ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 28 rup. 179-rup. 180 ing. 8
  • Kuvuga nk’Uwuyaga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuvuga nk’Uwuyaga
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Kumera Uko Usanzwe Umeze
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kuvuga nk’uwuyaga
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Kuvuga Worohewe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Tuvuge amajambo ‘meza yubaka’
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 28 rup. 179-rup. 180 ing. 8

ICIGWA CA 28

Kuvuga nk’Uwuyaga

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nuvuge mu buryo bw’ikiyago ca misi yose mugabo bubogoye gatoya kugira ngo buhuze n’abakwumviriza.

Ni Kuki Bihambaye?

Uburyo bubereye bwo kuvuga uyaga butuma abakwumviriza bumva borohewe kandi bukabafasha gushimishwa n’ivyo uvuga.

ABANTU muri rusangi bumva borohewe igihe baba bariko barayaga n’abagenzi. Amajambo bakoresha arizana. Abantu bamwebamwe baba bashwangamutse; abandi usanga bivugira make. Naho ari ukwo, ukuntu ico kiganiro kiba ari ico mu mvugo isanzwe, usanga bikwegera koko.

Ariko rero, igihe uvugisha uwo utazi ntibibereye kumuvugisha nk’aho mwoba mumenyeranye birenze urugero, canke mu buryo bw’ugufyina. Kukaba nkako, mu mico kama imwimwe ibiyago vyose umuntu agirana n’abantu atazi bitangura mu buryo buri ku mategeko cane. Umaze kumugaragariza icubahiro akwiriye, ubigiranye ubukerebutsi vyoshobora kuba vyiza ukoresheje imvugo itari ku mategeko cane kandi irushirije kuba iy’ukuyaga.

Igihe uvugira ku mukiruruko, utegerezwa na ho nyene kugaragaza ukwiyubara. Kuvuga mu buryo burimwo ugufyina biratesha urupfasoni ikoraniro rya gikirisu bukanatuma ibivugwa bitakaza uburemere. Mu ndimi zimwezimwe, hariho imvugo zisabwa igihe uvugisha umuntu akuze, umwigisha, umutegetsi canke umuvyeyi. (Raba amajambo yakoreshejwe mu Vyakozwe 7:2 na 13:16.) Hariho imvugo zitandukanye zikoreshwa igihe uvugisha uwo mwubakanye canke umugenzi somambike. Naho imvugo yacu igihe turi ku mukiruruko idakwiye kuba iyo ku mategeko kurenza urugero, ikwiye kuba iranga icubahiro.

Ariko rero, hariho ibintu bishobora gutuma uburyo umuntu ashikiriza insiguro buba ubutarimwo inyiyumvo canke uburi ku mategeko bidakenewe. Kimwe muri ivyo bintu ni inyubako y’iryungane, canke uburyo bwo gukoresha amajambo. Haravyuka ingorane igihe umushikirizansiguro agerageza gusubiramwo amajambo neza na neza nk’uko ari aho yanditswe. Ijambo ryanditswe mu bisanzwe riba ritandukanye cane n’ijambo rivugwa. Ego ni ko, ubushakashatsi mu gutegura insiguro mu bisanzwe bugirwa hakoreshejwe amayagwa yanditswe. Bishoboka yuko urucacagu rwanditswe ruba rutanga ishimikiro ry’iyo nsiguro. Mugabo mu gihe userura ivyiyumviro nk’uko nyene bigaragara mu nyandiko canke ukabisoma ubwo nyene mu kiringo c’insiguro yawe ubikura ku rucacagu rwanditswe, bisa n’uko imvugo yawe itazokwumvikana nk’ikiyago. Kugira ngo ugume uvuga mu buryo bwo kuyaga, nushikirize ivyiyumviro mu majambo yawe bwite kandi wirinde inyubako y’amungane ihinguye.

Ikindi kintu ni ukurobeka ingero uvugirako. Imvugo isa n’iyitarimwo inyiyumvo kandi iri ku mategeko cane kenshi isaba kuvuga amajambo ugenda urayatandukanya cane ugakoresha n’ingendo iguma ari ya yindi bimwe birenze urugero. Mu kiyago gisanzwe, hagenda harabamwo uguhinduka kw’ingendo be n’uturuhuko twinshi tutanganya uburebure.

Igihe ushikiriza insiguro abantu benshi, birumvikana yuko ukwiye gukoresha uburyo bwo kuvuga nk’uwuyaga ugakoresha n’ijwi ryiyongereye, ukongereza n’inguvu uvugana hamwe n’ubushwashwanutsi kugira ngo utume bagukurikira.

Kugira ngo uvuge nk’uwuyaga bimwe bibereye mu busuku bwo mu ndimiro, birakenewe ko ugira akamenyero ko kuvuga neza imisi yose. Ivyo ntibisigura yuko utegerezwa kuba warize amashure menshi. Mugabo ni vyiza gutsimbataza utumenyero two kuvuga tuzotuma abandi bumviriza n’icubahiro ivyo uvuga. Ufise ivyo mu muzirikanyi, nurimbure nimba ukeneye kuryohora ibintu wisunze ingingo zikurikira mu kiyago cawe ca misi yose.

  1.  Niwirinde imvugo zirenga ku ndimburo ibereye canke zisa n’izigushushanya n’abantu babayeho batisunga ingingo mfatirwako z’Imana. Wisunze impanuro iri mu B’i Kolosayi 3:8, niwirinde imvugo isunitswe n’impemu canke iteye isoni. Ku rundi ruhande, imvugo isanzwe si mbi. Imvugo zisanzwe canke za misi yose, ntiziba ziri ku mategeko cane, mugabo zirahuza n’amategeko yemewe y’ururimi.

  2.  Niwirinde kuguma usubiramwo amajambo amwe n’amungane amwe mu gushikiriza iciyumviro cose gishasha ushobora kuba ufise. Niwige gukoresha amajambo atomora ico ushaka kuvuga.

  3.  Niwirinde gusubiramwo ivyo wari uhejeje kuvuga atari ngombwa, mu kubanza gutomokerwa neza mu bwenge ivyo ushaka kuvuga; heza rero utangure kuvuga.

  4.  Niwirinde kuzika ivyiyumviro vyiza mu majambo menshi arenze urugero. Numenyere kuvuga utomora mu ryungane ryoroheje iciyumviro bikenewe ko cibukwa.

  5. Nuvuge mu buryo bugaragariza icubahiro abandi.

UBURYO BWO GUTSIMBATAZA IYO KAMERE

  • Nutangurire ku kuntu ubona abakwumviriza. Nubabone nk’abagenzi, mugabo nturenze urugero mu kubafata nk’abo mwotebura. Nubafatane icubahiro.

  • Nuvuge ataho usoma. Ntugerageze gukoresha neza na neza amajambo ari mu mayagwa yanditswe. Nushire ivyiyumviro mu majambo yawe bwite. Nukoreshe amungane magufi, kandi urobeke ingendo.

  • Niwitunire ku cipfuzo co kuganira. Nuvuge ubikuye ku mutima. Igihambaye ni ubutumwa ushikiriza, si ukuntu abandi bakubona.

  • Nuryohore ukuyaga kwawe kwa misi yose. Niwimenyereze iciyumviro kimwekimwe mu vyatanzwe kuri uru rupapuro.

UMWIMENYEREZO: Nusuzume ukuntu usanzwe ubigenza mu kuyaga. Niwimenyereze ivyiyumviro bitanu bitondetse aho haruguru, witunire kuri kimwekimwe umusi wose. Igihe cose ugize ikosa, nusubiremwo iciyumviro cawe, n’imiburiburi mu bwenge bwawe, ivyo ubigire utihenda.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika