ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kl ikig. 11 rup. 98-107
  • Iyi Ni Imisi y’Iherezo!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyi Ni Imisi y’Iherezo!
  • Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IBIRANGA IMISI Y’IHEREZO
  • IVYO BIMENYAMENYA VYOTUMA UKORA IKI?
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Twoba vy’ukuri turi mu “misi y’iherezo”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • “Umuhero w’Isi” Uri hafi!
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Umuhero woba uri hafi?
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
kl ikig. 11 rup. 98-107

Ikigabane ca 11

Iyi Ni Imisi y’Iherezo!

1. Ni kuki abenshi bumva bazazaniwe igihe bitegereje ibiba mw’isi, mugabo ni hehe dushobora kuronka insiguro yokwizigirwa y’ibintu biba mw’isi?

MBEGA isi yacu idurumbanye yashitse iyo hose gute? Turiko tuja he? Woba urigera wibaza ibibazo mwene ivyo? Abantu benshi bumva bazazaniwe igihe baravye ibiriko biraba mw’isi. Ibintu bibabaje nk’intambara, indwara be n’ubugizi bwa nabi bituma abantu bibaza ico kazoza kabitse. Icizigiro abarongoye intwaro batanga ni gito. Ariko rero, insobanuro yokwizigirwa y’iyi misi yuzuye amarushwa tuyikura ku Mana, mw’Ijambo ryayo. Bibiliya iradufasha mu buryo bwizigirwa kubona aho tugeze mu rukurikirane rw’ibihe. Iratwereka yuko turi mu “misi y’iherezo” ry’uru runkwekwe rw’ibintu ruriho ubu.—2 Timoteyo 3:1.

2. Ni ikibazo ikihe Yezu yabajijwe n’abigishwa biwe, aca acishura gute?

2 Nk’akarorero, rimbura inyishu Yezu yatanze ku bibazo bimwebimwe vyabajijwe n’abigishwa biwe. Hagisigaye imisi itatu ngo Yezu apfe, bamubajije bati: “Ikimenyetso kizoba iki c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu?”a (Matayo 24:3, NW) Mu kwishura, Yezu yaravuze ibintu bitomoye vyobaye mw’isi hamwe n’ivyokwerekanye neza yuko iyi si y’abatibanga Imana yinjiye mu misi yayo y’iherezo.

3. Ni kuki ibintu vyo kw’isi vyadabutse igihe Yezu yatangura kuganza?

3 Nk’uko vyerekanywe mu kigabane giheruka, urukurikirane rw’ibihe rwo muri Bibiliya rutuma dutahura yuko Ubwami bw’Imana bumaze gutangura kuganza. Mugabo ivyo bishoboka bite? Ibintu vyaradabutse, ntivyarushirije kuba vyiza. Mu vy’ukuri, ico ni ikintu gikomeye cerekana yuko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza. Kuki tuvuze gutyo? Muri Zaburi 110:2 hatumenyesha yuko hari igihe Yezu yomaze aganza ‘hagati y’abansi biwe.’ Si ivy’imbeshere, igikorwa ca mbere yakoze aho abereye Umwami wo mw’ijuru kwabaye ukujugunyira Shetani n’abamarayika biwe b’amadayimoni mu micungararo y’isi. (Ivyahishuriwe 12:9) None vyagize ingaruka iyihe? Ivyabaye ni ivyari vyaravuzwe nyene mu Vyahishuriwe 12:12: “Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.” Ubu tubayeho muri ico “gihe gito.”

4. Ibintu bimwebimwe biranga imisi y’iherezo ni ibihe, kandi vyerekana iki? (Raba uruzitiro.)

4 Ntibitangaje rero kuba Yezu yaratanze inyishu itera kwiyumvira igihe bamubaza icobaye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu. Ibintu bitandukanye biranga ico kimenyetso ubisanga mu ruzitiro rwo ku rupapuro 102. Nk’uko ushobora kubibona, intumwa b’Abakirisu ari bo Paulo, Petero na Yohani baratubwira ibindi bintu vyerekeye imisi y’iherezo. Ego ni ko, vyinshi mu biranga nya kimenyetso be n’imisi y’iherezo usanga bigizwe n’ibintu biteza amarushwa. Yamara, iranguka ry’ubwo buhanuzi rikwiye kutujijura yuko uru runkwekwe rw’ivy’iyi si mbi rwimirije guhera. Reka turabe twitonze bimwebimwe mu bintu nyamukuru biranga imisi y’iherezo.

IBIRANGA IMISI Y’IHEREZO

5, 6. Ubuhanuzi bwerekeye intambara n’amapfa buriko buranguka gute?

5 “Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami.” (Matayo 24:7; Ivyahishuriwe 6:4) Umwanditsi Ernest Hemingway yise Intambara ya Mbere y’Isi Yose “icuniro rirushirije kuba amahero ryamaze abantu benshi kuruta, rikoreshwa nabi cane, ritaribwigere ribaho kw’isi.” Nk’uko bivugwa n’igitabu kimwe, The World in the Crucible—1914-1919 (Isi Yaracishijwe mu Muriro mu 1914-1919), iyo ngo yari “intambara itaribwigere ibaho, iya mbere yakwiye hose yabaye mu buzima bw’abantu. Igihe yamaze, ubukari bwayo, n’aho yashitse, vyari birengeye ikintu cose cari kizwi canke cari gisanzwe citezwe imbere yaho.” Maze haje Intambara ya Kabiri y’Isi Yose, iyatikije abantu n’ibintu kuruta rwose Intambara ya Mbere y’Isi Yose. Umwigisha w’ivya kahise yitwa Hugh Thomas, yavuze ati: “Ikinjana ca mirongo ibiri ciganziwe na vya muzinga, za burende, indege zikoragura amabombe z’ubwoko bwa B-52, ya bombe ruhonyanganda, hamwe n’amamisile. Caranzwe n’intambara zasheshe amaraso kandi zigatikiza abantu n’ibintu kuruta izabaye mu kindi kiringo cose cabayeho.” Ego ni ko haravuzwe menshi ku vyerekeye igabanywa ry’ibirwanisho inyuma y’aho kwa Gushamirana kw’ibihugu vya rutura kurangiriye. Mugabo raporo imwe igereranya yuko inyuma y’igabanywa ry’ibirwanisho ryasabwe, amamisile ruhonyanganda ava ku 10.000 gushika ku 20.000 azosigara—akaba ari incuro zirenga 900 za bwa bubasha bw’umuriro wakoreshwa mu Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose.

6 ‘Hazobaho amapfa.’ (Matayo 24:7; Ivyahishuriwe 6:5, 6, 8) Guhera mu 1914 harabayeho amapfa akomakomeye n’imiburiburi agashika 20. Mu mihingo yasinzikaye harimwo Bangaladeshi, Etiyopiya, Kambodiya, Nijeriya, Somaliya, Sudani, Ubugiriki, Ubuhindi, Uburundi, Uburusiya, Ubushinwa, n’Urwanda. Mugabo amapfa ntiyama aterwa n’ubukene bw’ibifungurwa. Umugwi w’abahinga mu vy’uburimyi no mu vy’ubutunzi washitse kuri iki ciyumviro: “Ibifungurwa vyabonetse kw’isi mu myaka mirongo iheze ryarongerekanye ningoga kuruta abantu baba kuri yo. Mugabo kubera ko abantu n’imiburiburi amamiliyoni 800 baguma bari mu bukene bubi, . . . ntibashoboye gusuma ibihagije kuri uwo murengera w’imfungurwa kugira ngo bogorore bave mu gufungura nabi kudahera.” Mu bindi bihe, ivya politike na vyo nyene birajamwo. Dogoteri Abdelgalil Elmekki wo kuri Kaminuza y’i Toronto aratanga uturorero tubiri tw’ahantu abantu ibihumbi n’ibihumbi bishwe n’ikigoyi kandi ibihugu vyabo vyariko birashora hanze ibigungunzi n’ibigunguzi vy’ibifungurwa. Intwaro zisa n’uko zirajwe ishinga cane n’ukugwiza amahera y’agaciro kugira ngo zironke ayo zirihira indwano, kuruta ukurazwa ishinga no kugaburira abanyagihugu bazo. None Dogoteri Elmekki yaciye ashika ku ciyumviro ikihe? Amapfa kenshi “ava ku kuntu ibintu bigaburwa no kuri politike ya Leta.”

7. Ibintu vyifashe gute ku vyerekeye indwara z’ibiza muri iki gihe?

7 “Ikīza.” (Luka 21:11; Ivyahishuriwe 6:8) Ya Nyonko yo muri Esupanye yo kuva mu 1918 gushika mu 1919 yahitanye abatari musi y’imiliyoni 21. Uwitwa A. A. Hoehling, mu gitabu ciwe, La grande épreuve (mu Congereza), yanditse ati: “Mu nkuru y’ivyabaye, isi ntiyaribwatikizwe n’umwicanyi yagandaguye ibiremwa-muntu vyinshi kandi ningoga na ningoga nka we.” Muri iki gihe indwara z’ibiza zabaye ndanse. Ku mwaka ku mwaka, kanseri irahitana abantu imiliyoni zitanu, indwara z’ugucibwamwo zikirahira inzoya n’abana barenga imiliyoni zitatu, indwara y’igituntu na yo igasasika abantu imiliyoni zitatu. Indwara zifatira mu mahaha, canecane umusonga, nta mwaka wijana zitisasiye abana imiliyoni 3,5 b’imyaka iri musi y’itanu. Igitigiri giteye akoba c’abantu imiliyaridi 2,5—bakaba ari igice c’abantu baba kw’isi—bararwaye indwara zituruka ku mazi adakwiye canke atosekaye, be no ku mwanda. Ikiza ca SIDA ni ikindi kitwibutsa yuko umuntu, naho yashitse ku buhanga buhambaye rwose mu vy’ubuvuzi, adashoboye kurandurana n’imizi ibiza vy’indwara.

8. Abantu bariko bagaragaza gute ko “bakunda amahera”?

8 “Abantu bazoba . . . bakunda amahera.” (2 Timoteyo 3:2) Mu bihugu vyo hirya no hino kw’isi, abantu basa n’abafise inyota idahera y’ukuguma bongereza ubutunzi. “Ugutunganirwa” kenshi usanga kurabirwa ku mushahara umuntu afata, “ubugabo” bwiwe na bwo kenshi bukarabirwa ku vyo atunze. Icegera c’umuyobozi w’urwego rumwe rurata ibidandazwa yavuze ati: “Uguhahamira amaronko kuzobandanya kuba kimwe mu bintu ikibano c’Abanyamerika kigenderako . . . vyongeye kube kandi ikintu kirushiriza kuba igihambaye no mu yandi masumiro makurumakuru nyene. Ivyo vyoba bishika mu karere ubamwo?

9. Dushobora kuvuga iki ku vyerekeye ukugambararira abavyeyi kwari kwaravuzwe?

9 “Batumvira abavyeyi.” (2 Timoteyo 3:2) Abavyeyi, abigisha be n’abandi bantu bo muri iki gihe, barafise ikimenyamenya c’imvaho c’uko abana benshi batubaha n’uko batagamburuka. Bamwe muri urwo rwaruka babigira babitumwe n’ingeso mbi babona ku bavyeyi babo canke bakazigana. Abana baguma barushiriza kuba benshi usanga batacizigiye ishure, amategeko, idini be n’abavyeyi babo, kandi bakanagarariza izo nzego. Umwigisha umwe w’inararibonye avuga ati: “Basa n’abatagira ico bubaha.” Mugabo igihimbaye ni uko hari abana benshi batinya Imana usanga ari intangakarorero mu vy’indero nziza.

10, 11. Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko abantu ari inkazi n’uko badakunda ababo?

10 “Inkazi.” (2 Timoteyo 3:3) Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwemwo ngo “inkazi” risobanura ngo ‘c’ikinyeshamba, kitagira impuhwe n’imbabazi vya muntu.’ Uzi ukuntu ivyo bihuye neza n’abantu benshi bakora ivy’ubukazi bwo muri iki gihe! Ikiganiro kimwe casohotse mu kinyamakuru, cavuze giti: “Ubuzima ni agacamutima cane, ni agacavutu cane uravye amaraso aseseka, ku buryo bisaba kurya umutima amenyo kugira ngo usome amakuru asohoka ku musi ku musi.” Hari umusoda acungera umutekano ku nyubakwa imwe yavuze yuko abakiri bato benshi biyobagiza inkurikizi z’ivyo bakora. Yavuze ati: “Bibwira ngo ‘Sinzi ivy’ejo. Ivyo nshaka ndabironka uno musi.’ ”

11 “Badakunda n’ababo.” (2 Timoteyo 3:3) Iyo mvugo ikuwe mw’ijambo ry’Ikigiriki risobanura ngo “igipfamutima, atagira imbabazi,” rigashaka kuvuga “ukutagira igishika c’akame, kimwe umuntu agirira abo mu muryango.” (Nouveau dictionnaire international de théologie du Nouveau Testament [mu Congereza]) Egome, igishika kenshi kirabura mu rugo, kandi ari ho nyene cari gikwiye kuba cariraye. Inkuru zivuga ivy’uguturubikana kw’abubatse, uguturubika abana, hamwe mbere n’uguturubika abavyeyi bageze mu zabukuru, ziragwiriye bimwe bihagarika umutima. Umugwi umwe ugira ubushakashatsi wavuze uti: “Ubukazi bw’abantu, bwaba ukumashura canke ugusunura, ukuzibura imbugita canke ukurasa n’inkoho, burakunda kuba mu rugo kuruta ahandi hantu hose mu kibano cacu.”

12. Ni kuki twovuga yuko abantu bafise ishusho gusa y’abayobokera Imana?

12 “Abameze mu maso nk’abayobokera Imana ariko bamaze kuvyihakana mu mitima.” (2 Timote 3:5, UB) Bibiliya irafise ububasha bwo guhindura ubuzima bukarushiriza kumera neza. (Abanyefeso 4:22-24) Yamara, abantu benshi muri iki gihe bakoresha idini yabo nk’igisaka bikinga bakabandanya gukora ibintu bigoramye, bisesema Imana. Ukubesha, ukwiba, ubuhumbu, ni ibintu kenshi usanga birenzwako uruho rw’amazi n’indongozi z’amadini. Amadini menshi arigisha urukundo, mugabo agashigikira intambara. Ikiganiro casohotse mu kinyamakuru kimwe, India Today, cavuze giti: “Mw’izina ry’Umuremyi Segaba, ibiremwa-muntu vyarakoze ibintu vy’ubugesera bibaho babikorera ibiremwa nka bo.” Nkako, za ndwano zibiri zadutse mu bihe vy’ejobundi zigasesa amaraso kuruta izindi zose, ni ukuvuga Intambara ya Mbere y’Isi Yose be n’iya Kabiri, zadutse zivuye imbere mu Bitwa Abakirisu.

13. Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko isi iriko irahonywa?

13 ‘Uguhonya isi.’ (Ivyahishuriwe 11:18) Abahinga mu vya siyansi barenga 1.600 bo hirya no hino kw’isi, harimwo abagera ku 104 batsindiye ka gashimwe kitiriwe Nobel, baremeye imburizi yatanzwe n’Ishirahamwe ry’Abanyasiyansi Barajwe Ishinga (UCS), nya mburizi ikaba yagira iti: “Ibiremwa-muntu hamwe n’isi yacu ni kabiri na rimwe bikagongana. . . . Hasigaye imyaka itarenga mirongo mikeyi ngo ntihabe hakiriho uburyo bwo kwikingira ibiduhanamiye. Iyo raporo yavuga yuko ibintu umuntu akora bigeramiye ubuzima bwiwe “bishobora kwonona isi cane gushika aho itazoba igishoboye kuzigama ubuzima nk’uko tubizi.” Iyononwa rya ca gisenge Ozone, itosekazwa ry’amazi, itemwa ry’amashamba, ukutamera kw’isi, hamwe n’ihona ry’amoko menshi y’ibikoko n’ibiterwa, vyavuzwe ko ari ingorane zihutirwa zitegerezwa gutorerwa umuti. Iryo shirahamwe UCS ryavuze riti: “Twononye urutonde rw’ubuzima rusangiwe n’ibiriho, vyoshobora guhava bikwega inkurikizi zokwira impinga, harimwo n’ugusenyuka kw’urutonde rw’ubuzima bw’ibidukikije usanga tutanatahura neza ukuntu rukora.”

14. Wokwerekana gute yuko muri Matayo 24:14 hariko hararanguka muri iki gihe turimwo?

14 “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose.” (Matayo 24:14) Yezu yaravuze yuko inkuru nziza y’Ubwami yovuzwe kw’isi yose, kugira ngo ibere icabona amahanga yose. Babifashijwemwo n’Imana hamwe n’umuhezagiro wayo, Ivyabona vya Yehova amamiliyoni baramara amasaha amamiliyaridi bakora ico gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:19, 20) Egome, Ivyabona barabona yuko bohava bagirwa n’amaraso mu gihe batomenyesha iyo nkuru nziza. (Ezekiyeli 3:18, 19) Mugabo barahimbarwa no kubona yuko uko umwaka utashe hari abantu ibihumbi bakirana ugukenguruka ubwo butumwa bw’Ubwami kandi bagafata ingingo yo kuba Abakirisu b’ukuri, ni ukuvuga bakaba Ivyabona vya Yehova. Ni agateka ntangere gukorera Yehova, kandi gutyo tugakwiragiza ubumenyi bwerekeye Imana. Kandi iyo nkuru nziza niyamara kwamamazwa kw’isi yose ibako abantu, umuhero w’iyi si mbi uzoca uza.

IVYO BIMENYAMENYA VYOTUMA UKORA IKI?

15. Urunkwekwe rw’ivy’isi y’ubu ruzorangira gute?

15 Mbega none urunkwekwe rw’ivy’iyi si ruzorangira gute? Bibiliya iravuga imbere y’igihe ko hazobaho “amarushwa ahambaye” azotangurana n’igitero intwaro z’isi zizotera “Babuloni Hahambaye,” ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. (Matayo 24:21; Ivyahishuriwe 17:5, 16) Yezu yavuze yuko muri ico kiringo ‘izuba ryocuze umwiza, n’ukwezi ntigutange umuco wakwo, n’inyenyeri zigakoragurika ziva kw’ijuru, n’ivy’inkomezi vyo mu majuru bikanyiganyizwa.’ (Matayo 24:29) Ivyo vyoshobora kuba ibintu nyakuri bizoba kw’ijuru. Ivyo ari vyo vyose, ba rumuri bo mu madini y’isi bazoshirwa ku kabarore hanyuma bakurweho. Maze Shetani, ari we yitwa “Gogi wo mu gihugu c’i Magogi,” azokoresha abantu bononekaye mu gutera igitero simusiga abasavyi ba Yehova. Mugabo Shetani ntazororanirwa, kubera ko Imana izoza kubatabara. (Ezekiyeli 38:1, 2, 14-23) Ayo “marushwa ahambaye” azoshikira igihe cayo c’agaheta kuri Harumagedoni, ari yo “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.” Izozimanganya amasigarira y’ikintu cose kiranga ishirahamwe rya Shetani ryo kw’isi, yugurure inzira ituma imihezagiro idahera ishungurukira ku bantu bazoba barokotse.—Ivyahishuriwe 7:9, 14; 11:15; 16:14, 16; 21:3, 4.

16. Tumenya dute yuko ibintu vyari vyaravuzwe ku vyerekeye imisi y’iherezo biraba iki gihe turimwo?

16 Umuntu abirimbuye ukwavyo, ibice bimwebimwe vy’ubuhanuzi bidondora imisi y’iherezo bishobora gusa n’ibiraba ibindi biringo vya kahise. Ariko ibimenyamenya vyari vyaravuzwe tubifatiye hamwe, bidoma urutoke ku gihe turimwo. Dutange akarorero: turya turongorongo tw’igikumu umuntu ateye turi n’ukuntu tumeze kudashobora gusa n’ukw’uwundi muntu n’umwe. N’imisi y’iherezo nyene irafise ukuntu imeze yisangije, ni ukuvuga ibintu biza biraba biyiranga. Ivyo ni nk’ “igikumu” kidashobora kuba ico mu kindi kiringo na kimwe. Iyo turimburiye ivyo bimenyamenya hamwe n’ibintu Bibiliya yerekana yuko ubu Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru buganza, biratanga ishimikiro rikomeye rituma dutahura yuko iyi vy’ukuri ari imisi y’iherezo. Vyongeye, hariho ikimenyamenya gitomoye co mu Vyanditswe cerekana yuko urunkwekwe rw’ivy’iyi si mbi ruriho ubu vuba rugiye gusangangurwa.

17. Ukumenya yuko iyi ari yo misi y’iherezo bikwiye gutuma dukora iki?

17 None ivyo bimenyamenya vy’uko iyi ari imisi y’iherezo vyotuma ukora iki? Rimbura ibi: Iyo ikirura gikaze cegereje, duca dufata ingingo z’ukwikingira bidatevye. Ivyo Bibiliya ibūra vyerekeye uru runkwekwe rw’ivy’isi ruriho ubu, bikwiye gutuma tugira ico dukoze. (Matayo 16:1-3) Turashobora kubona neza yuko turi mu misi y’iherezo y’uru runkwekwe rw’ivy’iyi si. Ivyo bikwiye gutuma duhindura ibikenewe ivyo ari vyo vyose kugira ngo dushimwe n’Imana. (2 Petero 3:3, 10-12) Yezu mu kuvuga ko ari we akoreshwa ngo haboneke ubukiriro, aratugabisha vyihutirwa ati: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwarariko w’ivy’ubu bu[zima], ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego: kukw ari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw isi yose. Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.”—Luka 21:34-36.

[Akajambo k’epfo]

a Hari Bibiliya zikoresha ijambo “isi” mu kibanza c’ “urunkwekwe rw’ibintu.” Igitabu nyizamvugo imwe, Dictionnaire interprétatif des mots du Nouveau Testament (mu Congereza), yanditswe na W. E. Vine, ivuga yuko ijambo ry’Ikigiriki ai·onʹ “risobanura ikiringo kitazwi uko kingana, canke igihe, iyo kirabiwe ku bishika muri co.” Igitabu Lexique grec-anglais du Nouveau Testament (mu Congereza) canditswe na Parkhurst (urupapuro 17) kirashiramwo imvugo “uru runkwekwe rw’ibintu” igihe kivuga ivy’ikoreshwa ry’ijambo ai·oʹnes (mu bwinshi) mu Baheburayo 1:2. Kurihindura rero ngo “urunkwekwe rw’ibintu” birahuye n’igisomwa c’intango co mu Kigiriki.

SUZUMA UBUMENYI BWAWE

Bibiliya yari yavuze iki ku vyerekeye ibintu vyobaye mw’isi mu ntango y’ukuganza kwa Kirisitu?

Ibintu bimwebimwe biranga imisi y’iherezo ni ibihe?

Ni igiki kikujijura yuko iyi ari imisi y’iherezo?

[Uruzitiro ku rup. 102]

IBINTU BIMWEBIMWE BIRANGA IMISI Y’IHEREZO

• Intambara zitaribwigere zibaho.—Matayo 24:7; Ivyahishuriwe 6:4.

• Amapfa.—Matayo 24:7; Ivyahishuriwe 6:5, 6, 8.

• Indwara z’ibiza.—Luka 21:11; Ivyahishuriwe 6:8.

• Ubugarariji bugenda bwongerekana.—Matayo 24:12.

• Uguhonya isi.—Ivyahishuriwe 11:18.

• Ukunyiganyiga kw’isi.—Matayo 24:7.

• Ibihe bigoye.—2 Timoteyo 3:1.

• Ugukunda amahera kudasanzwe.—2 Timoteyo 3:2.

• Ukugambararira abavyeyi.—2 Timoteyo 3:2.

• Ukudakunda ababo.—2 Timoteyo 3:3.

• Ugukunda ibinezereza kuruta Imana.—2 Timoteyo 3:4.

• Ukubura ukwigumya.—2 Timoteyo 3:3.

• Ukudakunda iciza.—2 Timoteyo 3:3.

• Ukutabona ingeramizi yegereje.—Matayo 24:39.

• Abacokoranyi banka ivyemeza ko iyi ari imisi y’iherezo.—2 Petero 3:3, 4.

• Iyamamazwa ry’Ubwami bw’Imana kw’isi yose.—Matayo 24:14.

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose on page 101]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika