe kugira ngo barije imbere. Ni abantu b’abanyagasembwa, kandi amahinyu yabo dushobora kudateba kuyabona; yamara duhimirizwa kwubaha abacungezi bene abo kandi tukabagamburukira. (Abaheburayo 13:7, 17) Woba rimwe na rimwe uhora ubona ivyo bigoye? Ivyo vyoba ari ikigeragezo kuri wewe vy’ukuri? Niba ari ukwo biri, woba uriko urungukira kuri ico kigeragezo c’ukwizera kwawe?
10. Ni ikigeragezo ikihe duhangana na co ku vyerekeye igikenurwa co mu ndimiro?
10 Turageragezwa kandi mu vyerekeye agateka twatewe ko gukora ubudahengeshanya igikenurwa co mu ndimiro, ari na vyo dusabwa. Kugira ngo dutsinde ico kigeragezo, dukwiye kubona ko ukugira uruhara rwuzuye mu gikenurwa birimwo ibirengeye ukwamamaza inkuru nziza vy’ukwikurayo canke vy’uguheza umwuga. Gira wibuke ya majambo Yezu yavuga yo gushimagiza wa mupfakazi w’umworo yatanga ivyo afise vyose. (Mariko 12:41-44) Dushobora kwibaza duti: ‘Noba ndiko nditanga nk’ukwo nyene mu gikenurwa co mu ndimiro?’ Twese dukwiye kuba Ivyabona vya Yehova umusi wose, twiteguye igihe cose kureka ngo umuco wacu wake.—Matayo 5:16.
11. Ibihinduka mu vyo dutahura canke impanuro duhabwa ku buryo twigenza bishobora gute kuba ikigeragezo?
11 Ikindi kigeragezo dushobora guhangana na co cerekeye urugero tugezako mu gushima umuco ugenda wongerekana umurikira ukuri kwa Bibiliya, n’urwo tugezako mu gushima impanuro duhabwa n’umugwi ugize wa mushumba w’umwizerwa. (Matayo 24:45) Hari igihe ivyo bisaba ko umuntu abogora ukuntu ubwiwe yigenza, nka ca gihe vyatomoka yuko abantu banywa itabi botegerejwe kuriheba niba bashaka kuguma mw’ishengero.a (2 Ab’i Korinto 7:1) Canke, ikigeragezo gishobora kuba cerekeye ukwemera ko dukeneye guhindura imiziki dukunda canke ubundi bwoko bw’ivy’ukwisamaza.b None tuzokekeranya ku vy’ubwenge buri mu gukurikiza nya mpanuro itanzwe? Canke tuzoreka impwemu y’Imana igorore ivyiyumviro vyacu yongere idufashe kwambara kamere-muntu ya gikirisu?—Abanyefeso 4:20-24; 5:3-5.
12. Hakenewe iki kugira ngo umuntu akomeze ukwizera inyuma yo kubatizwa?
12 Mu myaka mirongo, igitigiri c’abo mw’ishengero ryinshi carongerekanye, kandi inyuma y’ukubatizwa kwabo barabandanya gukomeza ubucuti bafitaniye na Yehova. Ivyo ntibirimwo gusa ukwitaba iteraniro rya gikirisu, kugenda ku makoraniro amwamwe ku Ngoro y’Ubwami, canke kugira uruhara rimwe na rimwe mu murimo wo mu ndimiro. Tubitangire akarorero: Umuntu ashobora kuba ari hanze ya Babiloni Habambaye, ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. Ariko yoba vy’ukuri yarayisize inyuma? Yoba acumiye kuri birya bintu bigaragaza agatima ka Babiloni Hahambaye—agatima ko gusuzugura ingingo ngenderwako z’Imana? Yoba afata minenegwe ivy’ukwigenza runtu n’ukuba umwizerwa ku wo bubakanye? Yoba yitwararika cane inyungu ziwe bwite z’ivy’umubiri kuruta uko yitwararika inyungu z’ivy’impwemu? Mu yindi mvugo, yoba yagumye atandujwe n’iyi si?—Yakobo 1:27.
Kwungukira ku Kwizera Kwageragejwe
13, 14. Ni igiki bamwe bagize inyuma y’aho batanguriye inzira y’ugusenga kw’ukuri?
13 Niba vy’ukuri twarahunze Babiloni Hahambaye tukaba kandi twaranavuye mw’isi, ntitukarabe ibintu twasize inyuma. Nk’uko bivugwa n’ingingo iri muri Luka 9:62, ku wo ari we wese muri twebwe, kuraba inyuma vyotuma ahomba ukuba umutwarwa w’Ubwami bw’Imana. Yezu yavuze ati: “Nta muntu afashe isuka irimishwa n’inka, arāba inyuma, abereye ubgami bg’Imana.”
14 Mugabo bamwe mu babaye Abakirisu mu gihe cahise bararetse kuva ico gihe barashushanywa n’ivy’iyi si. Ntibananiye agatima k’isi. (2 Petero 2:20-22) Ivyisamazo vy’iyi si vyarabatwaye bibatwara n’umwanya wabo, gutyo rero bituma badatera imbere. Aho kuguma bahanze imizirikanyi yabo n’imitima yabo ku Bwami bw’Imana n’ubugororotsi bwayo, bagashira ibintu mwene ivyo mu kibanza ca mbere mu buzima, barakebeje bakurikirana amahangiro y’ivy’umubiri. Nibatavyurirwa ukwiyemerera ko ukwizera kwabo kugoyagoya n’uko bameze nk’akazuyazi, ngo bahindure ingendo yabo mu kurondera impanuro iva ku Mana, bahakwa gutakaza ubucuti bw’agaciro bafitaniye na Yehova n’ishirahamwe ryiwe.—Ivyahishuriwe 3:15-19.
15. Dusabwa iki kugira ngo tugume twemewe n’Imana?
15 Kugira ngo tuze dusangwe turi abemewe, dukwije ibisabwa kugira ngo turokoke ya marushwa ahambaye yegereza ningoga, tuzobihabwa no kuguma tutanduye, ivyambarwa vyacu ‘bimesuwe mu maraso ya wa Mwagazi.’ (Ivyahishuriwe 7:9-14; 1 Ab’i Korinto 6:11) Tutagumye duhagaze turi abadahumanye kandi tugororotse mu nyonga z’Imana, igikorwa ceranda dukora ntikizokwemerwa. Koko, umwumwe wese muri twebwe akwiye kubona yuko agaciro k’ukwizera kageragejwe kazodufasha kwihangana no kwirinda kwikwegera ukudahimbara Imana.
16. Ni mu buryo ki ibinyoma bishobora kugaragara ko ari ikigeragezo c’ukwizera kwacu?
16 Rimwe na rimwe, abamenyeshamakuru n’abategetsi b’isi barambika ibara igisata c’Imana, bakavuga ukutariko ivyo twizera vya gikirisu n’uburyo tubayeho. Ivyo ntibikwiye kudutangaza, kubera ko Yezu yerekanye neza yuko ‘isi yotwanse kubera ko tutari abayo.’ (Yohana 17:14) None tuzoreka abo bahumwe na Shetani ngo badutere ubwoba, batuvune umutima kandi batume twumva ko dufitiye isoni inkuru nziza? Mbega tuzoreka ibinyoma bavuga ku kuri bigabanye ukwitaba amakoraniro kwacu ubudahengeshanya hamwe n’umurimo wacu wo kwamamaza Ubwami? Canke tuzohagarara dushikamye, turinduke kandi twiyemeze kurusha ikindi gihe ico ari co cose kubandanya kwamamaza ukuri kwerekeye Yehova n’Ubwami bwiwe?
17. Ni igiki tuzi neza gishobora gutuma tubandanya kugaragaza ukwizera?
17 Nk’uko ubuhanuzi bwa Bibiliya bwarangutse buvyerekana, ubu tugeze kure mu gihe c’iherezo. Ivyo twitezwe bishingiye kuri Bibiliya vyerekeye isi nshasha y’ubugororotsi nta nkeka bigiye kuranguka bimwe biteye agahimbare. Igihe uwo musi utarashika, enda twese tugire ukwizera Ijambo ry’Imana kutanyiganyizwa kandi tugaragaze ukwizera kwacu mu kudatezura kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose. Twiyumvire ibihumbi vy’abigishwa bashasha babatizwa uko indwi itashe. Iyo none kuri twebwe si impamvu ihagije itwumvisha yuko ukwihangana Yehova yagize ntashitse urubanza rwiwe gushobora kuviramwo ubukiriro abandi bantu benshi? Ntitwuzura umunezero none kubona Imana yararetse umurimo ndokorabuzima wo kwamamaza Ubwami ukabandanya? Vyongeye, ntituri n’akanyamunza none kubona amamiliyoni y’abantu barakirije yompi ukuri bakaba bariko baragaragaza ukwizera bafise?
18. Wiyemeje iki ku vy’ugukorera Yehova?
18 Igihe ukugeragezwa kw’ubu kw’ukwizera kwacu kuzomara ntaco twovuga. Mugabo ikitokekwa co ni iki: Yehova ari n’umusi yashinze w’ukugira ico abaza amajuru n’isi vy’ubu vy’inkorakibi. Mu kurindira, nimuze twiyemeze kwigana ka gaciro k’agahebuza k’ukwizera kwageragejwe kerekanywe n’Umutunganyi w’ukwizera kwacu, ari we Yezu. Kandi nidukurikire akarorero ka ya masigarira agenda asaza y’abasizwe hamwe n’ak’abandi bo muri twebwe bakorana umutima rugabo.
19. Ni igiki ushobora kwemera ata gahigihigi ko kizotsinda iyi si?
19 Dukwiye kwiyemeza kumenyesha tudatezura ya nkuru nziza y’ibihe bidashira ku mahanga yose, ubwoko bwose, indimi zose n’ibisata vyose, dufadikanije na wa mumarayika agurukira hagati y’ijuru. Nitureke bumve iri tangazo rya nya mumarayika, ngo: “[Mutinye] Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse.” (Ivyahishuriwe 14:6, 7) None ukwo guca amateka kw’Imana nikwashitswa, bizogendera gute ka gaciro kageragejwe k’ukwizera kwacu? Ntizoba none intsinzi ihambaye—ukurokorwa mu vy’iyi si tukinjira mw’isi nshasha itunganye y’Imana? Turinze ibigerageza ukwizera kwacu, tuzoshobora kuvuga nk’ivyo intumwa Yohani yavuze, duti: ‘Iyi ni yo ntsinzi yatsinze isi, ukwizera kwacu.’—1 Yohana 5:4.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Nyakanga 1973, urupapuro rwa 528-535, n’uwo ku wa 1 Gitugutu 1973, urupapuro rwa 601-603.
b Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Gitugutu 1983, urupapuro rwa 27-31.
Woba Wibuka?
◻ Bishoboka bite ko ibigerageza ukwizera kwacu bishobora kuba impamvu y’umunezero?
◻ Ni ibigerageza ukwizera kwacu bimwebimwe ibihe bishobora kuba bitoroshe kumenya?
◻ Ni mu buryo ki dushobora kwunguka mu gihe twihanganiye ibigerageza ukwizera kwacu tukabitsinda?
[Amafoto ku rup. 17]
A. H. Macmillan (imbere, i bubamfu) imbere gato y’uko we hamwe n’abahagarikiye Watch Tower Society batabwa mu mvuto ku karenganyo
Yari yatumwe kw’iteraniro i Detroit, muri Michigan, mu 1928
Mu myaka yiwe ya nyuma, Umuvukanyi Macmillan yari akigaragaza ukwizera
[Ifoto ku rup. 18]
Nk’uko uwu muryango wabigize, Abakirisu benshi muri Afirika baragaragaje agaciro kageragejwe k’ukwizera