Ikigabane ca 18
Vya nyamugigima mu musi w’Umukama
1, 2. (a) Bigenda gute iyo umuntu ashikiwe na nyamugigima ikomeye? (b) Yohani yigana iki igihe agashashara kagira gatandatu kamatuwe?
WOBA umaze gushikirwa na nyamugigima ikomeye? Si ikintu kiryoshe. Mu ntango isi yoshobora gutigita bimwe biteye ubwoba hakaba n’uguhinda kudahera. Isi ishobora kuza iratigita cane yisubiriza mu gihe nawe uriko urondera aho wokwinyegeza, nko musi y’imeza. Canke na ho yoshobora gutigita bukwi na bukwi bimwe bikomeye, ibikoresho vyo mu nzu bikamenagurika, mbere n’amazu agasenyagurika. Ibintu n’abantu vyoshobora kuhatikirira, kandi akenshi harakurikira utundi tunyamugigima dutoduto, tukaza dusongera isibe.
2 Ufise ivyo mu bwenge, raba ivyo Yohani yigana igihe hamaturwa agashashara kagira gatandatu, ati: “Maze ndabona aho amaturiye agashashara kagira gatandatu, maze haba nyamugigima ikomeye.” (Ivyahishuwe 6:12a) Ivyo bitegerezwa kuba bibera rimwe n’ibiba igihe utundi dushashara tumaturwa. None iyo nyamugigima yo mu musi w’Umukama iba ryari, kandi ni bwoko ki?—Ivyahishuwe 1:10.
3. (a) Muri bwa buhanuzi bujanye n’ikimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu, ni ibiki Yezu yavuze ko vyobaye? (b) Nyamugigima z’ubu zifitaniye isano gute na ya nyamugigima y’ikigereranyo ikomeye ivugwa mu Vyahishuwe 6:12?
3 Bibiliya iravuga incuro zitari nke ukunyiganyiga kw’isi, haba mu buryo bw’ikigereranyo canke butari ubw’ikigereranyo. Mu buhanuzi buhambaye bwa Yezu bujanye n’ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’Ubwami, yaravuze ko hobaye “vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi.” Vyobaye ari kimwe mu bigize “intango y’ububabare nk’ubw’ibise.” Kuva mu 1914, aho abantu baba kw’isi bari bamaze kwongerekana bagashika amamiliyoni ibihumbi, nyamugigima zaratumye abantu babona amakuba menshi muri ibi bihe vyacu. (Matayo 24:3, 7, 8) Ariko rero, naho izo nyamugigima zishitsa ubuhanuzi, ni ivyago vy’ivyaduka bisanzwe. Zicira inzira ya nyamugigima ikomeye y’ikigereranyo ivugwa mu Vyahishuwe 6:12. Nkako, ni nyamugigima itema igatongora isozera izindi zagiye ziratigitisha isi ya Shetani gushika mu mishinge yayo.a
Nyamugigima mu muryango w’abantu
4. (a) Ni kuva ryari abasavyi ba Yehova babonye ko mu 1914 hotanguye kuba ibintu bikomeye? (b) Ni ikiringo ikihe corangiye mu 1914?
4 Kuva hagati mu myaka ya 1870, abasavyi ba Yehova bari barabonye imbere y’igihe ko mu 1914 hotanguye kuba ibintu bikomeye vyokwerekanye ko Ibihe vy’abanyamahanga birangiye. Ico ni ca kiringo c’“ibihe indwi” (imyaka 2.520) gitangurana n’itemba ry’abami bakomoka kuri Dawidi bategeka i Yeruzalemu mu 607 B.G.C. kigashika igihe Yezu yimikwa muri Yeruzalemu yo mw’ijuru mu 1914 G.C.—Daniyeli 4:24, 25; Luka 21:24, BY.b
5. (a) Ni amajambo ayahe C. T. Russell yashikirije ku wa 2 Gitugutu 1914? (b) Ni imigumuko y’ivya politike iyihe yabaye kuva mu 1914?
5 Ku bw’ivyo, igihe C. T. Russell yinjira ahabera ugusenga kwo mu gitondo kw’umuryango wa Beteli w’i Brooklyn i New York ku wa 2 Gitugutu 1914, yarashikirije aya majambo atangaje, ati: “Ibihe vy’abanyamahanga vyarangiye; igihe c’abami babo caheze.” Kukaba nkako, imidurumbanyo yabaye kw’isi kuva mu 1914 yari ikomeye cane ku buryo intwaro nyinshi zari zishinze imizi zazimanganye. Itemba ry’intwaro ya cami yo mu Burusiya bivuye ku migumuko yabaye mu 1917 yo kurondera amahinduka ryatumye abashigikiye politike ya Karl Marx bamara igihe kirekire bashamiranye n’abashigikiye ivyo gushira ubutunzi mu minwe y’abikorera utwabo. Imigumuko yo kurondera amahinduka mu vya politike irabandanya guhungabanya ikibano kw’isi yose. Muri iki gihe, intwaro nyinshi ntizimara n’umwaka umwe canke ibiri. Ivyo birabonekera mu vyashitse mu Butaliyano, ahakurakuranywe amaleta 47 mu myaka 42 gusa inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose. Ariko rero, iyo migumuko ikomeye yerekana ko hagiye kuba ihinduka ridasanzwe mu vy’intwaro. Uti none bizovamwo iki? Ubwami bw’Imana buzoca busubirira intwaro zose zo kw’isi.—Yesaya 9:6, 7.
6. (a) Umutohozakahise H. G. Wells yadondoye gute ikiringo gishasha kandi kidasanzwe? (b) Umufilozofe n’umutegetsi umwe banditse iki ku bijanye n’ikiringo co kuva mu 1914?
6 Abatohozakahise, abafilozofe n’abategetsi mu vy’intwaro baravuga ko umwaka wa 1914 wabaye intango y’ikiringo kidasanzwe. Inyuma y’imyaka 17 ico kiringo gitanguye, umutohozakahise yitwa H. G. Wells yavuze ati: “Umuhanuzi yoshima kubûra ibintu vyiza. Ariko igikorwa ciwe ni ukwigana ivyo abona. Abona isi yiganziwe n’abasirikare, abantu bishimira ibihugu vyabo, abaca amaboko abandi n’abadandaza b’umwina; isi yuzuyemwo umwikeko n’urwanko, aho uburenganzira bw’umuntu butacubahirizwa, isi iriko igana ku ndyane zikomeye zishingiye ku busumbasumbane kandi iriko yitegurira izindi ntambara.” Mu 1953, umufilozofe yitwa Bertrand Russell yanditse ati: “Kuva mu 1914, abantu bose babona aho isi iriko iraja bararazwa ishinga cane n’ingene iriko igenda ubudakebuka igana ku vyago bikomeye kuruta bibwirizwa kuyishikira. . . . Babona ko abantu bameze nka za ntwari zo mu bitito vy’Abagiriki bivuga ivy’ubwicanyi, izo wasanga zoshwa n’ibimana vyashangashiwe zikaba zitagishobora kwicungera.” Mu 1980 umutegetsi yitwa Harold Macmillan, yibutse ukuntu ikinjana ca 20 cari catanguye mu mahoro, yavuze ati: “Ibintu vyose vyariko bigenda neza. Iyo ni yo si navukiyemwo. . . . Nk’aka kanya, ata wari avyiteze, umusi umwe mu gitondo mu 1914, vyose vyararangiye.”
7-9. (a) Ni imidurumbanyo iyihe yanyiganyije umuryango w’abantu kuva mu 1914? (b) Iyo midurumbanyo yotumye abantu bamererwa gute mu gihe c’ukuhaba kwa Yezu?
7 Intambara ya kabiri y’isi yose yaratumye haduka iyindi midurumbanyo. Vyongeye, intambara ntonto be n’iterabwoba bibandanya gutigitisha isi yose. Kubera abantu benshi batinya iterabwoba canke bagatinya ko ibihugu vyohava bikoresha ibirwanisho ruhonyanganda bifise, baguma bibaza ibibazo.
8 Ariko rero uretse intambara, hariho n’ibindi vyanyiganyije umuryango w’abantu gushika mu mishinge yawo kuva mu 1914. Kimwe mu vyabasizemwo imvune kuruta ibindi catumwe n’ingorane z’ivy’ubutunzi zadutse muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku wa 29 Gitugutu 1929. Ivyo vyatumye haba ca gihuhusi gikomeye mu vy’ubutunzi cahungabanije ibihugu vyose bigendera kuri politike yo gushira ubutunzi mu minwe y’abikorera utwabo. Ico gihuhusi cari gikomeye canecane hagati ya 1932 na 1934, ariko n’ubu turacabona ingaruka zaco. Kuva mu 1929, bagumye barwazarwaza iyi si isinzikaye mu vy’ubutunzi ariko nta kivamwo. Amaleta aguma akehanirwa mu mahera akoresha. Ubukene bw’igitoro bwabaye mu 1973 be n’ubukene bw’ibidandazwa bwabaye mu 1987 bwatumye ivy’ubutunzi birushiriza guhungabana kw’isi yose. Muri ico gihe nyene, abantu amamiliyoni bishinga kurundanya amadeni. Abantu benshi cane barahomba utwabo kubera amayeri agirwa mu vy’ubutunzi, uburyo bwo gucuruza bwungura bamwe bugahomvya abandi, amatombola be n’ubundi bwoko bw’akamari burimwo uruyeri, vyinshi muri vyo bikaba bifatwa mu mugongo n’amaleta kandi ari yo yari akwiye gukingira abanyagihugu. Mbere n’abavugabutumwa bo ku mateleviziyo bo mu biyita abakirisu baregeranya amamiliyoni n’ayandi y’amadolari!—Gereranya na Yeremiya 5:26-31.
9 Imbere y’aho, Mussolini na Hitler barikitse inyuma y’ingorane z’ivy’ubutunzi kugira bigarurire ubutegetsi. Babiloni Akomeye ntiyatevye kwitonesha kuri bo, kandi Vatikano yaciye igiranira amasezerano n’Ubutaliyano mu 1929 be n’Ubudagi mu 1933. (Ivyahishuwe 17:5) Ikiringo kidurumbanye cakurikiye nta gukeka ko cari mu bigize iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yezu bujanye n’ukuhaba kwiwe, ubuvuga ko ‘amahanga yoshikiwe n’umubabaro mwinshi ntamenye ingene yobikika be n’uko abantu borabitswe n’ubwoba n’ukwitega ibintu biza kw’isi.’ (Luka 21:7-9, 25-31)c Ego cane, nyamugigima zatanguye gutigitisha umuryango w’abantu kuva mu 1914 zagiye zirakurikirwa n’izindi zikomeye.
Yehova atigitisha amahanga
10. (a) Ni kubera iki ikibano c’abantu kidurumbanye cane? (b) Yehova ariko akora iki, kandi abigira mu kwitegurira iki?
10 Izo nyamugigima zanyiganyije ikibano c’abantu zerekana ko umuntu adashobora kuyobora intambuko yiwe. (Yeremiya 10:23) Vyongeye, ya nzoka ya kera ari we Shetani, “umwe azimiza isi yose,” ariko arateza ivyago abantu bose mu kigoro ka nyuma ariko aragira ngo ababuze gusenga Yehova. Kubera ubuhinga bwa none, isi isigaye umenga ni akantu gatoyi aho urwanko rushingiye ku kwiratira igihugu no ku bwoko ruriko ruratigitisha umuryango w’abantu gushika mu mishinge yawo, rya Shirahamwe mpuzamakungu (ONU) ry’ibihugu vyitwa ngo vyunze ubumwe na ryo rikaba ryarananiwe kubitorera umuti urama. Umuntu asigaye aganza uwundi mu kumugirira nabi kuruta ikindi gihe ico ari co cose. (Ivyahishuwe 12:9, 12; Umusiguzi 8:9) Naho ari ukwo, Umukama Segaba Yehova, Umuremyi w’isi n’ijuru, aramaze imyaka nka 90 atigitisha ikibano c’abantu mu kwitegurira gutorera umuti rimwe rizima ingorane ziri kw’isi. Uti gute?
11. (a) Ni ugutigita nyabaki kuvugwa muri Hagayi 2:6, 7? (b) Ubuhanuzi bwa Hagayi buriko buranguka gute?
11 Muri Hagayi 2:6, 7 havuga hati: “Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Rindi rimwe, mu kanya gato, ngira ntigitishe amajuru n’isi n’ikiyaga n’ubutaka bwumutse. Nzotigitisha amahanga yose, maze ibintu bihimbaye vyo mu mahanga yose bizoza ata kabuza; nzokwuzuza iyi nzu ubuninahazwa,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.” Canecane kuva mu 1919, Yehova yaratumye ivyabona vyiwe batangaza imanza ziwe mu mice yose y’ikibano c’abantu kw’isi. Iyi si ya Shetani yaraburiwe biciye kuri ico gikorwa kirangurwa kw’isi yose.d Uko iyo mburi irushiriza gusamirana, abantu batinya Imana, ari vyo “bintu bihimbaye,” baravyuriwe umutima wo kwitandukanya n’amahanga. Si ukuvuga ko bakurwayo n’ugutigita kuba mw’ishirahamwe rya Shetani. Ahubwo barabona uko ibintu vyifashe bagaca bifatira ingingo yo kwiyunga ku bagize umugwi wa Yohani barobanuwe mu kwuzuza ubuninahazwa inzu ya Yehova yo gusengeramwo. None ivyo babikora gute? Babigira biciye ku gikorwa barangurana umwete co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bwashinzwe. (Matayo 24:14) Ubwo Bwami, ubugizwe na Yezu n’abayoboke biwe barobanuwe, buzokwama ari “ubwami budashobora kunyiganyizwa,” bitume Yehova aninahazwa.—Abaheburayo 12:26-29.
12. Nimba warakiriye neza igikorwa co kwamamaza cari caravuzwe muri Matayo 24:14, ukwiye gukora iki imbere y’uko ya nyamugigima ikomeye ivugwa mu Vyahishuwe 6:12 itangura?
12 Woba uri umwe mu bakiriye neza ico gikorwa co kwamamaza? Canke kumbure, woba ari umwe mu bantu amamiliyoni bitavye Icibutso c’urupfu rwa Yezu muri iyi myaka iheze? Nimba ari ukwo biri, nubandanye gutera imbere mu kwiga Bibiliya. (2 Timoteyo 2:15; 3:16, 17) Nuvavanure n’inyifato zose zihumanye z’abantu bo muri iyi si ya Shetani yaciriwe rubi! Niwinjire mu muryango w’abakirisu biteguriye kuba mw’isi nshasha wongere ugire uruhara rushitse mu gikorwa bariko barangura imbere y’uko ya “nyamugigima” rurangiza isavya iyi si ya Shetani. Ariko none, iyo nyamugigima ikomeye ni iki? Reka tubirabe.
Ya nyamugigima ikomeye!
13. Ni mu buryo ki ya nyamugigima ikomeye ari ikintu abantu batari bwabone?
13 Ego cane, iyi misi ya nyuma itoroshe yaranzwe na nyamugigima z’ikigereranyo n’izitari iz’ikigereranyo. (2 Timoteyo 3:1) Ariko nta na n’imwe muri zo twovuga ko ari ya nyamugigima ikomeye ya nyuma Yohani abona igihe agashashara ka gatandatu kamaturwa. Igihe ca nyamugigima ntonto kirarangiye. Ubu hagira haze nyamugigima ikomeye abantu batari bwabone. Irakomeye cane ku buryo ubukomezi bwayo budashobora gupimwa ku rugero rwa Richter canke hakoreshejwe ikindi gikoresho cahinguwe n’abantu. Ntinyiganyiza agace gatoyi gusa k’isi ahubwo iracekangura bimwe bikomeye “isi” yose, ni ukuvuga abantu bose bononekaye.
14. (a) Ni ubuhanuzi ubuhe buvuga nyamugigima ikomeye n’ingaruka zayo? (b) Ubuhanuzi bwa Yoweli n’amajambo ari mu Vyahishuwe 6:12, 13 bitegerezwa kuba vyerekeza ku ki?
14 N’abandi bahanuzi ba Yehova baravuze ivy’iyo nyamugigima n’ingaruka zikomeye yoteje. Nk’akarorero, nko mu 820 B.G.C., Yoweli yaravuze ibijanye n’“[ukuza kwa] wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova,” aca avuga ko ico gihe ‘izuba rizohinduka umwiza, ukwezi na kwo kugahinduka amaraso.’ Mu nyuma, yongeyeko ati: “Amasinzi, amasinzi ari mu kiyaya co hasi co gushitsa ingingo, kuko umusi wa Yehova uri hafi, mu kiyaya co hasi co gushitsa ingingo. Izuba n’ukwezi ntibizobura gucura umwiza, n’inyenyeri zikadohora ukwakaka kwazo. Yehova azorohera i Siyoni nk’intambwe, yumvikanishirize ijwi ryiwe i Yeruzalemu. Emwe, ijuru n’isi bizotigita; ariko Yehova azobera ubuhungiro abantu biwe, abere n’iboma bene Isirayeli.” (Yoweli 2:31; 3:14-16) Ukwo gutigita nta kindi kwerekezako atari igihe Yehova azoshitsa urubanza rwiwe mu kiringo ca ya makuba akomeye. (Matayo 24:21) Birumvikana rero ko amajambo dusanga mu Vyahishuwe 6:12, 13 asa n’ayo, yerekeza kuri ico kintu nyene.—Raba kandi Yeremiya 10:10; Zefaniya 1:14, 15.
15. Ni ugutigita gukomeye ukuhe umuhanuzi Habakuki yavuze?
15 Haciye nk’imyaka 200 Yoweli abayeho, umuhanuzi Habakuki yabwiye Imana mw’isengesho ati: “Ewe Yehova, narumvise inkuru yawe. Ewe Yehova, naratinye igikorwa cawe. Nukigire kizima hagati muri iyi myaka! Nukimenyekanishe hagati muri iyi myaka. Mu gihe c’umudugararo, niwibuke kugira imbabazi.” None wobaye ari “umudugararo” nyabaki? Habakuki aca abandanya adondora ya makuba akomeye, akavuga ku bijanye na Yehova ati: “Yarahagaze kugira anyiganyize isi. Yararāvye, asimbasimbisha amahanga. . . . Wagendagenda mw’isi uratse. Wakubita amahanga nk’uko bakubita intete, washavuye. Na ho nyene jewe nzokwigina Yehova; nzonezererwa Imana y’ubukiriro bwanje.” (Habakuki 3:1, 2, 6, 12, 18) Ese ukuntu Yehova azotigitisha amahanga bimwe bikomeye niyayakubita!
16. (a) Umuhanuzi Ezekiyeli yavuze ko hazoca haba iki Shetani niyagaba igitero ca nyuma ku basavyi b’Imana? (b) Ni igiki kizova muri ya nyamugigima ikomeye ivugwa mu Vyahishuwe 6:12?
16 Na Ezekiyeli yaravuze ko Gogi w’i Magogi (Shetani amaze gucishwa bugufi) niyagaba igitero ca nyuma ku basavyi b’Imana, Yehova azotuma haba “ukunyiganyiga gukomeye mu butaka bwa Isirayeli.” (Ezekiyeli 38:18, 19) Naho isi yoshobora kuzonyiganyiga nka kurya bigenda igihe habaye nyamugigima, dukwiye kwibuka ko Ivyahishuwe bishikirizwa mu bimenyetso. Ubwo buhanuzi hamwe n’ubundi bwavuzwe, ahanini bufise insobanuro y’ikigereranyo. Biboneka rero ko imaturwa ry’agashashara ka gatandatu rimenyesha ko hagira haze nyamugigima isozera izindi zose zanyiganyije ivy’iyi si, ni ukuvuga ya nyamugigima ikomeye izotikiza abantu bose barwanya ubusegaba bwa Yehova Imana.
Igihe c’umwiza
17. Ya nyamugigima ikomeye igira ico ikoze gute ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri?
17 Nk’uko Yohani abandanya abivuga, iyo nyamugigima ikomeye iherekezwa n’ibintu biteye ubwoba biba no mu kirere. Agira ati: “Izuba ririrabura nk’igunira ry’ubwoya, ukwezi kwose na kwo guhinduka nk’amaraso, inyenyeri zo kw’ijuru na zo zikoragurikira kw’isi, nk’igihe igiti c’umusukoni kinyiganyijwe n’umuyaga ukomeye gitibagura insukoni z’ibiturumbwe.” (Ivyahishuwe 6:12b, 13) Mbega ibintu biteye ubwoba! Woba ushobora kwiha ishusho y’ukuntu uwo mwiza woba uteye ubwoba hamwe ubwo buhanuzi bworanguka uko nyene buvugwa? Ku murango ntitwosubira kuronka akazuba gasusurutsa kandi karyoshe! Mw’ijoro na ho ntitwosubira kubona wa muco w’ukwezi uhimbaye! Za nyenyeri indiri na zo ntizosubira kwakira ku gisenge c’ijuru giteye igomwe. Ahubwo hoba hari umwiza w’umuzitanya kandi udahera.—Gereranya na Matayo 24:29.
18. Ni mu buryo ki ‘amajuru yacuze umwiza’ ku bijanye na Yeruzalemu mu 607 B.G.C.?
18 Vyari vyaravuzwe ko uwo mwiza w’ikigereranyo woshikiye Isirayeli ya kera. Yeremiya yagabishije ati: “Igihugu cose kizocika igiharabuga, none sinzogitikiza? Ku bw’ivyo, igihugu kizogandara, kandi amajuru iyo hejuru azocura umwiza koko.” (Yeremiya 4:27, 28) Igihe ubwo buhanuzi bwaranguka mu 607 B.G.C., abasavyi ba Yehova bari bugarijwe n’umwiza koko. Abanyababiloni barigaruriye umurwa mukuru wabo ari wo Yeruzalemu. Urusengero rwabo rwarabomowe, ubutaka bwabo na bwo busigara ari umusaka. Ni nk’aho ata muco uva mw’ijuru ubahumuriza wariho. Ahubwo, ibintu vyari vyifashe nk’uko Yeremiya yabibwiye Yehova n’agahinda ati: “Warishe; ntiwagize impuhwe. Wazibije ibicu inzira ishika kuri wewe, kugira ngo isengesho ntirirengane.” (Gucura intimba 3:43, 44) Ku bijanye na Yeruzalemu, uwo mwiza wasobanura urupfu n’agatikizo.
19. (a) Yesaya umuhanuzi w’Imana adondora gute umwiza wo mu majuru washikiye Babiloni ya kera? (b) Ubuhanuzi bwa Yesaya bwarangutse ryari kandi gute?
19 Ku vyerekeye Babiloni ya kera, umwiza wo mu majuru nk’uwo wahavuye usobanura ko igira ishikirwe n’ivyago. Ku bijanye n’ivyo, umuhanuzi w’Imana yahumekewe kwandika ati: “Raba! Umusi wa Yehova uriko uraza; ni ruburakigongwe kandi uzananye n’uburake be n’ishavu ryaka umuriro, kugira igihugu gicike akajoreza, no kugira uzimanganye abacumuzi bo mu gihugu, bahone muri co. Kuko inyenyeri zo mu majuru n’uturundo twazo twa Kesili bitazoravya umuco wavyo; izuba rizocura umwiza koko rigiseruka, n’ukwezi ntikuzokayanganisha umuco wakwo. Ubutaka bwimbuka nzobugarukanako vy’ukuri ububi bwabwo, n’ikosa ry’ababisha ndaribagarukaneko.” (Yesaya 13:9-11) Ubwo buhanuzi bwarangutse mu 539 B.G.C. igihe Babiloni yigarurirwa n’Abamedi be n’Abaperesi. Buradondora neza ukuntu Babiloni yari mu mwiza w’umuzitanya, ata cizigiro kandi ata muco na mukeyi uhumuriza ifise, igihe yatemba ubutakivyuka ikava mu kibanza cayo co kuba inganji nganzasi.
20. Ya nyamugigima ikomeye niyatangura, ni ibintu ibihe biteye ubwoba bizoshikira iyi si?
20 Muri ubwo buryo nyene, ya nyamugigima ikomeye niyatangura, iyi si yose izotwikirwa n’umwiheburo umeze nk’umwiza w’umuzitanya. Abantu bo muri iyi si ya Shetani, abogereranywa n’ibitangamuco vyakaka, ntibazorekura agashwarara na kamwe k’icizigiro. No muri iki gihe, indongozi zo mu vya politike zo muri iyi si, canecane izo mu biyita abakirisu, birazwi hose ko zirya ibiturire, zibesha be n’uko zisuka mu buhumbu. (Yesaya 28:14-19) Nta wukibizigira. Agaco gakeyi basigaranye kazodegera Yehova niyabashitsako urubanza rwiwe. Akosho kameze nk’umuco w’ukwezi bagira ku vy’iyi si bizogaragara ko gatuma haba ugusesa amaraso. Abantu ba rurangiranwa bo mw’isi, abogereranywa n’inyenyeri, bazozima nka vya bimuri vyitwa Nyakotsi maze basanzare nka kurya kw’insukoni z’ibiturumbwe zishwiragijwe n’igihuhusi. Umubumbe wacu wose uzotigitishwa n’“amakuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, kandi atazokwongera kubaho.” (Matayo 24:21) Mbega ibintu biteye ubwoba!
“Ijuru” rigenda
21. Mu vyo Yohani yerekwa, abona iki ku bijanye n’“ijuru” be n’“umusozi wose n’izinga ryose”?
21 Yohani abandanya atwiganira ivyo yerekwa, ati: “Maze ijuru riragenda nk’umuzingo uriko urazingwa, kandi umusozi wose n’izinga ryose bikurwa mu bibanza vyavyo.” (Ivyahishuwe 6:14) Birumvikana ko ayo majuru n’imisozi n’amazinga ari ivy’ikigereranyo. Ariko none bigereranya iki?
22. Muri Edomu ni “amajuru” nyabaki ‘yazingazinzwe nka kurya kw’umuzingo w’igitabu’?
22 Ku bijanye n’“ijuru,” ubundi buhanuzi busa n’ubwo buvuga ibijanye n’ishavu Yehova afitiye amahanga yose buradufasha gutahura ico rigereranya. Bugira buti: “Kandi abo mu ngabo zo mu majuru bose bazotegerezwa kubora. Amajuru azotegerezwa kuzingazingwa, nka kurya kw’umuzingo w’igitabu.” (Yesaya 34:4) Ihanga rya Edomu ni ryo canecane ryari gushikirwa n’ivyo vyago. Ivyo vyarangutse gute? Abanyababiloni bahasize ari umusaka haciye igihe gitoyi Yeruzalemu isanganguwe mu 607 B.G.C. Ico gihe, nta bintu bidasanzwe bivugwa yuko vyabaye mw’ijuru ubwaho. Mugabo harabaye ibintu vy’agacavutu mu “majuru”e ya Edomu. Abatware baho b’abantu baracishijwe bugufi, bakurwa mu kibanza cabo co hejuru kigereranywa n’ijuru. (Yesaya 34:5) ‘Barazingazinzwe’ maze batererwa ku ruhande nka kurya kw’umuzingo ushaje utagifise akamaro na gatoyi.
23. “Ijuru” ribwirizwa ‘kugenda nk’umuzingo’ ni iki, kandi amajambo Petero yavuze yemeza gute ico ciyumviro?
23 Iryo “juru” ribwirizwa ‘kugenda nk’umuzingo’ rero ryerekeza ku ntwaro zirwanya Imana ziganza iyi si. Zizokurwaho rimwe rizima na wa muntu agendera kw’ifarasi yera adatsindwa. (Ivyahishuwe 19:11-16, 19-21) Ivyo biremezwa n’ivyavuzwe n’intumwa Petero, uwari yiteganye igishika ibintu bisa n’ivyabaye igihe agashashara ka gatandatu kamaturwa. Yavuze ati: “Amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.” (2 Petero 3:7) None amajambo ngo “umusozi wose n’izinga ryose bikurwa mu bibanza vyavyo” yoyo asobanura iki?
24. (a) Ni ryari ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ko imisozi n’amazinga bitigita canke bigahungabana? (b) Ni mu buryo ki ‘imisozi yatigise’ igihe Ninewe yatemba?
24 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buravuga ko imisozi n’amazinga bitigita canke bigahungabana mu buryo kanaka igihe haba habaye imidurumbanyo ikomeye mu vya politike. Nk’akarorero, igihe umuhanuzi Nahumu yavuga ibijanye n’urubanza Yehova yaciriye Ninewe, yanditse ati: “Imisozi iratigise kubera we, n’imirambi irashonze. Isi izosebagirika kubera mu maso hiwe.” (Nahumu 1:5) Nta nkuru ziriho zerekana ko imisozi nya misozi yasataguritse igihe Ninewe yatemba mu 632 B.G.C. Ariko rero, iyo nganji yari yahoze ikomeye nk’umusozi yaratemvye nk’aka kanya.—Gereranya na Yeremiya 4:24.
25. Iherezo ry’ivy’iyi si niryashika, ni mu buryo ki “umusozi wose n’izinga ryose” bizokurwa mu bibanza vyavyo?
25 Ku bw’ivyo, birumvikana ko “umusozi wose n’izinga ryose” bivugwa igihe agashashara ka gatandatu kamaturwa, ari intwaro za politike zo muri iyi si be n’amashirahamwe azegukira benshi babona umengo ni ntayegayezwa. Bizonyiganyizwa bikurwe mu bibanza vyavyo abahora bavyizigira barye ivyatsi kandi baranduke umutima! Nk’uko ubwo buhanuzi bubandanya bubivuga, nta gukeka ko wa musi uhambaye w’uburake bwa Yehova n’ubw’Umwana wiwe, ni ukuvuga ya nyamugigima ya nyuma izokuraho ishirahamwe rya Shetani ryose, uzoba uzananye n’ukwihora!
“Nimutugweko muduhishe”
26. Abarwanya ubusegaba bw’Imana bazokora iki kubera batekewe n’ubwoba, kandi bazovuga iki?
26 Yohani arabandanya ati: “Maze abami b’isi n’abo ku rwego rwo hejuru n’abakomanda ba gisirikare n’abatunzi n’abakomeye n’umushumba wese n’umuntu wese yidegemvya binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo mu misozi. Kandi baguma babwira nya misozi na nya bitandara ngo: ‘Nimutugweko muduhishe amaso y’Umwe yicaye ku ntebe y’ubwami n’uburake bwa wa Mwagazi w’intama, kuko umusi uhambaye w’uburake bwabo uje, kandi ni nde ashobora guhagarara?’”—Ivyahishuwe 6:15-17.
27. Abisirayeli bari bahemutse b’i Samariya batakamvye basaba iki, kandi ivyo vyarangutse gute?
27 Igihe Hoseya yashikiriza urubanza Yehova yaciriye Samariya umurwa mukuru w’ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko, yavuze ati: “Ibibanza bikirurutse vya Beti-aveni, igicumuro ca Isirayeli, bizozimanganywa koko. Amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo. Abantu bazobwira vy’ukuri imisozi bati: ‘Nimudupfuke!’, babwire n’imirambi bati: ‘Nimutugweko!’” (Hoseya 10:8) None ayo majambo yarangutse gute? Igihe Samariya yigarurirwa n’Abashuri b’imburakigongwe mu 740 B.G.C., Abisirayeli barabuze aho bahungira. Ayo majambo ya Hoseya yerekana ko abo bantu bari batsinzwe batagira icizigiro, ko bari batekewe n’ubwoba be n’uko batagira gitabara. Yaba imisozi nyezina canke inzego z’i Samariya zogereranywa n’imisozi ntivyashoboye kubakingira, naho vyari vyahoze bisa n’ibishinze imizi.
28. (a) Yezu yagabishije gute abagore b’i Yeruzalemu? (b) Ayo majambo ya Yezu yarangutse gute?
28 Muri ubwo buryo nyene, igihe Yezu yari agiye kwicwa n’abasoda b’Abaroma, yabwiye abagore b’i Yeruzalemu ati: “Imisi iriko iraza aho bazovuga bati: ‘Hahiriwe abagore b’ingumba, n’inda zitavyaye be n’amabere atonkeje!’ Ni ho bazotangura kubwira imisozi bati: ‘Nimutugweko!’, n’imirambi bati: ‘Nimudupfuke!’” (Luka 23:29, 30) Ibitabu vyinshi biravuga ibijanye n’uko Abaroma batikije Yeruzalemu mu 70 G.C., kandi biragaragara ko amajambo ya Yezu afise insobanuro imwe n’aya Hoseya. Abayuda bagumye i Yudaya barabuze aho binyegeza. Ntibashoboye guhunga urubanza rukaze rwa Yehova naho bagerageje kurondera aho binyegeza i Yeruzalemu canke mbere guhungira mu gisagara citwa Masada cari kw’isonga ry’umusozi.
29. (a) Umusi w’uburake bwa Yehova niwashika, ni ibiki bizoshikira abiyemeje gushigikira iyi si? (b) Ni ubuhanuzi bwa Yezu ubuhe buzoranguka Yehova niyagaragaza uburake bwiwe?
29 Imaturwa ry’agashashara ka gatandatu rica ritwereka ko ikintu nk’ico kizoshika kuri wa musi w’uburake bwa Yehova wegereje. Iyi si niyanyiganyizwa ubwa nyuma, abiyemeje kuyishigikira bazorondera bataye umutwe aho binyegeza bahabure. Baramaze kubona ko idini ry’ikinyoma ari ryo Babiloni Akomeye ata co ribamariye. Eka n’amasenga yo mu misozi canke amashirahamwe ya politike n’ay’ubudandaji yogereranywa n’imisozi ntazobaronsa ugutekanirwa mu vy’ubutunzi canke iyindi mfashanyo iyo ari yo yose. Nta na kimwe kizobakingira uburake bwa Yehova. Yezu aradondora neza ingene bazoba batekewe n’ubwoba, ati: “Maze ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizoboneka mw’ijuru, maze imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza iboroga, kandi bazobona Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi.”—Matayo 24:30.
30. (a) Ikibazo ngo “Ni nde ashobora guhagarara?” cerekana iki? (b) Hoba hari uwuzoshobora guhagarara mu gihe c’urubanza rwa Yehova?
30 Ego cane, abanka kwemera ubukuru bw’umwe agendera kw’ifarasi yera atahukana intsinzi bazobwirizwa kwemera ko bihenze. Abahisemwo kuba mu bagize uruvyaro rwa ya nzoka bazotikizwa isi ya Shetani niyakurwaho. (Itanguriro 3:15; 1 Yohani 2:17) Ico gihe ibintu bizoba bikomeye kw’isi ku buryo benshi bazobaza bati: “Ni nde ashobora guhagarara?” Bisa n’uko bazokwibaza ko ata n’umwe ashobora kugira impagararo nziza imbere ya Yehova kuri uwo musi w’urubanza rwiwe. Ariko nk’uko igitabu c’Ivyahishuwe gica kivyerekana, bazoba bihenze.
[Utujambo tw’epfo]
a Akenshi imbere y’uko nyamugigima yaduka, hari ibintu bihinduka mu nda y’isi bigatuma imbwa zikuga canke zitekerwa n’ubwoba, ibindi bikoko na vyo be n’amafi bikabura amahoro. Abantu bo bakanguka ari uko isi itanguye kunyiganyiga.—Raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Gitugutu 1982, urupapuro rwa 14.
b Ushaka insobanuro z’ido n’ido, raba urupapuro rwa 22 n’urwa 24.
c Amajambo yo muri Luka 21:25, 28, 31 yaramaze imyaka irenga 35 (1895-1931) aboneka ku gipfukisho c’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi gishushanijeko umunara uriko itara ryakira mu kirere kivurunganye hejuru y’ikiyaga gisuriranya cane.
d Nk’akarorero, mw’isekeza ridasanzwe ryabaye mu 1931, Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi barahaye abakuru b’amadini, abanyapolitike n’abadandaza amakopi ibihumbi y’agatabu Le Royaume, l’Espérance du Monde.
e Ijambo “amajuru” rirakoreshwa muri ubwo buryo nyene muri Yesaya 65:17, 18, ahavuga ibijanye n’“amajuru mashasha.” Iranguka rya mbere ry’ubwo buhanuzi ryabereye muri ca Gihugu c’isezerano igihe hashingwa intwaro nshasha yari igizwe na Buramatari Zerubabeli be n’Umuherezi Mukuru Yeshuwa, inyuma y’aho Abayuda bagarukiye bavuye mu bunyagano i Babiloni.—2 Ngoma 36:23; Ezira 5:1, 2; Yesaya 44:28.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 105]
Umwaka wa 1914 wari waravuzwe
“Mu 606 B.G.C. ni ho ubwami bw’Imana bwarangira, umugāra uramburwa, maze isi yose irekerwa mu minwe y’abanyamahanga. Duharuye imyaka 2.520 guhera mu 606 B.G.C bica bidushikana mu 1914 G.C.”f—Igitabu The Three Worlds, casohowe mu 1877, urupapuro rwa 83.
“Bibiliya irerekana mu buryo butomoye ko ‘Ibihe vy’abanyamahanga’ bingana n’ikiringo c’imyaka 2.520, ni ukuvuga kuva mu 606 B.G.C. gushika mu 1914 G.C. ushizemwo n’uwo mwaka.”—Études des Écritures, Igitabu ca 2, urupapuro rwa 76, canditswe na C. T. Russell, kikaba casohowe mu congereza mu 1889.
Charles Taze Russell n’Abatohoji ba Bibiliya bagenziwe bari barabonye hagisigaye imyaka mirongo ko mu mwaka wa 1914 ari ho Ibihe vy’abanyamahanga vyorangiye, ni ukuvuga ibihe vyashinzwe vy’amahanga. (Luka 21:24) Naho ico gihe batatahura neza ico vyasobanura, baremera badakeka ko umwaka wa 1914 wari kuba umwaka udasanzwe muri kahise k’isi, kandi ntibihenze. Raba ivyo ikinyamakuru kimwe canditse:
“Intambara ikomoye yadutse i Buraya yarashikije ubuhanuzi budasanzwe. Haraheze imyaka 25 ‘ishirahamwe ry’Abatohoji ba Bibiliya rikwiye kw’isi yose’ . . . rimenyesha isi biciye ku bamamaji no mu binyamakuru ko Umusi w’uburake wavuzwe muri Bibiliya woshitse mu 1914. Abamamazanjili b’ingenzi amajana bagumye basemerera bati: ‘Muragaba ku mwaka wa 1914!’”—Ikinyamakuru c’i New York citwa The World co ku wa 30 Myandagaro 1914.
[Akajambo k’epfo]
f Ico gihe, abo Batohoji ba Bibiliya ntibari bazi ko ata mwaka wa zero uriho hagati ya “B.G.C.” na “G.C.” Mu nyuma, igihe vyakenerwa ko umwaka wa 606 B.G.C. uhindurwa ukaba 607 B.G.C. kubera ubushakashatsi bwari bwagizwe, umwaka wa zero na wo nyene warafuswe, ku buryo ivyari vyaravuzwe bihurirana n’umwaka wa “1914 G.C.”—Raba igitabu “La vérité vous affranchira,” urupapuro rwa 220, kikaba casohowe n’Ivyabona vya Yehova mu congereza mu 1943.
[Ifoto ku rup. 106]
1914 ni umwaka udasanzwe
Igitabu kimwe (Politikens Verdenshistorie—Historiens Magt og Mening) casohowe mu 1987 i Copenhague, kivuga ku rupapuro rwa 40, giti:
“Icizigiro abantu bari bafise mu kinjana ca 19 c’uko hobayeho iterambere carakamanganye mu 1914. Umwaka umwe imbere y’uko intambara yaduka, umutohozakahise akaba n’umunyapolitike wo muri Danemarke yitwa Peter Munch yanditse afise icizigiro, ati: ‘Nta kintu na kimwe cerekana ko hashobora kwaduka intambara hagati y’ibihugu vya rutura vy’i Buraya. “Akaga k’intambara” na ko nyene kazohera nk’uko vyagiye biragenda kenshi kuva mu 1871.’”
“Ariko rero, mu nyuma yanditse ati: ‘Intambara yadutse mu 1914 yarahinduye bimwe bidasanzwe kahise k’abantu. Twavuye mu kiringo ciza cane c’amaterambere, aho umuntu yashobora kurangura imigambi adasimbwa n’umutima, duca twinjira mu gihe c’ivyago, ubwoba n’urwanko, igihe kirangwa n’umutekano muke mu mice yose. Nta washobora kumenya, eka mbere n’ubu nta womenya nimba umwiza waduhwikiye ico gihe uzobandanya gushika usenyuye buhere ikibano abantu bubatse mu myaka ibihumbi.’”
[Ifoto ku rup. 110]
‘Umusozi wose uzokurwa mu kibanza cawo’
[Ifoto ku rup. 111]
Bazokwinyegeza mu masenga