ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • uw ikig. 12 rup. 95-102
  • Ico Ibatisimu Wahawe Isobanura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico Ibatisimu Wahawe Isobanura
  • Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukubatiza Yohani Yagira
  • Ukubatizwa mu Rupfu
  • Ukubatizwa mu Mazi Kw’Abakurikiye Ubukirisu
  • Ukurangūra Amabanga Twashinzwe
  • Ico Ibatisimu Yawe Isobanura
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ibatisimu ni igisabwa ku bakirisu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ni Kuki Wobatizwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
uw ikig. 12 rup. 95-102

Ikigabane ca 12

Ico Ibatisimu Wahawe Isobanura

1, 2. (a) Ni kuki umwe umwe wese muri twebwe akwiye kwitaho ivy’ibatisimu yo mu mazi? (b) Ivyo bibazo vyanditswe ku gifungo ca 2 wovyishura ute mu majambo make?

MU MWAKA wa 29 G.C., Yezu yaribijwe mu ruzi Yorodani. Yehova ubwiwe yarabirorereye, aca arerekana ko bimushimishije. (Matayo 3:16, 17) Imyaka itatu n’inusu iheze, amaze no kuzuka, Yezu yarabwirije abayoboke biwe ivyo bakwiye kugira, ati: “Nahawe ububasha bwose mw ijuru no mw isi. Nuko nimugende muhindure [abantu baturuka mu mahanga] yose [babe abayoboke], mubabatize.” (Matayo 28:18, 19) Woba warabatijwe mu buryo buhuye n’iryo tegeko Yezu yashinze? Woba uriko uravyitegurira?

2 Ivyo ari vyo vyose, ugutahura neza ukubatizwa ico ari co ni ivy’ingirakamaro. Mu bibazo bikwiye kwihwezwa, n’ibi birimwo: Ibatisimu abakirisu baronka ubu yoba ari co kimwe n’imwe Yezu yaronka? Ivyo Bibiliya ivuga vyose vyerekeye ibatisimu vyoba bikuraba? Umuntu yobaho gute mu buryo buhuje n’ico ibatisimu yo mu mazi umukirisu aronka ishaka kuvuga?

Ukubatiza Yohani Yagira

3. Ni bande bonyene bari bagenewe ibatisimu ya Yohani?

3 Hagisigaye nk’amezi atandatu ngo Yezu abatizwe, Yohani Umubatizi yaragiye mu bugaragwa bw’i Yudaya, yigisha ati: “Mwihane, kuko ubwami bwo mw ijuru buri hafi.” (Matayo 3:1, 2) Abantu b’iyo ntara yose iyo igera barumvise ivyo Yohani avuze, baca barātura ivyaha bakoze hanyuma arababatiza mu ruzi Yorodani. Iyo batisimu yari igenewe Abayahudi.—Ivyakozwe n’intumwa 13:23, 24; Luka 1:13-16.

4. (a) Ni kuki vyari bikenewe ko Abayahudi bihana badatevye? (b) Ni ibiki bāsabwa gushitsa kugira ngo ‘ntibabatizwe mu muriro’?

4 Vyari bikenewe ko abo Bayahudi bihana badatevye. Ku musozi Sinayi mu mwaka wa 1513 B.G.C., ihanga rigizwe na basekuruza babo ryari ryagiraniye isezerano n’Imana Yehova. Ariko barananiwe kurangūra amabanga bari bashinzwe n’iryo sezerano, rica rirabacira urubanza ko ari abacumuzi. Bari bamerewe nabi rwose. Wa “musi [wa Yehova] uhambaye kandi uteye ubwoba” wavuzwe na Malaki wari wegereje, kandi mu 70 G.C. warashikiye Yeruzalemu, ntihateba gusenyuka. Yohani Umubatizi, uwari n’umwete mu vy’ugusenga Imana y’ukuri nka Eliya, yaratumwe imbere y’uko iryo senyuka riba, kugira ngo “ategurire [Yehova abantu barorane].” Vyari bikenewe ko bihana ivyaha bakoze mu kurenga kuri nya sezerano rishimikiye ku Vyagezwe, bagategura imitima n’ubwenge kugira ngo bakīre Umwana w’Imana, uwo Yehova yari abarungikiye. (Malaki 4:4-6; Luka 1:17; Ivyakozwe n’intumwa 19:4) Nk’uko Yohani yabisiguye, Umwana w’Imana yobatije akoresheje impwemu yera (iyo batisimu, abayobōke biwe b’intahemuka ni bo bayironse ubwa mbere kuri Pentekote yo mu 33 G.C.) n’umuriro (uwashikiye abatihanye igihe batikira mu 70 G.C.). (Luka 3:16) Kugira ngo abo Bayahudi bo mu kinjana ca mbere ntibashikirwe n’uko ‘kubatizwa mu muriro,’ bategerezwa kubatizwa mu mazi nk’ikimenyetso c’uko bihanye; kandi bategerezwa kuba abayoboke ba Yezu Kirisitu igihe ako karyo kabonetse.

5. (a) Igihe Yezu yaja kubatizwa, ni kuki Yohani yabanje kwanka? (b) Ukubatizwa kwa Yezu mu mazi kwari ikimenyetso c’iki? (c) Yezu yabona gute ivyerekeye gukora ivyo Imana imushakako?

5 Mu baje kwa Yohani kubatizwa hārimwo na Yezu we nyene ubwiwe. Ni kubera iki none? Yohani yari azi ko Yezu ata caha afise cotuma yihana, aca avuga ati: “Ko ari jewe nkwiye kubatizwa nawe, none uje kuri jewe?” Ariko ukubatizwa kwa Yezu cari ikimenyetso c’ikindi kintu. Aca amwishura ati: “Bikunde kuko ari vyo bidukwiye, ngo dushitse [ivyo vyose bitunganye].” (Matayo 3:13-15) Ukubatizwa kwa Yezu ntikwari ikimenyetso c’ukwihana ivyaha; mbere no kwihebera Imana ntiyari abikeneye, kubera ko yaharūrwa mu bagize ihanga ryamaze kwihebera Yehova. Ahubwo iyo batisimu yaronse amaze imyaka 30, ari umuntu akuze nk’uko vyari vyarashinzwe mu Bayahudi, cari ikimenyetso c’ukwishikana kuri Se wo mw ijuru, kugira ngo arangūre ivyo uyo Se amushakako bindi. Mu vyo Imana yagomba kuri uyo ‘muntu Kirisitu Yezu,’ hārimwo n’igikorwa cerekeye ivy’Ubwami, hamwe n’ugutangako inkuka ubuzima bwiwe ari umuntu atagira agasembwa, bukaba incungu n’ishimikiro ry’isezerano risha. (Luka 8:1; 17:20, 21; Abaheburayo 10:5-10; Matayo 20:28; 26:28; 1 Timoteyo 2:5, 6) Ico ukubatizwa mu mazi kwa Yezu kwasobanura, ntiyagifashe minenegwe na buhoro buhoro. Ntiyaretse ngo akwegakwegwe n’ibindi bintu. Yarakobeje koko mu gukora ivyo Imana igomba, ashitsa kw iherezo ry’ubuzima bwiwe bwo kw isi.—Yohani 4:34.

Ukubatizwa mu Rupfu

6. Ni iyindi batisimu iyihe Yezu yaronse, kandi mu gihe kingana iki?

6 Yezu yararonse iyindi batisimu, mu buryo buhuye n’ico ukubatizwa kwiwe mu mazi kwasobanura. Yari azi ko Imana yashinze ko amaherezo atangako inkuka ubuzima bwiwe bw’umuntu, ariko kandi ko yozuwe ari impwemu ku musi ugira gatatu. Yaravuze ko ivyo ari ibatisimu. Iyo ‘batisimu’ yatanguye mu 29 G.C., ariko yagiye kurangira igihe yapfa agashika hanyuma akazuka. Igihe hari haheze imyaka ishika itatu yibijwe mu mazi, ibi yavuze rero vyarumvikana: “Ndi [n’ibatisimu ngenewe] kubatizwa; emwe [ukuntu] mbabazwa kugeza aho [izoherera]!”—Luka 12:50.

7. (a) Ni bande kandi babatizwa mu rupfu? b) Ni nde ababatiza?

7 Abazoganza bari kumwe na Kirisitu mu Bwami bwiwe bw’ijuru, bategerezwa kubatizwa mu rupfu nka we. (Mariko 10:37-40; Ab’i Kolosayi 2:12) Igihe bapfuye bambura ubuzima bwabo bw’umuntu imyaka yose, nk’uko na Yezu yabigenjeje. Igihe bazutse na ho, baca bifatanya na we mu vy’ukuganza, mw ijuru. Uko ni ukubatiza kutagirwa n’umuntu, ariko kugirwa n’Imana biciye ku Mwana wayo wo mw ijuru.

8. ‘Ivy’uko kandi babatizwa muri Kirisitu Yezu’ bishaka kuvuga iki?

8 Ababatizwa mu rupfu rwa Yezu, bavugwa kandi ko “bābatirijwe muri Kirisitu Yezu.” Kubera impwemu yera itangwa biciye kuri Kirisitu, baca bifatanya na we, we Mukuru, bakaba abagize Ishengero ryiwe ryasīzwe impwemu, ryo ‘mubiri’ wiwe. Kubera ko iyo mpwemu ituma bashobora kugaragaza kamere ihambaye ya Kirisitu, twovuga ko bose baca “baba umwe muri Kirisitu Yezu.”—Abaroma 6:3-5; 1 Ab’i Korinto 12:13; Ab’i Galatiya 3:27, 28; Ivyakozwe n’intumwa 2:32, 33.

Ukubatizwa mu Mazi Kw’Abakurikiye Ubukirisu

9. (a) Ukubatizwa mu buryo bwerekanwa muri Matayo 28:19 kwabaye ryari ari bwo bwa mbere? (b) Dondagura ivyo Yezu yavuze abashaka kubatizwa bategerezwa kwemera, ukoresheje ibibazo n’Ivyanditswe biri muri ico gifungo.

9 Abayoboke ba Yezu ba mbere barabatijwe na Yohani mu mazi, hanyuma berekezwa kuri Yezu kugira ngo babe abashobora kuzoharūrwa mu bagize wa mugeni wiwe wo mu vy’umutima. (Yohani 3:25_30) Na bo nyene bārabatije abantu bamwe bamwe barongowe na Yezu, iyo batisimu rero ikaba yari imeze nk’imwe ya Yohani. (Yohani 4:1-3) Ariko kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C., ni ho bātangura kurangūra ibanga bashinzwe ry’ukubatiza “mw izina rya Data wa twese, n’iry’Umwana n’iry’impwemu yera.” (Matayo 28:19) Uraja gusanga bifise akamaro rwose gusubira kwihweza ico ivyo bisobanura, ukoresheje Ivyanditswe vyerekanywe kuri ibi bibazo bikurikira:

Kugira ngo umuntu abatizwe “mw izina rya Data wa twese,” ni igiki ategerezwa gutahura cerekeye uyo Data wa twese? (2 Abami 19:15; Zaburi 3:8; 73:28; Yesaya 6:3; Abaroma 15:6; Abaheburayo 12:9; Yakobo 1:⁠7)

Ukubatizwa mw izina “ry’Umwana” bisaba ko umuntu yemera iki? (Matayo 16:16, 24; Ab’i Filipi 2:9-11; Abaheburayo 5:9, 10)

Ni ibiki umuntu ategerezwa kuba yemera kugira ngo abatizwe mw izina “ry’impwemu yera”? (Luka 11:13; Yohani 14:16, 17; Ivyakozwe n’intumwa 1:8; 10:38; Ab’i Galatiya 5:22, 23; 2 Petero 1:21)

10. (a) Ukubatizwa mu mazi kw’abakirisu ni ikimenyetso c’iki muri iki gihe? (b) Iyo batisimu itandukanye gute n’iyo Yezu wenye ubwiwe yaronse? (c) Igihe abantu bakwije ibisabwa n’Ivyandtswe babatijwe, baca baba abaki?

10 Aba mbere bābatijwe bakurikije ivyo Yezu yabwirije kugira bāri Abayahudi (n’abakurikiye idini y’Abayahudi), bo bāri ihanga ryari ryaramaze kwihebera Imana, na yo ikaba yaragiraniye ubucuti na ryo gushika mu 36 G.C. Ariko igihe n’Abanyasamariya hamwe n’Abanyamahanga bāterwa agateka ko kwitwa abayobōke ba Kirisitu, imbere y’ukubatizwa bātegerezwa ubwabo kwihebera Yehova bagaherezako, kugira ngo bamukorere ari abayobōke b’Umwana wiwe. Kuri bose, dushizemwo n’Abayahudi, ico ni co ivy’ukubatizwa mu mazi kw’umukirisu gushaka kuvuga gushika n’ubu. Ukwo “kubatizwa kumwe” kwerekeye abo bose babaye abakirisu nyakuri. Baca rero baba Ivyabona vya Yehova b’abakirisu, abakozi-bagenwa bagenywe n’Imana.—Abanyefeso 4:5; 2 Ab’i Korinto 6:3, 4.

11. (a) Ukubatizwa mu mazi kw’abakirisu kwogereranywa n’iki, mu buryo ki? (b) Umukirisu rero aba arokotse iki?

11 Ibatisimu ben’iyo iri n’agaciro mu nyonga z’Imana. Aho ya ntumwa Petero amariye kuvuga ivy’uko Nowa yubatse ubwato bwatumye we n’abiwe barokoka isegenya, yaciye yerekeza ivyiyumviro kuri yo. Yanditse ati: “[Ikigereranywa n’ico na co nyene kirabakiza ubu, ni ukuvuga ibatisimu], (si ugukuraho imvyiro zo ku mubiri, ariko [ni ugusaba Imana] umutima [utarimwo ijwi ryagiriza] ikibi,) [biciye kw izuka rya] Yezu Kirisitu.” (1 Petero 3:21) Ubwato cari ikimenyamenya kiboneka c’uko Nowa yari yarihebeye ivyerekeye gukora ivyo Imana igomba, kandi ko yarangūye nk’uko bitegerejwe igikorwa yashinzwe n’Imana. Ivyo vyatumye akingirwa. Mu buryo buringaniye n’ivyo, abihebera Yehova bishimikije ukwizera bafise mu vy’izuka rya Kirisitu, bakabatizwa kugira ngo kibe ikimenyetso c’ukwo kwitanga hanyuma bagatangura gukora ivyo Imana igomba ku basavyi bayo muri iki gihe, bararokoka iyi si mbi. (Ab’i Galatiya 1:3, 4) Ntibabandanya kujana n’ab’iyi si mu mahonero. Baba barokotse iyo si, Imana ikabaha n’umutima utarimwo ijwi ribagiriza ikibi.

Ukurangūra Amabanga Twashinzwe

12. Ni kuki ibatisimu yonyene atari yo yokwemeza umuntu ko agakiza kabonetse?

12 Kwoba ari ukwihenda umuntu yiyumviriye ko ibatisimu yonyene izana agakiza ata kabuza. Igira ikimazi iyo umuntu yihebeye Yehova vy’ukuri biciye kuri Yezu Kirisitu, hanyuma akarangūra ivyo Imana igomba, akaguma kw ibanga gushika kw iherezo.—Matayo 24:13.

13. (a) Imana igomba iki ku bakirisu bābatijwe, mu vyerekeye uburyo bokoresha ubuzima bwabo? (b) Ivy’ukuba abayoboke ba Kirisitu bikwiye kuboneka ko bihambaye bigeze he mu buzima bwacu?

13 Mu vyo Imana yagomba kuri Yezu, hārimwo n’ivy’ukuntu yokoresheje ubuzima bwiwe ari umuntu. Bwategerezwa kwicwa bukaba inkuka. Kuri twebwe, imibiri yacu ikwiye gushikirizwa Imana, tukabaho twaritanze. Itegerezwa gukoreshwa gusa mu gukora ivyo Imana igomba. (Abaroma 12:1, 2) Birumvikana ko ivyo ata vyo twoba turiko dukora, nk’igihe twokwigenza n’ibigirankana nk’abanyamahanga badukikije naho hoba mu kanya gato, canke nk’igihe twokwishinga ibitunezereza, Imana tukayikorera bimwe vy’uguheza umwuga. (1 Petero 4:1-3; 1 Yohani 2:15-17) Igihe umuyahudi umwe yabaza ico yokora kugira ngo aronke ubuzima bwamaho, Yezu yaramwibukije akamaro ko kugira ubuzima butyoroye mu vy’ukwigenza runtu, hanyuma arerekana yuko ugukurikira ivy’ubukirisu akaba umugendanyi wa Yezu, ari co kintu kiri imbere mu buzima. Ivyo ntivyoshoboye gushirwa inyuma y’ivy’ukurondera itunga ry’umubiri.—Matayo 19:16-21.

14. (a) Ni ibanga irihe abakirisu bose bashinzwe mu vyerekeye Ubwami? (b) Nk’uko amashusho yo ku rupapuro rwa 101 avyerekana, ni uburyo ubuhe ngirakamaro bwokoreshwa mu kurangūra ico gikorwa? (c) Igihe dufadikanya n’abandi ico gikorwa n’umutima wose, ivyo bica biba ikimenyamenya c’iki?

14 Twibuke kandi ko mu vyo Imana yagomba kuri Yezu hārimwo n’igikorwa gihambaye cerekeye Ubwami. Yezu wenyene ubwiwe yari yarasīzwe ngo abe Umwami. Ariko igihe yari kw isi, yarakora n’ivy’ugushingira intahe Ubwami n’ubwira bwinshi. Igikorwa nk’ico c’ugushingira intahe Ubwami ni co na twebwe nyene twashinzwe, kandi turi n’impamvu zotuma tukirangūra n’umutima wose. Tubigenjeje gutyo, twoba twerekanye ko dushimishwa n’uko Yehova agaba akaganza, kandi ko dukunda abandi. Twoba kandi twerekanye ko duhurikiye hamwe na bagenzi bacu bamusenga bo kw isi yose, abo bose bashingira intahe Ubwami, mu kwihuta ngo dushikīre ico duhanze ijisho ari co buzima bwamaho mu karere kaganzwa n’ubwo Bwami.

Ikiyago c’Ugusubiramwo

● Ukubatizwa kwa Yezu n’ukubatizwa mu mazi kugirwa muri iki gihe bifitaniye isano ki, kandi bitandukaniye he?

● Ibatisimu ya Yohani yari igenewe bande? Ni bande ‘babatizwa muri Kirisitu Yezu’?

● Umuntu yogira iki kugira arangūre amabanga ashingwa umukirisu ahawe ibatisimu yo mu mazi?

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 101]

Ni mu Buryo Ki Umenyekanisha Ivy’Ubwami?

Mu kuva mu nzu uja mu yindi

Mu kuja gusūra abāshimishijwe n’ikiyago

Mu kwigisha Bibiliya mu ngo z’abantu

Ku mabarabara

Mu banyeshure nkawe

Mu bo mukorana akazi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika