ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • uw ikig. 13 rup. 103-109
  • Ishengero Rinini Imbere y’Intebe y’Ubwami ya Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ishengero Rinini Imbere y’Intebe y’Ubwami ya Yehova
  • Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gutahura Iryo ‘Shengero Rinini’ Ico Ari Co
  • Bageragezwa Kugira ngo Bigaragare ko Bakwiye Kurokoka
  • Kuba mw’Iparadizo y’Ivy’Umutima
  • Ishengero Ryinshi Imbere y’Intebe ya Yehova
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Isinzi rinini utoraba
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • “Ngize ntya mbona isinzi rinini”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Barabonwa ko babereye kurongorwa ku masôko y’amazi y’ubuzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
uw ikig. 13 rup. 103-109

Ikigabane ca 13

Ishengero Rinini Imbere y’Intebe y’Ubwami ya Yehova

1. (a) Kugira ngo abasavyi b’Imana baronke impēra yabo, baba ari bamwe bābayeho imbere y’igihe c’ivy’ubukirisu canke bamwe 144 000, ni igiki kibanza kubashikira? (b) Ariko ni ibiki bizoshoboka ku bagize ishengero rinini bazoba bariho igihe c’uko “amarushwa ahambaye” atangura?

NAHO abasavyi b’Imana b’intahemuka uhereye kuri Abeli ugashitsa kuri Yohani Umubatizi, bāshize imbere ugukora ivyo Imana igomba mu buzima bwabo, bose bātegerezwa gupfa bakarindira izuka. Bamwe 144.000 bazobana na Kirisitu mu Bwami bwiwe mw ijuru, na bo nyene bategerezwa gupfa imbere y’uko bashobora guhabwa impēra yabo. Ariko intumwa Yohani yareretswe nko mu ndoto, ko hobaye ishengero rinini ry’abantu bazorokoka vy’ukuri ya ‘marushwa ahambaye,’ bace bagira icizigiro co kuzobaho ibihe bidashira batarinze gupfa.—Ivyahishuriwe Yohani 7:9-17.

Gutahura Iryo ‘Shengero Rinini’ Ico Ari Co

2 Iryo ‘shengero rinini’ ryamaze ibinjana n’ibindi ridatahurika ico ari co. Ariko ugutahurika kuguma kwongerekana kw’amajambo menyeshakazoza afitaniye isano na ryo, kwaruguruye inzira. Mu 1923, bāratahuye ko “intama” zivugwa mu mugani wa Yezu dusanga muri Matayo 25:31-46, hamwe n’“izindi ntama” avuga muri Yohani 10:16, ari abantu bariho ubu bashobora kuronka uburyo bwo kubaho ibihe bidashira ngaha kw isi. Mu 1931, bamwe bavugwa muri Ezekiyeli 9:1-11 ko bashirwako ikimenyetso mu ruhanga n’umuntu afise agahembe karimwo wino, vyaramenyekanye ko ari bo za ‘ntama’ zo muri Matayo ikigabane ca 25. Mu nyuma mu 1935, barabonye ko “ishengero [rinini]” rivugwa mu Vyahishuriwe Yohani 7:9-17, ari co kimwe n’“intama” zo muri wa mugani wa Yezu w’intama n’impene. Naho ico gihe mu 1923 batahuye ko abo bantu bameze nk’intama bamaze kwibonekeza, mu 1935 ni ho igitigiri cabo catangura kwongerekana ningoga na ningoga. Ubu hari abantu amamiliyoni koko barondera kumenyekana ko na bo nyene ari abo mw’“ishengero [rinini],” rigizwe n’“izindi ntama” zikundwa n’Imana.

3 Abagize “ishengero [rinini]” baratandukanye na bamwe 144 000 bitwa Abisirayeli mu vy’umutima, bamwe bavugwa ubwa mbere muri ico kigabane nyene co mu Vyahishuriwe Yohani. Mu vyo Yohani yeretswe nko mu ndoto, iryo ‘shengero rinini’ ntiyaribonye mw ijuru. Uko ‘guhagarara imbere y’intebe y’Ubwami’ (mu kigiriki e·noʹpi·on tou throʹnou, “mu maso y’intebe y’Ubwami”) y’Imana ntibisaba ko baja mw ijuru. Bahagaze gusa “mu maso” y’Imana, yo itubwira ko yitegereza abana b’abantu iri mw ijuru. (Ivyahishuriwe Yohani 7:9; Zaburi 11:4; gereranya no muri Zaburi 100:1, 2, canke muri Luka 1:74, 75 hamwe no mu Vyakozwe n’intumwa 10:33.) Si ngombwa ngo n’“amahanga yose” aje mw ijuru kugira ngo yitwe ko ari imbere y’intebe y’Ubwami ya Kirisitu (“mu nyonga ziwe”), nk’uko vyiganwa muri Matayo 25:31, 32. Ivy’uko iryo ‘shengero rinini ata woshobora kuriharūra’ atari umugwi wo mw ijuru, birigaragaza turigereranije n’ivyanditswe mu Vyahishuriwe Yohani 7:4-8 na 14:1-4, aho igitigiri gitomoye c’abakurwa mw isi bakajanwa mw ijuru cerekanwa.

4 Yohani mu kumenyekanisha iryo ‘shengero rinini’ ico ari co, yanditse ati: “Ni abavuye muri [ya marushwa ahambaye].” Ni ivy’ukuri, ico barokoka ni amarushwa ahambaye rwose, atari bwigere ashika kw isi. (Ivyahishuriwe Yohani 7:13, 14; Matayo 24:21) Abarokoka uyo musi uteye ubwoba rwose wa Yehova, ntibazokekereza mu vy’ukumenya uwutumye barokoka uwo ari we. Igihe bazokengurukira Imana na wa Mwagazi w’Intama bakavuga ko ari bo babarokoye nk’uko Yohani yavyeretswe nko mu ndoto, ibiremwa vyose vy’intahemuka biri mw ijuru bizoca bihurikira hamwe na bo mu gusenga Imana y’ukuri imwe nsa, bivuge biti “Amen, umugisha no guhimbazwa n’[ubukerebutsi] n’ishimwe n’icubahiro n’ububasha n’ubushobozi ni ivy’Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen.”—Ivyahishuriwe Yohani 7:11, 12.

Bageragezwa Kugira ngo Bigaragare ko Bakwiye Kurokoka

5 Ivy’ugukingirwa kw’ “ishengero [rinini],” bigirwa mu buryo buhuje n’ingingo zitunganye zashinzwe na Yehova ubwiwe. Mu majambo menyeshakazoza ya Bibiliya avuga ibiryerekeye, harimwo ibimenyetso vyibonekeje rwose bituma abazorokorwa bamenyekana. Birashoboka rero ubu ko abakunda ivy’ugutungana bakora bazi ko bazorokoka. Ivyo Vyanditswe bikurikira twamaze kuvyerekana, ariko ubu niwitonde ubitohoze ufashijwe n’ivyo Vyanditswe bindi twongeyeko, uteko uzirikane ico utegerezwa gukora kugira ngo umere nk’uko ayo majambo menyeshakazoza avuga.

“Izindi ntama” zivugwa muri Yohani 10:16

Ivy’uko umuntu yokwumviriza koko ijwi rya Yezu, bishaka kuvuga iki? (Yohani 10:27; Matayo 9:9; Abanyefeso 4:17-24)

Twokwerekana dute ko twemera yuko Yezu ari we ‘mwungere umwe’ dufise? (Matayo 23:10, 11)

“Intama” zo muri ca kigereranirizo ca Yezu c’intama n’impene (Matayo 25:31-46)

“[Abavukanyi]” ba Kirisitu izo ntama zigirira neza ni bande? (Abaheburayo 2:10, 11; 3:1)

Ni mu magume ayahe zisabwa kwimenyekanisha ko ziri kumwe n’abavukanyi ba Kirisitu bari kw isi? Kandi ni mu gikorwa ikihe ziterēra agacumu k’ubumwe zikakirangūra nk’uko bitegerejwe? (Ivyahishuriwe Yohani 12:12, 17; Matayo 24:14; 28:19, 20)

Abashirwako ikimenyetso na wa muntu afise agahembe karimwo wino kugira ngo barokoke (Ezekiyeli 9:​1-11)

Berekana gute ko badahimbarwa n’ibishisha bikorerwa hamwe hagereranywa no mu gisagara ca kera c’i Yeruzalemu, ni ukuvuga mu madini y’abiyita abakirisu? (Ivyahishuriwe Yohani 18:4, 5)

Ico ‘kimenyetso’ kibatandukanya n’abiyita ko ari abakirisu kigizwe n’ibiki bituma baronka uburyo bw’ukuzokingirwa? (1 Petero 3:21; Matayo 7:21-27; Yohani 13:35)

6 Mu Vyahishuriwe Yohani 7:9-15 harigana n’ivy’ “ishengero [rinini],” hakongerako n’ibindi bintu vy’ingirakamaro. Ivyanditswe biratwiganira ukuntu abo muri iryo ‘shengero [rinini]’ bazoba bameze ya ‘marushwa ahambaye’ arangiye, bigatako bikerekeza ivyiyumviro vyacu ku vyatumye bashobora gukingirwa.

7 Naho baturuka mu mahanga yose, mu miryango yose, mu moko yose no mu ndimi zose, berekanwa ‘bahagaze imbere y’intebe y’ubwami’ bahurikiye hamwe, bariko bavuga ko bemeye Yehova we yicaye ku ntebe y’ubwami, Segaba w’isi n’ijuru. Uburyo babayeho burerekana ko ari abagumyabanga bashigikiye inganji yiwe. Ko “bamesuye [imyitero yabo bayeresha] amaraso ya wa mwagazi,” vyerekana ko bemera yuko bakeneye ca giciro c’inkuka yatanzwe na Yezu Umwagazi w’Intama w’Imana, gihanagura ivyaha. (Yohani 1:29; 1 Yohani 2:2) Kubera ukwizera bārihebeye Imana bishimikije iyo nkuka, babigaragaza mu kwibizwa mu mazi, kandi ubu barahimbawe n’uko batyoroye mu nyonga z’Imana, imyitero yabo yera ikaba ari yo ivyerekana. Ntibīgeze basuha mu vy’ukumenyekanisha ko bizeye Umwana w’Imana. (Matayo 10:32, 33) Kubera ivyo vyose tuvuze, berekanwa bari mu rusengero rw’Imana ari rwo nzu yo gusengeramwo kw isi yose, bariko basenga Imana, ‘bayikorera ku murango no mw ijoro.’ Ivyo vyatumye bamenyekana ko bashigikiye rwose ivy’ugusenga Imana y’ukuri, kandi ko ari abamamaji b’ivy’Ubwami bwayo.—Yesaya 2:2, 3.

8 Woba udateye kubiri n’ivyo bigereranyo menyeshakazoza bivuzwe ido n’ido? Hoba hariho ivyo ukwiye kwitunganyamwo kugira ngo urushirize kugira ubuzima buhuje n’ivyavuzwe ngaha? Ni vyaba biriho, iki ni co gihe c’ukubitunganya!

Kuba mw’Iparadizo y’Ivy’Umutima

9 Woba wizigiye kuzorokoka uri mu bagize iryo ‘ishengero rinini’? Ivyawe ni vyaba bidateye kubiri n’inzira za Yehova zitunganye, nta gukēka rero waratanguye kuronka ivyiza vyatanzweko umuhango bivugwa mu buryo bubereye, ko ari iparadizo y’ivy’umutima. Intumwa Yohani yabariwe ibi bikurikira: “Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kandi izuba ntirizobarabika canke indugumba yose, kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe [y’ubwami], azobaragira, kandi azobashōra ku masōko y’amazi y’[ubuzima]; kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.” (Ivyahishuriwe Yohani 7:16, 17) Ivyo vyarangūkiye kuri wewe gute?

10 Imbere y’uko utangura kuragirwa n’umwungere mwiza yuzuye urukundo Yezu Kirisitu, woba wari ushonje kandi unyotewe ivy’ugutungana? (Gereranya no muri Matayo 5:6.) Ni vyaba ari uko, wīpfuza rwose ikintu gishobora gutangwa na Yehova wenyene, biciye ku Mwana wiwe. Igihe wīgishwa ivyerekeye inzira za Yehova zitunganye​—⁠umugambi wiwe w’ugutikiza abanyakibi ariko ku buntu bwiwe akaba afise imbabazi zituma bishoboka ko uruvyaro rwa Adamu rurokoka​—⁠nta gukeka ni bwo bwari ubwa mbere mu buzima bwawe wiyumvamwo ko bagushitse ku nyota. Imfungurwa hamwe n’ibinyobwa vy’umutima biva mw Ijambo ry’Imana bigaburwa mw Ishirahamwe ryayo, vyarabandanije kuguhāza. (Yesaya 65:13, 14) Kandi ni waba warihebeye Imana biciye kuri Kirisitu, ubu ubuzima bwawe buri n’ico bumaze koko. (Gereranya no muri Yohani 4:32-34.) Imbere yawe hari icizigiro kizana umunezero, c’ubuzima budahera mw iparadizo yo kw isi, kubera ko wa Mwagazi w’Intama ‘azoshora “ishengero [rinini]” ku masōko y’amazi y’ubuzima.’

11 Abagize “ishengero [rinini]” na bo nyene barazigamwa kandi bakayoborwa amahoro na wa Mwungere mwiza, kubera ko ari “intama” zifise icizigiro. Ni co gituma mu mvugo y’ukugereranya ‘ata zuba riba rikibarabika, canke indugumba.’ Ivyo si ukuvuga ko utohamwa n’iyi si ngo ni uko uri mu bagize “ishengero [rinini],” ahubwo bishaka kuvuga ko uba ukingiwe kurabikwa n’indugumba y’ishavu ry’Imana. Kandi iyo Mana ni yashungurura ibitikiza abanyakibi, ntibizogusangangura. Ukwo gutoneshwa n’Imana kurashobora kwamaho ibihe bidashira.—Ezekiyeli 38:22, 23; gereranya no muri Zaburi 11:6; 85:3, 4.

12 Ese ingene ufise impamvu z’igitangaza zo kugira akanyamuneza, ni waba vy’ukuri uharūrwa mu bagize “ishengero [rinini]”! Urafise icizigiro c’agatangaza c’ukuzobona abanyakibi baranduwe, hanyuma ubwenge bwawe hamwe n’umubiri bigakizwa koko ingaruka y’icaha. Ariko n’ubu nyene amaganya abantu bagira kubera ko batazi Imana, wewe ntagushikira. Watanguye kugira umunezero ufiswe gusa n’abo Imana yabo ari Yehova. (Zaburi 144:15b) Muri ubwo buryo wamaze no gutangura kubona irangūka ry’uyu muhango: “Imana izohanagura amosozi yose mu maso yabo.”

13 Kubera ko “ishengero [rinini]” rizorokoka umuhero w’ivy’iyi si, n’iparadizo y’ivy’umutima na yo nyene izorokoka. Ni waba uri mu bagize iryo shengero, uzobandanya rero kwinovora amazimano y’ivy’umutima agizwe n’ibintu biryoshe, uko intwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi izoba iriko itera ija imbere. Ukumenya Imana ubwayo kwawe kuzoja kurarushiriza gushinga imizi, uko ubona iranguka rihambaye ry’umugambi wiwe utananirwa. Umunezero ufise uzokwongerekana igihe uzofashanya n’abandi kwakīra ishengero riguma ryongerekana ry’abazuka, kugira ngo bahurikire hamwe nawe mu gusenga Imana y’ukuri. Imigisha yo ku mubiri izotangwa ico gihe izoba ifise agaciro koko ku basavyi b’Imana bose b’abagumyabanga, kuko izobonwa ko ari ikimenyamenya c’urukundo rwa Yehova ubwiwe.—Yesaya 25:6-9; Yakobo 1:17.

Ikiyago c’Ugusubiramwo

● Ni igiki kizoshika kidasanzwe Bibiliya yerekana ko gifitaniye isano n’ivy’ “ishengero [rinini],” kandi icerekana gute?

● Ni twaba vy’ukuri dushaka guharūrwa mu bagize “ishengero [rinini]” rikundwa n’Imana, dukwiye kugira iki ubu?

● Imigisha izanwa n’iparadizo y’ivy’umutima igufitiye akamaro gaki?

2. Ni igiki catumye ivy’ugutahura neza “ishengero [rinini]” ryo mu Vyahushuriwe Yohani 7:9 bishoboka?

3. Ni kuki ukuba ‘imbere y’intebe y’ubwami’ kwabo bidasobanura ko ari umugwi wo mw’ijuru?

4. (a) “Amarushwa ahambaye” barokoka ni ayahe? (b) Nk’uko bivugwa mu Vyahishuriwe Yohani 7:​11, 12, ni bande bitegereza “ishengero [rinini]” bagaca bafadikanya na ryo gusenga Imana?

5. (a) Ibisabwa kugira ngo umuntu aharūrwe mu bagize “ishengero [rinini]” rizokingirwa twobitahura dute? (b) Mu kwishura ibibazo biri ku mpera y’iki gifungo, sigura ibisabwa kugira ngo umuntu arokoke “amarushwa ahambaye.”

6. Ukuntu Yohani yigana ivy’ “ishengero [rinini]” bidufasha gute gutegera igituma rikingirwa?

7. Ni ibiki baba bāragize imbere y’uko “amarushwa ahambaye” atangura, kandi ni igiki gisa n’ikivyerekana?

8. Kugira ngo ivyo dutahuye bitugirire akunguko dukwiye kugira iki?

9. Yohani yigana gute imigisha y’ivy’umutima “ishengero [rinini]” rironka no muri iki gihe nyene?

10. (a) Tuvuze ivy’umutima, bishoboka bite ko “ishengero [rinini]” ‘ritazosubira gusonza’ canke ‘kunyoterwa’? (b) Ivyo woba umaze kuvyibonako ubwawe?

11. (a) Ni mu buryo ki ari ivy’ukuri ko ‘ata zuba canke indugumba bikibarabika’? (b) Ivyo bigufitiye akamaro gaki?

12. Amosozi ahanagurwa ku maso yawe gute no muri iki gihe nyene?

13. Ni igiki kizokwongereza umunezero uzanwa n’iparadizo y’ivy’umutima igihe intwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi izoba iriko itera ija imbere?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika