ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/6 rup. 10-15
  • Ukwizera kw’Abakirisu Kuzogeragezwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwizera kw’Abakirisu Kuzogeragezwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Kuki Ukwizera Kugeragezwa?
  • Ukwizera Kwarageragejwe ku Vyerekeye Umwaka w’1914
  • Ingene Bavyifashemwo mu Bigeragezo Ico Igihe
  • Agaciro k’Ukwizera Kwawe—Ubu Karageragezwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Haraciye imyaka ijana kuva mu 1914
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Ubwami bw’Imana buvuka mw’ijuru
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Uburyo twamamaza—Turakoresha uburyo bwose ngo inkuru nziza ishikire abantu
    Ubwami bw’Imana buraganza!
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/6 rup. 10-15

Ukwizera kw’Abakirisu Kuzogeragezwa

“Ukwizera, [ntigu]fiswe na bose.”—2 AB’I TESALONIKE 3:2.

1. Ivyabaye vyerekanye gute yuko atari bose bafise ukwizera nyakuri?

KUVA kera harabayeho abagabo, abagore hamwe n’abana bari bafise ukwizera nyakuri. Iyo ndondozi ngo “nyakuri” irakwiriye kubera ko hari amamiliyoni y’abandi bagaragaje ukwizera kumeze nk’ugupfa kwemera ikintu ata shingiro rikomeye canke impamvu ikomye umuntu afise. Ukwizera mwene ukwo kenshi na kenshi kwagiye kubamwo ivy’ugusenga ibigirwamana, canke imero z’ivy’ugusenga usanga zidahuje na Musumbavyose Yehova hamwe n’Ijambo ryiwe ryahishuwe. Ni co gituma intumwa Paulo yanditse ati: “Ukwizera [ntigu]fiswe na bose.”—2 Ab’i Tesalonike 3:2.

2. Ni kuki ari ikintu gihambaye yuko dusuzuma ukwizera kwacu bwite?

2 Ariko amajambo Paulo yavuze yerekana ko ico gihe hari abari bafise koko ukwizera nyakuri, no muri iki gihe rero hakaba hariho abagufise. Hafi ya bose mu basoma iki kinyamakuru baripfuza kugira ukwizera nyakuri mwene ukwo no kukwongereza—kukaba ari ukwizera kujanye n’ubumenyi nyakuri bwerekeye ukuri kuva ku Mana. (Yohana 18:37; Abaheburayo 11:6) Ivyo vyoba ari ko bimeze kuri wewe? Birakenewe rero ko umenya ivy’uko ukwizera kwawe kuzogeragezwa, kandi ukavyitegurira. Ivyo dushobora kubivuga kubera iki?

3, 4. Ni kuki dukwiye kurabira kuri Yezu ku vyerekeye ibigerageza ukwizera?

3 Dukwiye kwemera ko Yezu Kirisitu ari we shimikiro ry’ukwizera kwacu. Bibiliya ivuga koko yuko ari we Mutunganyi w’ukwizera kwacu. Ibivuga kubera ivyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze, canecane ukuntu yashikije ubuhanuzi. Yarakomeje ishimikiro abantu bashobora gushingirako ukwizera nyakuri. (Abaheburayo 12:2; Ivyahishuriwe 1:1, 2) Mugabo, dusoma yuko Yezu “[ya]geragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.” (Abaheburayo 4:15) Ego ni ko, ukwizera kwa Yezu kwarageragejwe. Hakutuvuna intege canke ngo bitume tugira ubwoba, ivyo bikwiye kuduhumuriza.

4 Biciye mu gushikirwa n’amakuba akomeye gushika mbere no ku rupfu rwo ku giti c’ukubabarizwako, Yezu ‘yarize ukugamburuka.’ (Abaheburayo 5:8) Yaratanze igihinyuza c’uko abantu bashobora kubaho bisunga ukwizera nyakuri naho boshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute. Ivyo biragira insobanuro vyisangije iyo dukubitije agatima mpembero ku vyo Yezu yabwiye abayoboke biwe, ati: “Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’Umushumba ntaruta shebuja.” (Yohana 15:20) Kukaba nkako, ku vyerekeye abayoboke biwe muri iki gihe cacu, Yezu yabuye ati: “Muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.”—Matayo 24:9.

5. Ivyanditswe vyerekana gute yuko tuzohangana n’ibigeragezo?

5 Mu ntango y’iki kinjana, ugucirwa urubanza kwaratanguriye ku nzu y’Imana. Ivyanditswe vyari vyarabuye biti: “Igihe [kira]shitse c’uk’urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana: none ko rutanguriye kuri twebge, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Imana rizomera rite? Kandi k’umugororotsi akizwa agarukiye ku manga, ūtubaha Imana n’umunyavyaha bazoboneka hehe?”—1 Petero 4:17, 18.

Ni Kuki Ukwizera Kugeragezwa?

6. Ni kuki ukwizera kugeragejwe ari ikintu c’agaciro ntangere?

6 Mu nsobanuro imwe, ukwizera kutageragejwe ntikuba gufise agaciro kagaragaye, kandi kamere yakwo iguma ari akatazwi. Wokugereranya n’isheki itarakirirwa amahera. Ushobora kuba wararonse isheki baguhereye akazi wakoze, ibidandazwa wagurishije, canke mbere ukayironka bwa ngabirano. Iyo sheki ishobora kuba isa n’iy’agaciro. Ariko ubwo iba igafise? Ubwo mu vy’ukuri yoba iciye igitigiri c’amahera canditswe kuri yo? N’ukwizera kwacu nyene gutegerezwa kutaba gusa ari kurya kuboneka canke ukwo twibwira ko dufise. Gutegerezwa kugeragezwa niba dushaka guhinyuza ko kuri n’ico kuvuze kandi ko gufise kamere nyayo. Iyo ukwizera kwacu kugeragejwe, dushobora gusanga gukomeye kandi gufise agaciro. Ikigeragezo gishobora kandi guhishura imice iyo ari yo yose ukwizera kwacu gukeneye gukurwamwo inkamba cabure gukomezwa.

7, 8. Ibigerageza ukwizera kwacu biva hehe?

7 Imana irarekura uruhamo n’ibindi bigerageza ukwizera bikadushikako. Dusoma ngo: ‘Umuntu niyageragezwa yoye kuvuga ngo Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha.’ (Yakobo 1:13) Amakuba mwene ayo adushikako ava kuri nde canke ku ki? Ni kuri Shetani, isi hamwe n’umubiri wacu w’umunyagasembwa.

8 Turashobora kwemera ko Shetani ari n’akosho gakomeye kuri iyi si, ku kwiyumvira kwayo no ku nzira zayo. (1 Yohana 5:19) Kandi, kumbure twoba tuzi yuko avyurira uruhamo Abakirisu. (Ivyahishuriwe 12:17) Ariko twoba kandi twaranyuzwe twese yuko Shetani agerageza kutuyovya mu gukwegēra umubiri wacu w’umunyagasembwa, akarekereza imbere yacu ibikwegakwega vy’isi yizigiye ko tumiramitwa tukabifatako, tukagambararira Imana, hanyuma amaherezo ntidushimwe na Yehova? Birumvikana, ubuhinga Shetani akoresha ntibukwiye kudutangaza, kuko yakoresheje amayeri nk’ayo nyene igihe yagerageza kuryosharyosha Yezu.—Matayo 4:1-11.

9. Dushobora gute kwungukira ku turorero tw’ukwizera?

9 Biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishengero rya gikirisu, Yehova arashira imbere yacu uburorero bwiza bw’ukwizera dushobora kwigana. Paulo yadukebuye ati: “Bene Data, munyigāne, mwitegereze abagenda batwīgāna, nk’uko mudufisekw icitegererezo.” (Ab’i Filipi 3:17) Kubera ko Paulo yari umwe mu basuku b’Imana basizwe bo mu kinjana ca mbere, yabaye intatangwa mu vy’ukurangura ibikorwa vy’ukwizera naho yaciye mu makuba akomeye. Ubu mu mpera z’ikinjana ca 20, ntitubuze uturorero dusa n’utwo mu vy’ukwizera. Amajambo ari mu Baheburayo 13:7 arakora n’ubushobozi bwinshi nk’uko vyari mu gihe Paulo yayandika: ‘Mwibuke ababaja imbere bababwira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo.’

10. Ni uturorero utuhe dufise duhebuje tw’ukwizera two mu bihe biheze?

10 Iyo nkeburo irafise ubushobozi budasanzwe iyo turimbuye ingene inyifato y’amasigarira y’abasizwe yagenze. Turashobora kwitegereza akarorero kabo hanyuma tukigana ukwizera kwabo. Ukwizera kwabo ni ukwizera nyakuri kwakuwemwo inkamba biciye ku makuba. Naho ubuvukanyi bwa gikirisu bwo kw’isi yose bwatanguye bugizwe na bake mu myaka y’1870, bwaratsimbataye. Ivyamutse ku kwizera n’ukwihangana kw’abasizwe kuva ico gihe no kubandanya, ni uko gushika ubu Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni zitanu n’igice bariko baramamaza bongera bigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ishengero ry’abasenga b’ukuri b’abanyamwete rihari muri iki gihe ku mubumbe wose ni ikimenyamenya gikomeye c’ukwizera kwageragejwe.—Tito 2:14.

Ukwizera Kwarageragejwe ku Vyerekeye Umwaka w’1914

11. Umwaka w’1914 wari ufise ico uvuze gute kuri C. T. Russell n’abari bafadikanije na we?

11 Hagisigaye imyaka ngo intambara ya mbere y’isi yose yaduke, ayo masigarira y’abasizwe baratangaje ko umwaka w’1914 wobaye itariki iri n’ico ivuze mu buhanuzi bwa Bibiliya. Ariko rero, hari ibintu bimwebimwe bari biteze hataragera, kandi uburyo babona ko ibintu vyobaye ntikwari kubuzemwo udukosa. Nk’akarorero, C. T. Russell, perezida wa mbere wa Watch Tower Society, hamwe n’abamufasha barashobora kubona yuko igikorwa amahero c’ukwamamaza Ubwami cari gikenewe. Basomye ibi: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kiber[a] icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) None uwo mugwi wabo wasa na muto ivyo wari gushobora kubikora ute?

12. Umwe mu bari bafadikanije na Russell yakiriye gute ukuri kwa Bibiliya?

12 Rimbura ingene ivyo vyagize ico bikora kuri A. H. Macmillan, uwari afadikanije na Russell. Macmillan, uwavukiye muri Kanada, ntiyaribwashikane imyaka 20 y’amavuka igihe yaronka igitabu ca Russell citwa Divin plan des âges (1886, mu Congereza). (Ico gitabu cahindutse Imbumbe ya 1 y’igitabu Étude des Écritures cakwiragijwe cane. Imbumbe ya 2 yitwa The Time Is at Hand [1889, mu Congereza], yaradomye urutoke ku mwaka w’1914 ko wari iherezo ry’ “ibihe vy’abanyamahanga.” [Luka 21:24]) Muri iryo joro nyene Macmillan yatangura kugisoma, yiyumviriye ati: “Emwe, uku umenga ni ukuri.” Mu ci ryo mu 1900, yarahuye na Russell kw’iteraniro ry’Abatohoji ba Bibiliya, nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Bidatevye Macmillan yarabatijwe hanyuma atangura gukorana n’Umuvukanyi Russell ku biro bikuru vya Sosayiti mu gisagara ca New York.

13. Ni ingorane iyihe Macmillan hamwe n’abandi babona ku vyerekeye iranguka rya Matayo 24:14?

13 Bishimikije ugusoma Bibiliya kwabo, abo Bakirisu basizwe baradomye urutoke ku mwaka w’1914 ko hobaye ihinduka rifise ico rivuze mu mugambi w’Imana. Mugabo Macmillan n’abandi baribaza ingene ukwamamaza Ubwami ku mahanga kwari kwaravuzwe muri Matayo 24:14 kwari gushobora kurangurwa muri ico gihe gito cari gisigaye. Mu nyuma yavuze ati: “Ndibuka igihe ivyo twabiganira n’Umuvukanyi Russell incuro nyinshi, na we akavuga ati: ‘Urabona, muvukanyi, aha nyene muri New York dufise Abayuda benshi gusumba abari muri Yeruzalemu. Ngaha dufise abanya Irlande benshi gusumba abari i Dublin. Kandi dufise Abataliyano benshi gusumba abari i Roma. None rero, mu gihe twokwamamaza ubutumwa ku bari ngaha, tuzoba tubwamamaje ku bari kw’isi yose.’ Ariko ivyo ntivyashoboye gutuma twumva ko tunyuzwe. Niho rero twiyumvira ivya ya ‘Daramu y’Amafoto.’ ”

14. Imbere y’1914, ni umugambi uwuhe wibonekeje waviriwe hasi?

14 Ese ingene iyo “Daramu y’Amafoto y’ivy’Irema” cari ikintu c’akataraboneka! Yarimwo amasenema hamwe n’amadiyapozitive, bikajaniranywa n’insiguro zishingiye kuri Bibiliya hamwe n’umuziki vyafashwe ku makaseti y’icuma ndekuramajwi. Mu 1913, Umunara w’Inderetsi waravuze ivyerekeye iteraniro ryabereye i Arkansas, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika uti: “Vyaremejwe na bose yuko igihe cari kigeze c’uko hakoreshwa amasenema mu kwigisha ukuri kwa Bibiliya. . . . [Russell] yasiguye yuko uwo mugambi nyene yari awumazeko imyaka itatu kandi ko ico gihe yari afise amasanamu aryoheye ijisho ashika ku majana yari hafi kurangira, akaba ata mazinda yuko azoshimisha amasinzi menshi kandi akamamaza Injili, vyongeye [yofashije] abantu bagaruka ku kwizera Imana.”

15. Ya “Daramu y’Amafoto” yashitse ku bintu nyabaki?

15 Emwe, iyo “Daramu y’Amafoto” yagize ico kintu nyene, inyuma y’aho bayerekaniye ubwa mbere muri Nzero 1914. Raba amaraporo yatanzwe n’Umunara w’Inderetsi wo mu 1914:

Uwo ku wa 1 Ndamukiza: “Umukuru mu vy’idini umwe amaze kuraba ibice bibiri, yavuze ati: ‘Maze kubona gusa igice c’iyo DARAMU Y’AMAFOTO Y’IVY’IREMA, ariko nkaba maze kuyigirako vyinshi ku vyerekeye Bibiliya gusumba ivyo nize mu cigwa nahawe mu myaka itatu namaze mw’iseminari y’ivya tewolojiya.’ Umuyahudi umwe amaze kuyiraba yavuze ati: ‘Nsohotse ndi Umuyahudi mwiza gusumba igihe ninjira.’ Abapadiri n’ababikira b’Abagatolika batari bake baraje kuraba iyo DARAMU hanyuma baragaragaza ugushima kwinshi. . . . Ibihimba cumi na bibiri vyonyene vy’iyo DARAMU ni vyo bimaze kurangira . . . Mugabo rero, turamaze gushikira ibisagara mirongo itatu na kimwe kandi tuka turiko turabifasha . . . Abarenga ibihumbi mirongo itatu na bitanu ku musi bararaba, bakumviriza, bakikugura, bakiyumvira kandi bagahundwa imigisha.”

Uwo ku wa 15 Ruheshi: “Ayo mashusho yatumye ngira umwete gusumba mu vy’ugukwiragiza Ukuri, kandi yarongereje urukundo mfitiye Data wo mw’Ijuru n’umwe Mfura yacu mukundwa Yezu. Imisi yose ndasaba Imana ngo ihezagire cane bihebuje iyo DARAMU Y’AMAFOTO Y’IVY’IREMA, ihezagire n’ibikorwa vyose kugira ngo yerekanwe . . . Ndi umusuku wanyu muri We, F. W. KNOCHE.—Iowa.”

Uwo ku wa 15 Mukakaro: “Turanezerejwe no kubona ingene ayo mafoto yasize ugushimishwa kwiza muri iki gisagara, kandi twumva ata mazinda dufise yuko ukwo gushingira intahe isi kuriko kandi kurakoreshwa kugira hatororokanywe abenshi batanga ikimenyamenya c’uko ari ibintu vy’agaciro Umukama ubwiwe yitoreye. Turazi igitigiri kitari gito c’abatohoji ba Bibiliya b’ubwira ubu bifatanije n’Umugwi w’aha iwacu tubikesheje igikorwa c’iyo Daramu y’Amafoto. . . . Mushiki wanyu mu Mukama, EMMA L. BRICKER.”

Uwo ku wa 15 Munyonyo: “Turazi neza ko mwogira akanyamuneza ko kwumva intahe nziza iriko irashingwa biciye kuri DARAMU Y’AMAFOTO Y’IVY’IREMA ku nzu y’Utugenegene y’i Londere, i Kingsway mu Bwongereza. Ukuboko kuyobora kw’Umukama kwaragaragaye vy’igitangaza cane mu kantu kose k’iryo yerekanwa, ku buryo abavukanyi banezerewe cane . . . Abari baje kurorera bari abo mu migwi yose no mu moko yose y’abantu; twarabonye abakuru b’amadini benshi mu bariko bararorera. Umukuru umwe . . . yarasavye amatike kugira ngo we hamwe n’umutambukanyi wiwe bashobore gusubira kuza kuyiraba. Umukuru umwe w’Isengero ryo mu Bwongereza yararorereye iyo DARAMU incuro zitari nke, kandi . . . arazana abagenzi biwe benshi ngo bayibonere. Abasenyeri babiri na bo nyene ni ho bari bari, hamwe n’abanyacubahiro batari bake.”

Uwo ku wa 1 Kigarama: “Jewe n’umugore wanje vy’ukuri turashimira Data wo mw’Ijuru ku bw’umugisha uhambaye kandi w’igiciro ntangere yaduhaye biciye kuri wewe [Muvukanyi Russell]. Ni ya DARAMU Y’AMAFOTO yawe iryoheye ijisho yatumye tubona kandi tukemera Ukuri . . . Turafise imbumbe zawe zitandatu z’ibitabu ÉTUDE DES ÉCRITURES. Ziradufasha cane.”

Ingene Bavyifashemwo mu Bigeragezo Ico Igihe

16. Ni kuki umwaka w’1914 wazanye ikigeragezo c’ukwizera?

16 Vyagenze gute none igihe abo Bakirisu batagira uburyarya kandi b’intahemuka basanga ivyo bari biteze vy’ukwifatanya n’Umukama mu 1914 bitarangutse? Abo basizwe baraciye mu kiringo c’amakuba bimwe bidasanzwe. Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 1 Munyonyo 1914 wavuze uti: “Nitwibuke ko turi mu kiringo c’igeragezwa.” Kuri ivyo, igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu (1993) kivuga giti: “Imyaka yo kuva mu 1914 gushika 1918 yarabonetse koko yuko ari ‘ikiringo c’igeragezwa’ ku Batohoji ba Bibiliya.” Boretse none ukwizera kwabo kugakurwamwo inkamba n’ukwiyumvira kwabo kukabogorwa ku buryo boshoboye kuvira hasi igikorwa amahero cari imbere yabo?

17. Abasizwe b’abizerwa bakiriye gute ivy’uko bagumye kw’isi inyuma y’umwaka w’1914?

17 Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 1 Nyakanga 1916 wavuze uti: “[Ico gihe] twiyumvira yuko igikorwa c’Iyimbura ry’ugutororokanya Ishengero [abasizwe] corangiye imbere y’iherezo rya vya Bihe vy’Abanyamahanga; mugabo nta kintu na kimwe muri Bibiliya cavuga ukwo. . . . Twoba none twicuza kubera ko igikorwa c’Iyimbura kibandanya? . . . Inyifato dufise ubu, yemwe benewacu bakundwa, ikwiye kuba iy’ugukengurukira cane Imana, tukarushiriza gushima kwa Kuri kw’akaroruhore yaduteye iteka ryo kubona no kwitirirwa, tukongereza n’umwete wo gufasha abandi ngo bamenye ukwo Kuri.” Ukwizera kwabo kwarahuye n’ikigeragezo, yamara barahanganye n’ico kigeragezo baratsinda. Ariko twebwe Abakirisu dukwiye kumenya ko ibigerageza ukwizera bishobora kuba vyinshi kandi binyuranye.

18, 19. Ni ibigerageza ukwizera bindi ibihe vyakurikiye, abasavyi b’Imana bahanganye na vyo bidatevye inyuma y’aho Umuvukanyi Russell apfiriye?

18 Nk’akarorero, hari ikigeragezo kimeze ukundi cashikiye ayo masigarira inyuma gato y’aho Umuvukanyi Charles T. Russell apfiriye. Ico cari ikigeragezo c’ukudahemuka n’ukwizera bafise. Ni nde yari wa ‘mushumba w’umwizerwa’ avugwa muri Matayo 24:45? Bamwe biyumvira ko yari Umuvukanyi Russell ubwiwe, baca barasigaho gufadikanya n’indinganizo nshasha z’ivy’ishirahamwe. Niba Umuvukanyi Russell ari we yari wa mushumba, none abavukanyi bari kubigenza gute ko yari yapfuye? Mbega bokurikiye umuntu munaka agenywe bushasha, canke cari kibaye igihe c’ukwemera icese ko Yehova atariko akoresha umuntu umwe gusa, ahubwo ko yariko akoresha umugwi muzima w’Abakirisu bwa gikoresho cabure bwa mugwi w’umushumba?

19 Hari ikindi kigeragezo cashikiye Abakirisu b’ukuri mu 1918 igihe abakuru b’isi bahindagizwa n’indongozi z’Abitwa Abakirisu bakadendekeranya ‘ivy’ukugirira nabi [ishirahamwe rya Yehova] hakoreshejwe amategeko.’ (Zaburi 94:20) Intureka y’uruhamo rukaze yaravyuwe ku Batohoji ba Bibiliya muri Amerika y’Uburaruko n’i Buraya. Ukurwanywa gutewe n’indongozi z’amadini kwabaye agaheta kw’igenekerezo ry’7 Rusama 1918, igihe amakomvokasiyo avuye mu biro bikuru vya Reta Zunze Ubumwe yasohorwa, akaba yari ay’ugufata J. F. Rutherford n’abafasha biwe bamwegereye batari bake, harimwo na A. H. Macmillan. Babarementanirije ivy’uko ngo ari abagumutsi hanyuma abategetsi barirengagiza ukwiregura kwabo.

20, 21. Nk’uko vyari vyarabuwe muri Malaki 3:1-3, ni umurimo uwuhe wakozwe mu basizwe?

20 Naho bitamenyekanye ko ari ko biri ico gihe, hariko haraba igikorwa c’ityorora nk’uko bidondowe muri Malaki 3:1-3: “Ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’azoserukira? Kuk[o intumwa y’isezerano] ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi. Kand’azovyagira nk’uwicaye avugutira ifeza akayimaramw’inkamba: kand’abahungu ba Lewi azobamaramw’inkamba, abatunganye nk’uko batunganya izahabu n’ifeza; maze bazoshikanira Uhoraho amashikanwa mu bugororotsi.”

21 Igihe Intambara ya I y’Isi Yose yari igiye guhera, bamwebamwe mu Batohoji ba Bibiliya barahanganye n’ikindi kigeragezo c’ukwizera—na co cari icogaragaje niba bogumije ukwitaramura kwibonekeje rwose mu vya gisirikare vy’iyi si canke ko batokugumije. (Yohana 17:16; 18:36) Bamwe ntibakugumije. Nuko rero mu 1918, Yehova yararungitse nya “ntumwa y’isezerano,” Kirisitu Yezu, ku vyaringanijwe vyerekeye urusengero rwiwe rw’ivy’impwemu kugira ngo atyorore uwo mugwi muto w’abamusenga awukize ubwandure bwo muri iyi si. Abari biyemeje kugaragaza ukwizera nyakuri barakuye icigwa ku vyabashikiye hanyuma batera imbere nk’umuzinga, babandanya kwamamaza inkuru nziza n’umwete.

22. Ni igiki dusigaje kwihwezwa ku vyerekeye ibigerageza ukwizera?

22 Ivyo duhejeje kwihweza si ibintu bishimishije vyahise gusa. Birafitaniye isano rya hafi n’uburyo ishengero rya Yehova ryo muri iki gihe ryo kw’isi yose rimerewe mu vy’impwemu. Ariko nimuze twihweze mu kiganiro gikurikira ibigeragezo bimwebimwe vy’ukwizera abasavyi b’Imana bahanganye na vyo muri iki gihe, twongere turabe ukugene twoshobora kubitsinda ntibidutsinde.

Woba Wibuka?

◻ Ni kuki abasavyi ba Yehova bakwiye kwitega yuko ukwizera kwabo kuzogeragezwa?

◻ Ni utwigoro nyabaki twariko turagirwa imbere y’1914 mu vy’ugukwiragiza ubutumwa bw’Imana?

◻ “Idaramu y’Amafoto” yari iki, kandi yashitse ku biki?

◻ Ivyabaye mu kiringo co mu 1914 gushika mu 1918 vyagerageje gute abasizwe?

[Ifoto ku rup. 12]

Amaja mu mpera z’ikinjana ca 19 no mu ntango z’ikinjana ca 20, abantu bo mu bihugu vyinshi bariko bariga Bibiliya babifashijwemwo n’urukurakuranwe rw’ibitabu vyitwa “L’Aurore du Millénium,” mu nyuma biza kwitwa “Étude des Écritures”

[Ifoto ku rup. 13]

Ikete ryandiswe na C. T. Russell, hamwe n’amajambo y’intangamarara ku bw’ifatamajwi, akavuga ati: “ ‘Daramu y’Amafoto y’ivy’Irema’ ishikirizwa na IBSA [Ishirahamwe Mpuzamahanga ry’Abatohoji ba Bibiliya]. Intumbero yayo ni ukwigisha abantu hakoreshejwe idini na siyansi, no kuvugira Bibiliya”

[Ifoto ku rup. 15]

Demetrius Papageorge yaragize ingendo yerekana ya “Daramu y’Amafoto y’ivy’Irema.” Mu nyuma yaratawe mu mvuto azize ukwitaramura kwiwe kwa gikirisu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika