ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kl ikig. 9 rup. 80-89
  • Bigendera Gute Abacu Bapfuye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bigendera Gute Abacu Bapfuye?
  • Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “IMPWEMU” IRI MU BANTU NI IKI?
  • ‘UZOSUBIRA MW IVU’
  • “ARASINZIRIYE”
  • ‘ABARI MU MVA Z’ICIBUTSO BOSE’
  • NI UKUZUKIRA KUBA HEHE?
  • Icizigiro Kitarimwo Amazinda
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
  • Umuti rudende!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ubuzima Inyuma yo Gupfa—Bibiliya Ibuvugako Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Icizigiro nyakuri ku bawe bapfuye
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
kl ikig. 9 rup. 80-89

Ikigabane ca 9

Bigendera Gute Abacu Bapfuye?

1. Abantu bamererwa gute igihe urupfu ruhitanye uwabo?

“UMUNTU aracumukura iyo uwiwe apfuye, kubera ko ugupfisha umuntu ari ukumubura azimanganiye ahantu hadatahurika namba.” Ukwo ni ko umuhungu umwe yavuze igihe se yapfa mu nyuma gatoyi nyina wiwe agakurikira. Umubabaro yagize be n’ukuntu yumvise kubera ukwo kubura, vyatumye yumva ariko “anigwa n’ikigumbagumba.” Kumbure na wewe ushobora kuba waracumukuye nk’ukwo nyene. Ushobora kuba waribajije iyo abawe bari be n’uko woba uzokwongera kubabona.

2. Ni ibibazo ibihe bivuruga ubwenge bivyuka ku vyerekeye urupfu?

2 Abavyeyi bamwebamwe batuntuye babwiwe ngo “Imana yaha udushurwe twizatwiza kuruta kugira ngo itwitwarire iwayo mw’ijuru.” Ubwo vyoba ari uko biri koko? Abacu bapfuye boba bagiye mu karere k’impwemu? Vyoba ari bimwe bamwe bita Nirivana, bivugwa ko ari ubuhirwe bw’ukuba umuntu atakigira umubabaro n’icipfuzo namba? Abacu bapfuye boba baciye ahantu h’icanzo baja kubaho ubudahwera mw’iparadizo? Canke nk’uko abandi babivuga, urupfu rwoba ari ugukorokera ahantu ho kubabarizwa ibihe bidahera ku bantu baba baracumuye ku Mana? Mbega abapfuye barashobora kugira ico bakoze ku buzima bwacu? Kugira turonke inyishu z’ukuri kuri ivyo bibazo, turakeneye kuraba Ijambo ry’Imana, Bibiliya.

“IMPWEMU” IRI MU BANTU NI IKI?

3. Sokarate na Pulato bari bafise iciyumviro ikihe ku biraba urupfu, kandi ivyo bigira ico bikoze ku bantu gute muri iki gihe?

3 Abafilozofe ba kera b’Abagiriki Sokarate na Pulato bavuga yuko imbere mu mugabo no mu mugore hategerezwa kuba hariyo ikintu kitigera gipfa, ngo kikaba ari ubugingo burokoka urupfu kandi ntibwigere mu vy’ukuri bupfa. Kw’isi yose, abantu amamiliyoni ivyo baravyemera muri iki gihe. Ukwo kwemera kenshi kuratuma abantu batinya cane abapfuye, kukanatuma barazwa ishinga n’uko nya bapfuye bomererwa neza. Bibiliya itwigisha ikintu gitandukanye cane n’ivyo ku vyerekeye abapfuye.

4. (a) Mw’Itanguriro hatubwira iki ku vyerekeye ubugingo? (b) Ni igiki Imana yashize muri Adamu ngo gitume aba muzima?

4 Mu kurimbura uko abapfuye bamerewe, dutegerezwa kwibuka yuko umuvyeyi wacu wa mbere Adamu atari afise ubugingo. Yari ubugingo. Mu gikorwa c’irema giteye akoba, Imana yarabumvye umuntu—ni ukuvuga ubugingo—imukuye mu bintu vy’ishimikiro bigize ivu, hanyuma maze imuhumekeramwo ‘impwemu y’ubuzima.’ Mw’​Itanguriro 2:7 (NW) hatubwira hati: “Yehova Imana arahava abumba umuntu mu mukungugu wo hasi hanyuma amuhumekera mu mazuru impemu y’ubuzima, wa muntu araheza aba ubugingo buzima.” Ubuzima bwa Adamu bwari bushigikiwe n’uguhema. Yamara igihe Imana yashira impemu y’ubuzima muri Adamu, ntikwabaye gusa uguhuhira impemu mu mahaha y’umuntu. Bibiliya iravuga ivyerekeye “inguvu y’ubuzima” (NW) ikorera mu biremwa bizima vyo kw’isi.—Itanguriro 7:22.

5, 6. (a) “Inguvu y’ubuzima” ni iki? (b) Haba iki igihe ya “mpwemu” ivugwa muri Zaburi 146:4 iretse gukorera mu mubiri?

5 None “inguvu y’ubuzima” ni iki? Ni agasase k’ubuzima Imana yashize mu kibiribiri ca Adamu. Iyo nguvu yaciye rero ishigikirwa n’uguhema. Ariko “impwemu” ivugwa muri Zaburi 146:4 ni iki? Ku vyerekeye umuntu apfuye, uwo murongo uvuga uti: “Impwemu [y]iwe [i]muvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.” Igihe abanditsi ba Bibiliya bakoresha ijambo “impwemu” muri ubwo buryo, ntibiyumvira ubugingo budafadika bubandanya kubaho iyo umubiri upfuye.

6 “Impwemu” iva mu bantu iyo bapfuye ni ya nguvu y’ubuzima yakomoka ku Muremyi wacu. (Zaburi 36:9; Ivyakozwe 17:28) Iyo nguvu y’ubuzima nta karanga namba ifise k’ikiremwa ikoresha, nka kumwe nyene umuyagankuba udatora akaranga k’ico uha inguvu. Iyo umuntu apfuye, nya mpwemu (inguvu y’ubuzima) ica ireka gukoresha mu tugingo ngengabuzima tw’umubiri, bigasa cane nka kurya umuco uzima igihe umuyagankuba uzimijwe. Igihe impwemu y’ubuzima iretse gukoresha umubiri w’umuntu, wa muntu—ni ukuvuga ubugingo—arapfa.—Zaburi 104:29; Umusiguzi 12:1, 7.

‘UZOSUBIRA MW IVU’

7. Ni ibiki vyoshikiye Adamu aramutse agambarariye Imana?

7 Yehova yarasiguye neza ico urupfu rwosobanuye kuri wa mucumuzi Adamu. Imana yavuze iti: “Kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19) Adamu yosubiye hehe? Mw’ivu, muri wa mukungugu yari yararemwemwo. Adamu apfuye kwobaye gusa ukureka kubaho!

8. Ni mu buryo ki abantu, ari bwo bugingo, bataruta ibikoko?

8 Muri ivyo, urupfu rw’abantu ntirutandukanye n’urw’ibikoko. Na vyo nyene ni ubugingo, kandi iyo mpwemu nyene, ari yo nguvu y’ubuzima, ni yo ibiha inkomezi. (Itanguriro 1:24) Mu Musiguzi 3:19, 20, wa munyabwenge Salomo atubwira ati: “Nk’uko bapfa ni ko bipfa; mbere vyose [“bifise impwemu imwe itarenga,” NW], kand’umuntu [mu vy’ugupfa] nta co asumbije ibikōko: . . . vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.” Umuntu yaruta ibikoko mu buryo bw’uko yaremwe mw’ishusho ry’Imana, akabonekako za kamere za Yehova. (Itanguriro 1:26, 27) Yamara, iyo abantu n’ibikoko bipfuye, bisubira mu mukungugu cokimwe.

9. Abapfuye bamerewe gute, kandi baja hehe?

9 Salomo yarongeye arasigura urupfu ico ari co, mu kuvuga ati: “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi.” Egome, abapfuye nta kintu bazi namba. Kubera ivyo, Salomo yaduhimirije ati: “Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu ah’urāririye kuja.” (Umusiguzi 9:5, 10) None abapfuye baja hehe? Baja muri Sheoli (mu Giheburayo, sheʼohlʹ), ni ukuvuga imva abantu bose bajamwo. Abacu bapfuye ntibazi ikintu na kimwe. Ntibariko baracumukura, kandi ntaco bashobora kutugira mu buryo na bumwe.

10. Ni kuki dushobora kuvuga yuko urupfu atari ngombwa ngo rube ari ryo herezo rya vyose?

10 Mbega none twebwe twese n’abacu twoba dutegerezwa kubaho imyaka mikeyi gusa hanyuma tugaca tureka kubaho amazimayongo? Si ko bimeze turavye Bibiliya. Igihe Adamu yagarariza, Yehova Imana yaciye buno nyene ashiraho indinganizo zo kuzozimanganya inkurikizi z’agacavutu zizanwa n’icaha c’umuntu. Urupfu ntirwari mu mugambi Imana yari ifitiye abantu. (Ezekiyeli 33:11; 2 Petero 3:9) Ni co gituma atari ngombwa ngo urupfu rube ryo herezo ryacu canke iry’abacu.

“ARASINZIRIYE”

11. Yezu yadondoye gute ukuntu umukunzi wiwe Lazaro yapfuye yari amerewe?

11 Umugambi Yehova afise ni uko adutabara twe n’abacu bapfuye akadukiza urupfu rukomoka kuri Adamu. Ni co gituma Ijambo ry’Imana rivuga ko abapfuye basinziriye. Nk’akarorero, aho Yezu Kirisitu yumviye yuko umukunzi wiwe Lazaro yapfuye, yabwiye abigishwa biwe ati: “Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.” Kubera abo bigishwa bataciye buno nyene bategera ico ashatse kuvuga, Yezu yaciye afobora ati: “Lazaro yahwereye.” (Yohana 11:11, 14) Yezu yaciye aja mu gisagara c’i Betaniya, aho bashiki ba Lazaro ari bo Marita na Mariya bari bagandariye urupfu rwa musaza wabo. Igihe Yezu yamubwira ngo “Musazawe azozuka,” Marita yaraseruye ukwizera afitiye umugambi w’Imana wo kuzimanganya inkurikizi urupfu rwazanye ku muryango w’abantu. Yavuze ati: “Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo.”—Yohana 11:23, 24.

12. Ni icizigiro ikihe Marita uwari atuntuye yari afise ku biraba abapfuye?

12 Marita nta ciyumviro yaseruye c’ubugingo budahwera bubandanya kubaho ahandi hantu iyo umuntu apfuye. Ntiyemera yuko Lazaro yari yamaze kugenda mu karere kanaka k’impwemu kubandanya kubaho. Marita yari yizeye ca cizigiro ciza bitangaje c’izuka ry’abapfuye. Ntiyatahuye yuko hariho ubugingo budahwera bwari bwavuye mu mubiri wa Lazaro, ahubwo yatahuye yuko ugupfa kwa musazawe kwari ukureka kubaho. Umuti wobaye ukuzuka kwiwe.

13. Ni ububasha ubuhe Yezu afise yahawe n’Imana, kandi yabugaragaje gute?

13 Yezu Kirisitu ni we yahawe ububasha na Yehova Imana bwo gucungura abantu. (Hoseya 13:14) Ni co gituma mu kwishura ijambo rya Marita, Yezu yavuze ati: “Ni jewe kuzuka n’ubu[zima]. Ūnyizera n’iyo [yopfa], azobaho.” (Yohana 11:25) Yezu yaragaragaje ububasha Imana yamuhaye muri ivyo igihe yaja ku mva ya Lazaro uwari amaze imisi ine apfuye, akamusubiza muzima. (Yohana 11:38-44) Iyumvire gusa umunezero wagizwe n’ababonye iryo zuka canke ayandi mazuka yaranguwe na Yezu Kirisitu!—Mariko 5:35-42; Luka 7:12-16.

14. Ni kuki izuka hamwe n’iciyumviro c’ubugingo budahwera bitajana?

14 Turimbure gatoyi iki kintu: Nta muntu yokeneye kuzurwa, canke gusubizwa muzima, iyaba hariho ubugingo budahwera burokoka urupfu. Kukaba nkako, ntivyobaye ibiranga ubuntu kuzura umuntu nka Lazaro ngo agaruke mu buzima bw’agasembwa bwo kw’isi nimba yari amaze gushikira impera nziza bitangaje yo mw’ijuru. Mu vy’ukuri, Bibiliya ntiyigera ikoresha imvugo ngo “ubugingo budahwera.” Ahubwo Ivyanditswe bivuga yuko ubugingo bw’umuntu bukora icaha bupfa. (Ezekiyeli 18:4, 20) Bibiliya yerekana rero yuko intunganyo y’ivy’izuka ari wo muti nyawo w’urupfu.

‘ABARI MU MVA Z’ICIBUTSO BOSE’

15. (a) Ijambo “izuka” risobanura iki? (b) Ni kuki izuka ry’abantu umwumwe ukwiwe ata ngorane riteye kuri Yehova Imana?

15 Ijambo abigishwa ba Yezu bakoresheje mu kuvuga “izuka” urudome ku rundi risigura “uguhagurutsa” canke “uguhagarara.” Ukwo ni uguhagurutsa umuntu mu kumukura mu kutagira ubuzima ari rwo rupfu, kukaba nk’uguhagarara avuye mu mva abantu bose bajamwo. Yehova Imana arashobora kuzura umuntu ata ngorane. Uti kuki? Kubera ko Yehova ari we yatanguje ubuzima. Muri iki gihe, abantu barashobora gufata amajwi n’amasanamu y’abagabo n’abagore ku makaseti kandi bagashobora gusubira kubivuza canke kuvyerekana nya bantu baramaze gupfa. Nta gukeka rero, Umuremyi wacu mushoboravyose arashobora kubika ido n’ido ry’ivyerekeye umuntu uwo ari we wese kandi akazura nya muntu nyene, akamuha uwundi mubiri ubumbwe bushasha.

16. (a) Yezu yasezeranye iki ku vyerekeye abari mu mva z’icibutso bose? (b) Ni igiki kizokwerekana ico izuka ry’umuntu rivamwo?

16 Yezu Kirisitu yavuze ati: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva [“z’icibutso,” NW] bose bazokwumvira ijwi ryiwe [Yezu], bakazivamwo; abākoze ivyiza bakazukira ubu[zima], abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka.” (Yohana 5:28, 29) Abo bose Yehova yibuka bazozurwa hanyuma bigishwe mu vy’inzira ziwe. Ku bazokora bahuza n’ubumenyi bwerekeye Imana, bizobabera ukuzukira ubuzima. Ariko rero, abazotera akagere inyigisho z’Imana n’ubutegetsi bwayo bizobabera ukuzukira ugucirwa urubanza rubi.

17. Ni bande bazozurwa?

17 Mu bisanzwe, abazoba bakurikiye ingendo igororotse ari abasavyi ba Yehova bazozurwa. Nkako, icizigiro c’izuka carakomeje abantu benshi barahangana n’urupfu, no mu bihe haba hari uruhamo rukaze. Bari bazi yuko Imana ishobora kubasubiza bazima. (Matayo 10:28) Mugabo hariho abantu amamiliyoni bapfuye batagaragaje ko boba bokurikiza canke batokurikiza ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana. Na bo nyene bazozurwa. Kubera ko intumwa Paulo yari yizigiye ata gukekeranya umugambi wa Yehova muri ivyo, yavuze ati: “Mfise ivyizigiro ku Mana . . . yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.”—Ivyakozwe 24:15.

18. (a) Intumwa Yohani yeretswe ibiki vyerekeye izuka? (b) Ni ibiki bihonerezwa mu “kiyaga caka umuriro,” kandi ico “kiyaga” kigereranya iki?

18 Intumwa Yohani yareretswe ibintu vy’inkoramutima vy’abazuwe, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami y’Imana. Yohani yaciye yandika ati: “Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu [“Hadesi,” NW] bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’umuntu wese yakoze. Rupfu na Kuzimu [“Hadesi,” NW] bitererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.” (Ivyahishuriwe 20:12-14) Vyiyumvire nawe! Ku bapfuye bose bibukwa n’Imana hari icizigiro co kuzokurwa muri Hadesi (mu Kigiriki, haiʹdes), canke Sheoli, ari yo mva abantu bose bajamwo. (Zaburi 16:10; Ivyakozwe 2:31) Bazoronka akaryo ko kwerekana mu bikorwa vyabo yuko boba bazokorera Imana. Maze ‘urupfu na Hadesi’ bizojugunyirwa mu citwa “ikiyaga caka umuriro,” kikaba kigereranya ugusangangurwa akagirire, nk’uko n’ijambo “Gehinomu” ribigereranya. (Luka 12:5) Imva abantu bose bajamwo izoba yogejwe, kandi izuka niryahera ntizokwongera kubaho. Ese ukuntu duhumurizwa no kumenyera muri Bibiliya yuko Imana ata we ibabaza!—Yeremiya 7:30, 31.

NI UKUZUKIRA KUBA HEHE?

19. Ni kuki bamwebamwe mu bantu bazozurirwa kuja mw’ijuru, kandi Imana izobaha umubiri bwoko ki?

19 Hariho igitigiri gitoyi c’abagabo n’abagore bazozukira ubuzima bwo mw’ijuru. Kubera ko bazoba abami n’abaherezi bafatanije na Yezu, bazojamwo mu kuzimanganya inkurikizi zose zazanywe n’urupfu abantu barazwe n’umuntu wa mbere Adamu. (Abaroma 5:12; Ivyahishuriwe 5:9, 10) Ni bangahe Imana izojana mw’ijuru kuganza bari kumwe na Kirisitu? Nk’uko Bibiliya ibivuga, ni 144.000 gusa. (Ivyahishuriwe 7:4; 14:1) Umwe wese muri abo bazoba bazutse Yehova azomuha umubiri w’impwemu kugira ngo bashobore kuba mw’ijuru.—1 Ab’i Korinto 15:35, 38, 42-45; 1 Petero 3:18.

20. Abantu bagamburuka bazokwironkera iki, harimwo n’abazutse?

20 Abenshi cane mu bapfuye bazozurirwa kuba kw’isi y’iparadizo. (Zaburi 37:11, 29; Matayo 6:10) Kimwe mu bituma haba abazozurirwa kuja mw’ijuru ni ukunonosora umugambi Imana ifitiye isi. Yezu Kirisitu na bamwe 144.000 bazoba bari mw’ijuru bazogenda basubiza abantu bagamburuka kuri kwa gutungana abavyeyi bacu ba mbere bata. Muri abo hazoba harimwo n’abazutse, nk’uko vyerekanywe na Yezu igihe yabwira wa mugabo yari ku mpfiro yari amanitswe iruhande yiwe ati: “Uzoba uri kumwe nanje mw’Iparadizo.”—Luka 23:42, 43, NW.

21. Nk’uko vyavuzwe n’umuhanuzi Yesaya hamwe n’intumwa Yohani, ni ibiki bizoshikira urupfu?

21 Kw’isi y’Iparadizo, rwa rupfu rucikisha abantu ubusa, ruzoba rwakuweho. (Abaroma 8:19-21) Umuhanuzi Yesaya yamenyesheje yuko Yehova Imana “urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose.” (Yesaya 25:8) Intumwa Yohani yareretswe igihe abantu bagamburuka bazokwironkera umwidegemvyo bagakira umubabaro n’urupfu. Egome, “Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe 21:1-4.

22. Ukumenya ivy’izuka bigira ico bikoze kuri wewe gute?

22 Inyigisho zitomoye za Bibiliya zirakuraho umuvurungano ku vyerekeye uko abapfuye bibagendera. Ivyanditswe biravuga icese ngo “urupfu ni we mumenja w’imperēra azorandurwa.” (1 Ab’i Korinto 15:26) Ese inguvu n’uguhumurizwa dushobora gukura ku kumenya ivy’icizigiro c’izuka! Kandi ese ukuntu dushobora kugira urweze kuba abacu bapfuye Imana yibuka, bazokwikangura bakava mw’itiro ry’urupfu kugira ngo binovore ibintu vyiza vyose ibikiye abayikunda! (Zaburi 145:16) Imihezagiro mwene iyo izoshitswa biciye ku Bwami bw’Imana. Ariko ubutegetsi bw’ubwo Bwami bwari gutangura ryari? Reka tubirabe.

SUZUMA UBUMENYI BWAWE

Impwemu iri mu bantu ni iki?

Wodondora gute ukuntu abapfuye bamerewe?

Ni bande bazozurwa?

[Ifoto ku rup. 85]

Nk’uko nyene Yezu yahamagaye Lazaro akava mu mva, ni ko n’abantu amamiliyoni bazozurwa

[Ifoto ku rup. 86]

Umunezero uzoba umurengera ‘Imana niyamira urupfu miyonzwa gushitsa ibihe vyose’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika