Ikigabane ca 10
Ubwami bw’Imana Buraganza
1, 2. Intwaro z’abantu zagaragaye gute ko zitabereye?
KUMBURE woba umaze kugura icuma, maze ugasanga ntigikora. Tuvuge yuko wahamagaye umufundi. Ariko rero haciye igihe gitoyi bisa n’uko “yakoze” ico cuma, kigaca gipfa. Ese ukuntu bivuna umutima!
2 Ni ko n’intwaro z’abantu zimeze. Abantu bamye nantaryo bipfuza intwaro yobazanira amahoro n’ubuhirwe. Yamara, utwigoro dukomeye bagize two gukora ikibano c’abantu aho kirwaye ntitwatunganiwe vy’ukuri. Amasezerano menshi cane y’ivy’amahoro yaragizwe—hanyuma ararengwako. Vyongeye, ni intwaro iyihe yashoboye kurandurana n’imizi ubukene, amacakubiri, ubugizi bwa nabi, indwara be n’uguhona kw’ibidukikije? Ukuganza kw’umuntu ntikukivayo. Eka na wa Mwami Salomo w’inkerebutsi wa Isirayeli yarabajije ati: “Umuntu buntu yotahura inzira yiwe ate?”—Imigani 20:24.
3. (a) Umutwe-shimikiro w’ivyo Yezu yigisha wari uwuhe? (b) Abantu bamwebamwe badondora gute Ubwami bw’Imana?
3 Ntiwihebure! Intwaro ishinze imizi iganza isi yose si indoto gusa. Ni yo yari umutwe-shimikiro w’ivyo Yezu yigisha. Yayise “ubgami bg’Imana,” kandi yigisha abayoboke biwe gusenga babusaba. (Luka 11:2; 21:31) Ego ni ko, Ubwami bw’Imana rimwe na rimwe buravugwa mu madini. Nkako, hari abantu amamiliyoni babusaba Imana ku musi ku musi igihe basubiramwo ca Gisabisho c’Umukama (ari co kandi citwa Dawe wa Twese canke isengesho ry’akarorero). Mugabo abantu bishura ugutandukanye igihe ubabajije uti: “Ubwami bw’Imana ni iki?” Bamwe bavuga ngo “Buri mu mutima wawe.” Abandi babwita ijuru. Bibiliya iratanga inyishu itomoye, nk’uko tuza kubibona.
UBWAMI BUFISE UMUGAMBI
4, 5. Ni kuki Yehova yahisemwo kugaragaza ukugaba n’ukuganza kwiwe mu bundi buryo, kandi ivyo bizoshika ku ki?
4 Yehova Imana nantaryo yamye ari Umwami, canke Umutegetsi Segaba, w’ibiriho vyose. Kuba yararemye ibintu vyose biramushira muri ico kibanza kiri hejuru. (1 Ngoma 29:11; Zaburi 103:19; Ivyakozwe 4:24) Mugabo Ubwami Yezu yigishije ni uburi musi y’ikibanza Imana ifise co kuba Segaba wa vyose. Ubwo Bwami bwa Mesiya bufise umugambi urashe. Uti ni uwuhe?
5 Nk’uko vyasiguwe mu Kigabane ca 6, umugabo n’umugore ba mbere baragararije ubukuru bw’Imana. Kubera ibibazo vyavyuwe, Yehova yahisemwo kugaragaza ukugaba n’ukuganza kwiwe mu bundi buryo. Imana yaramenyesheje umugambi yari ifise wo kuzana “urubuto” (NW) rwofyonyoye ya Nzoka Shetani, hanyuma rugakuraho inkurikizi zazanywe n’icaha abantu barazwe. “Urubuto” (NW) nyamukuru ni Yezu Kirisitu, “ubgami bg’Imana” na bwo bukaba ari co gikoresho kizonesha Shetani bimwe bishitse. Biciye kuri ubwo Bwami, Yezu Kirisitu azogarukana ukuganzwa kw’isi mw’izina rya Yehova, yongere yemeze rimwe rizima uburenganzira Imana ifise bwo kuba Segaba.—Itanguriro 3:15; Zaburi 2:2-9.
6, 7. (a) Ubwami bw’Imana buri hehe, kandi Umwami n’abaganzanya na we ni bande? (b) Abatwarwa ba nya Bwami ni bande?
6 Dufatiye ku buryo amajambo Yezu yabwiye Abafarizayo b’ababisha yahinduwe muri Bibiliya Yera, yavuze ati: “Ubgami bg’Imana buri muri mwebge.” (Luka 17:21) Yezu yoba yashaka kuvuga ko nya Bwami bwari mu mitima mibi y’abo bantu bari barononekaye? Oya. Impinduro irushirije kuba nyakuri yagizwe bishimikije Ikigiriki c’intango isomwa uku: “Ubwami bw’Imana buri hagati yanyu.” (NW) Yezu we yari hagati yabo, yashaka kuvuga ko ari we yobaye Umwami muri kazoza. Aho kuba ikintu umuntu afise mu mutima wiwe, Ubwami bw’Imana ni intwaro nya ntwaro, ikora, ifise umutware n’abatwarwa. Ni intwaro yo mw’ijuru, kuko yitwa “ubgami bwo mw ijuru” n’ “ubgami bg’Imana.” (Matayo 13:11; Luka 8:10) Umuhanuzi Daniyeli yareretswe nko mu ndoto Umutegetsi wabwo ameze nk’ “uwusa n’Umwana w’umuntu” azanywe imbere y’Imana Mushoboravyose hanyuma agahabwa “inganji n’icubahiro n’ubgami [biramba], kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe.” (Daniyeli 7:13, 14) None uwo Mwami ni nde? Bibiliya yita Yezu Kirisitu “Umwana w’umuntu.” (Matayo 12:40; Luka 17:26) Egome, Yehova yaragenye Umwana wiwe, Yezu Kirisitu, ngo abe Umwami.
7 Yezu ntaganza ari wenyene. Ari kumwe n’abantu 144.000 “bācunguwe ngo bakūrwe mw’isi” kugira ngo babe abami n’abaherezi bafatanije na we. (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:1, 3; Luka 22:28-30) Abatwarwa b’Ubwami bw’Imana bazoba bagize umuryango ukwiye kw’isi yose w’abantu bayobokera ubuyobozi bwa Kirisitu. (Zaburi 72:7, 8) Mugabo ni igiki codukura amazinda yuko ubwo Bwami buzokwemeza vy’ukuri ukugaba n’ukuganza kw’Imana, bwongere busubize iparadizo kuri iyi si tubako?
UBWAMI BW’IMANA SI UMUGANI
8, 9. (a) Twoshobora gute kugereranya ukuntu imihango y’Ubwami bw’Imana ari iyo kwizigirwa? (b) Ni kuki dushobora kwizigira ata mazinda yuko ubwo Bwami atari umugani?
8 Iyumvire yuko umuriro watongoye inzu yawe. Maze umugenzi yifise agusezeraniye kugufasha gusanura inzu yawe akongera akaronsa ibifungurwa urugo rwawe. Nimba uwo mugenzi yamye nantaryo akubwira ukuri, ivyo none ntiwovyemera? Dufate ko bukeye ugarutse i muhira ugodotse, ugasanga abakozi bamaze gutangura gukuraho ibivunjivunji vyasizwe n’umuriro, ugasanga abawe babazaniye ibifungurwa. Ngirango woca ushira amazinda ukizigira rwose yuko haciye igihe ibintu bitosubira mu buryo gusa, ariko kandi vyoba vyiza kuruta mbere uko vyahora.
9 Yehova na wene aradukura amazinda yuko ubwo Bwami atari umugani. Nk’uko vyerekanwa mu gitabu ca Bibiliya c’Abaheburayo, imice myinshi y’Ivyagezwe yari igitutu c’indinganizo y’ivy’Ubwami. (Abaheburayo 10:1) Mu bwami bwa Isirayeli bwo kw’isi na ho nyene harabayeho ibintu vyabaye birerekana ukuntu ubwo Bwami bw’Imana buzomera. Iyo ntiyari intwaro isanzwe, kuko abategetsi bavyagira ku “ntebe y’ubgami ishinzwe n’Uhoraho.” (1 Ngoma 29:23) Vyongeye, vyari vyaravuzwe ngo: “Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, nyene vyo [“Shilo,” NW] ataraza: uwo ni we amahanga azokwumvira.” (Itanguriro 49:10)a Egome, muri uwo muryango w’abami bakomoka kuri Yuda ni ho Yezu we Mwami ntayegayezwa w’Ubwami bw’Imana yari kuvukamwo.—Luka 1:32, 33.
10. (a) Ishingiro ry’Ubwami bwa kimesiya ryashizweho ryari? (b) Ni igikorwa gihambaye ikihe abazoganza bafadikanije na Yezu boyoboye kw’isi?
10 Ishingiro ry’Ubwami bwa Kimesiya bw’Imana ryashizweho igihe Yezu yatora intumwa ziwe. (Abanyefeso 2:19, 20; Ivyahishuriwe 21:14) Abo ni bo babaye aba mbere bo muri bamwe 144.000 boganjije bari mw’ijuru ari abami bafatanije na Yezu Kirisitu. Bakiri kw’isi, abo bantu bazoganza bari kumwe na we boyoboye isekeza ryo gushinga intahe, mu gukurikiza ibwirizwa Yezu yatanze ati: “Nimugende, muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era.”—Matayo 28:19.
11. Igikorwa c’ukwamamaza ivy’Ubwami kiriko kirarangurwa gute muri iki gihe, kandi kiriko gishika ku ki?
11 Iryo bwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa ubu ririko rirakurikizwa ku rugero rutaribwigere rushikwako. Ivyabona vya Yehova bariko baramenyesha inkuru nziza y’ubwo Bwami hirya no hino kw’isi, bahuza n’aya majambo menyeshakazoza ya Yezu agira ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kiber[a] icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) Umuce umwe w’ico gikorwa c’ukwamamaza Ubwami, ni porogarama nini y’ukwigisha iriko irarangurwa. Abayobokera amabwirizwa n’ingingo vy’Ubwami bw’Imana baramaze gutangura kwironkera amahoro n’ubumwe intwaro z’abantu zidashobora gushikako. Ivyo vyose biratanga ikimenyamenya gitomoye c’uko Ubwami bw’Imana atari umugani!
12. (a) Ni kuki bibereye yuko abamamaji b’Ubwami bitwa Ivyabona vya Yehova? (b) Ubwami bw’Imana butandukanye gute n’intwaro z’abantu?
12 Yehova yabwiye Abisirayeli ati: “Ni mwebge vyabona vyanje, . . . n’abasavyi banje natoranije.” (Yesaya 43:10-12) Yezu, “icabona co kwizigirwa,” yaramenyesheje n’umwete inkuru nziza y’Ubwami. (Ivyahishuriwe 1:5; Matayo 4:17) Birabereye rero ko abamamaji b’Ubwami bo muri iki gihe bitwa izina bahawe n’Imana, ari ryo Ivyabona vya Yehova. Ariko ni kuki Ivyabona bamara umwanya munini cane bakagira n’akigoro kanini cane mu kuganiriza abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana? Ivyo babigira kubera ko ubwo Bwami ari co cizigiro rudende abantu bakwiye kugira. Intwaro z’abantu bitebe bitebuke zirasenyuka, mugabo Ubwami bw’Imana ntibuzokwigera busenyuka. Muri Yesaya 9:6, 7 hita Umutegetsi wabwo Yezu “Umukama w’amahoro,” hakongerako hati: “Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo.” Ubwami bw’Imana si nk’intwaro z’abantu, zimwe usanga uyu musi zihaba ejo zikaba zatembagajwe. Si ivy’imbeshere, muri Daniyeli 2:44 havuga hati: “Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; . . . bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.”
13. (a) Ingorane zimwezimwe Ubwami bw’Imana buzotorera umuti ata kunanirwa ni izihe? (b) Ni kuki dushobora gushira amazinda yuko imihango Imana yatanze izoranguka?
13 Ni nde mwami w’umuntu yoshobora gukuraho intambara, ubugizi bwa nabi, indwara, ikigoyi, n’ukubura uburaro? Vyongeye, ni umutegetsi wo kw’isi uwuhe yoshobora kuzura abapfuye? Ubwami bw’Imana hamwe n’Umwami wabwo bizotorera umuti izo ngorane. Ubwo Bwami ntibuzogira agahaze nk’icuma gikora nabi kiguma gikenera gukorwa. Ahubwo Ubwami bw’Imana buzororanirwa, kuko Yehova asezerana ati: “Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje . . . ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye.” (Yesaya 55:11) Umugambi w’Imana ntuzotsindwa. Mugabo ukuganza kwa nya Bwami kwari gutangura ryari?
NYA BWAMI BWOTANGUYE KUGANZA RYARI?
14. Abigisha ba Yezu bari bafise ugutahura ukuhe kutari kwo ku vyerekeye Ubwami, mugabo ni igiki Yezu yari azi ku vyerekeye ukuganza kwiwe?
14 “Mwami, iki gihe ni co ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli?” Ico kibazo cabajijwe n’abigishwa ba Yezu carahishuye yuko gushika ico gihe bataribwamenye intumbero y’Ubwami bw’Imana be n’igihe cashinzwe bwotanguriyeko kuganza. Yezu yarababuriye ngo ntibanuganuge kuri ico kintu, ati: “S’ivyanyu kumenya imisi cank’ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene.” Yezu yari azi yuko kuganza isi yobihawe muri kazoza, haciye igihe kirekire yarazutse hanyuma akaduga mw’ijuru. (Ivyakozwe 1:6-11; Luka 19:11, 12, 15) Ivyanditswe vyari vyarabivuze. Vyabivuze gute?
15. Muri Zaburi 110:1 hatomora gute ivy’igihe Yezu yoganzirijeko?
15 Mu buryo menyeshakazoza, igihe Umwami Dawidi yavuga ivya Yezu amwita “Umwami,” yavuze ati: “Uhoraho yabariye Umwami wanje, at’Icara i buryo bganje, ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe.” (Zaburi 110:1; gereranya n’Ivyakozwe 2:34-36.) Ubwo buhanuzi burerekana yuko ukuganza kwa Yezu kutociye gutangura buno nyene amaze kuduga mw’ijuru. Ahubwo yorindiriye ari iburyo bw’Imana. (Abaheburayo 10:12, 13) None yorindiriye gushika ryari? Yotanguye kuganza ryari? Bibiliya iradufasha gutora inyishu.
16. Ni ibiki vyabaye mu 607 B.G.C., kandi vyari bijanye gute n’Ubwami bw’Imana?
16 Igisagara conyene mw’isi yose Yehova yari yarashizeko izina ryiwe cari Yeruzalemu. (1 Abami 11:36) Ni ho kandi hari umugwa mukuru w’ubwami Imana yari yarashimye bwo kw’isi bwagereranya Ubwami bwayo bwo mw’ijuru. Ni co gituma isangangurwa rya Yerusalemu ryagizwe n’Abanyababiloni mu 607 B.G.C. ryari n’ico rivuze cane. Ico kintu cabaye intango y’uguhagarikwa igihe kirekire kw’inganji Imana ubwayo ifise ku basavyi bayo kw’isi. Inyuma y’ibinjana nka bitandatu, Yezu yarerekanye ko ico kiringo iyo nganji yomaze yarahagaritswe cari kikibandanya, kuko yavuze ati: “I Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ibihe [vyashinzwe] vy’abanyamahanga bizoshirira.”—Luka 21:24.
17. (a) “Ibihe [vyashinzwe] vy’abanyamahanga” ni ibihe, kandi vyari kureha gute? (b) “Ibihe [vyashinzwe] vy’abanyamahanga” vyari gutangura ryari bigahera ryari?
17 Mu kiringo c’ivyo ‘bihe vyashinzwe vy’abanyamahanga,’ intwaro z’isi zoretswe zigaciramwo ukuganza kwemewe n’Imana. Ico kiringo catanguranye n’isangangurwa rya Yeruzalemu mu 607 B.G.C., kandi Daniyeli yarerekanye yuko ico kiringo cobandanije kigashika ku “bihe ndwi.” (Daniyeli 4:23-25) None kireha gute? Bibiliya yerekana yuko “ibihe” bitatu n’igice bingana n’imisi 1.260. (Ivyahishuriwe 12:6, 14) Ufashe ico kiringo kabiri, ni ukuvuga ibihe ndwi, congana n’imisi 2.520. Mugabo nta kintu na kimwe cibonekeje cabaye mu mpera y’ico kiringo kigufiya. Ariko rero, dukurikije uburyo bw’uko “umusi [uhwana] n’umwaka” kuri bwa buhanuzi bwa Daniyeli hanyuma tugaharura imyaka 2.520 guhera mu 607 B.G.C., dushika ku mwaka w’1914 G.C.—Guharūra 14:34; Ezekiyeli 4:6.
18. Yezu yakoze ibiki inyuma gatoyi y’aho aherewe ububasha bw’Ubwami, kandi ivyo vyagize ingaruka iyihe kw’isi?
18 None ico gihe Yezu yoba yaratanguye guhangama mw’ijuru? Impamvu zo mu Vyanditswe zotuma tuvuga ko ari ho yatanguriye guhangama ziravugwa mu kigabane gikurikira. Yamara ntiwumve intango y’ukuganza kwa Yezu ntiyoranzwe n’uguca haba amahoro kw’isi. Mu Vyahishuriwe 12:7-12 herekana yuko Yezu akimara guhabwa Ubwami yociye akura mw’ijuru Shetani n’abamarayika biwe b’amadayinomi. Ivyo vyotumye kw’isi haba ibara, mugabo turasubirizwa umutima mu nda no gusoma ko wa Mucokoranyi asigaranye “igihe gito” gusa. Vuba tuzoshobora kunezerwa atari gusa kubera ko Ubwami bw’Imana buganza, ariko kandi kubera ko buzozanira imihezagiro isi n’abantu bagamburuka. (Zaburi 72:7, 8) None tuzi dute ko ivyo bizoba vuba?
[Akajambo k’epfo]
a Izina Shilo risobanura “Nyenevyo; Uwo Vyegukira.” Mu nyuma, vyaragaragaye yuko “Shilo” yari Yezu Kirisitu, “Intambge yo mu muryango wa Yuda.” (Ivyahishuriwe 5:5) Mu bisomwa bimwebimwe vy’Abayahudi vy’ibice vy’Ivyanditswe vyahinduwe mu rurimi rw’Ikiyaramu, ahari ijambo “Shilo” bahashize “Mesiya” canke “umwami Mesiya.”
SUZUMA UBUMENYI BWAWE
Ubwami bw’Imana ni iki, kandi buganza buri hehe?
Ni nde aganza muri ubwo Bwami, kandi abatwarwa babwo ni bande?
Yehova yadukuye amazinda gute yuko Ubwami bwiwe atari umugani?
“Ibihe [vyashinzwe] vy’abanyamahanga” vyatanguye ryari bihera ryari?
[Uruzitiro ku rup. 94]
IBINTU BIMWEBIMWE BIHAMBAYE VYABAYE BIJANYE N’UBWAMI BW’IMANA
• Yehova amenyesha umugambi wiwe wo kuzana “urubuto” (NW) rwofyonyoye umutwe wa ya Nzoka, Shetani wa Mucokoranyi.—Itanguriro 3:15.
• Mu 1943 B.G.C., Yehova yerekana yuko urwo ‘rubuto’ rwobaye umuntu akomoka kuri Aburahamu.—Itanguriro 12:1-3, 7; 22:18.
• Isezerano ry’Ivyagezwe ryahawe Isirayeli mu 1513 B.G.C. ritanga “igitūtu c’ivyiza bizoza.”—Kuvayo 24:6-8; Abaheburayo 10:1.
• Ubwami bwa Isirayeli bwo kw’isi butangura mu 1117 B.G.C., kandi mu nyuma burabandanya mu muryango wa Dawidi.—1 Samweli 11:15; 2 Samweli 7:8, 16.
• Yeruzalemu hasangangurwa mu 607 B.G.C., haca hatangura “ibihe [vyashinzwe] vy’abanyamahanga.”—2 Abami 25:8-10, 25, 26; Luka 21:24.
• Mu 29 G.C., Yezu asigwa akaba Umwami-Mugenwa aca atangura kurangura igikenurwa ciwe co kw’isi.—Matayo 3:16, 17; 4:17; 21:9-11.
• Mu 33 G.C., Yezu aduga mw’ijuru, ararindira ari iburyo bw’Imana gushika inganji yiwe itanguye.—Ivyakozwe 5:30, 31; Abaheburayo 10:12, 13.
• Yezu yimikwa mu Bwami bwo mw’ijuru mu 1914 G.C. aho “ibihe [vyashinzwe] vy’abanyamahanga” vyahera.—Ivyahishuriwe 11:15.
• Shetani n’amadayimoni yiwe bakororerwa mu micungararo y’isi bica bizana ibara ku bantu.—Ivyahishuriwe 12:9-12.
• Yezu aracungereye igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kibera kw’isi yose.—Matayo 24:14; 28:19, 20.