Ikigabane ca 17
“Abishwe” bahabwa impera
1. Turi mu gihe ikihe, kandi ni ibiki bivyerekana?
UBWAMI bw’Imana buraganza! Umwe agendera kw’ifarasi yera agira asozere intsinzi yiwe! Ya farasi itukura, imwe yirabura n’imwe ibenjutse ziriko zirakinagira mw’isi! Nta nkeka ko ubuhanuzi Yezu ubwiwe yavuze bujanye n’ukuhaba kwiwe ari Umwami buriko buraranguka. (Matayo, ikigabane ca 24 n’ica 25; Mariko, ikigabane ca 13; Luka, ikigabane ca 21) Ego cane, turi mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si. (2 Timoteyo 3:1-5) Ko bimeze gutyo rero, nimuze twitegereze neza igihe wa Mwagazi w’intama ari we Yezu Kristu amatura agashashara ka gatanu ka wa muzingo. Mbega ni ibindi bintu ibihe tugira duhishurirwe?
2. (a) Yohani abona iki igihe agashashara ka gatanu kamatuwe? (b) Kubera iki tudakwiye gutangazwa no kwumva ko mw’ijuru hari igicaniro c’ibimazi c’ikigereranyo?
2 Yohani aradondora ibintu biteye ikigongwe, ati: “Maze amatuye agashashara kagira gatanu, mbona munsi y’igicaniro ubuzima bw’abishwe kubera ijambo ry’Imana no kubera igikorwa bahora bafise co gushinga intahe.” (Ivyahishuwe 6:9) None ivyo ni ibiki? Coba ari igicaniro c’ibimazi kiri mw’ijuru? Ego cane! Ni bwo bwa mbere Yohani avuze ibijanye n’igicaniro. Ariko rero, yari amaze kudondora Yehova ari ku ntebe yiwe y’ubwami, ba bakerubi bari bamukikuje, ca kiyaga c’ikiyo, ya matara hamwe na ba bakurambere 24 bafise imibavu, ivyo vyose bikaba bitwibutsa ya taberenakulo yo kw’isi, ino ikaba yari urusengero rwa Yehova rwari muri Isirayeli. (Kuvayo 25:17, 18; 40:24-27, 30-32; 1 Ngoma 24:4) Wumva none bikwiye kudutangaza tubonye mw’ijuru igicaniro c’ibimazi c’ikigereranyo?—Kuvayo 40:29.
3. (a) Kuri ya taberenakulo y’Abayuda ya kera, ni gute ubuzima bwasukwa “ku ntaba y’igicaniro”? (b) Ni kubera iki Yohani yabonye mw’ijuru ubuzima bw’ivyabona bishwe buri munsi y’igicaniro c’ikigereranyo?
3 Munsi y’ico gicaniro hari “ubuzima bw’abishwe kubera ijambo ry’Imana no kubera igikorwa bahora bafise co gushinga intahe.” None ivyo bisobanura iki? Yohani arazi neza ko ubuzima bugereranywa n’amaraso, kandi igihe abaherezi baba bakereye igitungwa c’ikimazi kuri ya taberenakulo y’Abayuda ya kera, baramija amaraso yaco “hirya no hino ku gicaniro” canke bakayasuka “ku ntaba y’igicaniro c’ishikanwa riturirwa.” (Abalewi 3:2, 8, 13; 4:7; 17:6, 11, 12) Ku bw’ivyo, umuntu avuze igicaniro c’ibimazi waca ubona mu bwenge ubuzima bw’igitungwa. Ariko none, ni kubera iki ubuzima, ari bwo maraso y’abo basavyi b’Imana, buboneka mw’ijuru buri munsi y’igicaniro c’ikigereranyo? Ni kubera ko urupfu rwabo rubonwa nk’urwo kwitanga.
4. Ni mu buryo ki urupfu rw’abakirisu bavyawe n’impwemu ari urwo kwitanga?
4 Ego cane, abo bose bavyarwa n’impwemu bagacika abana b’Imana, bapfa urupfu rwo kwitanga. Kubera uruhara bazorangura mu Bwami bwa Yehova bwo mw’ijuru, baremera guheba icizigiro cose bafise co kubaho ibihe bidahera kw’isi, kandi ni vyo Imana igomba. Ku bw’ivyo, baremera gupfa bahorwa gushigikira ubusegaba bwa Yehova. (Abafilipi 3:8-11; gereranya na 2:17.) Ivyo ni vyo nyene vyashikiye bamwe Yohani yabona bari munsi y’igicaniro. Ni abarobanuwe bishwe bahorwa umwete bari bafise mu gikorwa co kuburanira Ijambo rya Yehova n’ubusegaba bwiwe. “[Bishwe] kubera ijambo ry’Imana no kubera igikorwa bahora bafise co gushinga intahe.”
5. Ni mu buryo ki abizigirwa basemerera basaba guhorwa kandi barapfuye?
5 Iyo nkuru ibandanya iti: “Maze basemerera n’ijwi rirenga, bavuga bati: ‘Uzogeza ryari ga Mukama Segaba mweranda kandi w’ukuri, kureka guca urubanza no guhora amaraso yacu ababa kw’isi?’” (Ivyahishuwe 6:10) Bishoboka bite ngo basemerere basaba guhorwa kandi Bibiliya yerekana ko abapfuye ata co bazi? (Umusiguzi 9:5) None amaraso ya wa mugororotsi Abeli ntiyasemereye Kayini amaze kumwica? Yehova yaciye abwira Kayini ati: “Wakoze iki? Umviriza! Amaraso ya mwene wanyu ariko asemererera mu butaka antakambira.” (Itanguriro 4:10, 11; Abaheburayo 12:24) Ntibisobanura ko amaraso ya Abeli yariko aravuga nya kuvuga. Ahubwo kubera ko Abeli yari yahowe ubusa, ubutungane bwasaba ko uwamwishe ahanwa. Muri ubwo buryo nyene, abo bakirisu bapfuye rumaratiri, bakaba rero bategerezwa guhorwa kugira ubutungane bushitswe. (Luka 18:7, 8) Ugutakamba kwabo basaba guhorwa kurumvikana cane kuko ari benshi bamaze kwicwa muri ubwo buryo.—Gereranya na Yeremiya 15:15, 16.
6. Ni amaraso y’intungane ayahe yahowe mu 607 B.G.C.?
6 Ivyabo vyoshobora kugereranywa kandi n’ivyashitse mu Buyuda bwarangwa n’ubuhuni igihe Umwami Manase yaja ku ngoma mu 716 B.G.C. Yarasheshe amaraso menshi y’intungane, kumbure ‘arakekaguza umusumeno’ umuhanuzi Yesaya. (Abaheburayo 11:37; 2 Abami 21:16) Naho Manase yahavuye yigaya akanahinduka, ico caha co kwagirwa n’amaraso cagumyeho. Igihe Abanyababiloni batikiza ubwami bw’Ubuyuda mu 607 B.G.C., ivyo “vyashikiye Yuda bivuye gusa kw’itegeko rya Yehova, kugira ayikure mu maso yiwe kubera ibicumuro vya Manase, nk’uko ivyo yari yarakoze vyose vyari; no kubera amaraso y’intungane yari yarasheshe, ku buryo yuzuza Yeruzalemu amaraso y’intungane, maze Yehova ntiyemera kubabarira.”—2 Abami 24:3, 4.
7. Ni nde canecane yagirwa no gusesa “amaraso y’aberanda”?
7 Nk’uko vyari mu bihe vya Bibiliya, n’ubu benshi mu bishe ivyabona vy’Imana bashobora kuba bamaze igihe kinini barapfuye. Mugabo ishirahamwe ryatumye bicwa rumaratiri riracariho kandi riragirwa n’amaraso. Ni ishirahamwe ryo kw’isi rya Shetani, ni ukuvuga uruvyaro rwiwe rwo kw’isi. Uwuza imbere muri urwo ruvyaro ni Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma.a Adondorwa ko “aborewe amaraso y’aberanda be n’amaraso y’ivyabona vya Yezu.” Ego cane, “iwe ni ho habonetse amaraso y’abahanuzi n’ay’aberanda n’ay’abishwe kw’isi bose.” (Ivyahishuwe 17:5, 6; 18:24; Abanyefeso 4:11; 1 Abakorinto 12:28) Ese ukuntu yagirwa n’amaraso menshi! Igihe cose Babiloni Akomeye azoba akiriho, amaraso y’intungane yagandaguye azobandanya gusemerera ataka ubutungane.—Ivyahishuwe 19:1, 2.
8. (a) Ni bande bishwe rumaratiri mu gihe ca Yohani? (b) Ni uruhamo uruhe rwatangujwe n’Abami b’abami b’Abaroma?
8 Yohani yariboneye ingene abakirisu bicwa rumaratiri mu kinjana ca mbere igihe ya Nzoka ruburakigongwe n’uruvyaro rwayo rwo kw’isi vyagaba igitero kw’ishengero ry’abakirisu barobanuwe ryariko rirakura. Yohani yari yarabonye Umukama wacu amanikwa kandi yari yararusimvye igihe mwene wabo Yakobo, Sitefano, Petero, Paulo n’abandi bagenzi biwe somambike bagandagurwa. (Yohani 19:26, 27; 21:15, 18, 19; Ivyakozwe 7:59, 60; 8:2; 12:2; 2 Timoteyo 1:1; 4:6, 7) Mu 64 G.C., Umwami w’abami w’Umuroma Nero yaradendereje abakirisu ngo ni bo baturiye igisagara kugira apfukapfuke urukurukuru rwavuga ko ari we yagituriye. Umutohozakahise yitwa Tacite avuga ati: “[Abakirisu] barishwe urw’agashinyaguro; hari abambikwa insato z’ibikoko bagaca babaha imbwa zikabatabagura, hari [abamanikwa],b hari abaturirwa bakaba nk’ibimuri mw’ijoro.” Urundi ruhamo rwadutse ku ngoma y’Umwami w’abami Domitien (81-96 G.C.) rwatumye Yohani yangarizwa mw’izinga Patimo. Yezu yari yarabivuze ati: “Nimba barampamye, bazobahama na mwebwe.”—Yohani 15:20; Matayo 10:22.
9. (a) Ni ikintu nyamukuru ikihe Shetani akoresha mu kuzimiza abantu yatanguje mu kinjana ca kane G.C., kandi umuce nyamukuru waco ni uwuhe? (b) Abategetsi bamwebamwe bo mu biyita abakirisu bafashe gute Ivyabona vya Yehova mu gihe c’Intambara ya mbere n’iya kabiri y’isi yose?
9 Mu kinjana ca kane G.C., ya nzoka ya kera ari yo Shetani yari imaze gutanguza ikintu nyamukuru ikoresha mu kuzimiza abantu, ni ukuvuga idini ry’abahuni biyita abakirisu rikomoka i Babiloni. Ni wo muce nyamukuru w’uruvyaro rwa ya Nzoka kandi ryahavuye ryigabaguramwo imigwi myinshi idacana uwaka. Nka kumwe kw’Ubuyuda bwa kera bwari bwarahemutse, amadini y’abiyita abakirisu yagirwa n’amaraso menshi kuko yivobetse mu Ntambara ya mbere n’iya kabiri y’isi yose. Hari n’abategetsi bo mu biyita abakirisu bikitse inyuma y’izo ntambara kugira bice abasavyi b’Imana barobanuwe. Mu kwigana ukuntu Hitler yahamye Ivyabona vya Yehova, igitabu casubiwemwo c’uwitwa Friedrich Zipfel (Kirchenkampf in Deutschland) cavuze giti: “Ica gatatu cabo [Ivyabona] barishwe haba mu kunyongwa, mu gukorerwa ayandi mabi, mu kwicishwa inzara, indwara canke ibikorwa vy’umuruho. Ukwo kuntu bishwe bunyamaswa nta ho vyari bwakaboneke, bikaba vyatumwe n’uko banse kudohoka ku kwizera kwabo kutahuza n’ivyiyumviro vy’umugambwe w’Abanazi.” Emwe, ku bijanye n’idini ry’abiyita abakirisu ushizemwo n’abakuru baryo, turashobora kuvuga tutihenda duti: “Mu mpuzu zawe habonetse ibirabagu vy’amaraso y’aboro b’intungane.”—Yeremiya 2:34.c
10. Ni uruhamo nyabaki rwashikiye abakiri bato bo muri rya sinzi rinini mu bihugu vyinshi?
10 Kuva mu 1935, abakiri bato b’abizigirwa bo muri rya sinzi rinini barahuye n’uruhamo rukomeye mu bihugu vyinshi. (Ivyahishuwe 7:9) Mbere n’igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yari imaze kurangira i Buraya, hari Ivyabona vya Yehova bakiri bato 14 bishwe mu gisagara kimwe gusa bamanitswe. Uti bahowe iki? Bahowe ngo banse ‘kwongera kwiga kurwana.’ (Yesaya 2:4) Hari imisore yo muri Aziya no muri Afrika iherutse gupfa yishwe n’amahiri canke irashwe n’abasoda izira ico kintu nyene. Urwo rwaruka rwishwe rumaratiri kubera rushigikira bene wabo na Yezu barobanuwe, nta gukeka ko ruzozurwa rukibera mw’isi nshasha yasezeranywe.—2 Petero 3:13; gereranya na Zaburi 110:3; Matayo 25:34-40; Luka 20:37, 38.
Ikanzu yera
11. Ni mu buryo ki abakirisu barobanuwe bishwe rumaratiri bahabwa “ikanzu yera”?
11 Intumwa Paulo amaze kwandika ibijanye n’ukwizera kw’abagumanye ugutungana mu bihe vya kera, yavuze ati: “Yamara abo bose, naho bashingiwe intahe bivuye ku kwizera kwabo, ntibaronse iranguka rya wa muhango, kuko Imana yatuboneye imbere y’igihe ikintu ciza kuruta, kugira ngo ntibagirwe abatagira akanenge tutari kumwe.” (Abaheburayo 11:39, 40) None ico “kintu ciza kuruta” Paulo n’abandi bakirisu barobanuwe biteze ni igiki? Yohani arakibona mw’iyerekwa. Yigana ati: “Maze umwe wese muri bo ahabwa ikanzu yera; hanyuma babwirwa kuruhuka kandi gatoyi, gushika aho n’igitigiri c’abashumba bagenzi babo na bene wabo bagira bicwe nk’uko na bo nyene bari bishwe, gikwizwa.” (Ivyahishuwe 6:11) Ukwo guhabwa “ikanzu yera” bisobanura kuzurwa bakaba ibiremwa vy’impwemu bidapfa. Ntibaba bakiri abishwe bari munsi y’igicaniro, ahubwo barazurwa bakaba mu bagize umugwi wa ba bakurambere 24 basenga Imana bari imbere y’intebe y’ubwami yayo yo mw’ijuru. Aho mw’ijuru na bo nyene barahabwa intebe z’ubwami, bikaba vyerekana ko batewe agateka ko kuba abami. Vyongeye, “bambaye impuzu zo hejuru zera,” bikaba bisobanura yuko vyabonetse ko ari abagororotsi babereye kuronka ikibanza c’iteka imbere ya Yehova muri ico kigo co mw’ijuru. N’ikindi kandi, iryo ni iranguka ry’umuhango Yezu yahaye abakirisu b’abizigirwa barobanuwe bo mw’ishengero ry’i Sarudi, ati: “Uwutsinda azokwambikwa rero impuzu zo hejuru zera.”—Ivyahishuwe 3:5; 4:4; 1 Petero 1:4.
12. Abarobanuwe bazurwa “[ba]ruhuka kandi gatoyi” mu buryo ki, kandi gushika ryari?
12 Ibimenyamenya vyose vyerekana ko ukwo kuzukira ijuru kwatanguye mu 1918, aho Yezu amariye kwimikwa mu 1914 agaca agendera kw’ifarasi kugira atangure gutahukana intsinzi ari Umwami mu kwirukana mw’ijuru Shetani n’amadayimoni yiwe. Ariko rero, abo barobanuwe bazurwa basabwa “kuruhuka kandi gatoyi, gushika aho n’igitigiri c’abashumba bagenzi babo” gikwira. Abo mu mugwi wa Yohani bakiri kw’isi bategerezwa kuguma ari intahemuka mu bigeragezo no mu ruhamo, kandi bamwebamwe muri bo boshobora no kwicwa. Yamara rero, impera n’imperuka amaraso yose y’abagororotsi yasheshwe na Babiloni Akomeye be n’abanyapolitike bacuditse na yo azohorwa. Mu kurindira, nta gukeka ko abamaze kuzurwa bariko barakora cane mw’ijuru. Ukuruhuka kwabo si ukwidibamira, ahubwo ni ukurindira bihanganye umusi wo kwihora wa Yehova. (Yesaya 34:8; Abaroma 12:19) Akaruhuko kabo kazohera nibabona idini ry’ikinyoma rikuweho, maze bace bafadikanya n’Umukama Yezu Kristu mu gushitsa urubanza ku yindi mice yose y’uruvyaro rubi rwa Shetani rwo ng’aha kw’isi kubera ko ari “abahamagawe kandi batowe kandi b’abizigirwa.”—Ivyahishuwe 2:26, 27; 17:14; Abaroma 16:20.
‘Abapfuye ni bo babanza kuzuka’
13, 14. (a) Twisunze ivyo intumwa Paulo yavuze, ukuzukira ijuru gutangura ryari, kandi ni bande bazurwa? (b) Ni ryari abarobanuwe bakiriho mu gihe c’umusi w’Umukama bazukira ijuru?
13 Ibintu duca dutahura igihe agashashara kagira gatanu kamaturwa birahuza neza n’ibindi vyanditswe bivuga ibijanye n’ukuzukira ijuru. Nk’akarorero, intumwa Paulo yanditse ati: “Kuko ibi ari vyo tubabwira biciye kw’ijambo rya Yehova, yuko twebwe abazima bazoba bakiriho gushika mu gihe c’ukuhaba kw’Umukama tutazotanga mu buryo na bumwe abasinziriye mu rupfu; kuko Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru be n’urumbete rw’Imana, maze abapfiriye muri Kristu bazobanza kuzuka. Mu nyuma twebwe abazima tuzoba tukiriho, hamwe na bo, tuzojanwa mu bicu gusanganira Umukama mu kirere; gutyo tuzokwama turi kumwe n’Umukama.”—1 Abatesalonika 4:15-17.
14 Ese ukuntu amajambo yo muri iyo mirongo yeza umutima! Abo muri bene wabo na Yezu barobanuwe bakiri kw’isi mu gihe c’ukuhaba kwiwe bagenda mw’ijuru basangayo bagenzi babo bamaze gupfa. Mwene abo bantu bapfiriye muri Kristu ni bo babanza kuzuka. Yezu aramanuka mu buryo bw’uko abitwararika akabazura kugira babe ibiremwa vy’impwemu, akabaha “ikanzu yera.” Mu nyuma, abakiri bazima bararangiza ubuzima bwabo bwo kw’isi, benshi muri bo bakaba bicwa bunyamaswa n’ababarwanya. Ariko rero, ntibasinzira mu rupfu nk’abapfuye imbere yabo. Ahubwo igihe bapfuye, baca bahindurwa ubwo nyene, “mu kanya nk’ako kuvuna urugohe,” bakajanwa mw’ijuru kugira babane na Yezu na bagenzi babo bagize umubiri wa Kristu. (1 Abakorinto 15:50-52; gereranya n’Ivyahishuwe 14:13.) Ku bw’ivyo, izuka ry’abakirisu barobanuwe ritangura haciye igihe gito ba bantu bane bavugwa mu Vyahishuwe batanguye kugendera ku mafarasi yabo.
15. (a) Imaturwa ry’agashashara ka gatanu ritumenyesha inkuru nziza iyihe? (b) Umwe agendera kuri ya farasi yera atahukana intsinzi asozera urugendo rwiwe ryari?
15 Imaturwa ry’agashashara ka gatanu ka wa muzingo ryatumenyesheje inkuru nziza yerekeye abarobanuwe b’intahemuka batahukanye intsinzi mu kuguma ari abizigirwa gushika ku rupfu. Ariko rero, si inkuru nziza kuri Shetani n’uruvyaro rwiwe. Umwe atahukana intsinzi agendera kuri ya farasi yera arabandanya urugendo rwiwe ata kimutangira gushika igihe co gucira urubanza iyi si “iri mu bubasha bwa wa mubisha” kigeze. (1 Yohani 5:19) Ivyo biratomoka igihe wa Mwagazi w’intama amatura agashashara ka gatandatu.
[Utujambo tw’epfo]
a Ikigabane ca 33 kiradondora neza Babiloni Akomeye uwo ari we.
b Gereranya na Bibiliya y’isi nshasha, urupapuro rwa 1941, inyongera ya 5 ivuga ngo “Igiti co kubabarizwako.”
c Ikigabane ca 36 kirerekana neza ingene idini ryagirwa n’amaraso.
[Uruzitiro ku rup. 102]
“Abishwe”
Igitabu (Cyclopedia) ca McClintock na Strong kirasubiramwo amajambo y’uwitwa John Jortin, umuporoti w’Umwongereza wo mu kinjana ca 18 yavyawe n’abavyeyi b’abaporoti bo mu Bufaransa, giti: “Aho uruhamo rutanguye, ubukirisu buca bukamangana . . . Aho ubukirisu bumariye kwemerwa nk’idini ry’inganji [y’Uburoma] abakuru babwo na bo bagahabwa ubutunzi n’icubahiro, uruhamo rwaciye ruhumagana maze rugira akosho gakomeye kw’idini rishingiye ku Njili.”
[Ifoto ku rup. 103]
“Umwe wese muri bo ahabwa ikanzu yera”