ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/7 rup. 13-16
  • Dutegekanye Hakiri Kare Kazoza k’Abacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dutegekanye Hakiri Kare Kazoza k’Abacu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Kuki Twokwiyumvira Ivy’Urupfu?
  • Ukunyagwa Ibisigi
  • ‘Bompi Bazoba Umubiri Umwe’
  • Imigenzo Ijanye n’Amaziko
  • Gufata Imigambi mu vy’Ubutungane
  • Kuganira Ivyo Bintu n’Umuryango
  • Kingira Umuryango Wawe
  • Ukuntu Abakirisu Babona Imigenzo Ijanye n’Urupfu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Ingene mwohimbarwa mu rugo
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Uburyo bwo Gutunganirwa mu Rugo
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Umunega Yihesha Icubahiro vy’Ukuri
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/7 rup. 13-16

Dutegekanye Hakiri Kare Kazoza k’Abacu

INKURU ibabaje yashikiye Annie iherutse gusohoka mu kinyamakuru kimwe co muri Afirika. Umugabo wa Annie yari umudandaza. Yapfuye mu 1995, asiga imiduga 15, amakonte nk’angahe y’amafaranga muri banki; asiga nk’amafaranga y’amarundi abona 2 000 000; asiga iduka; ibara; n’inzu nini. Ico atari yagize ni ugusiga abiraze.

Iyo nkuru ivuga yuko muramu wa Annie yafashe urwo rupangu na nya mahera agirako asohora uwo mugore n’abana biwe batandatu mu nzu yabo. Kubera ko bari basigaye bifumbereje, ubu uwo mugore aba kwa musazawe n’abana biwe. Bane muri abo bana bategerejwe kuva mw’ishure, kubera ko ata mahera y’ishure bafise canke ya niforome.

Annie yagiye kwitwara muri sentare nkuru, iyo sentare ifata ingingo y’uko akwiye guhabwa kuri ivyo bisigi, agahabwa n’umuduga. Mugabo nta na kimwe yasubijwe. Ategerezwa rero gusubira muri sentare kurondera urwandiko rutegeka uwo muramuwe gukurikiza ingingo yafashwe na sentare nkuru.

Ni Kuki Twokwiyumvira Ivy’Urupfu?

Iyo nkuru y’ivyashikiye Annie irerekana ivyoshobora gushika mu gihe serugo adategekanirije ivy’uko ashobora gupfa. Igihe bapfuye, abantu bose “[ba]sigarana abandi ubutunzi bgabo.” (Zaburi 49:10) Ikindi kandi, abapfuye nta bubasha bagira ku kuntu amatungo yabo asigara arakoreshwa. (Umusiguzi 9:5, 10) Kugira ngo umuntu agire ijambo mu bizoshikira ivyo atunze, ategerezwa gutunganya ibintu imbere y’uko apfa.

Naho twese tuzi ko dushobora gupfa giturumbuka, hari abantu benshi bananirwa kugira ivyo bategekanya imbere y’igihe, ku bw’ababo bazosigara. Naho iki kiganiro cacu kiza kwibanda canecane ku mico kama imwimwe y’abantu bo muri Afirika, ingorane nk’izo ziriho no mu yindi mihingo y’isi.

Ivyo gupanga ukuntu ivyawe vyogabanganwa mu gihe wopfa, ni ikintu kikuraba ubwawe. (Ab’i Galatiya 6:5) Yamara, hari uwobaza ati: ‘Ni kuki umuntu akiri muzima yoba akunda kandi akanabungabunga umugore wiwe n’abana ariko ntihagire ikintu abategekaniriza kugira ngo bazosigare bamerewe neza mu gihe yopfa?’ Impamvu nkuru ni uko benshi muri twebwe tudashima kwiyumvira ivy’uko twoshobora gupfa, gutegekaniriza urupfu vyo ntuvuge. Mu vy’ukuri, ntidushobora kumenya imbere y’igihe umusi tuzopfirako, nk’uko Bibiliya ivuga iti: “[Ntimuzi] ibizoba ejo. Ubuzima bwanyu bumeze bute? Muri umwuka uboneka umwanya, ugahava uyonga.”—Yakobo 4:14, Ubwuzure Bushasha.

Gutegekaniriza ivy’uko dushobora gupfa ni ngirakimazi. Birerekana kandi ko tubabaye abazosigara. Mu gihe tudatunganije ivyacu, abandi bazobitunganya. Kumbure abantu tutigeze tumenya ni bo bazofata ingingo ku vyo twari dutunze hamwe n’ivy’amaziko yacu. Mu bihugu bimwebimwe iyo ibintu vyifashe mwene ukwo, Leta irafata ingingo y’uwuzoshikira amahera yacu n’ivyo dusize. Mu yindi mihingo, incuti ni zo zifata ingingo, kandi izo ngingo kenshi ugasanga zijana n’amaruru atuma mu muryango hakomera inzika. Vyongeye, ingingo zifatwa n’abandi zishobora kuba ari izitandukanye n’ivyo twashaka.

Ukunyagwa Ibisigi

Umupfakazi asigaye ni we canecane ahabonera iyo umugabo wiwe apfuye. Turetse intuntu y’uko aba abuze umunega wiwe, kenshi arakunda kunyagwa ibisigi. Ivyo biragaragarira ku vyashikiye Annie twavuze mu ntango y’iki kiganiro. Ku ruhande rumwe, impamvu ituma ibisigi binyagwa irafitaniye isano n’ukuntu abagore baba babonwa. Mu mico kama imwimwe, umugore w’umuntu ntafatwa nk’uwuri mu bagize umuryango. Hari ukuntu abonwa nk’uwo batazi ashobora gusubira iwabo canke kwongera kwabirwa mu wundi muryango igihe ico ari co cose. Ahubwo biyumvira ngo: benewabo n’umugabo, bashikiwe n’abavyeyi biwe ntibazokwigera bamuta. Aramutse apfuye, umuryango wiwe wiyumvira ko ivyo yari atunze ari ivyabo, atari ivy’umugore wiwe n’abana biwe.

Abagabo badasangira ibanga n’abagore babo baba bariko barakomeza ukwiyumvira mwene ukwo. Uwitwa Mike yabwira ivy’urudandaza rwiwe benewabo gusa. Bari bazi amatungo afise uko angana, ariko umugore wiwe nta kintu kinini yari abiziko. Aho Mike apfiriye, abo benewabo baraje kuri uwo mupfakazi kumwaka amahera umugabo wiwe yari ateze ku wari amufitiye umwenda. Ivyo nta n’ivyo uwo mugore yari azi. Mu nyuma baratwaye imashini za fotokopi n’izo kwandika umugabo wiwe yari yaramuguriye. Mu nyuma abo benewabo bahavuye bafata inzu n’ivyari muri yo vyose. Uwo mupfakazi n’agakobwa kiwe bategerejwe kwomoka, batwara uduhuzu twabo twonyene.

‘Bompi Bazoba Umubiri Umwe’

Abagabo b’Abakirisu barakunda abagore babo kandi bakabafata nk’abo kwizigirwa. Abagabo mwene abo barashira ku muzirikanyi ya mpanuro yo mu Vyanditswe ivuga iti: “Abagabo . . . bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite.” Abo bagabo kandi baremeranya n’aya majambo yahumetswe n’Imana agira ati: “Umuntu azosiga se na nyina, [abane] n’umugore wiwe akaramata, bompi ba[be] umubiri umwe.”—Abanyefeso 5:28, 31.

Abagabo bubaha Imana baremeranya kandi n’intumwa Paulo mukirisu, uwanditse ati: “Umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera.” (1 Timoteyo 5:8) Duhuje n’iyo ngingo, mu gihe umunega w’Umukirisu ategekanya kugira urugendo rwa kure, yoraba neza yuko umuryango wiwe utazobura ikiwutunga igihe atahari. None muri ubwo buryo ntivyumvikana ko yotegekanya icotunga umugore n’abana mu gihe yopfa? Kwitegurira impanuka yodushikira giturumbuka si kirumara gusa, ahubwo kandi biranga urukundo.

Imigenzo Ijanye n’Amaziko

Ku biraba abagabo b’Abakirisu, hariho uwundi muce dukwiye kurimbura ujanye n’ivyo bintu. Turetse intuntu umupfakazi agira kubera ko aba yabuze umugabo wiwe, amatungo, kumbure akanabura abana biwe, mu bibano bimwebimwe baramuhata ngo agire imihamuro y’aba kera ijanye n’ikigandaro. Ikinyamakuru kimwe co muri Nijeriya, The Guardian, kiravuga ibibabaje yuko mu mihingo imwimwe imigenzo y’aba kera isaba umupfakazi kuryama mu cumba kitagiramwo umuco, kirimwo ikiziga c’umugabo wiwe. Mu yindi mihingo, usanga abapfakazi batemererwa kuva mu nzu mu gihe c’ikigandaro kimara amezi hafi y’atandatu. Muri ico gihe, bategerezwa kutiyoga, eka ngo no gukaraba imbere n’inyuma yo kurya kirazira.

Imigenzo nk’iyo iratera ingorane, canecane ku bapfakazi b’Abakirisu. Icipfuzo cabo c’uguhimbara Imana gituma birinda imigenzo idahuye n’inyigisho za Bibiliya. (2 Ab’i Korinto 6:14, 17) Uwo mupfakazi yoshobora guhamwa kubera ko atemeye gukurikiza iyo migenzo. Hari n’aho mbere biba nkenerwa ko ahunga ngo arokore igufa.

Gufata Imigambi mu vy’Ubutungane

Bibiliya iravugana ubwenge iti: “Ivyiyumviro vy’umunyamwete bizana ubukenuke gusa.” (Imigani 21:5) Ni integabizoza izihe serugo ashobora kugira? Mu bibano vyinshi usanga bishoboka ko umuntu ategura iragi canke urwandiko ruvuga ukuntu ivyo afise bizogabanganwa aramutse apfuye. Muri urwo rwandiko hashobora kujamwo ido n’ido risigura ukuntu azofubwa. Urwo rwandiko rushobora kandi gutomora ico uwo bubakanye azokora (canke atazokora) mu vyerekeye amaziko canke imigenzo ijanye n’ikigandaro.

Hari umugore yitwa Leah yabuze umugabo wiwe mu 1992. Avuga ati: “Mfise abana batanu—abakobwa bane n’umuhungu umwe. Umugabo wanje yaramaze igihe arwaye imbere y’uko apfa. Ariko n’imbere y’uko arwara, yaranditse icete kivuga yuko ashaka ko ivyo atunze vyose biba ivyanje n’abana twavyaranye. Muri ivyo harimwo amahera ya soransi, ubwatsi, ibitungwa n’inzu. Yarashize umukono kuri urwo rwandiko rw’iragi, hanyuma ararumpa. . . . Aho umugabo wanje apfiriye, incuti zashatse kuronka umugabane muri iryo ragi. Nabasiguriye yuko umugabo wanje yari yaguze ubwo bwatsi n’amahera yiwe bwite n’uko ata burenganzira namba bafise bwo kugira ico baka. Aho baboneye urwo rwandiko rw’iragi, bararwemeye.”

Kuganira Ivyo Bintu n’Umuryango

Ingorane zirashobora kuvyuka mu gihe umuntu atabwira umuryango wiwe ivyo yemera n’ivyo yipfuza. Dufate akarorero k’umugabo incuti ziwe zakobeje ngo amaziko yiwe abere mu kagari aturukamwo hakurikijwe imigenzo yaho. Umupfakazi wiwe n’abana biwe aho baboneye yuko bahanamiwe, barataye ikiziga ciwe bagisigira abo mu muryango. Umve icamubabaje: “Iyo umugabo wanje aba yarabwiye na sewabo canke muvyarawe n’umwe wewe ukuntu ashaka ko bazomufuba, umuryango ntiwari gukovya ngo hagirwe imigenzo yabo ya kera y’ivy’amaziko.”

Mu bibano bimwebimwe, ijambo rivuzwe ku munwa rigira ubukomezi nk’urwandiko. Uko ni ko ibintu bimeze mu mihingo imwe ya Swazilande, aho abenshi bemera ibintu biremesha ko hagirwa amaziko n’ikigandaro hakurikijwe imigenzo yabo ya kera. Umugabo w’Umukirisu yitwa Isaac kubera ko ivyo yari abizi, yaragirishije inama incuti ziwe zitari Ivyabona vya Yehova, hanyuma aganira na bo ivyo yashaka ko vyogirwa aramutse apfuye. Yarababwiye uwuzotorana ibintu binaka yari atunze, yongera arasigura neza ukuntu ifubwa ryiwe rikwiye kuzorongorwa. Inyuma y’ugupfa kwiwe, ibintu vyagenze nk’uko yari yarabishatse. Isaac yafubwe rukirisu, n’umugore wiwe yaritaweho neza.

Kingira Umuryango Wawe

Ivyo uzogira kugira ngo ukingire umuryango wawe mu gihe woba upfuye ni ibikuraba ubwawe, ariko Umukirisu umwe yitwa Edward avuga ati: “Ndafise soransi yo gufasha abantu umunani bagize umuryango wanje. Umugore wanje aranditsweko konte yanje yo muri banki. Mu gihe nopfa rero, arashobora kwakira amahera muri iyo konte. . . . Nagize urwandiko rw’iragi kugira ngo ruze rugirire akamaro umuryango wanje. Mu gihe nopfa, ivyo nzosiga vyose bizoba ivy’umugore n’abana banje. Urwo rwandiko rw’iragi haheze imyaka itanu ndarwanditse. Rwateguwe n’umuburanizi, kandi umugore n’umuhungu wanje barafise ikopi yarwo. Muri urwo rwandiko nagize rw’iragi, naratomoye yuko abo mu ncuti ataco bazovuga mu vy’ifubwa ryanje. Ndi uwo mw’ishirahamwe rya Yehova. Naho rero hazoba hari Icabona umwe canke babiri gusa baje kurongora ifubwa ryanje, bizoba bihagije. Ivyo narabivuganye n’abo mu ncuti zanje.”

Twovuga rero yuko gutunganya ibintu muri mwene ubwo buryo bizobera ingabirano umuryango wawe. Ego niko, gutegekaniriza ivy’uko dushobora gupfa ntibimeze nk’ugutanga imbombo canke agakama k’amashurwe. Ariko, biranga urukundo ufise. Bigaragaza yuko ushaka ‘gutunga abo mu nzu yawe’ no mu gihe woba utakiri kumwe na bo.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 15]

Yesu Yarateganirije Nyina Wiwe

“I ruhande y’[igiti c’ukubabarizwako c]a Yesu hāri hahagaze nyina na nyinabo na Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalene. Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina, ati Nyina wanje, nguyo umwana wawe. Maz’abarira wa mwigishwa, ati Nguyo nyoko. Uhereye ako kanya uwo mwigishwa [Yohani] amujana i we.”—Yohana 19:25-27.

[Ifoto ku rup. 16]

Abakirisu benshi baragira ubwenge bagateganya ibintu mu vy’ubutungane kugira ngo bakingire imiryango yabo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika