‘Ewe Yehova, nungerageze’
“ŪGERAGEZA imitima [ni] Uhoraho” (Imigani 17:3). Ivyo birakwiye guhumuriza umwumwe wese muri twebwe. Kubera iki? Kubera yuko Data wa twese wo mw’ijuru atameze nk’abantu baraba ku rukoba gusa, wewe ‘araba mu mutima’.—1 Samweli 16:7.
Mu vy’ukuri, na twebwe ubwacu ntidushobora gusuzuma neza imvo zishika ibwina zituma dukora ibintu be n’impengamiro zacu bwite. Kubera iki? Kubera ko “umutima [wacu wi]besha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?”. Imana yoyo irawuzi, kuko ivuga iti: “Jewe Uhoraho nsesa umutima, [‘ngasuzuma amafyigo’, NW]” (Yeremiya 17:9, 10). Mu vy’ukuri, Yehova aratahura “umutima”, ni ukuvuga imvo zishika ibwina zituma dukora ibintu, nk’uko nyene atahura “amafyigo”, ni ukuvuga ivyiyumviro vyacu be n’inyiyumvo zacu bigera kure.
Ni kubera iki tugeragezwa?
Ntibitangaje rero kubona Umwami Dawidi wo mu gihe ca kera yabwiye Imana ati: “Uhoraho, unsuzume, ungerageze, [“tyorora amafyigo yanje”, NW] n’umutima wanje” (Zaburi 26:2). Dawidi yoba yari atyoroye bimwe bishitse mu mvugo no mu ngiro ku buryo ata bwoba yogize hamwe vyoshitse Yehova akamugerageza? Haba n’intete! Cokimwe n’umwumwe wese muri twebwe, Dawidi yari umunyagasembwa kandi ntiyari ashoboye gukurikiza ata gahaze ingingo mfatirwako z’Imana. Kubera ubugoyagoye Dawidi yari afise, akatari gake yarakoze ivyaha bikomeye cane, ariko naho vyari vyifashe ukwo ‘yagenda afise umutima w’ukuri’ (1 Abami 9:4). Uti gute? Yaremera gukangirwa maze agahindura ingendo yiwe. Gutyo, yarerekanye ko akunda Yehova vy’ukuri. Yarihebera Imana aherejeko.
Tweho bite muri iki gihe? Yehova arazi yuko turi abanyagasembwa be n’uko twoshobora gucumura mu mvugo no mu ngiro. Ariko rero, ntatugenera ingendo y’ubuzima twokurikirana akoresheje ubushobozi bwiwe bwo kumenya imbere y’igihe ibizodushikira. Yaturemanye uburenganzira bwo kwihitiramwo mu bijanye no gukora ikibereye, kandi araha agaciro ubushobozi bwacu bwo kwihitiramwo, ubwo na bwo bukaba ari ingabire yaduhaye bivuye ku buntu bwiwe.
Naho ari ukwo, rimwe na rimwe Yehova hari ukuntu agerageza umuntu wacu w’imbere, ushizemwo n’imvo zituma dukora ibintu. Yoshobora kubigira mu gutuma haboneka uturyo twoshobora kugaragarizamwo ukuntu umutima wacu umeze. Yoshobora kandi kureka hakaba ibintu bitandukanye canke ingorane zitandukanye kugira ngo impengamiro zacu bwite zibonekeze. Ivyo biraturonsa akaryo ko kwerekana aho tugeza mu kwihebera Yehova no mu kuba intahemuka kuri we. Mwene ivyo bigeragezo Yehova areka bikadushikira vyoshobora kugaragaza agaciro k’ukwizera kwacu, bikerekana nimba turi ‘abanonosoye kandi tutagira agahonzi muri vyose, tudahajije mu kintu na kimwe’.—Yakobo 1:2-4, NW.
Ukuntu ukwizera kwigeze kugeragezwa mu gihe ca kera
Kuba imvo abasavyi ba Yehova bakorana ibintu be n’ukwizera kwabo bigeragezwa, si ivy’ubu. Rimbura ivyerekeye Aburahamu umwe sekuruza w’imiryango. Bibiliya ivuga iti: “Imana igeza Aburahamu” (Itanguriro 22:1). Igihe ayo majambo yavugwa, ukwizera Aburahamu yari afitiye Imana kwari kwaramaze kugeragezwa. Imyaka mirongo imbere y’aho, Yehova yari yarasavye Aburahamu kuva mu muryango wiwe mu gisagara gisagamvye c’i Uri, akaja mu gihugu atari azi (Itanguriro 11:31; Ivyakozwe n’intumwa 7:2-4). Aburahamu, uwushobora kuba yari afise inzu yiwe bwite yabamwo aho i Uri, nta hantu na hamwe yaguze ngo habe ahiwe bwite mu gihugu c’i Kanani, aho yabaye imyaka mirongo (Abaheburayo 11:9). Kubera ko Aburahamu yaza arimukanga, ivyo vyatuma we hamwe n’umuryango wiwe bashikirwa n’ingeramizi zimwezimwe nk’ikigoyi, utugwi tw’abitwaje ibirwanisho be n’abategetsi b’abapagani bo muri ako karere. Naho Aburahamu yashikiwe n’ivyo bintu vyose, ukwizera kwiwe kwaragaragaye ko ari ukw’agaciro ntangere.
Mu nyuma Yehova yaragerageje Aburahamu mu buryo bukomeye kuruta. Yamubwiye ati: “Enda jana umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda, Isaka, . . . [umutange] kw ikimazi co kwoswa” (Itanguriro 22:2). Aburahamu yabona ko Isaka ari umwana adasanzwe. Kari ko kana konyene Aburahamu yari yavyaranye na Sara umukenyezi wiwe. Isaka yari umwana w’isezerano, uno akaba yari we mwana wenyene Aburahamu yizigira ko “uruvyaro” rwa nya mwana rworazwe igihugu c’i Kanani kandi ko biciye kuri we abantu benshi bogize umugisha, nk’uko Imana yari yarabisezeranye. Mu vy’ukuri, Isaka yari we mwana Aburahamu yari yiteze kuronka kandi ni na we yari yavutse biciye ku gitangaro c’Imana!—Itanguriro 15:2-4, 7.
Iyumvire ukuntu bitegerezwa kuba vyaragoye Aburahamu gutahura iryo tegeko! Ubwo none Yehova yosavye ko umuntu atangwako ikimazi? Ni kubera iki Yehova yari yararetse Aburahamu akagira akanyamuneza ko kuronka umwana ageze mu zabukuru, maze mu nyuma akamusaba ko uwo mwana aba ari we nyene atangako ikimazia?
Naho Aburahamu ata nyishu zitomoye yaronse kuri ivyo bibazo, yaciye ayoboka adatebaganye. Vyamusavye kumara imisi itatu kugira ngo ashike ku musozi Yehova yari yahisemwo. Ashitseyo, yarubatse igicaniro maze agishirako inkwi. Ni ho rero haza hashika igihe c’agaheta c’ico kigeragezo. Aburahamu yaratoye imbugita yo gukerera umwana wiwe, mugabo hasigaye gatoyi ngo amukerere, Yehova yaciye amubuza abicishije ku mumarayika maze amubwira ati: “Noneho mmenye ko wubaha Imana, kuk’utanyimye umwana wawe, kand’ar’ikinege” (Itanguriro 22:3, 11, 12). Zirikana ku kuntu Aburahamu yumvise ahimbawe cane aho yumviye ayo majambo! Kuba Yehova yari yarahaye agaciro ukwizera kwa Aburahamu vyarumvikana (Itanguriro 15:5, 6). Aburahamu yaciye atanga ikimazi c’impfizi y’intama mu gishingo ca Isaka. Gutyo, Yehova yari yemeje ko imihango yasezeranye yerekeye uruvyaro rwa Aburahamu yorangutse ata kabuza. Ni ikintu cumvikana rero kubona Aburahamu yahavuye yitwa umukunzi wa Yehova.—Itanguriro 22:13-18; Yakobo 2:21-23.
Ukwizera kwacu na kwo nyene kurageragezwa
Twese turazi ko abasavyi b’Imana muri iki gihe ari ngombwa ngo bashikirwe n’ibigeragezo. Ariko ku bitwerekeye, ibigeragezo bivuye ku bintu Yehova areka bikadushikira bishobora kuba bikomeye kuruta ivyoterwa n’ivyo adusaba gukora.
Intumwa Paulo yanditse ati: “Abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa” (2 Timoteyo 3:12). Mwene ukwo guhamwa kwoshobora guturuka ku bo twigana, ku bagenzi, ku ncuti, ku babanyi, canke ku bategetsi babwiwe ibitari vyo ku bitwerekeye. Kwoshobora kubamwo ukugirirwa nabi ku mubiri canke biciye ku majambo, tutibagiye intambamyi umukirisu munaka ashobora kugira mu bijanye no kurondera ikimubeshaho. Abakirisu b’ukuri na bo nyene barashikirwa n’ingorane zishikira abantu bose, aho hakaba harimwo indwara, ukuvunika umutima be n’akarenganyo. Mwene izo ngorane zose ziragerageza ukwizera kw’umuntu.
Intumwa Petero yarashimitse ku vyiza umuntu aronka igihe ukwizera kwiwe kwageragejwe, ati: “Mubabazwa n’ibibagerageza vyinshi, . . . kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo” (1 Petero 1:6, 7). Ni vyo, ivyiza umuntu aronka igihe yageragejwe bigereranywa n’ugutyororwa kw’izahabu ivugutiwe mu muriro. Ico gikorwa co gutyorora izahabu gituma iyityoroye iboneka, imicafu na yo igashirwa ku ruhande. Ukwo ni ko bigenda ku bijanye n’ukwizera kwacu igihe turi mu bigeragezo.
Nk’akarorero, isanganya canke icago c’icaduka vyoshobora gutuma dushikirwa n’ibintu bigoye. Yamara rero, abafise ukwizera nyakuri ntibareka ngo barengerwe n’amaganya arenze urugero. Barahumurizwa n’aya majambo asubiriza umutima mu nda ya Yehova, agira ati: “Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta” (Abaheburayo 13:5). Baguma bashira imbere ivy’impwemu, bizigiye badakeka ko Yehova Imana azohezagira utwigoro bagira mu kubaronsa ivyo bakeneye koko. Ukwizera kwabo kurabazigama mu bihe bigoye kukongera kukabakingira ngo ntibunyure ukuntu ivyabo biba vyifashe mu guhagarika umutima bidakenewe.
Kuba ibigeragezo vyoshobora guhishura aho tugoyagoya mu kwizera kwacu na vyo nyene birashobora kutugirira akamaro igihe bitumye tubona ko dukeneye gufata ingingo tukagira ivyo dukosoye. Vyoba vyiza umuntu yibajije ati: ‘Noshobora gute gukomeza ukwizera kwanje? Noba nkeneye kumara umwanya wiyongereye ndimbura Ijambo ry’Imana ndabijanisha n’isengesho nkongera nkarizirikanako? Noba nungukira bimwe bishitse ku ntunganyo zijanye no kwitaba amakoraniro turi kumwe n’abo dusangiye ukwizera? Noba ndi nyamwigendako mu gihe mba nkwiye gutura Yehova Imana ibindaje ishinga mw’isengesho?’. Ariko rero, ukwisuzuma nk’ukwo ni intango gusa.
Kugira ngo umuntu akomeze ukwizera kwiwe vyoshobora gusaba ko yongerereza akayabagu afitiye ivy’impwemu, akerekana ko ‘acambirwa amata atavanze ya rya jambo’ (1 Petero 2:2, NW; Abaheburayo 5:12-14). Turakwiye kwihatira kuba abameze nka wa muntu umwanditsi wa Zaburi yadondoye ibimwerekeye, ati: “Ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe ni vyo [“asoma n’ijwi ritoyi”, NW] ku murango no mw ijoro”.—Zaburi 1:2.
Ivyo ntibisobanura gupfa gusoma Bibiliya gusa. Birahambaye ko tuzirikana ku vyo Ijambo ry’Imana ritubwira maze tugashira mu ngiro impanuro riduha (Yakobo 1:22-25). Ivyo bizotuma urukundo dukunda Imana rugwira, amasengesho yacu arushiriza kuba ayadomako n’ayavuye ku mutima, ukwizera tuyifitiye na kwo gukomere.
Agaciro k’ukwizera kwageragejwe
Kuba dutahura yuko ukwizera ari ikintu ntahara kugira ngo twemerwe n’Imana ni imvo ikomeye yotuma tugukomeza. Bibiliya itwibutsa iti: “Ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera” (Abaheburayo 11:6). Ni co gituma dukwiye kwumva tumerewe nka kumwe kwa wa mugabo yinginze Yezu ati: “Mfasha aho mbuze ukwizera!”.—Mariko 9:24, NW.
Ibigerageza ukwizera kwacu birashobora kandi gufasha abandi. Nk’akarorero, igihe umukirisu abuze uwiwe, kuba yizera cane umuhango Imana yatanze werekeye izuka biramukomeza. Aragira intuntu, yamara “[ntababara] nka ba bandi badafise ivyizigiro” (1 Tesalonike 4:13, 14). Abandi bitegereza ububasha bukomeza buva ku kwizera kw’uwo mukirisu, boshobora kubona ko afise ikintu c’agaciro koko. Ivyo vyoshobora kuvyura mu mitima yabo icipfuzo co kugira ukwizera nk’uko, bigatuma biga ivyerekeye Ijambo ry’Imana maze bakaba abigishwa ba Yezu Kristu.
Yehova arazi yuko ukwizera kugeragejwe ari ikintu c’agaciro kanini. Ikigeretseko, ibigerageza ukwizera biradushoboza kubona niba ukwizera kwacu gufise ububasha vy’ukuri bukomeza. Biradufasha kubona aho tugoyagoya mu kwizera kwacu, bikadushoboza kugira ivyo dukosoye. Ubwa nyuma, igihe tuvyifashemwo neza mu bigeragezo, ivyo vyoshobora gufasha abandi bakaba abigishwa ba Yezu. Ku bw’ivyo rero, ese twokora uko dushobora kwose kugira ngo tugumane ukwizera gukomeye, kwa kwizera iyo guciye mu bikugerageza bitandukanye “[guheza kukaboneka] kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo”!—1 Petero 1:7.
[Akajambo k’epfo]
a Niba Ushaka kumenya ico gutanga Isaka kw’“ikimazi” vyagereranya, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Mukakaro 1989, urupapuro rwa 22.
[Ifoto ku rup. 13]
Ibikorwa biranga ukwizera Aburahamu yaranguye vyatumye aba umukunzi wa Yehova
[Amafoto ku rup. 15]
Ibigeragezo birashobora kwerekana ko ukwizera kwacu gufise ububasha bukomeza vy’ukuri
[Abo dukesha ifoto ku rup. 12]
Vyakuwe mu gitabu Illustrated Edition of the Holy Scriptures canditswe na Cassell, Petter, & Galpin