ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/11 rup. 8
  • Boba Babanye nka Gishiki na Gisaza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Boba Babanye nka Gishiki na Gisaza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/11 rup. 8

Boba Babanye nka Gishiki na Gisaza?

MU KUGERAGEZA guhuza ivy’uko ngo Mariya yagumye ari isugi n’ukuba yararongowe na Yozefu, hari abashushanyi hamwe n’abahinguzi b’utugenegene benshi bashushanije Yozefu nk’umugabo w’imyaka yitereye. Batanze impamvu ngo Yozefu mu binyakuri yari canecane uwutunze Mariya aho kuba umugabo wiwe. Ariko Pāpa Yohani Paulo wa II aherutse kurwanirira ikindi ciyumviro kuri ivyo. Avuga yuko Yozefu “atari umuntu ageze mu zabukuru ico gihe.” Ahubwo, ngo “ukutagira agasembwa kwiwe kw’imbere, icamwa c’inema, kwatumye yabirana na Mariya bagakundana urwa gishiki na gisaza.”

Niba Mariya yari afise imigabo yo kuzoguma ari isugi igihe cose, ni kuki yasabwe? Nk’uko vyishurwa na pāpa, ngo “vyoshobora kwiyumvirwa ko igihe basezerana ngaho hagizwe umwumvikano hagati ya Yozefu na Mariya ku vy’umugambi w’uko bokwiberaho nka gishiki na gisaza.”

Ariko rero, Bibiliya yerekana ico kintu mu bundi buryo. Inkuru ya Matayo ivuga ko Yozefu “atahuje igitsina na we gushika aho avyariye umuhungu.” (Matayo 1:25, New American Bible ya Gatolika, impirikano ni izacu.) Inyuma y’ukuvuka kwa Yezu, umubano w’ababiranye wa Yozefu na Mariya ntiwari nk’uwa gishiki na gisaza namba. Igihinyuza kimwe c’ivyo ni uko mu nyuma mu nkuru yo mu Njili, Yezu yerekanwa ko afise benewabo na bashikiwe.—Matayo 13:55, 56.

Gutyo, naho Bibiliya ivuga yuko Mariya yari isugi igihe avyariye Yezu, nta shingiro rihari ry’ukuvuga ko yabayeho ari isugi mu buzima busigaye yamaranye na Yozefu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika