Ikigabane ca 16
Abagendera ku mafarasi bane!
Iyerekwa rya 3—Ivyahishuwe 6:1-17
Ibivugwamwo: Abagendera ku mafarasi bane, ivyabona bishwe rumaratiri bari munsi y’igicaniro be na wa musi uhambaye w’uburake
Igihe birangukirako: Kuva mu 1914 gushika ivy’iyi si bitikijwe
1. Yehova ahishurira gute Yohani ibiri muri wa muzingo utangaje Yezu azingurura?
NONE muri iki gihe kigoye, ntitwipfuza cane kumenya “ibintu bitegerezwa kuba vuba”? Nta gukeka ko tuvyipfuza kuko na twebwe ubwacu bituraba! Nimuze rero twifatanye na Yohani igihe Yezu azingurura uwo muzingo utangaje. Yamara rero, Yohani ntarinda kuwusoma. Uti kubera iki? Kubera yuko ibiwurimwo abimenyeshwa “mu bimenyetso” biciye ku bintu vyinshi bikabura yerekwa.—Ivyahishuwe 1:1, 10.
2. (a) Ni ibiki Yohani abona akongera akumva, kandi ishusho ya wa mukerubi yerekana iki? (b) Itegeko ry’uwo mukerubi wa mbere rihabwa nde, kandi kubera iki wishuye gutyo?
2 Umve ivyo Yohani avuga igihe Yezu amatuye agashashara ka mbere k’uwo muzingo. Agira ati: “Hanyuma ndabona aho wa Mwagazi w’intama amaturiye kamwe muri twa dushashara indwi tudomweko ikidodo, maze numva kimwe muri vya binyabuzima bine kivuga n’ijwi nk’iry’umuturagaro giti: ‘Ingo!’” (Ivyahishuwe 6:1) Iryo ni ijwi ry’umukerubi wa mbere. Kuba asa n’intambwe vyereka Yohani ko ishirahamwe rya Yehova rizoshitsa imanza ziwe zigororotse ribigiranye umutima rugabo. None iryo tegeko rihabwa nde? Si Yohani kubera ko yari yamaze guhabwa ubutumire bwo kuza kwihweza ivyo bintu vy’ubuhanuzi. (Ivyahishuwe 4:1) Iryo “jwi nk’iry’umuturagaro” ririko rihamagara abandi baza kugira uruhara mu muce wa mbere w’’ibintu bine bikabura ubwenge Yohani agira yerekwe.
Ifarasi yera be n’uwuyigenderako ahambaye
3. (a) Ubu na ho ni ibiki Yohani avuga? (b) Twisunze ibigereranyo bivugwa muri Bibiliya, iyo farasi yera itegerezwa kuba igereranya iki?
3 Yohani, eka mbere n’abagize umugwi wa Yohani na bagenzi babo b’abanyamwete muri iki gihe, baratewe agateka ko kubona ibintu bikomeye bigenda bikurikirana ningoga! Yohani avuga ati: “Hanyuma ngize ntya, mbona ifarasi yera; kandi uwuyicayeko yari afise umuheto; ahabwa urugori, agenda atsinda no kugira ngo aheraheze intsinzi yiwe.” (Ivyahishuwe 6:2) Ego cane, mu kwitabira ka kamo nk’ak’umuturagaro kagira gati “Ingo!”, ifarasi yera ica ivuduka. Muri Bibiliya, akenshi ifarasi igereranya intambara. (Zaburi 20:7; Imigani 21:31; Yesaya 31:1) Iyo farasi, iyishobora kuba ari impfizi nziza, irera de, ivyo bikaba bigereranya ubweranda butagira agatosi. (Gereranya n’Ivyahishuwe 1:14; 4:4; 7:9; 20:11.) Ese ukuntu ivyo bibereye, kubera ko igereranya intambara itunganye kandi igororotse mu maso meranda ya Yehova!—Raba kandi Ivyahishuwe 19:11, 14.
4. Ni nde agendera kw’ifarasi yera? Sigura.
4 None ni nde agendera kuri iyo farasi? Afise umuheto, kikaba ari ikirwanisho co gutera umwansi, ariko kandi arahabwa urugori. Abagororotsi bonyene baboneka bambaye ingori mu kiringo c’umusi w’Umukama ni Yezu hamwe n’umugwi ugereranywa na ba bakurambere 24. (Daniyeli 7:13, 14, 27; Luka 1:31-33; Ivyahishuwe 4:4, 10; 14:14)a Ntibishoboka ko uwo mu bagize umugwi wa ba bakurambere 24 ahabwa urugori kubera ubuhizi bwiwe bwite. Ku bw’ivyo, uwo muntu agendera kw’ifarasi ari wenyene si uwundi ni Yezu Kristu. Yohani amubona ari mw’ijuru muri wa mwaka w’intibagirwa wa 1914, igihe Yehova avuga ngo “Jewe, jewe nyene, nimitse umwami wanje,” maze agaca amubwira ko abigize kugira ‘amuhe amahanga ngo abe intoranwa yiwe.’ (Zaburi 2:6-8)b Mu kumatura agashashara ka mbere rero, Yezu arahishura ukuntu ubwiwe bwa Mwami aherutse kwimikwa, asohoka kugira arwane intambara igihe Imana yashinze kigeze.
5. Ukuntu uwo muntu agendera kw’ifarasi adondorwa n’umwanditsi w’amazaburi guhuye gute n’ukuntu adondorwa mu Vyahishuwe 6:2?
5 Ivyo birahuye neza n’ibivugwa muri Zaburi 45:4-7, bikaba bibwirwa Umwami yimitswe na Yehova. Hagira hati: “Kandi mu bwiza bwawe bwakaka, bandanya ugana ku kuroranirwa; gendera kw’ifarasi yawe uburanire ukuri n’ukwicisha bugufi be n’ubugororotsi, kandi ukuryo kwawe kuzokwigisha ibintu biteye ubwoba. Imyampi yawe irasongoye, munsi yawe ibisata vy’abantu bikaguma bitemba, ikinjira mu mutima w’abansi b’umwami. Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera; agakoni k’ubutware k’ingoma yawe ni agakoni k’ukugororoka. Wakunze ubugororotsi, . . . wanka ububisha. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje amavuta y’umwigino kuruta bagenzawe.” Kubera ko Yohani amenyereye ubwo buhanuzi, aca atahura ko bwerekeza ku gikorwa Yezu yoranguye ari Umwami.—Gereranya n’Abaheburayo 1:1, 2, 8, 9.
Agenda atsinda
6. (a) Ni kubera iki uwo muntu agendera kw’ifarasi abwirizwa kugenda atsinda? (b) Yezu abandanya kugenda atsinda mu myaka iyihe?
6 Ariko none, ni kubera iki uwo Mwami aherutse kwimikwa abwirizwa kuja kurwana intambara? Ni kubera yuko ubwami bwiwe bushingwa Shetani umwansi nyamukuru wa Yehova ariko araburwanya yivuye inyuma, afadikanije n’abandi bo kw’isi bamushigikira babizi canke batabizi. Ivuka ry’ubwo Bwami ubwaryo rituma mw’ijuru haba intambara ikomeye. Yezu ari we Mikaheli (bisobanura ngo “Ni nde ameze nk’Imana?”), aratsinda Shetani n’amadayimoni yiwe maze akabaraririza kw’isi. (Ivyahishuwe 12:7-12) Yezu arabandanya kugenda atsinda mu myaka mirongo yo mu ntango z’umusi w’Umukama, mu gihe abantu bameze nk’intama bariko baregeranywa. Naho isi yose ikiri “mu bubasha bwa wa mubisha,” Yezu abandanya kuragirana urukundo bene wabo barobanuwe hamwe na bagenzi babo mu gufasha umwe wese ngo atsinde intambara y’ukwizera.—1 Yohani 5:19.
7. Ni intsinzi izihe Yezu yatahukanye kw’isi mu myaka mirongo yo mu ntango y’umusi w’Umukama, kandi dukwiye kwiyemeza iki?
7 Ni izindi ntsinzi izihe Yezu yatahukanye mu myaka irenga 90 ihaciye umunsi w’Umukama utanguye? Hirya no hino kw’isi, abasavyi ba Yehova umwumwe ukwiwe canke uko bagize ishengero, barashikiwe n’ingorane nyinshi, imikazo be n’uruhamo bisa n’ivyo intumwa Paulo yavuze mu kwemeza ko ari umusuku abushitse. (2 Abakorinto 11:23-28) Ivyabona vya Yehova barakenera “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira bihangane, canecane mu turere usanga intambara n’ubugizi bwa nabi vyaratse indaro. (2 Abakorinto 4:7) Ariko rero, mbere no mu bihe bigoye cane, Ivyabona b’intahemuka barashoboye kuvuga nka kumwe kwa Paulo bati: “Umukama yahagaze hafi yanje anshiramwo ububasha, kugira ngo biciye kuri jewe igikorwa c’ukwamamaza kirangurwe bimwe bishitse.” (2 Timoteyo 4:17) Ego cane, Yezu yarabafashije gutsinda, kandi azobandanya kudufasha gutsinda igihe cose tuzoba twiyemeje gusozera intambara yacu y’ukwizera.—1 Yohani 5:4.
8, 9. (a) Ni intsinzi izihe ishengero ry’Ivyabona vya Yehova rikwiye kw’isi yose ryatahukanye? (b) Ni hehe Ivyabona vya Yehova bongerekanye bimwe biboneka?
8 Ishengero rikwiye kw’isi yose ry’Ivyabona vya Yehova ryaratahukanye intsinzi nyinshi riyobowe n’Umwami waryo agenda atsinda. Yarakingiye abo Batohoji ba Bibiliya bimwe biboneka atuma badaherengetezwa mu 1918, igihe bamara igihe gito ‘batsinzwe’ n’ishirahamwe rya Shetani ry’ivya politike. Ariko rero mu 1919, yarababohoje aca arabaha inkomezi kugira bamamaze inkuru nziza “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”—Ivyahishuwe 13:7; Ivyakozwe 1:8.
9 Mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose n’imbere yaho, ibihugu vy’ibihangange bitwaza igikenye vyari ku ruhande rw’Ubudagi vyaragerageje guhonya Ivyabona vya Yehova mu bihugu vyinshi aho abakuru b’amadini, canecane aba Ekleziya Gatolika y’i Roma, bashigikira ku mugaragaro canke mu mpisho abatwaza igikenye. Ariko rero, Ivyabona 71.509 bariko baramamaza igihe intambara yatangura mu 1939 bari bamaze gushika 141.606 igihe yarangira mu 1945, naho nyene abarenga 10.000 bari bamaze imyaka myinshi mu mabohero no mu makambi y’itunatuniro, abashika 2.000 na bo bakaba barishwe. Ivyabona bamamaza inkuru nziza kw’isi yose ubu bararenga imiliyoni indwi. Harabaye iyongerekana riboneka mu turere tugwiriyemwo abagatolika no mu bihugu vyarimwo uruhamo rukaze, nk’Ubudagi, Ubutaliyano n’Ubuyapani, muri kino gihe ivyo bihugu bikaba birimwo abamamaji barenga 600.000.—Yesaya 54:17; Yeremiya 1:17-19.
10. Ni intsinzi izihe wa Mwami agenda atsinda yaronkeje abayoboke biwe “mu kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko”?
10 Wa Mwami wacu agenda atsinda yarahezagiye kandi abayoboke biwe b’abanyamwete baratahukana intsinzi nyinshi “mu kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko” mu masentare n’imbere y’abategetsi. (Abafilipi 1:7; Matayo 10:18; 24:9) Ivyo vyarabaye hirya no hino kw’isi, nko muri Arjantine, Kanada, Ostraliya, Swazilande, Tirkiya, Ubugiriki, Ubuhindi, Ubuswise no mu bindi bihugu. Mu manza 50 Ivyabona vya Yehova batsinze muri Sentare Ntahinyuzwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika harimwo izibaha uburenganzira bwo kwamamaza inkuru nziza “ku mugaragaro be n’inzu ku nzu” no kutagira uruhara mu birori vyo guhayagiza igihugu. (Ivyakozwe 5:42; 20:20; 1 Abakorinto 10:14) Gutyo rero, hagumye hariho akaryo ko kwagura igikorwa co gushinga intahe kw’isi yose.
11. (a) Umwe agendera kw’ifarasi “aherahez[a] intsinzi yiwe” gute? (b) Imaturwa ry’agashashara ka kabiri, aka gatatu n’aka kane riza kutuvyurira umutima wo kugira iki?
11 None Yezu “aherahez[a] intsinzi yiwe” gute?c Nk’uko tuzobibona, ivyo abigira mu gukuraho idini ry’ikinyoma maze agafata amasigarira yose y’ishirahamwe rya Shetani riboneka ng’aha kw’isi akayaraririza mu “kiyaga c’umuriro” kigereranya ugukurwaho buhere, kugira yemeze ubusegaba bwa Yehova. Vy’ukuri, turarindiranye umushasharo ico gihe kuri Harumagedoni aho wa “Mwami w’abami” wacu azotsinda buhere ishirahamwe rya Shetani ry’ivya politike rirangwa n’agacinyizo! (Ivyahishuwe 16:16; 17:14; 19:2, 14-21; Ezekiyeli 25:17) Mu gihe bitaraba, wa Murwanantambara w’intatsindwa yicaye kw’ifarasi yera aguma atera imbere uko Yehova abandanya kugwiza ihanga ryiwe rigororotse riri kw’isi mu kuryongerako abantu b’imitima nziraburyarya. (Yesaya 26:2; 60:22) Woba uriko uragira uruhara muri iryo yongerekana ry’Ubwami riteye umunezero wifatanije n’abarobanuwe bagize umugwi wa Yohani? Nimba ari uko biri, ivyo intumwa Yohani abona igihe udushashara dutatu dukurikira tumaturwa, nta nkeka ko biza kukuvyurira umutima wo kurushiriza kugira uruhara mu gikorwa ca Yehova kirangurwa muri iki gihe.
Ifarasi y’ibara ry’umuriro!
12. Yezu yavuze ko ari ibiki vyoranze ukuhaba kwiwe ari Umwami ataboneka?
12 Amaja mu mpera y’ubusuku bwa Yezu bwo kw’isi, abigishwa biwe baramubajije mu mwiherero bati: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” Mu kubishura, yaravuze ivyago vyobaye “intango y’ububabare nk’ubw’ibise.” Yavuze ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami buhagurukire ubundi bwami; kandi hazoba vya nyamugigima bikomakomeye, habe n’ibiza n’amapfa biva hamwe bija ahandi; kandi hazoba ibintu biteye ubwoba habe n’ibimenyetso bikomakomeye biva mw’ijuru.” (Matayo 24:3, 7, 8; Luka 21:10, 11) Ibintu Yohani abona igihe udushashara dusigaye twa wa muzingo tumaturwa birahuye cane n’ibivugwa muri ubwo buhanuzi. Niwirabire nawe ibishika igihe Yezu uwaninahajwe amatura agashashara kagira kabiri!
13. Yohani agira abone iki?
13 Yohani yigana ati: “Maze amatuye agashashara kagira kabiri, numva ikinyabuzima kigira kabiri kivuga giti: ‘Ingo!’” (Ivyahishuwe 6:3) Umukerubi wa kabiri afise mu maso nk’ah’ishuri ni we atanga iryo tegeko. Ishuri igereranya ububasha bukoreshejwe neza. Mugabo rero, Yohani agira abone ingene ububasha bukoreshwa nabi mu gutikiza inganda.
14. Yohani aca abona ifarasi iyihe hamwe n’uwuyicayeko, kandi ivyo bigereranya iki?
14 None ako kamo ka kabiri kavuga ngo “Ingo!” kitabirwa gute? Yohani avuga ati: “Maze haza iyindi, ifarasi y’ibara ry’umuriro; kandi uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro kw’isi kugira ngo bicane; kandi ahabwa inkota nini.” (Ivyahishuwe 6:4) Mbega ibintu bibabaje! Kandi ico bigereranya kiribonekeza. Ni intambara. Si ya ntambara igororotse ya wa Mwami wa Yehova agenda atsinda, ahubwo ni intambara y’abantu ikwiye kw’isi yose irangwa n’ububisha n’ugusesa amaraso kandi igasiga intuntu n’amarira. Ntibitangaje kubona uwo muntu agendera kw’ifarasi y’ibara ritukura nk’umuriro!
15. Ni kubera iki tutipfuza kwifatanya n’uwugendera kuri ya farasi ya kabiri?
15 Nta gukeka ko Yohani atipfuza kwifatanya n’uwicaye kuri iyo farasi igenda nk’iyasaze, kuko ubuhanuzi bwari bwaravuze ku bijanye n’abasavyi b’Imana buti: “Eka ntibazokwongera kwiga kurwana.” (Yesaya 2:4) Yohani yari akiri “mw’isi” ariko ‘ntiyari’ uw’iyi si isesa amaraso, kandi ni ko biri no ku bagize umugwi wa Yohani hamwe na rya sinzi rinini muri iki gihe. Ibirwanisho vyacu ni ivyo mu buryo bw’impwemu kandi “bigirwa ivy’ububasha n’Imana” kugira twamamaze ukuri n’umwete, atari ukugira dutikize inganda.—Yohani 17:11, 14; 2 Abakorinto 10:3, 4.
16. Umwe agendera kw’ifarasi itukura yahawe “inkota nini” ryari kandi mu buryo ki?
16 Hari harabaye intambara nyinshi imbere ya 1914, ari na wo mwaka wa muntu agendera kw’ifarasi yera yahabwa urugori. Ariko ubu hoho, uwugendera kw’ifarasi itukura ahabwa “inkota nini.” None ivyo bisobanura iki? Kuva Intambara ya mbere y’isi yose itanguye, indwano zagiye zirahitana abantu benshi kuruta, zigatikiza n’ibintu vyinshi kuruta. Muri ico kiringo casesetsemwo amaraso menshi co kuva mu 1914 gushika mu 1918, harakoreshejwe ari bwo bwa mbere ibiduga vy’indwano, ivyuka vy’ubumara, indege, ubwato bugendera munsi y’amazi n’ibikoho vya rutura, canke na ho bikoreshwa ku rugero rutari bwashikweko. Mu bihugu bishika 28, abanyagihugu bose, atari abasirikare gusa, barahatiwe gushigikira indwano. Inganda zaratikiye biteye ubwoba. Abasoda barenga imiliyoni icenda barahasize ubuzima, kandi abanyagihugu bahasize agatwe ntibagira uko bangana. Mbere n’inyuma y’iyo ntambara, isi ntiyasubiye kuronka amahoro arama. Haciye imyaka irenga 50 iyo ntambara irangiye, umutegetsi w’Umudagi yitwa Konrad Adenauer yavuze ati: “Umutekano n’ihumure vyaranyitse mu buzima bw’abantu kuva mu 1914.” Emwe, umwe agendera kw’ifarasi y’ibara ry’umuriro yarahawe koko gukura amahoro kw’isi!
17. Ni gute ya “nkota nini” yabandanije gukoreshwa inyuma y’Intambara ya mbere y’isi yose?
17 Kubera ko wa muntu agendera kw’ifarasi itukura yari anyotewe gusesa amaraso, yaciye yihutira guteza Intambara ya kabiri y’isi yose. Ibirwanisho vyakoreshejwe vyari bihanitse kuruta, kandi igitigiri c’abahitanywe n’iyo ntambara caraduze bwampi cigwiza na kane ugereranije n’abahitanywe n’Intambara ya mbere y’isi yose. Mu 1945, amabombe ruhonyanganda abiri yaratewe mu Buyapani, imwe yose ikaba yahitanye abantu ibihumbi mirongo mu kanya isase. Mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, umwe agendera kw’ifarasi itukura yahitanye ubuzima bw’abantu imiliyoni 55, ariko na ho nyene ntiyashizwe. Bivugwa ko abantu barenga imiliyoni 20 bahitanywe na ya “nkota nini” kuva Intambara ya kabiri y’isi yose irangiye.
18, 19. (a) Aho kwerekana ko ubuhinga bwa gisirikare bwashitse ku bintu bikomeye, ubwicanyi bwabaye kuva mu Ntambara ya kabiri y’isi yose bwerekana iki? (b) Abantu bafise ubwoba bw’iki, ariko umwe agendera kw’ifarasi yera azokora iki kugira ntikibe?
18 None ivyo vyoba vyerekana ko ubuhinga bwa gisirikare bwashitse ku bintu bikomeye? Ahubwo nyabuna vyerekana ko ya farasi ruburakigongwe itukura iriko irakinagira. None izohagarara ryari? Abahinga bamwebamwe bavuga ko hashobora kwiyadukiza intambara ruhonyanganda, tutibagiye ko n’abantu bashobora kuyandurutsa nkana! Ariko igishimishije, wa muntu ari kw’ifarasi yera agenda atsinda si ko abibona.
19 Igihe cose abantu bazoba bagishira imbere ukwiratira igihugu n’ukwanka abo batagisangiye, bazokwamana ubwoba bw’uko hashobora kwaduka intambara ruhonyanganda. Naho amahanga yokuraho ibirwanisho ruhonyanga vyose kubera ubwo bwoba, ubuhinga bwo kubihingura bwobwo bwogumaho. Mu kanya gatoyi boshobora gusubira kubihingura, bigaca bituma intambara isanzwe ihinduka agatikizo ruhonyanganda. Ubwishime n’urwanko amahanga afise muri iki gihe bizokwegera isi akarambaraye, kiretse gusa umwe agendera kw’ifarasi yera ahagaritse ya farasi y’ibara ry’umuriro igenda nk’iyasaze. Nta makenga dufise yuko Kristu Umwami azogendera kw’ifarasi kugira atsinde buhere ino si itwarwa na Shetani no kugira atanguze ikibano gishasha co kw’isi kirangwa n’ugukunda Imana na mugenzawe, ico kikaba ari ikintu gituma haba amahoro kiruta cane ibirwanisho ruhonyanganda vyo muri iki gihe kidurumbanye biyumvira ko bituma abantu batinya kwandurutsa indwano.—Zaburi 37:9-11; Mariko 12:29-31; Ivyahishuwe 21:1-5.
Ifarasi yirabura iseruka
20. Ni igiki kitwemeza ko umwe agendera kw’ifarasi yera azotorera umuti ivyago vyose?
20 Ubu na ho Yezu aramatuye agashashara kagira gatatu! Mbega Yohani aca abona iki? Yigana ati: “Maze amatuye agashashara kagira gatatu, numva ikinyabuzima kigira gatatu kivuga giti: ‘Ingo!’” (Ivyahishuwe 6:5a) Igishimishije, uwo mukerubi agira gatatu “[a]fise mu maso nk’ah’umuntu,” ivyo bikaba bigereranya kamere y’urukundo. Urukundo rushingiye ku ngingo ngenderwako ni rwo ruzoba rwiganje mw’isi nshasha y’Imana, nk’uko nyene ari rwo ruranga ishirahamwe rya Yehova muri iki gihe. (Ivyahishuwe 4:7; 1 Yohani 4:16) Turashobora kwemera tudakeka ko umwe agendera kw’ifarasi yera, ari na we “ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe,” azokuraho abigiranye urukundo ivyago vyose Yohani agira yerekwe.—1 Abakorinto 15:25.
21. (a) Ya farasi yirabura be n’uwuyigenderako bigereranya iki? (b) Ni igiki cerekana ko ya farasi yirabura ikibandanya kwiha imirambi?
21 None Yohani aca abona iki igihe akamo ka gatatu kavuga ngo “Ingo!” kishurwa? Avuga ati: “Hanyuma ngize ntya, mbona ifarasi yirabura; kandi uwuyicayeko yari afise umunzane mu minwe.” (Ivyahishuwe 6:5b) Inzara izura inzara! Ubwo ni bwo butumwa bubishe buri muri ivyo bintu yeretswe. Bwerekeza ku bintu vyobaye mu ntango y’umusi w’Umukama aho ibifungurwa vyokoreshejwe bibanje kugerwa ku munzane. Kuva mu 1914, ikigoyi carabaye ingorane ibandanya hirya no hino kw’isi. Intambara zo mu bihe vya none zituma ikigoyi kiba ndanse kuko uburyo bwahora bukoreshwa mu kugaburira abashonje akenshi buca bukoreshwa mu kugura ibirwanisho. Abarimyi usanga bategekwa kuja mu gisoda, imirima igatikizwa, hagakoreshwa ya politike yo gusiga ahantu ari umusaka, bigaca bituma umwimbu ugabanuka. Ivyo ni ko vyagenze mu Ntambara ya mbere y’isi yose, aho abantu amamiliyoni bishwe na kigoyi! Vyongeye, uwo muntu agendera kw’ifarasi yirabura igereranya inzara ntiyagabanije umuvuduko inyuma y’iyo ntambara. Mu myaka ya 1930, abantu imiliyoni zitanu barahitanywe n’ikigoyi kimwe gusa cabaye muri Ukraine. Intambara ya kabiri y’isi yose yaje isongera isibe. Kubera ko ya farasi yirabura ibandanya gukinagira, Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) rivuga yuko ugufungura nabi kuri mu bintu nyamukuru bihitana abana barenga 5.000.000 ku mwaka.
22. (a) Yohani yumva ijwi rivuga ngw’iki, bikerekana ko hakenewe iki? (b) Igiciro c’igemeri y’ingano be n’ic’igemeri zitatu za sayiri vyerekana iki?
22 Yohani aratwiganira n’ibindi, ati: “Maze numva ijwi nk’aho riri hagati ya vya binyabuzima bine rivuga riti: ‘Igemeri y’ingano kw’idenariyo, n’amagemeri atatu ya sayiri kw’idenariyo; kandi ntihagire ico ugira amavuta y’umwelayo n’umuvinyu.’” (Ivyahishuwe 6:6) Vya binyabuzima bine birahuriza hamwe amajwi mu kumenyesha yuko abantu bakeneye kwirinda gusesagura ibifungurwa, nka kumwe nyene Abisirayeli babwirijwe “kurya umukate ku gipimo kandi bari mu maganya” imbere y’uko Yeruzalemu itikizwa mu 607 B.G.C. (Ezekiyeli 4:16) Mu gihe ca Yohani, igemeri y’ingano ni yo yari ingero y’ivyo kurya umusoda yahabwa ku musi. None vyari biciye amahera angahe? Vyari biciye idenariyo, uwo ukaba wari umushahara umukozi ahembwa ku musi! (Matayo 20:2) Vyagenda gute none ku mugabo afise umuryango? Yarashobora guca agura igemeri zitatu za sayiri idakoboye. Ariko n’ubundi ivyo vyari guhaza umuryango w’abantu bakeyi gusa, kandi sayiri ntiyafatwa ko ari ibifungurwa vyiza cokimwe n’ingano.
23. Imvugo ngo “ntihagire ico ugira amavuta y’umwelayo n’umuvinyu” isobanura iki?
23 None imvugo ngo “ntihagire ico ugira amavuta y’umwelayo n’umuvinyu” isobanura iki? Hari abiyumvira ko isobanura yuko benshi bokenye ibifungurwa mbere bakicwa n’ikigoyi ariko ibinoboye vy’abatunzi vyovyo ntihagire ikibikomakoma. Mugabo rero mu karere k’ibihugu vy’Abarabu, amavuta n’umuvinyu si ibintu bihanitse namba. Mu bihe vya Bibiliya, umukate, amavuta n’umuvinyu vyabonwa ko ari ibifungurwa abantu bakenera misi yose. (Gereranya n’Itanguriro 14:18; Zaburi 104:14, 15.) Kubera ko amazi atama ari meza, akenshi abantu baca banywa umuvinyu canke rimwe na rimwe bakawukoresha mu vy’ubuvuzi. (1 Timoteyo 5:23) Ku bijanye n’amavuta, naho wa mupfakazi w’i Zarefati wo mu gihe ca Eliya yari umukene, yari agifise utuvuta yari gutekesha agafu yari asigaranye. (1 Abami 17:12) Ku bw’ivyo rero, itegeko ngo “ntihagire ico ugira amavuta y’umwelayo n’umuvinyu” biboneka ko ari impanuro yo kudasesagura ivyo bifungurwa abantu bakenera misi yose. Bitagenze ukwo, vyari ‘kugira ico biba,’ ni ukuvuga ko vyari guhera imbere y’uko ikigoyi kirangira.
24. Ni kubera iki ya farasi yirabura itazobandanya gukinagira igihe kirekire?
24 Ese ukuntu duhiriwe kubona wa muntu ari kw’ifarasi yera agiye guhagarika iyo farasi yirabura igenda irakinagira! Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ibintu vyiza ategekanya gukora mw’isi nshasha. Igira iti: “Mu misi yiwe umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho. Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”—Zaburi 72:7, 16; raba kandi Yesaya 25:6-8.
Ifarasi ibenjutse hamwe n’uwuyicayeko
25. Igihe Yezu amatuye agashashara ka kane, Yohani aca yumva ijwi rya nde, kandi ivyo vyerekana iki?
25 Iyo nkuru ntirarangira. Yohani aratwiganira ibica biba igihe Yezu amatuye agashashara ka kane, ati: “Maze amatuye agashashara kagira kane, numva ijwi ry’ikinyabuzima kigira kane rivuga riti: ‘Ingo!’” (Ivyahishuwe 6:7) Iryo ni ijwi rya wa mukerubi asa n’inkona iriko iraguruka. Ivyo vyerekana ubukerebutsi burimwo ukubona kure, kandi mu vy’ukuri Yohani, abagize umugwi wiwe hamwe n’abandi basavyi b’Imana bose bari kw’isi barakeneye kwihweza neza iryo yerekwa, bagaca bagira ico bakoze babigiranye ugutahura kugera kure. Gutyo, ku rugero kanaka twoshobora kwikingira ivyago birembeje iri yaruka rigendera ku bukerebutsi bw’isi, ryishima kandi rirangwa n’ubuhumbu.—1 Abakorinto 1:20, 21.
26. (a) Ni nde agendera kw’ifarasi igira kane, kandi kubera iki bidatangaje kubona isa gutyo? (b) Ni nde amukurikira, kandi ni ibiki bishikira abo ahitana?
26 None ni ibindi vyago ibihe bica vyaduka igihe uwugendera kw’ifarasi igira kane yitabiriye ka kamo? Yohani atwiganira ati: “Hanyuma ngize ntya, mbona ifarasi ibenjutse; izina ry’uwuyicayeko ryari Rupfu. Kandi Kuzimu yamukurikira agendera hafi yiwe.” (Ivyahishuwe 6:8a) Uwugendera kuri iyo farasi ya nyuma yitwa Rupfu. Muri ba bantu bane bagendera ku mafarasi bavugwa mu Vyahishuwe, ni we wenyene aca ahishura uwo ari we. Ntibitangaje kubona Rupfu agendera kw’ifarasi ibenjutse, narirya iryo jambo (mu kigiriki khlo·rosʹ) rikoreshwa mu nyandiko z’ikigiriki mu kudondora abantu baserutse mu maso, nk’akarorero kubera barwaye. Birabereye kandi kubona Kuzimu akurikiranira hafi Rupfu mu buryo butarinze gusigurwa, kubera yuko benshi mu bahitanwa n’ivyago bitezwa na wa muntu agendera kw’ifarasi igira kane baja mu Kuzimu. Igishimishije ni uko abo bantu bazozurwa ‘urupfu n’ukuzimu nivyarekura abapfuye bo muri vyo.’ (Ivyahishuwe 20:13) None Rupfu ahitana gute abo bantu?
27. (a) Rupfu ahitana abantu gute? (b) “Ica kane c’isi” Rupfu afiseko ububasha gisobanura iki?
27 Iryo yerekwa riravuga uburyo bumwebumwe abigira, riti: “Bahabwa ububasha ku ca kane c’isi, ngo bicishe inkota ndende n’amapfa n’ikiza cica be n’ibikoko vyo kw’isi.” (Ivyahishuwe 6:8b) Ivyo ntibisobanura neza na neza ko ica kane c’ababa kw’isi bahitanwa n’ivyo vyago, ahubwo vyerekana ko bishikira igice kinini c’isi, caba kibako abantu benshi canke bake. Uwo muntu agendera kw’ifarasi agenda aregeranya abahitanywe n’inkota nini y’umwe agendera kw’ifarasi ya kabiri be n’abahitanywe n’ikigoyi gitezwa n’umwe agira gatatu. Aregeranya n’abo ubwiwe ahitana biciye ku kiza cica, agashirako n’abahitanwa na vya nyamugigima nk’uko bivugwa muri Luka 21:10, 11.
28. (a) Ubuhanuzi bwerekeye “ikiza cica” bwarangutse gute? (b) Ni igiki gifasha abasavyi ba Yehova kwikingira indwara nyinshi muri iki gihe?
28 “Ikiza cica” kirasasika inganda muri kino gihe. Inyuma y’amabi y’Intambara ya mbere y’isi yose, akamangu kitiriwe aka Espanye karahitanye abantu barenga imiliyoni 20 mu mezi makeyi gusa hagati ya 1918 na 1919. Ahantu hamwe gusa kw’isi ako kamangu katashitse ni mu kazinga kitwa Sainte-Hélène. Aho ako kamangu katikije inganda, bararundarunda ibiziga bagaca babiturira. Muri iki gihe na ho, indwara y’umutima na kanseri zirabica bigacika, ahanini zikaba ziterwa n’umwotsi w’itabi. Mu kiringo co mu myaka ya 1980 bataziriye ngo “imyaka cumi yavumwe,” indwara ya SIDA yariyongereye kuri ico “kiza cica” kubera abantu biberaho batisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Mu 2000, vyavuzwe ko umushikiranganji w’amagara y’abantu wo muri Amerika yavuze ko SIDA “ishobora kuba ari co kiza kibi kuruta ibindi vyose bimaze gutera kw’isi.” Yavuze ko abantu imiliyoni 52 bamaze kwandura umugera wa SIDA kw’isi yose be n’uko imiliyoni 20 muri bo umaze kubahitana. Ese ukuntu abasavyi ba Yehova bakenguruka kubona impanuro ziranga ubukerebutsi ziri mw’Ijambo ryiwe zibafasha kwirinda ubusambanyi n’ugukoresha nabi amaraso, ivyo bikaba ari vyo bituma abantu bandura indwara nyinshi muri iki gihe!—Ivyakozwe 15:28, 29; gereranya na 1 Abakorinto 6:9-11.
29, 30. (a) ‘Za manza zine z’ubugesera’ zivugwa muri Ezekiyeli 14:21 zishobora kuba zerekeza ku ki muri iki gihe? (b) “Ibikoko” bivugwa mu Vyahishuwe 6:8 bishobora gusobanura iki? (c) Biboneka ko iciyumviro nyamukuru kiri muri ubwo buhanuzi ari ikihe?
29 Yohani avuga ko ibikoko ari ikintu kigira kane gituma urupfu rukubiranya abantu. Nkako, ibintu bine bica biza hamatuwe agashashara kagira kane, ni ukuvuga intambara, amapfa, indwara n’ibikoko, vyabonwa mu bihe vya kera ko ari vyo canecane vyatuma urupfu rukubiranya abantu. Vyoshobora rero kugereranya ibintu vyose bituma urupfu rukubiranya abantu muri iki gihe. Ni nka kumwe nyene Yehova yagabisha Isirayeli ati: “Ukwo nyene ni ko bizomera nihaba za manza zanje zine z’ubugesera—inkota n’ikigoyi n’igikoko kiryana be n’ikiza—izo nzorungika vy’ukuri kuri Yeruzalemu kugira ngo ndaharandure icitwa umuntu yakuwe mw’ivu be n’igitungwa.”—Ezekiyeli 14:21.
30 Naho atari kenshi ibinyamakuru bivuga ivy’abantu bishwe n’ibikoko mu bihe vya none, ibikoko vyama vyihaye inkumbi mu bihugu vyo mu turere dushushe. Mu gihe kiri imbere, vyoshobora no kwica abantu benshi kuruta hamwe amashamba yohona kubera intambara canke amapfa agatuma abantu baba goyigoyi ku buryo badashobora kurwanya ibikoko vyisonzeye. Vyongeye, hari abantu benshi muri iki gihe bameze nk’ibikoko bitiyumvira bagaragaza kamere z’ubunyamaswa zihushanye cane n’izivugwa muri Yesaya 11:6-9. Abo bantu ni bo canecane batuma muri iki gihe kw’isi hagwirirana amabi ashingiye ku gitsina, ubwicanyi n’ibitero vya ba bagaterabwoba. (Gereranya na Ezekiyeli 21:31; Abaroma 1:28-31; 2 Petero 2:12.) Wa muntu agendera kw’ifarasi igira kane aregeranya n’abahitanwa n’ivyo vyago. Emwe, biboneka ko iciyumviro nyamukuru kiri muri ubwo buhanuzi ari uko uwo agendera kw’ifarasi ibenjutse yegeranya abantu urupfu rukubiranya mu buryo butandukanye.
31. Naho bamwe bagendera kw’ifarasi itukura, iyirabura n’iyibenjutse bateza ivyago, ni kubera iki tworema?
31 Amakuru ahishurwa igihe hamaturwa udushashara tune twa mbere araduhumuriza kuko atwereka ko tudakwiye kwihebura kubera intambara, inzara, indwara n’ibindi vyeze muri iki gihe bituma urupfu rukubiranya abantu; eka kandi ntidukwiye kwihebura kubera abatware b’abantu bananiwe gutorera umuti ingorane ziduhanze. Naho ibiba kw’isi vyerekana neza ko bamwe bagendera kw’ifarasi itukura, iyirabura n’iyibenjutse bariko bariha imirambi, ntiwibagire ko umwe agendera kw’ifarasi yera ari we yatanguye guhaguruka. Yezu yarimitswe, kandi aramaze gutsinda ku buryo yirukanye Shetani mw’ijuru. Yaratsinze kandi mu kwegeranya amasigarira y’abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu be na rya sinzi rinini riva mu mahanga yose riharurwa mu mamiliyoni, kugira rizorokoke ya makuba akomeye. (Ivyahishuwe 7:4, 9, 14) Azobandanya gushika asozereye intsinzi yiwe.
32. Ni ibiki bica biba igihe kamwe kose muri twa dushashara tune twa mbere kamatuwe?
32 Igihe kamwe kose muri twa dushashara tune twa mbere kamatuwe, haca hakurikira akamo kagira gati: “Ingo!” Kuri izo ncuro zose haca haseruka ifarasi n’uwuyigenderako. Guhera ku gashashara ka gatanu, ako kamo ntigasubira kwumvikana. Ariko abagendera kuri ayo mafarasi ntibarahagarara, kandi bazobandanya gushika ku nsozero y’ivy’isi. (Gereranya na Matayo 28:20.) None ni ibindi bintu bihambaye ibihe Yezu ahishura igihe amatura udushashara dutatu dusigaye? Bimwebimwe muri vyo ntidushobora kubibona n’amaso. Ibindi na vyo naho dushobora kubibona, bizoba mu gihe kiri imbere. Ariko rero, nta nkeka ko bizoranguka. Reka turabe ivyo ari vyo.
[Utujambo tw’epfo]
a Ariko rero, “umugore” avugwa mu Vyahishuwe 12:1 yambaye “urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri” rw’ikigereranyo.
b Ushaka amakuru y’ido n’ido yerekana ko Yezu yimitswe mu 1914, raba urupapuro rwa 215-218 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
c Naho Bibiliya zimwezimwe zihindura iyo mvugo ngo “asubire gutsinda” (Ubwuzure Bushasha) canke ngo “yame anesha” (BY), umwanya wakoreshejwe ng’aho mu kigiriki co mu ntango werekana igikorwa carangiye. Ni co gituma igitabu kimwe (Word Pictures in the New Testament) c’uwitwa Robertson kivuga giti: “Umwanya wakoreshejwe ng’aho werekeza ku ntsinzi ya nyuma.”
[Uruzitiro ku rup. 92]
Wa Mwami agenda atsinda
Mu myaka ya 1930 na 1940, abansi bari biyemeje kwerekana ko igikorwa c’Ivyabona vya Yehova kitemewe n’amategeko canke mbere ko kigumura abantu. (Zaburi 94:20) Mu 1936 honyene, Ivyabona 1.149 barafashwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyabona baraburanye imanza nyinshi barashika no muri Sentare Ntahinyuzwa. Ng’izi intsinzi zihambaye zimwezimwe batahukanye:
Ku wa 3 Rusama 1943, mu rubanza uwitwa Murdock yaburanye na leta ya Pennsylvanie, Sentare Ntahinyuzwa yafashe ingingo y’uko bitari bikenewe ko Ivyabona barinda guhabwa uburenganzira bwo gutanga ibitabu ku mahera. Kuri uwo musi nyene, mu rubanza uwitwa Martin yaburana n’igisagara ca Struthers, harafashwe ingingo y’uko kudodora igihe umuntu ariko atanga ubutumire canke yamamaza inzu ku nzu bidateye kubiri n’amategeko.
Ku wa 14 Ruheshi 1943, mu rubanza uwitwa Taylor yaburana na leta ya Mississippi, Sentare Ntahinyuzwa yafashe ingingo y’uko igikorwa Ivyabona barangura co kwamamaza kidahimiriza abantu kugarariza ubutegetsi. Kuri uwo musi nyene, mu rubanza Ibiro bijejwe indero muri leta ya Virginie occidentale vyaburana n’uwitwa Barnette, Sentare yavuze yuko ubuyobozi bw’ishure budafise uburenganzira bwo kwirukana abana b’Ivyabona vya Yehova ngo ni uko bataramutsa ibendera. Bukeye bwaho, Sentare Nkuru yo muri Ostraliya yarafuse ingingo ico gihugu cari cafashe yo kubuza igikorwa c’Ivyabona vya Yehova, ivuga ko yari “iteye kubiri n’amategeko, ikaba iyitagira ishingiro n’iy’agacinyizo.”
[Uruzitiro ku rup. 94]
‘Yarahawe gukura amahoro kw’isi’
Ubuhinga buzodushikana he? Ikinyamakuru kimwe (The Globe and Mail) c’i Toronto muri Kanada co ku wa 22 Nzero 1987, carasubiyemwo amajambo yavuzwe n’uwitwa Ivan L. Head, umukuru w’ikigo mpuzamakungu kiraba iterambere ry’ubushakashatsi, giti:
“Amatohoza yitondewe yerekana ko ica kane c’abashakashatsi n’abahinga bose bo kw’isi bakora mu bijanye n’ibirwanisho. . . . Mu 1986, buri munota hakoreshwa amahera y’amadolari umuliyoni n’igice (amarundi arenga umuliyaridi n’igice) mu bijanye n’ibirwanisho. . . . None ivyo vyoba vyaratumye umutekano wiyongera? Ibirwanisho ruhonyanganda ibihugu vya rutura bitunze bifise ububasha buruta incuro 6.000 ubw’ibirwanisho vyose vyakoreshejwe mu Ntambara ya kabiri y’isi yose. Ni nk’aho wofata Intambara ya kabiri y’isi yose ukayigwiza incuro 6.000. Kuva mu 1945, nta mayinga indwi isi iramara itari mu ntambara. Haramaze kuba intambara zirenga 150 hagati y’ibihugu canke hagati y’abanyagihugu, bikaba bigereranywa ko zahitanye abantu 19.300.000. Benshi muri bo bazize ubuhinga bushasha bwabonetse muri iki gihe c’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU.”
Kuva mu 1945 gushika mu 2005, intambara zari zimaze guhitana abantu barenga imiliyoni 20.
[Uruzitiro ku rup. 98, 99]
Ingene igitabu c’Ivyahishuwe gitunganijwe
Turavye aho tugeze mu gusuzuma igitabu c’Ivyahishuwe, turatanguye kubona neza ingene gitunganijwe. Inyuma y’intangamarara ikabura (Ivyahishuwe 1:1-9), ico gitabu kirashobora kugaburwa mu mayerekwa 16 mu buryo bukurikira:
IYEREKWA RYA 1 (1:10–3:22): Yohani ahumekewe, arabona Yezu uwaninahajwe arungikira ya mashengero indwi ubutumwa burimwo impanuro ziremesha.
IYEREKWA RYA 2 (4:1–5:14): Intebe y’ubwami nziza cane yo mw’ijuru ya Yehova Imana. Uno aca ahereza umuzingo wa Mwagazi w’intama.
IYEREKWA RYA 3 (6:1-17): Wa Mwagazi w’intama aramatura udushashara dutandatu twa mbere twa nya muzingo, akagenda arahishura ibintu vyinshi bibwirizwa kuba mu kiringo c’umusi w’Umukama. Ba bantu bane bagendera ku mafarasi bavugwa mu Vyahishuwe baravuduka, abashumba b’Imana bishwe rumaratiri bagahabwa amakanzu yera, wa musi uhambaye w’uburake na wo ukadondorwa.
IYEREKWA RYA 4 (7:1-17): Abamarayika baragumya ya miyaga y’agatikizo gushika bamwe 144.000 bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu badomweko ikidodo. Isinzi rinini rivuye mu mahanga yose riratangaza ko ubukiriro ribukesha Imana na Kristu, kandi rikegeranywa kugira rize rirokoke ya makuba akomeye.
IYEREKWA RYA 5 (8:1–9:21): Agashashara kagira indwi kamatuwe, haravuzwa inzumbete indwi, zitandatu za mbere zikaba ari zo zigize iri yerekwa. Izo nzumbete zitandatu zimenyekanisha urubanza Yehova yaciriye abantu. Urumbete rwa gatanu n’urwa gatandatu zirerekana kandi ko hagira haze icago ca mbere n’ica kabiri.
IYEREKWA RYA 6 (10:1–11:19): Umumarayika w’inkomezi araha Yohani akazingo gatoyi, urusengero rukagerwa, hakavugwa n’ibishikira vya vyabona bibiri. Rirangira igihe urumbete rugira indwi ruvugijwe, bikaba bimenyekanisha icago ca gatatu kigira gishikire abansi b’Imana, ni ukuvuga ishingwa ry’Ubwami bwa Yehova na Kristu wiwe.
IYEREKWA RYA 7 (12:1-17): Ridondora ivuka ry’Ubwami, bikaba bituma Mikaheli araririza kw’isi ya nzoka Shetani.
IYEREKWA RYA 8 (13:1-18): Igikoko gikomeye kiraduga kiva mu kiyaga, igikoko gifise amahembe abiri nk’umwagazi w’intama na co kikaremesha abantu ngo basenge ico ca mbere.
IYEREKWA RYA 9 (14:1-20): Yohani arerekwa mu buryo bwiza igitangaza bamwe 144.000 bari ku Musozi Siyoni. Harumvikana ubutumwa bw’umumarayika kw’isi yose, umuzabibu w’isi ukegeranywa, uruganiro rw’umuvinyu rw’ishavu ry’Imana na rwo rugahonyangwa.
IYEREKWA RYA 10 (15:1–16:21): Yohani arasubira kwerekwa sentare yo mw’ijuru, amabakure indwi y’ishavu rya Yehova agaca asukwa kw’isi. Mu mpera y’iryo yerekwa haradondorwa imbere y’igihe iherezo ry’iyi si ya Shetani.
IYEREKWA RYA 11 (17:1-18): Maraya w’agahebuza, ari we Babiloni Akomeye, aragendera ku gikoko c’ibara ry’agahama. Ico gikoko kiramara akanya gato mu nyenga mugabo kigaca kigaruka kikamutikiza.
IYEREKWA RYA 12 (18:1–19:10): Haratangazwa itemba n’ikurwaho buhere rya Babiloni Akomeye. Amaze gukurwaho, bamwe bararira, abandi bagashemeza Yehova; ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama buratangazwa.
IYEREKWA RYA 13 (19:11-21): Yezu arayobora ingabo zo mw’ijuru kugira ashitse urubanza rubi Imana yaciriye iyi si ya Shetani, ingabo zayo n’abayishigikiye; inyoni zirya inyama zirisenena imivyimba yabo.
IYEREKWA RYA 14 (20:1-10): Haravugwa ibijanye n’ugutererwa mu nyenga kwa Shetani, Ingoma y’imyaka igihumbi ya Kristu n’abazofadikanya na we kuganza, ikigeragezo ca nyuma kizoshikira abantu be n’ugutikizwa kwa Shetani n’amadayimoni yiwe.
IYEREKWA RYA 15 (20:11–21:8): Izuka rya bose be n’Umusi uhambaye w’urubanza; haraboneka ijuru rishasha n’isi nshasha, abagororotsi bakironkera imihezagiro y’ibihe bidahera.
IYEREKWA RYA 16 (21:9–22:5): Ivyahishuwe bisozerwa n’iyerekwa ryiza cane rya Yeruzalemu nshasha, ari yo mugeni wa wa Mwagazi w’intama. Indinganizo Imana yagize zo gukiza abantu no kubaronsa ubuzima ziratemba ziva kuri ico gisagara.
Ivyahishuwe birangizwa n’indamutso be n’impanuro birangwa igishika bivuye kuri Yehova, Yezu, umumarayika no kuri Yohani ubwiwe. Umuntu wese aterwa akamo kagira gati: “Ingo!”—Ivyahishuwe 22:6-21.