ICIGWA CA 9
Guhindagura Ijwi
UKORESHEJE kwa gushimika gusanzwe kwo kugira ngo ushire ivyiyumviro ahabona, birafasha abumviriza gutahura ivyo uvuga. Mugabo iyo uza urarobeka ijwi wongera uhindagura ingendo y’ukuvuga, insiguro yawe irashobora kurushiriza kuryoha kwumviriza. Turetse ivyo, bishobora kwereka abakwumviriza ukuntu wiyumva ku vyerekeye ivyo uriko uravuga. Inyifato ugira ku biraba ayo mayagwa irashobora kwosha ukuntu biyumva ku biyerekeye. Ivyo ni ko bimera, waba uriko uvugira ku mukiruruko canke uriko uraganira n’umuntu mu busuku bwo mu ndimiro.
Ijwi ry’umuntu ni igikoresho c’agatangaza, gishobora kuza kirahindagura cane. Rikoreshejwe neza, rirashobora gushira igishika mu nsiguro, gukora ku mutima, kuvyura akanyengetera, no kuvyurira abantu kugira ico bakoze. Ariko rero, ivyo ntushobora kubishikira mu gupfa gushira utumenyetso mu vyo wanditse kugira ngo ugaragaze aho kubogora canke kurobeka urugero rw’ijwi. Uguhindagura ijwi wisunze mwene utwo tumenyetso bizosa n’aho ari ivyo wigira. Aho gutuma inshikirizo yawe iba iyinyura amatwi, bishobora gutuma abakwumviriza bumva barambiwe. Ikoreshwa ryiza ry’uguhindagura ijwi, riva mu mutima.
Iyo uguhindagura ijwi gukoreshejwe neza, ntigukwegera ivyiyumviro vy’abantu ku mushikirizansiguro mu buryo butabereye. Ahubwo, bizofasha abumviriza gutegera nya kiganiro kiriko kirashikirizwa.
Kugera Neza Ijwi. Uburyo bumwe bwo kurobeka ukuntu ijwi ryawe rikora ni mu kurigera neza. Ariko ivyo ntibikwiye gupfa kuba akamenyero ko kwongereza canke kugabanya ijwi ukaguma ubigira kwa kundi nyene. Ivyo vyokwonona insobanuro y’ivyo uriko uravuga. Nimba uza uraduza ijwi kenshi birenze urugero, bica bibiha.
Ijwi ryawe rikwiye kuba riberanye na nya mayagwa. Waba uriko urasoma itegeko ryihutirwa, nka rimwe dusanga mu Vyahishuriwe 14:6, 7 canke mu Vyahishuriwe 18:4, canke ukaba uriko uraserura ukujijuka gukomeye, nko kuri bimwe vyanditswe muri Kuvayo 14:13, 14, ni vyiza kwongereza ijwi. Ni co kimwe n’iyo woba uriko urasoma igisomwa co muri Bibiliya c’ugushira ku kabarore gukaze, nka kumwe dusanga muri Yeremiya 25:27-38. Guhindagura ijwi bizotuma imvugo zimwezimwe zibonekeza mu bindi bisigaye.
Rimbura kandi intumbero yawe. Woba ushaka kuvyurira abakwumviriza ukugira ico bakoze? Woba ushaka gutuma ivyiyumviro vyo mu kiganiro cawe bija ahabona? Kwongereza ijwi kandi ukabigira wiyubara, birafasha gushitsa izo ntumbero. Ariko rero, gupfa kuza urongereza ijwi bishobora kwica intumbero yawe. Uti gute? Ivyo uriko uravuga bishobora kuba bisaba ko ushiramwo igishika n’inyiyumvo aho kwongereza ijwi. Ivyo turabitohoza mu Cigwa ca 11.
Igihe ubigiranye ukwiyubara, ukugabanya ijwi gatoyi kurashobora gutuma abantu barindirana igishika ivyo ugiye kuvuga. Mugabo ivyo mu bisanzwe bisaba ko buno nyene inyuma yaho uca wongereza ijwi. Iyo ijwi riri hasi hanyuma ukarikomereza aho nyene, ivyo bishobora gukoreshwa mu guserura amaganya canke ubwoba. Ijwi ritoyi rishobora kandi gukoreshwa mu kwerekana yuko ibiriko biravugwa bifise agaciro gatoyi ugereranije n’ibibikikije. Ariko rero nimba ijwi ryawe ryama riri hasi, ivyo bishobora kwumvikanisha yuko utazi neza ivyo uvuga canke ko utajijutse, canke yuko utitwararitse vy’ukuri ikiganiro uriko urashikiriza. Biribonekeza rero yuko ijwi ryoroshe cane rikwiye gukoreshanywa ukwiyubara.
Nuhindure Ingendo Yawe y’Ukuvuga. Mu mvugo ya misi yose, amajambo arizana uko duserura ivyiyumviro vyacu. Igihe turyohewe, dusa n’abashaka kuvuga tunyaraguritsa. Igihe dushaka ko abandi bibuka neza ivyo tuvuga, mu kuvuga duca tugenda buhoro.
Ariko rero, ni abashikirizansiguro bake bakiri bashasha usanga barobeka mu ngendo yabo y’ukuvuga. Kubera iki? Usanga bategura akajambo kose baja kuvuga. Ushobora gusanga vyose bavyanditse ku rukaratasi. Naho nyene nya nsiguro yoba atari mwene imwe isomwa, amajambo ashobora kuba asa n’ayafashwe ku mutwe. Ivyo bica bituma akantu kose bagashikiriza mu mvugo iri ku rugero rumwe. Kwiga kuvuga ukoresheje urucacagu bizofasha gukosora ubwo bugoyagoye.
Niwirinde kwongereza bukwi na bukwi ingendo yawe y’ukuvuga gushika aho bimera nk’akayabu kariko kijandajandira hanyuma buno nyene kagaca gatarukira nka hariya igihe gakubise ijisho imbwa. Kandi ntukigere uvuga unyaraguritsa gushika aho utaba ukivuga nk’uko usanzwe uvuga.
Kugira ngo ushikire ukurobeka mu ngendo yawe y’ukuvuga, ntupfe gusa kuza urihuta wongera ugabanya uko haciye akanya. Aho guha agaciro amayagwa uriko urashikiriza, ubwo buryo bwo gushikiriza insiguro buzoyatitura. Guhindura ingendo y’ukuvuga bikwiye kujana n’ivyo uriko uravuga, bigahuzwa n’akanyengetera ushaka guserura, hamwe n’intumbero yawe. Nushikirize insiguro yawe ku ngendo iri ku rugero. Kugira ngo userure akanyamuneza, nuvuge unyarutsa kandi gatoyi, nka kurya nyene wobigira mu mvugo ya misi yose. Ivyo birabereye kandi igihe uriko urashikiriza ivyiyumviro bidahambaye cane, canke igihe uriko urigana ivyabaye aho usanga atari ngombwa ngo ubivuge ido n’ido. Ivyo bizogira ico vyongereje ku kurobeka vyongere bigufashe kuguma ukingiye insiguro yawe ntiyumvikane nk’iyiremereye. Ku rundi ruhande, ivyiyumviro bihambaye, ivyiyumviro nyamukuru hamwe n’ibiringo bikomakomeye vy’insiguro, mu bisanzwe bisaba ko ugabanya ingendo y’ukuvuga.
Nuze Urahindura Ijwi. Ihe ishusho y’umuntu ariko aravuza igicurarangisho nko mu kiringo c’isaha, mugabo muri uwo mwanya akaguma avuza inuta rimwe ritarenga, ubwa mbere akarivuza cane, maze akaryorosha, akaza aracishamwo akarivuza anyarutsa, maze akarivuza buhorobuhoro. Urumva ko haba harimwo uguhindagura urugero rw’ijwi rya nya nuta n’ingendo arivugirizako, mugabo iyo ijwi ridahinduka, uwo “muziki” nturyohera cane ugutwi. Muri ubwo buryo, ata kuza uracishamwo ngo uhindure ijwi, ntirizoryohera ugutwi.
Ntiwibagire yuko uguhindura ijwi bidakora kimwe mu ndimi zose. Mu ndimi zigendera ku majwi, nk’Igishinwa, guhindura ijwi bishobora guhindura insobanuro y’ijambo. Naho ari ukwo, no muri mwene urwo rurimi, hariho ibintu umuntu ashobora gukora kugira ngo yongereze ukurobeka mu buryo akoresha ijwi. Arashobora kugira akigoro ngo yongere ijwi, mugabo rikaguma ku rugero rusa na rumwe. Gutyo amajwi yo hejuru ashobora kurushiriza kuyashira hejuru, ayari hasi na yo akarushiriza kuyashira hasi.
No mu ndimi zitagendera ku majwi, guhindura ijwi bishobora kuzana ivyiyumviro bitandukanye. Nk’akarorero, kuduza gatoyi ijwi no kuryongerereza urugero, bishobora gukoreshwa kugira ngo habe ugushimika kwo gushira ivyiyumviro ahabona. Canke uguhindura ijwi bishobora gufasha kwerekana ukuntu ikintu kingana canke uburebure bwaco. Kuduza ijwi mu mpera y’iryungane bishobora kwerekana yuko habajijwe ikibazo. Mu ndimi zimwezimwe bishobora gusabwa ko hakoreshwa ukumanura ijwi.
Umunezero hamwe n’ubushwashwanutsi bishobora guserurwa mw’ijwi ryo hejuru. (Mu rurimi rugendera ku majwi, ivyo bishobora gusaba kwongereza cane ijwi.) Intuntu n’amaganya bishobora gusaba ko umuntu akoresha ijwi ryo hasi. (Canke mu rurimi rugendera ku majwi, ijwi ritoyi.) Akanyengetera kavugwa ngaha ni agafasha umushikirizansiguro gukora ku mutima. Igihe ushaka kugaserura, ntupfe kuvuga amajambo gusa. Nukoreshe ijwi ryawe mu buryo bwerekana ko na wewe ukiyumvamwo.
Gushinga Umushinge. None uguhindagura ijwi bitangurira hehe? Bitangurira ku kurobanura amayagwa ukoresha mu nsiguro yawe. Iyo ata kindi ushizemwo atari ugutanga ivyiyumviro, canke ntihagire ikindi ushiramwo atari ukwinginga, nta turyo twinshi uzoronka two kurobeka mu nsiguro yawe. Nusuzume rero urucacagu rwawe, hanyuma urabe neza yuko ufise ibirungo bikenewe kugira ushikirize insiguro inyura amatwi, yigisha.
Dufate yuko mu nsiguro yawe wiyumvisemwo yuko ukeneye kurushiriza kurobeka, kubera ko ivyo ushikiriza vyikwega. None ugire iki? Nuhindure uburyo ushikiriza amayagwa yawe. Uti gute? Uburyo bumwe ni ukuzingurura Bibiliya, ugasaba abumviriza kuzingurura izabo, hanyuma ugasoma icanditswe aho kuguma uvuga gusa. Canke ibintu bimwebimwe uvuga ubihinduremwo ikibazo, wongeremwo akaruhuko ko gushimika. Shiramwo ikigereranirizo coroheje. Ubwo ni ubuhinga bukoreshwa n’abashikirizansiguro baciye uruma. Mugabo utaravye urugero washitseko mu guca uruma, urashobora gukoresha nya vyiyumviro nyene igihe utegura amayagwa yawe.
Dushobora kuvuga yuko uguhindagura ijwi ari ikirungo c’insiguro. Nimba hakoreshejwe uguhindagura ijwi kubereye, kandi ku rugero rwiza, bizozana akanovera kuzuye k’amayagwa yawe maze bitume abakwumviriza bahimbarwa.