40 NEHEMIYA
Yarasanuye inzitiro
NEHEMIYA yaba mu Buperesi mu gisagara ca Shushani, ariko umutima wiwe wari kure cane i Yeruzalemu. Yarakunda Yeruzalemu kubera ari ho hari urusengero rwa Yehova. Inyuma y’igihe kirekire abasavyi b’Imana bamaze mu bunyagano, barasubiye i Yeruzalemu ariko ugusenga kw’ukuri ntikwari bwasubire gusagamba. Inzitiro z’igisagara zari zarabomotse. Muri ico gihe, abantu ntibakunda kuba mu gisagara kitagira inzitiro, kuko wasanga vyoroha ko abansi bagitera.
Nehemiya yari umukozi yubahwa cane w’umwami w’Ubuperesi Aritazerusi. N’ikiruta vyose, Nehemiya yari umusavyi wa Yehova w’intahemuka. Igihe kimwe, hari mwenewabo yaje kumuraba amuzaniye amakuru y’uko i Yeruzalemu «ibintu bimeze nabi.» Inzitiro zaho zari zikiri ibihomvagurike kandi n’abantu baho bari «mu bimaramare.»
Ivyo vyarahagaritse umutima cane Nehemiya. Yahavuye yandika ati: «Nca ndicara ntangura kurira, mara imisi ngandaye.» Yarasenze Yehova amutakambira ngo yibuke abasavyi biwe yongere abafashe. Mu nyuma, Nehemiya agiye gusereva umuvinyu Aritazerusi, uwo mwami yaramubajije igituma asa n’uwubabaye. Nehemiya yaragize ubwoba ariko aca aramwishura. Yaramubwiye ko ibintu vyari vyifashe nabi i Yeruzalemu. Aritazerusi yaciye amubaza ico yipfuza. Nehemiya yanditse ati: «Ubwo nyene nca nsenga Imana yo mw’ijuru.» Yaciye asaba uwo mutegetsi ahambaye ko yomurungika agasimbira i Yeruzalemu agafasha mu gusanura inzitiro n’amarembo. Umwami yaramwemereye kugenda!
Nehemiya yaciye agira urugendo rurerure kandi ruteye akaga rwo kuja i Yeruzalemu. Ashitseyo, yaragiye gusuzuma ukuntu inzitiro zimeze mu kinyegero mw’ijoro. Yaciye atunganya ingene ibikorwa vyogenda, aremesha n’abantu kwitanga muri ivyo bikorwa. Yaraberetse akarorero na we nyene arajamwo mu gukora. N’abantu baritabiriye ako kamo, ushizemwo abatunzi n’abandi bantu bakomakomeye nk’abaganwa. Mbere umwe muri abo baganwa yakoranye n’abakobwa biwe.
Abayuda bari bafise abansi benshi batipfuza ko igisagara ca Yeruzalemu gisubira gutekana kandi kigakomera. Mu ntango barabatwenga. Umwe muri bo mbere yavuze ko n’imbwebwe yosenyura urwo ruzitiro Nehemiya n’abandi bantu bariko barubaka. Ariko ivyo vyose Nehemiya ntiyabihaye amatwi, ahubwo yagumye aremesha abantu.
Naho bamutwenze bakongera bakamutera ubwoba, yarasanuye inzitiro za Yeruzalemu
Urwo ruhamo rwarakomeye. Igihe abo bansi babona ko ibikorwa biriko biratera imbere, baciye bagira umugambi wo kuja gutera Yeruzalemu. Nehemiya yarafashe ingingo zikomeye zo gukingira ico gisagara. Abo bansi babibonye, baciye baheba uwo mugambi wo kuja gutera imbonankubone. Kuva ico gihe, Nehemiya hamwe n’igice kimwe c’abantu baguma bacunze ico gisagara bafise ibirwanisho, ikindi gice na co kikaguma cubaka. Ariko abo bansi baciye bagerageza uwundi mukenyuro.
Uwo wundi mukenyuro bagize wari uwo guhenda Nehemiya ngo aje kwinyegeza mu rusengero rweranda rwa Yehova kubera hari abashaka kumwica. Ariko agiye kwinyegeza aho mu rusengero, yobaye arenze ku mategeko y’Imana. Rero yaranse kujayo. Yavuze ati: «Ubona umuntu nkanje yohunga?» Yagumye ku gikorwa kuko yari azi ko Abayuda bariko barakora ivyo Yehova agomba kandi ko abashigikiye. Emwe aho ntiyari yihenze. Mu misi 52 gusa, bari bahejeje gusanura urwo ruzitiro. Ba bansi baramaramaye.
Ariko Nehemiya kandi yari akeneye umutima rugabo kugira afashe Abayuda bagenziwe. Yabwirizwa kubaja imbere, akabafasha gusubira gusenga Yehova nk’uko ashaka. Nk’akarorero, igihe abatunzi bahahaza abakene mu kubasaba inyungu z’umurengera ku madeni baba babahaye, Nehemiya yarabakosoye ata bwoba. Mu nyuma igihe yamenya ko hari abarenze kw’itegeko rya Yehova mu kwubakana n’abagore b’abanyamahangakazi, yarabahanuye ata bwoba arabereka ko barenze ku mategeko y’Imana.
Nehemiya kandi yararemesheje abantu. Nk’akarorero, bahejeje gusanura uruzitiro, barakoraniye hamwe kugira bumvirize amategeko ya Yehova. Bamaze kuyumva, barababajwe cane no kubona ingene bagambaraye cane. Ariko Nehemiya yababwiye ati: «Umunezero Yehova atanga [ni] wo buhungiro bwanyu.» Yari azi ko gukorera iyo Mana ihimbawe bituma duhimbarwa. Nta kindi kintu cotubera ubuhungiro, naho rwoba uruzitiro canke impome. Uwo munezero nyene ni wo utuma n’abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe barema, bakagira n’umutima rugabo.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Nehemiya yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Igikorwa co guhereza umwami ibinyobwa carimwo n’iki? (w10 1/7 9 ing. 5-7) A
National Museum of Iran, Tehran, Iran/Bridgeman Images
Ifoto A: Igicapo co mu Buperesi kiri ku ruhome cerekana umuntu yahereza ibinyobwa Dariyo mukuru, sekuru wa Aritazerusi
2. Abakobwa ba Shalumu bari batandukaniye he n’abanyacubahiro b’Abanyatekowa? (Neh. 3:5, 12; w19.10 23 ing. 11)
3. Abatwara imizigo bashobora gute gukoresha «ukuboko kumwe, ukundi na kwo gufashe ikirwanisho»? (Neh. 4:17, 18; w06 1/2 9 ing. 1) B
Ifoto B
4. Kubera iki Nehemiya yahagaritswe umutima no kuba hari abana b’Abayuda batavuga igiheburayo? (Neh. 13:23-27; w16.10 14 ing. 4)
Rondera ivyigwa wohakura
Abakurambere bokwigana gute Nehemiya mu bijanye no . . .
kwiheka kuri Yehova? (Neh. 1:4-11; 4:14; 13:1-3)
gukorana n’abavukanyi? (Neh. 4:15, 21-23)
kwumviriza ibiraje ishinga abandi? (Neh. 5:1-7) C
Ifoto C
Akarorero ka Nehemiya kerekana gute ko kwemera guheba ubuzima bwo kudibama kugira dukorere Yehova cane bivamwo impera?
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Nehemiya?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Nehemiya niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Twokwigira iki kuri Nehemiya ku bijanye n’ububasha bw’isengesho?
Muri iyi videwo, nurabe ingene Nehemiya yagaragaje umutima rugabo igihe abansi baguma bamurwanya.
Nehemiya: ‘Akanyamuneza ka Yehova ni igihome kidukingira’: Igice ca 1—Agace (5:22)