Ukuntu Abakirisu Babona Imigenzo Ijanye n’Urupfu
IYO uwo twakunda apfuye giturumbuka birababaza bimwe bikomeye. Biragwisha igihumura, hagakurikira umubabaro ukomeye wo mu mutima. Ivyo biratandukanye no kwitegereza uwo twakunda ariko aracikana yari amaze igihe kirekire arwaye indwara ibabaje, ariko na ho nyene intimba n’intuntu y’ukwumva tubuze uwacu birasigara.
Uko biba vyagenze kwose ku gupfa kw’umuntu yakundwa, ababuze barakeneye gufatwa mu mugongo no guhumurizwa. Hari aho Umukirisu yabuze uwiwe anahangana n’uruhamo ruterwa n’abakovya ngo hakurikizwe imigenzo ijanye n’urupfu inyuranye n’Ivyanditswe. Ivyo biragwiriye mu bihugu vyinshi vya Afirika no mu yindi mihingo imwimwe y’isi.
Ni igiki cofasha Umukirisu yabuze kwirinda imigenzo ijanye n’urupfu inyuranye n’Ivyanditswe? Abizeye bagenziwe bashobora gute kumufata mu mugongo mu bihe mwene ivyo vy’ikigeragezo? Inyishu z’ivyo bibazo zirakenewe cane ku barondera bose guhimbara Yehova, kuko “idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, [ari] ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’isi.”—Yakobo 1:27.
Hari Ukwemera Bihuriyeko
Isano rusangi imigenzo myinshi ijanye n’urupfu ihuriyeko ni ukwemera yuko abapfuye babandanya kubaho mu karere kataboneka k’aba kera. Kugira ngo babatururuze, abagandaye benshi bumva ko hari imihamuro bategerezwa kugira. Canke usanga batinya kubabaza ababanyi babo bemera yuko hari ikintu kibi kizoshikira abo muri ako gacimbiri mu gihe hatokorwa nya mihamuro.
Umukirisu w’ukuri ntakwiye gutsindwa n’ugutinya umuntu ngo aheze yifatanye n’abandi mu migenzo isesema Imana. (Imigani 29:25; Matayo 10:28) Bibiliya yerekana yuko abapfuye ataco bazi, kuko ivuga iti: “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, . . . [n]ta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu ah’urāriye kuja.” (Umusiguzi 9:5, 10) Ni co catumye Yehova Imana aburira abantu biwe bo mu bihe vya kera kutagerageza gutururuza abapfuye canke kuganira na bo. (Gusubira mu Vyagezwe 14:1; 18:10-12; Yesaya 8:19, 20) Ukwo kuri kwa Bibiliya kunyuranye n’imigenzo ijanye n’urupfu ikunda kugirwa n’abantu benshi.
Tuvuge Iki ku Vyiswe “Ukwihumanura”
Mu bihugu bimwebimwe vyo muri Afirika yo hagati, uwabuze uwo bari bubakanye asabwa kuryamana n’umuntu wo mu muryango w’uwo yapfuye. Ivyo bidakozwe, bemera yuko ngo nya muntu yapfuye azokorera ikibi abo mu muryango basigaye. Uwo muhamuro bawita ngo ni “ukwihumanura.” Ariko Bibiliya isobanura ko ukuryamana n’uwo mutabiranye kwose ari “ubusambanyi.” Kubera ko Abakirisu babwirizwa ‘guhunga ubusambanyi,’ bararwanya uwo mugenzo unyuranye n’Ivyanditswe, badatinya.—1 Ab’i Korinto 6:18.
Rimbura ivy’umupfakazi yitwa Mariya.a Igihe umugabo wiwe yapfa mu 1989, incuti ziwe zashatse ko agira uwo mugenzo wo kwihumanura mu kuryamana n’umugabo wo mu muryango. Yaranse, asigura yuko uwo mugenzo uhushanye n’itegeko ry’Imana. Kubera ko vyabateye ishavu, izo ncuti bagiye bamusivye. Inyuma y’ukwezi, baraje gusahura inzu yiwe, amabati yayo na yo barayarandagura. Bamubwiye, ngo “Idini yawe izokuraba.”
Ishengero ryarahumurije Mariya riranamwubakira inzu nshasha. Ababanyi baratangaye cane ku buryo hari abafashe ingingo yo gufasha muri iryo yubaka, n’umugore wo mw’idini ya Gatolika yubakanye n’umukuru w’aho hantu aba uwa mbere mu kuzana ubwatsi bwo gusakara. Inyifato iranga ubwizerwe ya Mariya yararemesheje abana biwe. Bane muri bo kuva ico gihe bariyeguriye Yehova Imana, umwe na we aherutse gusohoka rya Shure Rimenyereza mu vy’Ubukenuzi.
Kubera uwo mugenzo w’ivy’ukwihumanura, hari Abakirisu biretse barahatirwa kwubakana n’abatizeye. Nk’akarorero, hari umupfakare umwe arengeje imyaka 70 y’amavuka yihutiye kurongora umukobwa akiri muto wo mu muryango w’umugore wiwe yari yapfuye. Mu kugira ivyo, yitwaje ivy’uko ngo yihumanuye. Ariko rero, ingendo mwene iyo iteye kubiri n’impanuro Bibiliya itanga yuko Abakirisu bakwiye kwubaka ‘mu Mukama gusa.’—1 Ab’i Korinto 7:39, UB.
Imihamuro y’Uguterama Ijoro Ryose
Mu bihugu bitari bike, usanga abagandaye bakoraniye hamwe ku nzu y’uwasandavye, bagaterama ijoro ryose. Ukwo guterama kenshi kuba kurimwo ukwitereka ibiryazagu hakaba n’imiziki yumvikana cane. Ivyo ngo biratururuza uwapfuye kandi bigakingira abasigaye bo mu muryango ngo ntibazobaroge. Hari igihe hashikirizwa amajambo y’ukuryosharyosha uwo yapfuye kugira ngo aze abarabe ryiza. Ijambo rimaze gushikirizwa, hari igihe abagandaye baririmba ururirimbo rw’idini imbere y’uko uwundi muntu ahaguruka ngo afate ijambo. Ivyo bishobora kubandanya gushika mu mutwenzi.b
Umukirisu w’ukuri ntaja muri mwene iyo mihamuro y’uguterama ijoro ryose, kubera ko Bibiliya yerekana yuko abapfuye badashobora gufasha canke kugirira nabi abazima. (Itanguriro 3:19; Zaburi 146:3, 4; Yohana 11:11-14) Ivyanditswe birabuza ukugira ivy’ubupfumu. (Ivyahishuriwe 9:21; 22:15) Yamara umugore apfakaye w’Umukirisu ashobora gusanga bigoye kubuza abandi kugira imigenzo y’ivy’ubupfumu. Hari igihe bakovya ngo hagirwe ivy’uguterama ijoro ryose mu nzu yiwe. None abizeye bagenziwe bashobora kugira iki kugira ngo bafashe Abakirisu babuze ababo mu gihe bashikiwe n’ayo marushwa yandi aba yiyongeyeko?
Abakurambere b’ishengero kenshi barashoboye gufata mu mugongo umuryango w’Abakirisu babuze mu kuganira n’incuti be n’ababanyi. Inyuma y’ukugiranira ikiganiro mwene ico, hari igihe abo bantu bashobora kwemera kuva kuri uwo muhana mu mahoro hanyuma bakazokwongera gukoranira hamwe uwundi musi ku bw’amaziko. Ariko vyogenda gute mu gihe hagize abatera amahane? Kubandanya kugerageza kubibumvisha vyoshobora kuvamwo amaruru. ‘Umushumba w’Umukama wacu ntakwiye gutongana, ariko akwiye kwihanganira ikibi.’ (2 Timoteyo 2:24) Igihe rero abantu bo mu ncuti batemera uwo mwumvikano bagakoresha igitugu ngo bifatire ibintu mu minwe, hari igihe umupfakazi w’Umukirisu hamwe n’abana biwe batoshobora kubuza ivyo bintu. Mugabo ntibaja mu mihamuro y’ivy’idini y’ikinyoma iba iriko irabera mu nzu yabo, kubera ko bubaha iri tegeko rya Bibiliya rigira riti: “Ntimwifatanye n’abatizera.”—2 Ab’i Korinto 6:14.
Iyo ngingo irerekeye kandi amaziko. Ivyabona vya Yehova ntibaja mu vyo kuririmba, gusenga canke mu mihamuro iyoborwa n’umukozi w’idini y’ikinyoma. Mu gihe abo mu muryango wa hafi b’Abakirisu babonye ko bikenewe ko baba bahari igihe c’ibirori mwene ivyo, ntibavyifatanyamwo.—2 Ab’i Korinto 6:17; Ivyahishuriwe 18:4.
Amaziko ya Rupfasoni
Amaziko arongowe n’Ivyabona vya Yehova ntashirwamwo imihamuro yo gutururuza uwapfuye. Insiguro ishingiye kuri Bibiliya iratangwa mu Ngoro y’Ubwami, mu nzu itegurirwamwo uwuja gufubwa, i muhira iwabo y’uwasandavye, canke kw’itongo. Intumbero y’iyo nsiguro ni uguhumuriza ababuze mu kubasigurira ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye urupfu hamwe n’icizigiro c’izuka. (Yohana 11:25; Abaroma 5:12; 2 Petero 3:13) Ururirimbo rushingiye ku Vyanditswe rushobora kuririmbwa, hanyuma amaziko akarangizwa n’isengesho rihumuriza.
Ubuheruka, amaziko nk’ayo yaragiriwe Icabona ca Yehova yari umuhererezi mushiki wa Nelson Mandela, perezida wa Afirika y’Epfo. Inyuma y’ayo maziko, perezida yarashimiye umushikirizansiguro abikuye ku mutima. Abanyacubahiro benshi hamwe n’abakozi bakurubakuru ba Leta ni ho bari bari. Hari umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji yavuze ati: “Aya ni yo maziko ya rupfasoni kuruta ayo nagiyeko yose.”
Impuzu Zihariwe Ikigandaro Zoba Zikwiye Kwambarwa?
Ivyabona vya Yehova barababazwa n’urupfu rw’ababo. Nka kumwe kwa Yezu, barashobora kurira. (Yohana 11:35, 36) Ariko ntibabona ko bikenewe kugaragaza intuntu yabo ku mugaragaro bakoresheje ikimenyetso kinaka c’inyuma ku mubiri. (Gereranya na Matayo 6:16-18.) Mu bihugu vyinshi, abagore babuze abagabo basabwa kwambara impuzu zihariwe ikigandaro kugira ngo batururuze uwo yapfuye. Izo mpuzu ngo zitegerezwa kwambarwa mu kiringo c’amezi atari make, canke mbere c’umwaka inyuma y’amaziko, kandi igihe c’ukuzambura kikaba uwundi musi mukuru.
Utagaragaje ibimenyetso vy’uko ugandaye, ubonwa nk’aho ugiriye nabi nya muntu yapfuye. Ku bw’iyo mpamvu, mu mihingo ya Swazilande, abakuru b’imiryango baromoye Ivyabona vya Yehova babakura mu zabo no mu matongo yabo bwite. Ariko rero, Abakirisu mwene abo b’abizerwa nantaryo barabungabunzwe n’abavukanyi babo bo mu vy’impwemu baba ahandi.
Sentare Nkuru yo muri Swazilande yarashigikiye Ivyabona vya Yehova, ivuga yuko bakwiye kwemererwa gusubira mu zabo no mu matongo yabo. Ikindi gihe, hari umupfakazi w’Umukirisu yarekuriwe kuguma mu bwatsi bwiwe inyuma y’aho azaniye ikete be n’ikaseti birimwo ivyo uwahoze ari umugabo wiwe yari yaranditse akanavuga mu buryo butomoye, vy’uko umugore wiwe adakwiye kwambara impuzu zihariwe ikigandaro. Gutyo, yarashoboye kwerekana yuko yubaha vy’ukuri umugabo wiwe.
Iyo umuntu afise amabwirizwa yerekeye amaziko yavuzwe mu buryo butomoye imbere y’uko apfa biragira agaciro cane, canecane mu mihingo usanga hagwiriye imigenzo inyuranye n’Ivyanditswe. Fata nk’akarorero ivy’uwitwa Victor, yaba muri Kameruni. Yaranditse atomora ibintu vyotegerejwe gukorwa mu gihe c’amaziko yiwe. Mu muryango iwabo hari harimwo abantu bakomakomeye bafise imico irimwo imigenzo y’imihererekano yubahiriza abapfuye, harimwo n’ivy’ugusenga ubuhanga bw’abantu. Kubera ko Victor yari umuntu yubahwa mu muryango, yari azi yuko hari igihe agahanga kiwe kogiriwe ivyo bintu. Ni co catumye atanga amabwirizwa atomoye yerekeye ukuntu Ivyabona vya Yehova bakwiye kubigenza ku maziko yiwe. Ivyo vyatumye ibintu birushiriza kworohera umupfakazi wiwe n’abana biwe, kandi intahe nziza yarashinzwe muri ako gacimbiri.
Twirinde Kwigana Imigenzo Inyuranye n’Ivyanditswe
Hari abafise ubumenyi bwa Bibiliya batinye kugaragara ko batandukanye n’abandi. Kugira ngo birinde uruhamo, baragerageje guhimbara ababanyi babo mu gusa n’aberekana yuko bashigikiye ivy’uguteramira uwapfuye vy’abakera. Naho kugendera ababuze ari vyiza kugira ngo umuntu ubwiwe abahumurize, ivyo ntibisaba ko hagira imihamuro mikeyi igirirwa ku nzu y’ababuze amajoro yose y’imbere y’uko hagirwa amaziko. Kugira ivyo bishobora gutsitaza ababirorera, kubera ko bishobora kubereka ko ababijamwo batizera vy’ukuri ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ukuntu abapfuye bamerewe.—1 Ab’i Korinto 10:32.
Bibiliya irahimiriza Abakirisu gushira ugusenga Imana mu kibanza ca mbere mu buzima, no gukoresha umwanya wabo mu buryo buranga ubukerebutsi. (Matayo 6:33; Abanyefeso 5:15, 16) Mugabo mu mihingo imwimwe, imirimo y’ishengero yarahagaritswe mu kiringo c’umushamvu canke kirenze, biturutse ku rupfu rw’umuntu. Iyo ngorane ntiba muri Afirika honyene. Ku biraba amaziko amwe yigeze kuba, amakuru ava muri Amerika y’Epfo avuga ati: “Amakoraniro atatu y’Abakirisu yari yitabwe n’abantu bake cane. Umurimo wo mu ndimiro waramaze imisi cumi udashigikirwa. Eka n’abantu bo hanze y’ishengero hamwe n’abiga Bibiliya, baratangajwe baranavunwa inkokora no kubona hari abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bagiye muri iyo migenzo.”
Mu ducimbiri tumwetumwe, umuryango wabuze ushobora gutumira abagenzi somambike bakeyi i muhira iwabo kugira ngo bagire utuntu tworoheje basangira inyuma y’amaziko. Mugabo mu mihingo myinshi ya Afirika, usanga abashika amajana bitavye amaziko bagenda ku nzu y’uwasandavye hanyuma bakitega yuko bagirirwa umusi mukuru, hakanatangirwa ibimazi vy’ibitungwa. Hari abo mw’ishengero ry’Abakirisu biganye uwo mugenzo, bikaboneka yuko bashigikiye uwo mugenzo wo gutereka ibiribwa n’ibinyobwa kugira ngo batururuze uwapfuye.
Ibirori bijanye n’amaziko birongorwa n’Ivyabona vya Yehova ntivyikoreza umuzigo uremereye cane ababuze. Ntihakwiye rero kwirirwa haratunganywa ibintu bidasanzwe vy’uko abahari basoronganya amahera yo kwishura ivyasesaguwe ku bw’urwo rupfu. Niba abapfakazi b’abakene badashobora kuriha amahera akenewe, abandi bo mw’ishengero nta mazinda boshima gusahiriza. Mu gihe imfashanyo mwene iyo idahagije, abakurambere boshobora kuringaniza ivyo gusahiriza mu vy’umubiri ababikwiriye.—1 Timoteyo 5:3, 4.
Imigenzo ijanye n’urupfu ntiyama iteye kubiri n’ingingo za Bibiliya. Igihe iteye kubiri na zo, Abakirisu biyemeza gukora ibihuje n’Ivyanditswe.c (Ivyakozwe 5:29) Naho ivyo vyoshobora kubongereza amarushwa, hari abasavyi b’Imana benshi bashobora gushinga intahe yuko bahanganye n’ivyo bigeragezo bagatunganirwa. Ivyo barabikoze babikesheje inguvu ziva kuri Yehova, “Imana yirura imibabaro yose,” biturutse no ku gufashwa n’abizeye bagenzi babo babiruye mu marushwa barimwo.—2 Ab’i Korinto 1:3, 4.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri iki kiganiro hakoreshejwe amazina yasubiriye ayandi.
b Mu ndimi zimwezimwe no mu mico imwimwe ijambo “uguterama” rikoreshwa mu kuvuga igihe gitoyi abantu bagendera ababuze kugira ngo babahumurize. Ivyo bishobora kuba bidateye kubiri namba n’Ivyanditswe. Raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Rusama 1979 (mu Congereza) ku rupapuro 27-28.
c Aho imigenzo ijanye n’urupfu ishobora kuzanira Umukirisu ibigeragezo bikomeye, Abakurambere barashobora gufasha abashaka kubatizwa bakitegurira ibishobora kuzobashikira. Igihe bari mu mubonano n’abo bashasha kugira ngo baganire ibibazo vyo mu gitabu Tumefanywa Tengenezo Tutimize Huduma Yetu, barakwiye kwitwararika neza vya bihimba bivuga ngo “Ubugingo, Icaha n’Urupfu” hamwe na “Ugusukiranya Ukwizera.” Aho hompi harimwo ibibazo mwoganirako mubishatse. Aho ni ho abakurambere bashobora gutangira insobanuro zerekeye imigenzo ijanye n’urupfu inyuranye n’Ivyanditswe, ku buryo uwushaka kubatizwa amenya ico Ijambo ry’Imana rimusaba nko mu gihe yoba ahanganye n’ibintu nk’ivyo.
[Uruzitiro on Page 21]
BARARONSE IMIHEZAGIRO KUBERA KO BAHAGARAYE BASHIKAMYE
Sibongili ni umupfakazi w’Umukirisu w’umutinyutsi wo muri Swazilande. Aho umugabo wiwe apfiriye, yaranse gukurikiza imigenzo abenshi biyumvira ko itururuza uwapfuye. Nk’akarorero, ntiyiharangatuje umutwe. (Gusubira mu Vyagezwe 14:1) Abantu umunani bo mu muryango ivyo vyarabarakaje, hanyuma bamumwa umushatsi ku nguvu. Baranabujije Ivyabona vya Yehova kugendera iyo nzu ngo bahumurize Sibongili. Ariko rero, abandi bantu bashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami barahimbawe no kumugendera bafise amakete aremesha yanditswe n’abakurambere. Umusi vyari vyitezwe ko Sibongili yambara impuzu zihariwe ikigandaro, hari ikintu gitangaje cabaye. Hari umuntu akomeye wo mu muryango yagirishije inama yo kuganira ku kibazo c’uko yanse gukurikiza imigenzo y’aba kera y’ikigandaro.
Sibongili avuga ati: “Barambajije ko ukwizera kwanje kunyemerera kugaragaza intuntu mu kwambara iminyike yirabura y’ikigandaro. Maze kubasigurira aho mpagaze, bambwiye ko batabingirisha ku gahato. Icantangaje, bose baransavye imbabazi kuba barankoreshejeko igitugu no kuba baramoye ntabishaka. Bose baransavye kubagirira ikigongwe.” Mu nyuma, mutoyi wa Sibongili yaraseruye yuko yemera ko Ivyabona vya Yehova bari mw’idini y’ukuri aranasaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.
Raba akandi karorero: Hari umugabo umwe wo muri Afirika y’Epfo yitwa Benjamin yari afise imyaka 29 y’amavuka igihe yumva ivy’urupfu rwa se wiwe rwabaye giturumbuka. Ico gihe Benjamin ni we wenyene yari Icabona mu muryango iwabo. Mu gihe c’amaziko, umuntu wese yasabwa guca ku ruhafu agaterera urushi rw’utuvu kw’isandugu.d Inyuma y’amaziko, abo muri uwo muryango barimwesheje. Kubera ko Benjamin atagiye muri iyo mihamuro, ababanyi hamwe n’abo mu muryango bamuburiye yuko yohanywe n’umuzimu wa se.
Benjamin avuga ati: “Kubera ko nari nizigiye Yehova, nta kintu na kimwe canshikiye.” Abo mu muryango barabonye yuko ataco abaye. Mu nyuma, abatari bake muri bo baratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova hanyuma barabatizwa bwa kimenyetso c’uko biyeguriye Imana. Benjamin we? Yaratanguye igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza igihe cose. Mu kiringo c’imyaka mikeyi iheze, yaratewe agateka keza ko gukorera amashengero y’Ivyabona vya Yehova ari umucungezi w’ingenzi.
[Utujambo tw’epfo]
d Hari abashobora kubona ko ata kibi kiri mu vy’uguterera amashurwe canke urushi rw’utuvu mu ruhafu. Ariko rero Umukirisu yokwirinda uwo mugenzo mu gihe abo muri ako gacimbiri babona ko ari uburyo bwo gutururuza uwapfuye, canke mu gihe biri mu birori biyobowe n’umukozi w’idini y’ikinyoma.—Raba Réveillez-vous! (mu Congereza) yo ku wa 22 Ntwarante 1977, urupapuro 15.