Ikigabane ca 14
‘Ngize Isezerano Namwe ry’Ivy’Ubwami’
1. Mw ijoro buca Yezu apfa yatumye intumwa ziwe zigira icizigiro nyabaki?
MW IJORO buca Yezu yicwa ni ho yabwira intumwa ziwe z’intahemuka ati: ‘Mu ngoro kwa Data hari ivyicaro vyinshi. Ngiye kubategurira ikibanza, kugira ngo aho ndi namwe abe ari ho muba.’ Yarongeye kandi ababwira ati: “[Ngize isezerano namwe] nk’uko Data [yagize isezerano nanje, ry’ivy’ubwami].” (Yohani 14:2, 3; Luka 22:29) Ese ingene yabahaye icizigiro c’agatangaza!
2. Ni bangahe bazofashanya na Kirisitu mu Bwami bwiwe mw ijuru?
2 Ariko Yezu ntiyashaka kuvuga ko izo ntumwa zonyene ari zo zoganje ziri kumwe na we mu Bwami bwiwe mw ijuru. Mu nyuma vyaramenyekanye ko abantu 144 000 bacunguwe bagakurwa mw isi botewe iryo teka rinini. (Ivyahishuriwe Yohani 5:9, 10; 14:1, 4) Hari aboba barondera guterwa iryo teka muri iki gihe?
Ugutororokanywa kwa Basamuragwa b’Ubwami
3. Igihe Yezu yariko ararangūra igikorwa-ngenerwa ciwe, ni akaryo nyabaki yerekejeko ivyiyumviro vy’abantu?
3 Aho Yohani Umubatizi amariye gutabwa mw ibohero na Herodi Antipa, Yezu yaciye avira hasi ivy’ukwamamaza inkuru nziza mu bantu, ivyiyumviro vyabo avyerekeza cane cane ku ‘bwami bwo mw ijuru.’ (Matayo 4:12, 17) Yaramenyesheje abantu ko boronse akaryo k’ukwinjira muri ubwo Bwami, abo bayobōke biwe baca bararondera rwose uburyo bwo guhabwa iyo mpēra.—Matayo 5:3, 10, 20; 7:21; 11:12.
4. (a) Aba mbere mu bayobōke ba Yezu basīzwe impwemu yera ryari? (b) Ni igiki cerekana ko kuva ico gihe ivy’ugutororokanya basamuragwa b’Ubwami ari vyo vyari vyitwararitswe?
4 Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., aba mbere muri bo barasīzwe impwemu yera. (Ivyakozwe n’intumwa 2:1-4; 2 Ab’i Korinto 1:21, 22) Ivyo Imana yatunganije vyerekeye agakiza gashikana umuntu mu buzima bwo mw ijuru bw’ukudapfa, vyaramenyekanye. Petero yarakoresheje “impfunguzo z’ubwami bwo mw ijuru” yugururira abantu ubwo bumenyi—atangurira ku Bayahudi, asubira Abanyasamariya, hanyuma yugururira abo mu bihugu vy’abanyamahanga. (Matayo 16:19) Ivyiyumviro vyērekezwa cane cane ku vy’ishingwa ry’intwaro yoganje abantu mu myaka 1 000, kandi amakete nka yose yahumetswe n’Imana yo mu Vyanditswe vy’ikigiriki, yandikiwe cane cane uwo mugwi wa basamuragwa b’Ubwami—“abera,” “abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru.”a
5. Ihamagarwa ryabo ryo kuba mw ijuru ryabaye kubera ko bari abasavyi b’Imana beza gusumba ababayeho imbere y’aho?
5 Ihamagarwa ryabo ngo baje kuba mw ijuru ntiryabaye kubera ko boba bari beza na buhoro buhoro gusumba abandi basavyi b’Imana bose bapfuye imbere ya Pentekote yo mu 33 G.C. (Matayo 11:11) Ahubwo ni uko ico gihe Yehova yari atanguye gutora abosangiye ubutegetsi na Yezu Kirisitu. Mu binjana bishika nka 19 inyuma y’aho, habaye ihamagarwa ryo mu buryo bumwe, iryo mw ijuru. Ubwo bwari ubuntu Imana yagiriye igitigiri kinaka c’abantu kandi batabibereye, kugira ngo imigambi yiwe iranga ubukerebutsi kandi irimwo urukundo itere ija imbere.—Abanyefeso 2:8-10.
6. (a) Ni kuki hategerezwa kuza igihe ivy’uguhamagarirwa kuja mw ijuru bihera? (b) Ni nde yorongōye ibintu ku buryo amajambo menyeshakazoza yerekeye “ishengero [rinini]” yorangūtse na yo nyene, kandi mu vy’ukuri ni igiki cabaye?
6 Mu nyuma ico gitigiri cashinzwe c’abantu batarenga 144 000 cokwiye. Ukudomako ikimenyetso ubwa nyuma kuri abo Bisirayeli mu vy’umutima bikerekana ko batoranijwe, kwokwegereje. (Ivyahishuriwe Yohani 7:1-8) Ni ho Yehova yorongōye ibintu akoresheje impwemu yiwe no gutegēra Ijambo ryiwe atumye gushoboka mw Ishirahamwe ryiwe riboneka, ku buryo ashitsa uwundi muce werekeye umugambi wiwe, nk’uko vyiganwa mu Vyahishuriwe Yohani 7:9-17. “Ishengero [rinini]” rituruka mu mahanga yose ryotororokanijwe, rikagira ivyizigiro bishwangamura umutima vy’ukurokoka ya marushwa ahambaye, rikabaho ibihe bidashira ata gasembwa, mw iparadizo yo kw isi. Turavye ibintu vyābaye koko, bisa n’ivyibonekeza ko ihamagarwa ry’abo mw ijuru nka bose ryasozerewe nko mu mwaka wa 1935 G.C., aho ivyerekeye icizigiro co kuba kw isi c’“ishengero [rinini]” vyamenyekana neza. Kuva ico gihe, abasenga Yehova bashika amamiliyoni bizigiye rwose kubaho ibihe bidashira ngaha nyene kw isi, bārakoranirijwe hamwe n’amasigarira ibihumbi bikeyi gusa ya wa mugwi wo mw ijuru.
7. Vyoshoboka ko no muri iki gihe nyene haba ihamagarwa ryo kuja mw ijuru, kandi ni kuki wishuye gutyo?
7 Ivyo vyoba bishaka kuvuga ko ubu ata muntu n’umwe ahamagarwa n’Imana ngo aje kuba mw ijuru? Umwanya ivy’ukubadomako ikimenyetso ubwa nyuma bitaragirwa, birashoboka ko abafise ico cizigiro bamwe bamwe badohoka mw ibanga, abandi bagaca batorwa ngo babasubirire. Ariko bisa n’ivyumvikana ko ivyo bidakunda gushika.
Bamenya Gute ko Ari Abana b’Imana mu vy’Umutima?
8. Paulo yasiguye gute ivyerekeye ukuntu abavyawe bivuye ku mpwemu yera babitahura?
8 Impwemu y’Imana iremeza neza abakirisu babatijwe bagahamagarirwa kuja mw ijuru, ko bemerewe kuba abana b’Imana mu vy’umutima. Intumwa Paulo ivyo yaravyerekanye igihe yandikira “abera” bari i Roma, agasigura ukuntu ivy’abakirisu b’ukuri bose vyari vyifashe ico gihe. Yavuze ati: “Abarongōrwa n’[impwemu y’]Imana bose ni bo bana b’Imana. Kuko mutāhawe impwemu [ibagira abaja] ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu [ibahindura] abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data. [Impwemu ubwayo ibwiririkanya] n’impwemu yacu, ari icabona, yuko turi abana b’Imana. Ariko ko turi abana bayo, turi abaragwa; turi abaragwa b’Imana, turi abaraganwa na Kirisitu, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa [ubuninahazwa] na we.”—Abaroma 1:7; 8:14-17.
9. ‘Impwemu ubwayo ibishingira intahe’ gute hamwe n’impwemu y’abana b’Imana vy’ukuri?
9 Aha ivyiyumviro vyacu vyerekejwe kw ikoreshwa ry’ijambo “impwemu,” kabiri: “[impwemu ubwayo]” hamwe n’“impwemu yacu.” Iyo mpwemu ya mbere ni inguvu z’Imana zitaboneka zikora akazi. Abana b’Imana mu vy’umutima irabashwirura bakiyumvamwo ko bemerewe kuba abana b’Imana bidegemvya. Iyo mpwemu kandi ivyo irabishingira intahe biciye kw Ijambo ryahumetswe n’Imana, ari ryo Bibiliya, yo imeze nk’ikete Imana yo nyene ubwayo yandikiye abana bayo mu vy’umutima. (1 Petero 1:10-12) Iyo abavyawe bivuye ku mpwemu yera basomye ibivugwa mu Vyanditswe vyerekeye abana b’Imana bo mu vy’umutima, baca bavuga kandi birabereye, bati: ‘Ivyo ni jewe biraba.’ Gutyo rero inguvu z’Imana zikora akazi zica zishingira intahe mu buryo budasa ivy’uko ari abana b’Imana zifadikanije n’impwemu yabo, ni ukuvuga inguvu zo mu bwenge no mu mutima zituma bakora. Ubwenge n’umutima vyabo bica bishingira ku cizigiro c’ukuba basamuragwa bagenzi ba Kirisitu nk’uko impwemu y’Imana ivyerekanye muri ubwo buryo, bagaca bemera amabanga avuye kuri uko kuba abana b’Imana mu vy’umutima.—Ab’i Filipi 3:13, 14.
10. (a) Ni ibiki vyonyene bitagaragaza ko umukirisu kanaka ari uwasīzwe? (b) Ikibanza abitwa “izindi ntama” bafise mu vyerekeye imigambi y’Imana bakibona gute?
10 Kuri wewe ivyo ni uko biri? Niba ari uko biri, waratewe iteka ry’agatangaza. Ariko kwoba ari ukwihenda umuntu yiyumviriye ko ategerezwa kuba ari umukirisu yasīzwe impwemu, kubera gusa yuko ahimbarwa rwose n’ivy’umutima bigumye, canke afise umwete mu gikorwa-ngenerwa co mu ndimiro, canke akunda cane abavandimwe. N’abatari bake mu bitwa “izindi ntama” ivyo baravyiyumvamwo. Na bo nyene umutima wabo urahimbarwa n’ivyo basoma mu Vyanditswe vyerekeye basamuragwa bagenzi ba Kirisitu, ariko ntibirata ngo bishikirize ico Imana itabateguriye. (Gereranya no muri Guharūra 16:1-40.) Baremera wa mugambi w’Imana w’ubwa mbere na mbere werekeye iyi si, bagakora babishizeko umutima kugira ngo baze bawuronkemwo umugabane.
Ugufungura Kubereye
11. Ku Cibutso c’urupfu rwa Yezu kiba buri mwaka, ni bande ariho baba bari, kubera iki?
11 Buri mwaka ku wa 14 Nisani izuba ricokeye, abagendanyi ba Yezu Kirisitu basīzwe baribuka urupfu rwiwe mu mihingo yose yo kw isi, bakurikije ivyo yabariye intumwa ziwe. (Luka 22:19, 20) Abitwa “izindi ntama” na bo nyene ni ho baba bari, ariko ntibafungura ku mukate no ku muvinyu, baba abarorerezi bubaha.
12. Ni mu buryo ki bamwe bamwe mu bakirisu ba mbere b’i Korinto batubaha nk’uko bibereye Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba?
12 Ivyo si ibirori vy’idini bitagira akamaro, ahubwo biri n’ico bivuze koko. Intumwa Paulo yarahaye impanuro ikaze bamwe bamwe mu bakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Korinto mu Bugiriki, kubera ko batubaha nk’uko bibereye ibigirwa ico gihe, ati: ‘Umuntu wese arya umukate w’Umukama akanywa no ku gikombe ciwe uko bidakwiye, aratsindwa n’urubanza rw’uko yakengereye umubiri n’amaraso vy’Umukama.’ Ni igiki catuma bafungura uko ‘bidakwiye’? Ntibitegura neza ku mutima no mu bwenge. Hāriho amacakubiri mw Ishengero. Bitayeko, hari n’abārya kandi bakanywa agahokero imbere yo kuja kw ikoraniro. Ivy’izo Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba ntibavyitaho cane. Ukuntu bāba bameze ntivyari kubakundira ko batahura ko uyo mukate n’umuvinyu biri n’ico bivuze koko.—1 Ab’i Korinto 11:17-34.
13. Umukate n’umuvinyu biherezwa abantu ku musi w’Icibutso bivuze iki?
13 Bivuze iki none? Si co kimwe na bimwe bita ngo ni igitangaro c’ihinduka ry’umukate n’umuvinyu. Nta buryo na bumwe Kirisitu asubira gutangwako inkuka uko habaye Icibutso kwose. Ivyanditswe bivuga ko “Kirisitu . . . yamaze gutangwa rimwe ngo yishireko ivyaha vya benshi.” (Abaheburayo 9:28; 10:10; Abaroma 6:9) Umukate utarimwo umwambiro hamwe n’umuvinyu utukura, ni ibimenyetso gusa biri mu gishingo c’umubiri nyakuri wa Yezu watanzweko inkuka, n’amaraso yiwe koko yasheshe. Ese ingene ivyo bintu nyakuri tuvuze biri n’agaciro koko! Umubiri w’umuntu Yezu utagira icaha, waratanzwe kugira ngo abantu bari kw isi iyo iva ikagera baharonkere akaryo ko gushobora kubaho ibihe bidashira. (Yohani 6:51) Kandi amaraso yiwe yasesetse afise akamaro mu buryo bubiri—kwoza icaha abantu bizera ivya yo no gutuma isezerano risha ritangura gukora, rimwe Imana yagiranira n’Ishengero ry’Abisirayeli mu vy’umutima rigizwe n’abakirisu basīzwe impwemu. (1 Yohani 1:7; 1 Ab’i Korinto 11:25; Ab’i Galatiya 6:14-16) Ivyo bintu vy’igiciro vyatunganijwe, ni vyo bituma abagize bwa “busho buto” bashobora kwitwa n’Imana ko ari intungane, bakandikirwa ko ari abantu batagira agasembwa koko. (Luka 12:32) Ivyo bigirwa kugira ngo bashobore kuvyarwa bivuye ku mpwemu yera babe abana b’Imana, bitege kuzofashanya na Kirisitu mu Bwami bwiwe bwo mw ijuru. Uko bafungura ibimenyetso ku Cibutso buri mwaka bakaba bashingiye intahe ivy’icizigiro bafise c’ijuru, uguhimbarwa kwabo n’uko bari mw “isezerano risha” umuhuza muri ryo ari Kirisitu, kurahinduka gusha kandi kugashinga imizi.—Abaheburayo 8:6-12.
“Turajana”
14. (a) Ni kuki abitwa “izindi ntama” badafungura ku bimenyetso vyo ku Cibutso, mugabo ni igiki barindiranye igishika? (b) Ukwifatanya kwabo n’amasigarira ya basamuragwa b’Ubwami babibona gute?
14 Abitwa “izindi ntama” baramenya ivyiza Yehova yagiriye abantu biwe basīzwe, bagaca bifatanya na bo bakavuga bati: “Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.” (Zekariya 8:20-23) Ntibaja ku makoraniro vyonyene, ariko barafadikanya no kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami kw isi ibako abantu iyo iva ikagera. Naho ari uko, abo bitwa “izindi ntama” ntibinjizwa mw “isezerano risha” hamwe n’Abisirayeli mu vy’umutima, canke ngo bashirwe mw ‘isezerano ry’ivy’Ubwami’ rimwe Yezu yagiranira na bamwe batorwa ngo babane na we mw ijuru; kubera ico rero ntibibereye ko bafungura ku bimenyetso vyo ku Cibutso. (Luka 22:20, 29) Mugabo kubera ko “isezerano risha” rirangūra icatumye rishingwa ari kwo gukoraniriza mu Bwami bw’ijuru aba nyuma bagize bwa “busho buto,” abitwa “izindi ntama” baramenya yuko ivyo vyerekana ko imigisha bazoronkera kw isi biciye kuri ubwo Bwami iriko yegereza. Babona ko gukora bahurikiye hamwe n’amasigarira aguma kw ibanga ya basamuragwa b’Ubwami muri iyi “misi y’iherezo,” ari iteka.
[Akajambo k’epfo]
a Raba imirongo itangura ikete ryandikiwe Abaroma, irya 1 n’irya 2 ku b’i Korinto, Abanyefeso, Ab’i Filipi, Ab’i Kolosayi, Tito, irya 1 n’i rya 2 yanditswe na Petero; raba kandi mu b’i Galatiya 3:26-29, 1 Ab’i Tesalonike 2:12, 2 Ab’i Tesalonike 2:14, 2 Timoteyo 4:8, Abaheburayo 3:1, Yakobo 1:18, 1 Yohani 3:1, 2 hamwe no muri Yuda 1.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Ni kuki Ivyanditswe vyinshi vy’ikigiriki vy’abakirisu vyerekeza ivyiyumviro ku cizigiro c’ijuru?
● Abavyawe bakaba abana b’Imana babimenya gute? Ibimenyetso bafungura vyo ku Cibutso bivuze iki?
● Abitwa “izindi ntama” berekana gute ko bahurikiye hamwe koko na bwa “busho buto”?