ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 10 rup. 115-rup. 117 ing. 4
  • Ubushwashwanutsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubushwashwanutsi
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Kwigisha ushwashwanutse
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Insiguro Iri n’Ico Yigisha Abakwumviriza
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gushwashwanuka
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gushikiriza Insiguro Ataho Uyisoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 10 rup. 115-rup. 117 ing. 4

ICIGWA CA 10

Ubushwashwanutsi

Ni ibiki ukeneye kugira?

Mu gushikiriza insiguro ucangamutse, nugaragaze yuko wiyumvamwo neza cane agaciro k’ivyo uriko uravuga.

Ni Kuki Bihambaye?

Ubushwashwanutsi bwawe buzofasha gutuma abakwumviriza baguma bashimishijwe n’ivyo uvuga; bushobora kandi kubavyurira ukugira ico bakoze. Nimba ushwashwanuka mu vyo uvuga, n’abakwumviriza ni ko bazomera.

UBUSHWASHWANUTSI burafasha gutuma insiguro iguma ishushe. Naho bihambaye ko amayagwa aba ayigisha, iyo ashikirijwe n’ubushwashwanutsi birafasha gukwegera ivyiyumviro vy’abumviriza. Utaravye imico kama wakuriyemwo canke kamere yawe, urashobora gutsimbataza ubushwashwanutsi.

Nuvugane Inyiyumvo. Igihe Yezu yariko aganira n’Umusamariyakazi, yavuze yuko abasenga Yehova bategerezwa kubigira “mu mpwemu no mu kuri.” (Yoh. 4:24) Ugusenga kwabo gutegerezwa kuba gutumwe n’umutima ushima, kandi kukaba guhuje n’ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Igihe umuntu akenguruka cane gutyo, bizogaragarira mu kuntu avuga. Azoguma ashashaye kuganirira abandi ibintu Yehova yatunganije biranga urukundo. Uburyo aboneka mu maso, ibimenyetso agira vy’umubiri hamwe n’ijwi ryiwe, bizogaragaza uburyo yiyumva vy’ukuri.

Ni kuki none umushikirizansiguro akunda Yehova kandi yemera ivyo ariko avuga yobura ubushwashwanutsi igihe ashikiriza ikiganiro? Gutegura ivyo azovuga ntibikwiye. Ategerezwa kwerekana ko ikiganiro ariko arashikiriza kimurimwo, akagitangana akanyengetera. Dufate yuko ashinzwe gushikiriza insiguro ku vyerekeye inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu. Igihe ashikiriza insiguro yiwe, ivyiyumviro vyiwe bitegerezwa kuba bituzuyemwo inkuru y’ido n’ido gusa, mugabo vyuzuyemwo ugukenguruka ivyo incungu ya Yezu isigura ku mushikirizansiguro ubwiwe no ku bamwumviriza. Akeneye kwibuka inyiyumvo afise z’ugukurira ubwatsi Yehova Imana na Kirisitu Yezu ku bw’ico kintu c’agatangaza catunganijwe. Akeneye kwiyumvira icizigiro c’ubuzima iyo ncungu iha abantu, na co kikaba ari agahimbare kadahera umuntu azogira afise ubuzima butagira agasembwa mw’isi yasubiye kugirwa iparadizo! Ni co gituma akeneye gushiramwo n’umutima wiwe.

Ku vyerekeye wa mwimuzi w’ivyanditswe Ezira, uwari umwigisha muri Isirayeli, Bibiliya ivuga yuko “yari [“yarateguriye,” NW] [u]mutima kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho.” (Ezr. 7:10) Natwe tubigize gutyo, tudategura amayagwa vyonyene ariko kandi tugategura imitima yacu, tuzovuga bivuye ku mutima. Mwene ukwo kuvuga ukuri bivuye ku mutima, kurashobora gukora vyinshi mu gufasha abo tubwira kugira batsimbataze umutima nyawo wo gukunda ukuri.

Niwiyumvire Abakwumviriza. Ikindi kintu gihambaye mu vyo kugaragaza ubushwashwanutsi ni ukujijuka yuko abakwumviriza bakeneye kwumva ivyo uvuga. Ivyo bisigura ko igihe utegura insiguro yawe udakwiye gusa gutororokanya amayagwa y’ingirakamaro, ahubwo kandi ukwiye gusenga Yehova kugira ngo aguhe ubuyobozi bwiwe mu kuyakoresha kugira yungure abo ugiye kuyabwira. (Zab. 32:8; Mat. 7:7, 8) Nurimbure igituma abakwumviriza bakeneye kwumva ayo makuru, ukuntu azobungura, hamwe n’ukuntu ushobora kuyashikiriza mu buryo butuma bashima agaciro kayo.

Nutunganye amayagwa yawe gushika usigare wumva ari ikintu kikunezereye. Si ngombwa ngo abe ari mashasha, mugabo ukuntu ushikiriza ico kiganiro gushobora gutuma yumvikana nka mashasha. Nimba uteguye ikintu kizofasha abakwumviriza vy’ukuri kugira bakomeze ubucuti bafitaniye na Yehova, bakenguruke ivyo yatunganije, birwaneko neza mu mikazo y’ubuzima bwo muri iyi si ishaje, canke kugira ngo babe kirumara mu busuku bwabo, uzoba rero ufise imvo zikwiye zituma ushwashwanuka mu nsiguro yawe.

Wogira iki igihe ushinzwe gusomera abantu? Kugira ngo ivyo ubigirane ubushwashwanutsi, igisabwa si ugupfa kuvuga amajambo neza no kuyashira hamwe mu buryo bubereye. Nutohoze nya mayagwa. Nimba uzosoma igihimba ca Bibiliya, nugire ubushakashatsi bukeyi kuri co. Nurabe neza yuko utahura insobanuro yayo y’ishimikiro. Rimbura ukuntu akwungura wewe n’abakwumviriza, hanyuma usome ufise icipfuzo co kubishikiriza abakwumviriza.

Woba uriko witegura ngo uje mu busuku bwo mu ndimiro? Niwihweze umutwe w’ikiyago muza kuganirako be n’ivyanditswe uteganya gukoresha. Nurimbure kandi, ibiri mu mizirikanyi y’abantu. Ni ibiki vyavuzwe mu makuru? Ingorane zibashikira ni izihe? Iyo ufise ivya ngombwa vyose vyo kwereka abantu yuko Ijambo ry’Imana ririmwo umuti w’ingorane nyene bafise, wumva ushashaye kubibereka, ubushwashwanutsi na bwo bukizana.

Nugaragaze Ubushwashwanutsi mu Gushikiriza Ikiganiro Ucangamutse. Urashobora kugaragaza ubushwashwanutsi bimwe bitomoye mu gucangamuka mu nsiguro ushikiriza. Ivyo birakwiye kugaragara mu kuntu umeze mu maso. Utegerezwa kwumvikana yuko wajijutse, ata kwemeza inyigisho ku gahato.

Uburimbane burakenewe. Hariho abasa n’abaryohewe ku kantu ako ari ko kose. Bishobora gukenerwa ko bafashwa gutegera yuko igihe umuntu agumye acucagira abantu amajambo canke akagira akanyengetera karenze urugero, abamwumviriza baca biyumvira we nyene aho kwiyumvira ivyo avuga. Ku rundi ruhande, abantu b’abanyesoni barakeneye indemesho kugira barushirize gutinyuka kuvuga.

Ubushwashwanutsi burandukira. Nimba urabana n’abumviriza kandi ukagira ubushwashwanutsi mu nsiguro yawe, abakwumviriza na bo nyene ubwo bushwashwanutsi baca babugira. Apolo yarerekana ko acangamutse mu kuvuga, kandi avugwa ko yari imvuzi. Mu gihe ururumba impwemu y’Imana, inshikirizo yawe icangamutse izosunikira abakwumviriza ku kugira ico bakoze.—Ivyak. 18:24, 25; Rom. 12:11.

Ubushwashwanutsi Bubereye Amayagwa. Uraraba neza ntugire ubushwashwanutsi burenze mu nsiguro yawe gushika aho abakwumviriza bose bumva barambiwe. Naho uzobinginga gute mu nsiguro yawe ngo baze bisunge ibiriko biravugwa, bizoca mu gutwi kumwe biserukane mu kundi. Ivyo birerekana rwose yuko dukeneye gutegura amayagwa atuma haba ukurobeka mu nsiguro dushikiriza. Gerageza ntukoreshe uburyo bwo kuvuga bugaragaza yuko utabinezwe. Utoranije amayagwa yawe uvyitondeye, uzoshimishwa cane na yo. Mugabo ivyiyumviro bimwebimwe mu bisanzwe birasaba yuko mu kubishikiriza ushiramwo ubushwashwanutsi kuruta ibindi. Kandi ivyo ukwiye kuza urabisobekangamwo ku buhanga mu nsiguro yawe yose.

Ivyiyumviro bikurubikuru ni vyo canecane bikwiye gushikirizwa n’ubushwashwanutsi. Insiguro yawe itegerezwa kugira ibiringo vy’agaheta ugenda ugana. Kubera ko ivyo biba ari ingingo zikomakomeye z’insiguro yawe, mu bisanzwe biba ari vyo bice bigenewe kuvyurira ingiro abakwumviriza. Kubera ko uba wajijuye abakwumviriza, urakeneye kubakabura, ukabereka inyungu ziri mu gushira mu ngiro ibihejeje kwihwezwa. Ubushwashwanutsi bwawe buzogufasha gushikira imitima y’abakwumviriza. Ugushikiriza ikiganiro gicangamutse ntibikwiye kwigera bihatwa. Hakwiye kuba hari imvo ibituma, kandi amayagwa yawe araguha iyo mvo.

UBURYO BWO KUBUTSIMBATAZA

  • Ntutegure gusa amayagwa uzoshikiriza, ahubwo tegura n’umutima wawe; gutyo bituma ushiramwo n’akanyengetera.

  • Nuzirikane cane ku kuntu ivyiyumviro uza gushikiriza biza kwungura abo ubwira.

  • Nugenekereze ibihimba bisaba ubushwashwanutsi budasanzwe.

  • Nugume ucangamutse mu kuntu uvuga. Nurabe neza yuko mu maso hawe hagaragaza ukuntu wiyumva. Nuvugane inkomezi hamwe n’ingoga.

UMWIMENYEREZO: Niwihweze Yosuwa ikigabane ca 1 n’ica 2, urabe ahantu habereye ko wohasoma n’ubushwashwanutsi, urabe n’ukuntu wobigira igihe uriko urasoma iyo nkuru. Niwimenyereze kuhasoma n’ijwi ryumvikana ufise ubushwashwanutsi bubereye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika