ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • uw ikig. 15 rup. 117-124
  • Yehova Arongōra Ate Ishirahamwe Ryiwe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Arongōra Ate Ishirahamwe Ryiwe?
  • Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kumenya Umuce Waryo Uboneka Ico Ari Co
  • Ritunganijwe mu Buryo bw’Ivy’Imana
  • Yehova Arongora Gute Ishirahamwe Ryiwe?
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ishirahamwe ry’Imana Riboneka
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • “Mwibuke ababaja imbere”
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Nugume Ata Nkomanzi mw’Ishirahamwe ry’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
uw ikig. 15 rup. 117-124

Ikigabane ca 15

Yehova Arongōra Ate Ishirahamwe Ryiwe?

1. Ni ibiki Bibiliya imenyekanisha vyerekeye Ishirahamwe rya Yehova, kandi ni kuki bidufitiye akamaro?

YEHOVA aratwereka Ishirahamwe ryiwe ry’agatangaza riri mw ijuru, biciye ku Vyanditswe vyahumetswe na we. (Yesaya 6:2, 3; Ezekiyeli 1:1, 4-28; Daniyeli 7:9, 10, 13, 14) Naho tudashobora kubona ibiremwa vy’impwemu, aratwereka ibimenyetso vy’ukuntu ibigirwa n’abamarayika beranda bifise ico bikora ku bamusenga vy’ukuri bari kw isi. (Itanguriro 28:12, 13; 2 Abami 6:15-17; Zaburi 34:7; Matayo 13:41, 42; 25:31, 32) Bibiliya kandi irigana ivyerekeye umuce uboneka w’Ishirahamwe rya Yehova, ikadufasha gutegera ukuntu awurongōra. Ni twaba dutahura koko ivyo bintu mu buryo bw’umutima, vyotuma ‘tugenda nk’uko bibereye Yehova kugira ngo tumunezereze koko.’—Ab’i Kolosayi 1:9, 10.

Kumenya Umuce Waryo Uboneka Ico Ari Co

2. Ishengero ry’Imana ni irihe kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C.?

2 Ihanga ry’Abisirayeli ryamaze imyaka 1 545 ari ryo Shengero ry’Imana. Mugabo ryarananiwe gukurikiza rya Sezerano rishimikiye ku Vyagezwe, ritako riranka kwakīra Umwana w’Imana ubwayo. Yehova rero yaciye ashinga irindi Shengero, agiranira na ryo Isezerano risha. Mu Vyanditswe, iryo Shengero ryitwa “umugeni” wa Kirisitu, umwe agizwe na bamwe 144 000 batowe n’Imana ngo bifatanye n’uyo Mwana wayo mw ijuru. (Abanyefeso 5:22-32; Ivyahishuriwe Yohani 14:1; 21:9, 10) Aba mbere basīzwe impwemu yera ku musi wa Pentekote, mu 33 G.C. Yehova yaratanze ikimenyamenya gikūra amazinda ko ryoba atari ryo Shengero yokoresheje kugira ngo ashitse umugambi afise.—Abaheburayo 2:2-4.

3. Ubu ni bande bagize Ishirahamwe rya Yehova riboneka?

3 Ubu amasigarira gusa y’abo 144 000 ni yo ari kw isi. Mugabo kubera ukuranguka kw’amajambo menyeshakazoza yo muri Bibiliya, ishengero rinini ry’ “izindi ntama” ryarazanywe ngo rifashanye n’ayo masigarira mu bikorwa. Yezu Kirisitu Umwungere mwiza, abo bitwa “izindi ntama” yabakoranirije hamwe n’amasigarira y’abagendanyi biwe bavyawe biciye ku mpwemu yera, ku buryo bose baba “umukuku umwe” aragiye, we ‘mwungere umwe.’ (Yohani 10:11, 16; Ivyahishuriwe Yohani 7:9, 10) Bose hamwe bagize Ishirahamwe rimwe riri n’ubumwe, rya Shirahamwe rya Yehova riboneka ryo muri iki gihe.

Ritunganijwe mu Buryo bw’Ivy’Imana

4. Ni nde arongōye iryo Shirahamwe, kandi arirongōye gute?

4 Iyi mvugo yo mu Vyanditswe ngo ‘Ishengero ry’Imana nzima,’ iragaragaza uwurirongōye uwo ari we. Iryo Shirahamwe ryerekeye ivy’Imana, ni ukuvuga ko riganzwa n’Imana. Yehova arongōra abantu biwe biciye ku wo yagenye ngo abe kizigenza ataboneka w’iryo Shengero, Umukama Yezu Kirisitu; biciye kandi kw Ijambo ryahumetswe na we, ari ryo Bibiliya.—1 Timoteyo 3:14, 15; Abanyefeso 1:22, 23; 2 Timoteyo 3:16, 17.

5. (a) Ukurongōra Ishengero guturuka mw ijuru kwibonekeje gute mu kinjana ca mbere? (b) Ni igiki cerekana ko Yezu n’ubu ari kizigenza mw Ishengero?

5 Ubwo buryo bw’ukurongōrwa bwerekeye ivy’Imana bwaragaragajwe rwose igihe abagize iryo Shengero ba mbere bāsunikwa n’impwemu yera ngo bakore, kuri Pentekote yo mu 33 G.C. (Ivyakozwe n’intumwa 2:1-4, 32, 33) Bwaribonekeje igihe umumarayika wa Yehova yatunganya ivyatumye inkuru nziza yamamara muri Afirika. (Ivyakozwe n’intumwa 8:26-39) Vyabaye uko nyene igihe ijwi rya Yezu ryarongōra Sauli w’i Taruso umusi ayobōka, no mu nyuma igihe igikorwa c’ubumisiyonari catanguzwa mu batari abayahudi. (Ivyakozwe n’intumwa 9:3-7, 10-17; 10:9-16, 19-23; 11:12) Mugabo ubuyobozi bukenewe ntibwagumye bwibonekeza muri ubwo buryo butangaje. Mu nyuma ntihabaye hacumvikana amajwi avuye mw ijuru, nta bamarayika basubiye kubonekera abantu, kandi ntihasubiye kuboneka ingabire z’ibitangaro zitangwa n’impwemu. Naho ari uko, hari ico Yezu yari yarasezeraniye abagendanyi biwe b’intahemuka ati: “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’[ivy’iyi si]”; kandi ibintu ukuntu biri biragaragaza ko ari kumwe na bo. (Matayo 28:20; 1 Ab’i Korinto 13:8) Ivyabona vya Yehova ntibemera ko ari we kizigenza wabo vyonyene, ariko kandi biraboneka neza ko bitoshobotse yuko bashishikara gutangaza ubutumwa bw’ivy’Ubwami n’urwanko rukaze bafitiwe, atabafashije.

6. (a) Ni bande bagize wa “mushumba w’intahemuka kandi w’incabwenge,” kubera iki? (b) Ni ibanga irihe yashikirije uyo “mushumba”?

6 Nta gihe kinini cari gisigaye ngo Yezu yicwe, abwira abayobōke biwe ivyerekeye wa “mushumba [w’intahemuka kandi w’incabwenge],” ngo ko ari we mugabisha, yoshikirijwe ibanga ridasanzwe. Uyo “mushumba” turavye ivyo Yezu yasiguye, yobayeho mu gihe c’uko Umukama agenda mw ijuru, kandi yobaye akiriho mu gihe c’ukugaruka kwa Kirisitu. Ntibishoboka ko amajambo nk’ayo yoba yerekeye umuntu kanaka. Ahubwo yerekeye Ishengero rya Kirisitu rigizwe n’intahemuka zasīzwe, tubafashe nk’umuntu umwe. Yezu yari azi ko agiye kubacunguza amaraso yiwe bwite; vyari bibereye rero ko bafatiwe hamwe abita ‘umushumba’ wiwe. Yarabahaye bose igikorwa bakora abarungika guhindura abantu abayobōke, hanyuma baje barabaronsa imfungurwa z’ivy’umutima, ‘babagaburire igihe kigeze.’ Ukugenwa kwabo kwaremejwe n’impwemu yera kuri Pentekote yo mu 33 G.C.—Matayo 24:45-47; 28:19, 20; 1 Ab’i Korinto 6:19, 20; gereranya no muri Yesaya 43:10.

7. (a) Ni amabanga ayahe ahambaye kuruta uyo “mushumba” ajejwe muri iki gihe? (b) Ni kuki ukwemera kwacu ivyo tubwirijwe biciye kuri ico gikoresho bidufitiye akamaro?

7 Mu gihe c’uko uyo Shebuja agaruka, uyo “mushumba” ni yaba yagumye akora igikorwa yashinzwe nk’uko yabitegetswe, yoshikirijwe amabanga ahambaye kuruta. Imyaka yokurikiye yobaye ari igihe c’ugushingira intahe Ubwami kw isi yose, hanyuma “ishengero [rinini]” ry’abasenga Yehova rigatororokanywa kugira ngo rize rikingirwe ya ‘marushwa ahambaye.’ (Matayo 24:14; Ivyahishuriwe Yohani 7:9, 10) Na ryo nyene ryobaye rikeneye imfungurwa z’ivy’umutima, kandi ryozigaburiwe na nya “mushumba” agizwe n’abantu benshi, abakozi ba Kirisitu basīzwe impwemu. Kugira ngo duhimbare Yehova, dukwiye kwemera ivyo atubwiriza kugira bidushikīra biciye kuri ico gikoresho, tukabikurikiza neza.

8, 9. (a) Ni ibiki vyatunganijwe mu kinjana ca mbere kugira ngo bashire mu buryo ibibazo vyerekeye inyigisho, kandi habe ubuyobozi bukenewe mu vy’ukwamamaza inkuru nziza? (b) Ni ibiki vyatunganijwe muri iki gihe bisa n’ivyo?

8 Ego ni ko rimwe rimwe hovyutse ibibazo vyerekeye inyigisho n’itunganywa ry’ibintu. Vyogenze gute none? Ikigabane ca 15 co mu Vyakozwe n’intumwa, kirigana ukuntu ikibazo cerekeye ibisabwa ku bari bizeye atari abayahudi cashizwe mu buryo. Cashikirijwe intumwa n’abakurambere b’i Yeruzalemu, bo bari bagize Inama Nkuru y’Abarongozi. Abo bakurambere ntibari bamutihenda; ntibari abantu batarigera bagira ikosa. (Gereranya no mu b’i Galatiya 2:11-14.) Mugabo Imana yarabakoresheje. Barazirikanye ico Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana bivuga kuri ico kibazo cari cavyutse, hamwe n’ukuntu bigaragara ko impwemu yera yakoze akazi igatanguza indimiro mu batari abayahudi, hanyuma barafata ingingo. Imana yarahezagiye ivyo batunganije. (Ivyakozwe n’intumwa 15:1-29; 16:4, 5) Hariho kandi n’abārungikwa bavuye mu mugwi ugize iyo Nama Nkuru y’Abarongozi, ngo baje kwamamaza inkuru nziza batume isagamba, nk’uko Umukama we nyene ubwiwe yabitegetse.—Ivyakozwe n’intumwa 8:14; Ab’i Galatiya 2:9.

9 Muri iki gihe turimwo, Inama Nkuru y’Abarongozi igizwe n’abavukanyi basīzwe impwemu baturuka mu bihugu vyinshi. Iri ku biro bikuru birongōye Ivyabona vya Yehova kw isi yose. Irateza imbere ivy’ugusenga Imana kutagira amahinyu ikabishitsa nk’uko yabitegetswe, irongōwe na Yezu Kirisitu. Abo bavukanyi babona ibintu nk’uko intumwa Paulo yabibona, we yarungikiye impanuro y’ivy’umutima abakirisu bagenziwe akandika ibi bikurikira: “Si uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero; kuko [muhagaze kubera] ukwizera [kwanyu].”—2 Ab’i Korinto 1:24.

10. (a) Bigenda gute kugira ngo abazoba abakurambere canke abakozi b’Ishengero bamenyekane? (b) Ni kuki dukwiye gukora dufadikanije rwose n’abācaguwe bagashingwa ben’ayo mabanga?

10 Uko gutunganya ibintu mu buryo bw’ivy’Imana kuremewe n’Ivyabona vya Yehova bo kw isi yose. Amashengero barimwo yose mu gukora arakurikiza neza ivyatunganijwe muri ubwo buryo. Yisunga Inama Nkuru y’Abarongozi mu vyerekeye ugutunganya ivy’ukugena abakurambere n’abakozi b’Ishengero batuma ivyo mu Mashengero bigenda neza. Abo bantu babatora bishimikije iki kugira ngo bagenwe? Ibisabwa biravugwa mu buryo butomoye muri Bibiliya. Abakurambere bavugira abo bantu neza hamwe n’abashinzwe ivy’ukubagena, bose barafise ibanga riremereye imbere y’Imana mu vyerekeye kubikurikiza. (1 Timoteyo 3:1-10, 12, 13; 5:22; Tito 1:5-9) Nta vy’ukwiyandikisha ngo umuntu atorwe bigirwa n’abari mw Ishengero, kandi nta tora ribaho mw Ishengero. Ahubwo, abakurambere bajejwe ibanga ry’ukuvugira neza abantu hamwe n’ababagena mu nyuma, barasenga kugira ngo impwemu y’Imana ibafashe bagatako bakagerageza kuyoborwa n’Ijambo ryahumetswe n’Imana, nk’uko intumwa zabigenza mu kinjana ca mbere mu gihe co kugena abo bantu. (Ivyakozwe n’intumwa 6:2-4, 6; 14:23; gereranya no muri Zaburi 75:6, 7.) Iyo twemeye kuyoborwa n’abakurambere, turerekana ko dushimishwa n’ukuntu Kirisitu yuzuye urukundo yaduhaye izo ‘ngabire-bantu’ ngo twese badufashe gushikīra “ubumwe buva ku kwizera.”—Abanyefeso 4:8 (NW), 11-16.

11. (a) Ni ibikorwa ibihe vy’agaciro birangūrwa n’abakenyezi dukurikije uko vyatunganijwe n’Imana? (b) Ni ryari babwirizwa kwambara igipfuka umutwe, kubera iki?

11 Ivyanditswe bivuga ko amabanga y’uguhagarikira Ishengero ashingwa abantu b’abagabo. Uko si ugukengera abantu b’abagore na buhoro buhoro, kuko abatari bake baharūrwa muri basamuragwa b’Ubwami bw’ijuru. Abakirisu b’abakenyezi na bo nyene barafasha mu vy’ugutuma Ishengero riyagwa neza, kubera ukwifata ruto n’ukwityorora mu ngeso zabo, hamwe no kwitwararikana umwete abo mu rugo. (Tito 2:3-5) Kenshi na kenshi barakora igikorwa kinini mu vy’ukuronka abantu bashasha, bakabazana mw Ishirahamwe ry’Imana. (Zaburi 68:11) Ariko ivy’ukwigisha mw Ishengero, bigirwa n’abantu b’abagabo bācaguwe. (1 Timoteyo 2:12, 13) Nk’igihe ata muntu w’umugabo abishoboye ashika ku makoraniro yatunganijwe n’Ishengero, umukenyezi arashobora kwambara igipfuka umutwe mu kuyahagarikira canke mu gusenga. a Gutyo rero aba yerekanye ko yubaha ivyo Yehova yatunganije, nk’uko na Yezu nyene yahaye bose akarorero mu kwicisha bugufi imbere ya Se.—1 Ab’i Korinto 11:3-16; Yohani 8:28, 29.

12. (a) Bibiliya isaba ko ibanga abakurambere bajejwe boribona gute? (b) Ni iteka nyabaki rihebuje twese twosangira?

12 Muri iyi si umuntu ashinzwe ibanga rihambaye abonwa ko ari mukuru, ariko mw Ishirahamwe ry’Imana ho hakora iyi ngingo: ‘Uwifata ruto akishira inyuma ya mwebwe mwese ni we mukuru.’ (Luka 9:46-48; 22:24-26) Ivyanditswe rero birahanūra abakurambere kwitonda ntibifate nk’abatware imbere y’abitwa umwandu w’Imana, ahubwo babere ubusho akarorero. (1 Petero 5:2, 3) Ivyabona vya Yehova bose, abagabo n’abakenyezi, bari n’iteka rihebuje ry’uguserukira Segaba w’isi n’ijuru bakavuga mw izina ryiwe bicishije bugufi, bakayāgira abantu aho bari hose ivyerekeye Ubwami; iryo teka si iry’abantu bakeyi gusa batoranijwe.

13. Koresha Ivyanditswe vyerekanywe, wishure ibibazo biri ku mpera y’iki gifungo.

13 Vyoba vyiza twibajije duti: “Twoba duhimbarwa vy’ukuri n’ukuntu Yehova ayoboye Ishirahamwe ryiwe riboneka? Ivyo twoba tubigaragariza mu buryo tubona ibintu, mu vyo tuvuga no mu vyo dukora?” Tuzirikanye ibi bikurikira, vyofasha umwe umwe wese muri twebwe kwisuzuma:

Ni twaba koko tworohera Kirisitu kuko ari we kizigenza mw Ishengero, twogira iki none nk’uko ibi Vyanditswe bikurikira bivyerekana? (Matayo 24:14; 28:19, 20; Luka 21:34-36; Yohani 13:34, 35)

Abagize Ishirahamwe ry’Imana bose bakwiye kwiyumvamwo ko bakeneye kwisunga Imana na Kirisitu mu rugero rungana iki igihe bigora ngo babe abakirisu bama imbuto? (Yohani 15:5; 1 Ab’i Korinto 3:5-7)

Igihe abakurambere bagerageza kubogora ivyiyumviro vy’abantu kugira ngo babone ibintu nk’uko abandi bari mw Ishirahamwe ry’Imana babibona, muri ivyo dukwiye gutahura yuko ukwo kubitwararika kuranga ubuntu ari ukwa nde? (Abanyefeso 4:7, 8, 11-13; 2 Ab’i Korinto 13:11)

Igihe dukengurutse ibifungurwa vy’umutima turonka biciye kuri wa “mushumba” hamwe no ku Nama Nkuru y’Abarongozi imuserukira, tuba twubashe nde? Bite ho nk’igihe tubinebaguye? (Luka 10:16; gereranya no muri 3 Yohani 9, 10.)

Ni kuki tudakwiye kunegura bimwe bibi abakurambere bacaguwe? (Ivyakozwe n’intumwa 20:28; Abaroma 12:10)

14. (a) Ukuntu tubona Ishirahamwe ry’ivy’Imana vyerekana iki? (b) Muri ivyo ni akaryo ki turonka ko kwerekana ko wa Mucokoranyi ari umubeshi, tukanezereza umutima wa Yehova?

14 Ivyo Yehova atugirira muri iki gihe, abicisha kw Ishirahamwe ryiwe riboneka rirongōwe na kizigenza yacaguwe, Kirisitu. Ukuntu rero tubona iryo Shirahamwe, birerekana mu ngiro uruhande turimwo mu vyerekeye ca kibazo c’ivy’ukugaba no kuganza. (Abaheburayo 13:17) Shetani iraharīra ngo twese igituma dukora ni uko tuharonkera inyungu, ngo cane cane turibabaye gusa. Mugabo igihe twama twiteguranye akanyamuneza gukora igikorwa cose gikenewe; igihe twirinda kuvuga canke kugira ivyotuma twerekeza ivyiyumviro vy’abantu kuri twebwe kandi tutabibereye, tuba twerekanye ko uyo Mucokoranyi ari umubeshi. Dukunze kandi tukubaha abo muri twebwe ‘bari imbere,’ tukigana ukwizera kwabo ariko ntitube ba bandi “bubahira abantu kubakūramwo amaronko,” turanezereza umutima wa Yehova. (Abaheburayo 13:7; Yuda 16) Iyo dutsimbataje ivy’ukwubaha Ishirahamwe rya Yehova kubereye, tugatako tugakora igikorwa arongōye n’umutima wacu wose, tuba tugaragaje ko mu vy’ukuri Yehova ari Imana yacu, kandi ko duhurikiye hamwe mu kumusenga.—1 Ab’i Korinto 15:58.

[Akajambo k’epfo]

a Mugabo si ngombwa ngo yambare igipfuka umutwe igihe ariko yamamaza inkuru nziza ava mu nzu aja mu yindi, kuko ibanga ry’ukwamamaza inkuru nziza ryashinzwe abakirisu bose. Ariko igihe bishitse ko arongōra inyigisho ya Bibiliya n’umugabo wiwe ariho ari (we mutwe wiwe, naho atoba ari umukirisu), ategerezwa gukoresha igipfuka umutwe. Canke nk’igihe vyoshika ko arongōra inyigisho ya Bibiliya yateguye ko iza kugirwa, hari umuntu w’umugabo wo mu bagize Ishengero yamaze kwiyegurira Imana, ategerezwa gupfuka umutwe, mugabo uyo mwenedata ni we yoshikiriza isengesho.

Ikiyago c’Ugusubiramwo

● Ubu Ishirahamwe rya Yehova riboneka ni irihe? Kandi ryashinzwe kubera iki?

● Ni nde yacaguwe ngo abe kizigenza mw Ishengero? Aturongōra n’urukundo biciye ku bintu ibihe biboneka vyatunganijwe?

● Ni uburyo ubuhe bwiza dukwiye gutsimbataza bw’ukubona amabanga tujejwe hamwe n’abari mw Ishirahamwe ry’Imana?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika