ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/11 rup. 4-7
  • Ubumwe bw’Isi Buzoza Gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubumwe bw’Isi Buzoza Gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Batambira ku Munwa w’Icobo”
  • Inguvu Ziva Ahandi Zirakora
  • Intwaro Iganza Isi
  • Igisata Cunze Ubumwe Gituruka mu Mahanga Yose
  • Isi iriko yerekeza hehe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • ‘Amahoro ntazogira iherezo’
    Be maso!—2019
  • Vuba isi igiye kuba Iparadizo!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/11 rup. 4-7

Ubumwe bw’Isi Buzoza Gute?

NKA kurya kw’inyubakwa y’umusaka yasambaguwe bimwe bibi n’abayipanzemwo b’abanyarwangara, urunkwekwe rw’isi y’ubu rubereye ikintu kimwe conyene: ugutaturwa n’ugusubirirwa. Ivyo si ayandi marorerwa abura amabi gusa. Dukurikije Bibiliya, ni kwo kubona ibintu kwonyene kutagiramwo ukwibesha. Kuki?

Amashingiro y’urutonde rw’ivy’isi y’ubu ntahamye. Ico cubake cose uko kingana kinyuragiyemwo umuswa n’umuhugute. Urukanka rwaco rw’indarayi ruriko rugwa ingese. Impome zigishigikiye ziri mu gusenyuka. Igisenge kiriko kirazama. Imiringoti irava. Ivyuma vy’umuyagankuba biri n’agahaze kandi vyokora ibara. Abahaba barwana urudacika kandi ku rwenge bakaja baragira ivyo basambuye muri iyo nyubakwa yose. Urwo rupangu rwose hamwe n’ibirukikije binyegagiwe n’uturyanyi, bigeramiye ubuzima kandi biteye agahinda.

“Batambira ku Munwa w’Icobo”

Kubera amatati y’urudacika yo mu vya politike, umunoho, agasomborotso hamwe n’inyankane zishinze imizi zifatiye ku miryango n’amoko, “abantu bose uko bangana,” nk’uko Gwynne Dyer yabivuze, “bariko batambira ku munwa w’icobo.” Kw isi yose iyo iva ikagera, imparurwa z’abiyemeje—imigwi nkoreshamukazo, abarwanira umwidegemvyo, utugwi tw’inkozi z’ikibi, abaterabwoba nkwiramahanga, eka n’abandi—bakurikirana imigambi yabo bwite y’ubwikunzi, kandi bagasa n’abashobora gusenyura uburyo bwohaba bw’ukuzana amahoro mw isi nk’uko ngirango bagomba. Cokimwe n’abapangayi b’abasambuzi, barashobora gutuma ubuzima bwuzura amarushwa ku wundi muntu wese.

Nk’uko bivugwa n’abasasanuzi benshi ariko, imigwi yiyumvira ivyayo canke abantu b’intategekwa si bo bonyene babangamiye ubumwe bw’isi. Ibariyeri nini kuruta ni igihugu ubwaco. Amahanga yigaba, nk’uko bivugwa n’uwanditse ku vy’intambara, S. B. Payne, Jr., abayeho mu “mero y’ubusimbirahamwe nkwiramahanga.” Akora ico cose kirushirije mu kwungura igihugu cabo, ugasanga vyubahiriza abandi buhoro canke ntibibubahirize na gato. Ico vyavuyemwo, muri kahise hose, “umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.”—Umusiguzi 8:9.

Niko, intwaro zimwezimwe z’ibihugu zarērewe ku rugero runaka mu vy’ukurwanya akarenganyo n’agahotoro aho akarere kabo kagera, kandi vyarabaye nk’ibishoboka mu bihugu bitari bike. Rimwe na rimwe zirashiraho ubumwe nkwiramahanga bw’urugero runaka. Mugabo no mu gihe nyene zimwe zija hamwe ngo zirwanye igihugu cene gutera, ukwicura kenshi kurasigara kw’uko ivyo zakoze zabitewe n’ubwikunzi, atari ugukunda abandi kw’ukuri. Ibinyakuri ni uko intwaro z’abantu ata muti wa vyose kandi uramba bari butorere amacakubiri ari mw isi. Gwynne Dyer aradoma urutoke kuri ibi: “Iciyumviro c’uko amahanga yose y’isi azofatana mu nda kugira abuze canke ahane ugutera kw’igihugu gishira iyo gishaka, ku bwa ngingo ni ciza; mugabo ni nde asigura uwateye uwo ari we, kandi ni nde ariha amahera hamwe n’ubuzima vyoshobora gukenerwa kugira bamuteshe?”

Birumvikana, ugutera kw’ihanga iryo ari ryo ryose ritera irindi gushoboka gusa ari uko benshi mu benegihugu baryo batarwanya ukwo gutera. Inkuru ya kahise irerekana kenshikenshi yuko mu “gihugu gishira iyo gishaka” atari ho honyene abenegihugu bǎshigikiye indongozi zabo, zaba zigira vyo canke zitagira vyo. Mu vy’ukuri, abenshi mu baba kw isi ivyo barabigize. Barakurikiye bwa mpumyi “ububeshi, ubuhendahenzi na poropagande,” nk’uko ikinyamakuru Time cabivuze, bivuye kw isinzi ry’indongozi z’ivya politike n’idini.

Ukwiratira ihanga kwaravyuye ibihababu vy’abantu boshoboye kuba abagira ibitegereka n’abanyembabazi, kuranatuma bakorera ibibi vy’agacamutima abagabo, abagore n’abana b’irindi hanga. Mu kwerekeza nk’akarorero kuri ya Ntambara ya I y’Isi Yose, umutohozakahise J. M. Roberts asasanura ati: “Kimwe mu bintu bitumvikana vyo mu 1914 ni uko mu gihugu ico ari co cose ibitigiri isema vy’abantu, bo mu migambwe yose, mu madini yose n’imiryango yose, basa n’abagiye mu ntambara babigomba kandi bahimbawe, bikaba bitangaje.” Abantu boba barabikuyemwo icigwa guhera ubwo? Ashwi! Ya nyamaswa y’ “ukwiratira ihanga kwa ruhumyi,” nk’uko umumenyeshamakuru Rod Usher yavyise, irabandanya gusenyura akabero ako ari ko kose k’ubumwe bw’isi.

Inguvu Ziva Ahandi Zirakora

Yamara hariho ibariyeri nini kuruta ibangamiye ubumwe bw’isi. Bibiliya ihishura ko hari inguvu ziva ahandi zirimwo zikora. Izo zigenekerezwa ko ari Shetani ya Diyabule hamwe n’abagendanyi biwe, amademo. Dukurikije Bibiliya, Shetani ni we ‘mana y’iki gihe yahumye imizirikanyi y’abatizera,’ kugira “ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo” ntihagire ico bubabwira.—2 Ab’i Korinto 4:4; Ivyahishuriwe 12:9.

Yamara ntiwumve, ivyo ntibituma abantu badaharurwako ivyo ubwabo bakora. Ariko birasigura igituma intwaro z’abantu zidashobora kwigera zisasagaza isi yunze ubumwe vy’ukuri. Bugingo Shetani ya Diyabule akibandanya kubaho, azokwosha abagabo n’abagore kurima ico Bibiliya yita “ibikorwa vy’akameremere,” harimwo ‘ubwansi, intonganya, ikēba, ukwitandukanya.’—Ab’i Galatiya 5:19-21.

Intwaro Iganza Isi

None umuti ni uwuhe? Haraciye nk’imyaka amajana indwi, umupowete w’Umutaliyano akaba n’umufilozofe, Dante, yaradomye urutoke ku nyishu. Yatanze iciyumviro ngo intwaro iganza isi ni yo yonyene yoshobora gukomeza amahoro n’ubumwe vy’abantu. Ku bantu benshi ukwizigira ko habaho ubwoko na bumwe bw’intwaro iganza isi, ni urwihendo rusa, si ikintu umuntu akwiye kwishimira. Uko wa mwanditsi Payne yavugwa haruguru asozera, “Intwaro iganza isi ni ikidashoboka aho ibintu bigeze mu nkuru z’ivyabaye.” Kuki? Kuko intwaro iyo ari yo yose yoganza isi igatunganirwa, yorinda kuzana ibintu bibiri bisa n’ibisiga ubushobozi bw’umuntu, ni ukuvuga ko “intwaro iganza isi izorangiza intambara n’uko intwaro iganza isi itazoba agahahazo nkwiramubumbe.”

Mu vy’ukuri nta ntwaro y’abantu izokwigera ishika kuri ivyo. Ubwami bw’Imana buri mu minwe ya Yezu Kirisitu ariko, burashobora kuvanaho intambara kandi buzoyivanaho. (Zaburi 46:9, 10; Matayo 6:10) Si ivy’imbeshere, buzovanaho abavyutsantambara bose. Umuhanuzi Daniyeli arerekana yuko mu mpera y’igihe Imana yashingiye ugutegeka isi kw’abantu, ubutegetsi bw’abantu ‘bwobaye ubwami bugabaguritse,’ nk’ “ivyuma bivanze n’ibumba.” (Daniyeli 2:41-43) Ivyo vyovuyemwo ukwigabagura kwa gipolitike hamwe n’amatati y’akatirindwa. Yamara, Daniyeli avuga yuko Ubwami bw’Imana “buzomara bukomvomvore ubgami bgose [burangwa n’ukwiratira ibihugu kandi budashize hamwe],” ari zo ntwaro, zisubirirwe n’Ubwami bwayo bwarindiriwe kuva kera, buri mu minwe ya Yezu Kirisitu.—Daniyeli 2:44.

Ntaco vyomara gushiriraho abantu umukikūro mwiza mu gihe isi ibandanije guturwako n’abantu b’indyanyi boguma batuma ubuzima bubera abandi amarushwa. Ariko rero, “inkozi z’ibibi zizorandurwa.” (Zaburi 37:1, 2, 9, 38; Imigani 2:22) Ku bw’ico, Kirisitu azovanaho abo bose biyama n’ibigirankana ingero mfatirwako z’Imana canke baterera agacumu k’ubumwe abakuru b’isi basambura. Azohonya abo bose bariko bonona uwu mubumbe. Imana isezerana ‘guhomvagura abahomvagura isi.’—Ivyahishuriwe 11:18.

Ivyo ntibizoba ari ubwoko bunaka bw’agahahazo nkwirasi. Yezu Kirisitu azohaguruka “[a]rwanire ukuri n’[ukwicisha bugufi] no kugororoka” igihe azotanya abeza n’ababi. (Zaburi 45:3, 4; Matayo 25:31-33) Eka mbere ico gikorwa ntikizoba ic’inabi n’ugusenyura ibintu gusa, ugutwaza igitugu. Oya! Si nka kumwe hoba hariho inyubakwa ya kera nziza cane igiye gusenyurwa n’umuryohozi w’urupangu munaka w’umunyamunoho. Bizomera cane nk’isenyurwa ry’inyubakwa y’umushire yaboze kugirango ibise umukikūro uhimbaye, usukuye.

Ariko bite kuri za nguvu ziva ahandi zateye ayo macakubiri muri kahise? Zizoba none zifise umwidegemvyo wo kunyegētera muri urwo runkwekwe rushasha ku buryo abatuye muri rwo bazotangura hose bundi busha gukora ivy’ihonya, bakarwana na bagenzi babo bahaba hanyuma bagatuma ubuzima bubera uwo ari we wese amarushwa? Si vyo namba. Iryo yirukanwa n’iryo sanura ni ivya nyuma kandi biheraheje. “[U]buyobe ntibuzorinda guhaguruka ubugira kabiri.”—Nahumu 1:9.

Bibiliya isanisha uguhonywa ntabanduka kwa Shetani n’uguturirwa kw’umwavu. Ivuga ko ‘Diyabule yazimiza [abatuye kw isi] itererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku.’ (Ivyahishuriwe 20:10) Mbega ikigereranyo gikomeye! Iyumvire, ihonya ridasanishwa gusa n’ituririro ritoyi rifise ubushobozi buke gusa, ariko n’ikiyaga kizima c’umuriro, gitongora kandi kikavanaho ubutagisubira kubaho ikintu cose kibi kandi candujwe. Nta n’umwe, yaba umuntu canke idemo, azokwemererwa kubandanya kugira ibintu bihanamira urutonde rwo mw ihangāre, birenga ku ngero mfatirwako z’Imana zerekeye iciza n’ikibi, canke bitera umubabaro umuntu nkabo. Abasenyura ubumwe bose bazoba bagiye!—Zaburi 21:9-11; Zefaniya 1:18; 3:8.

Igisata Cunze Ubumwe Gituruka mu Mahanga Yose

Abazorokoka iryo kubura bazogira “ishengero ryinshi, . . . bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” (Ivyahishuriwe 7:9) Amatandukaniro afatiye ku bihugu vy’amavukiro no ku vy’amoko ntazobatera amacakubiri. Bazoba bize kubana mu mahoro. (Yesaya 2:2-4) N’igitangaje cane kuruta, kuri abo hazokwiyongerako abari batuye kuri uwu mubumbe kera bazoba bagarukanywe ngo babe kw isi yahanaguwe biciye ku ntunganyo y’ivy’izuka.—Yohana 5:28, 29.

Woshima kuba mw isi nk’iyo? Abumira ku bisabwa n’Imana bonyene ni bo bazoyibamwo, kandi ivyo isaba bishizwe muri Bibiliya mu buryo burongorotse. (Yohana 17:3; Ivyakozwe 2:38-42) Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha kwiga ivyo Imana isaba kugira ushobore kwizigira kuzonezererwa ubuzima ibihe bidashira mw isi yunze ubumwe vy’ukuri.

[Ifoto ku rup. 7]

Intwaro iri mu minwe ya Yezu Kirisitu izozana isi yunze ubumwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika