ICIGWA CA 8
Urugero rw’Ijwi Rubereye
IYO umushikirizansiguro abuze urugero rw’ijwi rukenewe, bamwebamwe mu bumviriza bashobora gutangura guhunikira. Iyo umwamamaji avuga bukebuke cane mu busuku bwo mu ndimiro, hari aho atoshobora kuguma atezwe yompi n’uwo ahasanze. No ku makoraniro aho insasanuro z’abumviriza zidatanganwa urugero rw’ijwi rubereye, abari aho ntiboronka indemesho bakeneye. (Heb. 10:24, 25) Ku rundi ruhande, mu gihe umushikirizansiguro yongereje urugero rw’ijwi ryiwe ku gihe kitari co, abumviriza bashobora kwumva batamerewe neza, n’ukurambirwa bakarambirwa.—Imig. 27:14.
Nurimbure Abakwumviriza Abo Ari Bo. Uriko ubwira bande? Mbega ni umuntu umwe? Ni umuryango? Ni umugwi mutoyi w’abantu bakoraniye hamwe ngo baje mu murimo wo mu ndimiro? Ni ishengero ryose? Canke ni ihwaniro rinini? Biragaragara yuko urugero rw’ijwi rubereye igihe ibintu vyifashe ukwo, rwoshobora kuba rutabereye igihe ibintu vyifashe ukundi.
Mu biringo binyuranye, abasavyi b’Imana barashikiriza amajambo imigwi mininiminini y’abumviriza. Igihe binjira urusengero rw’i Yeruzalemu mu misi ya Salomo, nta vyuma vyo kuduza ijwi vyari bihari. Rero Salomo yahagaze ku mukiruruko uri hejuru hanyuma arahezagira abantu “avuga n’ijwi rirenga.” (1 Abam. 8:55; 2 Ngo. 6:13) Haciye ibinjana, inyuma y’isukwa ry’impwemu yera igihe ca Pentekote yo mu 33 G.C., isinzi ry’abantu ryaratororokaniye iruhande y’umugwi mutoyi w’Abakirisu i Yeruzalemu, bamwe mu bantu bikaba vyarabashimisha, abandi na bo bakitwengera. Petero yarerekanye ubukerebutsi ngirakimazi, ‘arahagarara, . . . ababaza n’ijwi rirenga.’ (Ivyak. 2:14) Intahe ikomeye yarashinzwe.
Womenya gute yuko urugero rw’ijwi uriko urakoresha rubereye igihe ibintu vyifashe ukunaka? Ukuntu abumviriza bavyakira ni kimwe mu bipimo vyiza kuruta worabirako. Iyo ubonye yuko hari bamwe mu bumviriza bariko bihata ngo bumve, ukwiye guca ugira akigoro ngo wongereze ijwi ryawe.
Twaba turiko tubwira umuntu umwe canke umugwi, biraranga ubukerebutsi kurimbura abatwumviriza abo ari bo. Mu gihe hari umuntu bigora kwumva, bishobora gukenerwa ko uduza ijwi. Mugabo ugusemerera nta kintu kinini kuzofasha abantu bashobora kuvyakira bukebuke gusa biturutse ku busaza. Vyoshobora mbere gusa no kubagora. Mu mico kama imwimwe, urugero rw’ijwi runini birenze usanga ruboneka nk’ikimenyamenya c’uko umuntu yarakaye canke atigumya.
Ntiwirengagize Urwamo Rusamaza. Igihe ugiye mu busuku bwo mu ndimiro, ibintu muhura na vyo bica bituma ugira ico uhinduye mw’ijwi rikenewe kugira ushinge intahe. Hari aho haba urwamo rw’imiduga, abana bayogora, imbwa zikuga, imiziki ivuga cane, canke televiziyo imena amatwi. Ku rundi ruhande, aho usanga inzu zegeranye, bishobora gutera ubuyega abo ku muhana mu gihe uvuga cane gushika n’aho bikwega amaso y’ababanyi.
Abavukanyi batanga insiguro mw’ishengero canke ku mahwaniro, babwirizwa na bo nyene kwirwanako mu gihe ibintu vyifashe ugutandukanye. Kubwira abantu iyo muri hanze biratandukanye no gushikiriza insiguro mu nyubakwa ijwi ryumvikanamwo neza. Muri Amerika y’Amaja Epfo, hari abamisiyonari babiri bariko batangira insiguro y’icese ku mbuga y’umuntu yari ashimishijwe igihe abantu bariko baturirira mu micungararo yaho ibintu bivuza urwamo, vyongeye hakaba n’isake yariko irabika yisubiriza hafi yaho!
Mu gihe insiguro iriko irashikirizwa, hoshobora gushika ikintu gisaba ko uruhuka gushika ikintu cariko kiragorana kigabanutse, canke na ho ukaduza ijwi. Nk’akarorero, mu gihe ikoraniro ririko riragirirwa mu nyubakwa isakajwe amabati, imvura nyinshi iguye giturumbuka ishobora gutuma bisa n’ibidashoboka ko abumviriza bumva umushikirizansiguro. Umwana ariko ararira canke ugusamazwa n’abacerewe, nta gukeka biratuma ibintu bigora. Numenye guca ushumbusha abakwumviriza ku bw’ivyo bintu bibasamaje, kugira ngo bashobore kwungukira bimwe bishitse ku mayagwa uriko urashikiriza.
Ivyuma vyo kuduza ijwi bizofasha cane nimba biriho, mugabo ntibica bibuza ko umushikirizansiguro aduza ijwi igihe bisabwe n’ukungene ibintu vyifashe. Mu bibanza bimwebimwe aho umuyagankuba ukunda gucika, abashikirizansiguro babwirizwa kubandanya insiguro zabo badafashijwe na mikoro.
Rimbura Amayagwa Ariko Arihwezwa. Ubwoko bw’amayagwa ari mu nsiguro yawe burafise ico bukora ku rugero rw’ijwi rukenewe. Nimba ari ikibazo gisaba gushiramwo inguvu, ntutume ivyo ushikiriza bita inguvu mu kuvuga witonze birenze urugero. Nk’akarorero, igihe uriko usoma mu Vyanditwe amajambo yo gushira ibibi ku kabarore, ijwi ryawe rikwiye kuba rikomeye kuruta igihe uriko usoma impanuro yerekeye ukugaragaza urukundo. Nuhuze urugero rwawe rw’ijwi n’amayagwa, mugabo urabe neza ntubigire mu buryo bukwegera ivyiyumviro vy’abantu kuri wewe nyene.
Nurimbure Intumbero Yawe. Nimba ushaka kuvyurira abakwumviriza ugukorana ingoga, hari aho vyokenerwa ko ukoresha ijwi rikomeye. Nimba ushaka guhindura ukwiyumvira kwabo, ntubirukane mu gukoresha ijwi rinini birenze urugero. Nimba uriko wihatira kubahumuriza, ijwi ryoroshe kuruta ni ryo mu bisanzwe riba ribereye.
Gukoresha Neza Ijwi Rinini. Igihe uriko ugerageza gukwegēra ivyiyumviro vy’umuntu ari muri twinshi, kenshi ijwi rinini rirafasha. Abavyeyi ivyo barabizi, ari co gituma baduza ijwi mu guhamagara abana igihe hageze ko bava gukina. Ijwi rinini rishobora kandi gukenerwa igihe umuhagarikizi atanguje ikoraniro ry’ishengero canke iteraniro. Igihe abamamaji bari mu busuku bwo mu ndimiro, bashobora kuramutsa abantu n’ijwi rinini igihe baje kuganiriza abantu bariko bakorera hanze y’i muhira.
No mu gihe umuntu amaze kugutega ugutwi, birahambaye yuko ubandanya gukoresha ijwi rikwiye. Ijwi ritoyi cane rishobora kwerekana ko umengo umushikirizansiguro yiteguye nabinabi canke ko atagira ukujijuka.
Igihe ushikiriza ibwirizwa, ukuduza ijwi kurasunikira abantu ku kugira ico bakoze. (Ivyak. 14:9, 10) Muri ubwo buryo nyene, itegeko utanze usemerera rishobora kuburira abantu icago. I Filipi umucunzi w’ibohero yari hafi kwiyahura kubera ko yari yiyumviriye ko abanyororo yari acunze batorotse. “Paulo asemerera n’ijwi rirenga, ati Ntiwigirire nabi, twese turi hano.” Muri ubwo buryo uwagira yiyahure yarabiretse. Paulo na Sila baciye bashinga intahe kuri nya mucunzi w’ibohero be n’abo mu rugo rwiwe, bano bose baca barakira ukuri.—Ivyak. 16:27-33.
Uburyo bwo Kuryohora Urugero Rwawe rw’Ijwi. Kuri bamwe, harasabwa akigoro kiyongereye kugira bamenye uburyo bwo gukoresha urugero rw’ijwi rubereye. Umuntu arashobora kuvugana urugero rw’ijwi rudakwiye kubera ko afise ijwi ritoyi. Ariko rero agize akigoro, arashobora kuryohora, naho ashobora kuguma afise ijwi ryoroshe. Niwitwararike guhema no guhagarara neza. Niwimenyereze kwicara no guhagarara ugororotse. Sunikira inyuma ibitugu, hanyuma uheme ushitsa. Nurabe neza yuko uriko uruzuza impemu igihimba c’epfo c’amahaha. Ico kigega c’impemu, iyo gikoreshejwe neza, ni co gituma bishoboka ko uraba urugero rwawe rw’ijwi igihe uriko uravuga.
Ku bandi, ingorane ni uko bavugana ijwi rinini kurenza urugero. Kumbure ako kamenyero kakomejwe n’ugukorera ahantu h’urwamo. Ku rundi ruhande, bashobora kuba bakuriye aho abantu bose bavugira hejuru ugasanga harakunda no kuba ibiciramwo umuntu. Ivyo bituma bumva ko uburyo bumwe rudende bwo kugira ico bavuga ari ukuvugira hejuru kuruta abasigaye. Uko bagenda bakurikiza impanuro za Bibiliya zibasaba kwambara “umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,” bazogira ivyo bahinduye mu vy’urugero rw’ijwi bakoresha igihe bariko baganira n’abandi.—Kol. 3:12.
Ukwitegura neza, uguca uruma kuva ku kugira uruhara ubudahorereza mu murimo wo mu ndimiro, hamwe n’ugutura amasengesho Yehova, bizogufasha kuvugana ijwi ribereye. Waba uvugira ku mukiruruko canke ubwira umuntu iyo uri mu busuku bwo mu ndimiro, niwihatire gutumbereza ivyiyumviro vyawe ku kuntu uwundi muntu ashobora gufashwa n’ukwumva ivyo uriko uravuga.—Imig. 18:21.