ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 5 rup. 12-13
  • Ntiwigerezeko urondera gusa kwiryohera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntiwigerezeko urondera gusa kwiryohera
  • Be maso!—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • ICO UKWIYE KUMENYA
  • ICO WOKORA
  • Ingene wotsinda akosho k’urunganwe
    Be maso!—2014
  • Imigani 22:6: «Toza umwana indero akwiye kwamana»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • “Umunyamakenga agenda agavye”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Amajambo y’indemesho ‘avuye mu kanwa k’abana’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Be maso!—2017
g17 no. 5 rup. 12-13
Abasore babiri bariko baraba kuri internet abiryohera mu buryo burimwo akaga

ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Ntiwigerezeko urondera gusa kwiryohera

INGORANE

“Narahagarara iruhande y’ibarabara ry’indarayi rica mu kuzimu, igariyamoshi igaca imbere yanje yiruka cane. Umutima waca utera cane, ngaca numva ndyohewe rwose.”​—Leon.a

“Igihe naba nsimbiye mu mazi mvuye ku manga ndende biteye ubwoba, narumva mfise amahoro adasanzwe muri ako kanya. Vyarandyohera cane, ariko hari igihe nagira ubwoba.”​—Larissa.

Abakiri bato benshi bararyoherwa cane no gupima aho bageza mu kurinda nk’ukwo kwa Leon na Larissa, rimwe na rimwe bakabigira mu buryo burimwo akaga. Woba nawe umaze kwiyumvira kubigira? Iki kiganiro rero cogufasha.

ICO UKWIYE KUMENYA

Birashobora kukugira umuja. Kurondera kwiryohera mu buryo burimwo akaga birashobora kukunezera akanya gatoyi mugabo ugasigara wipfuza kuryoherwa cane gusumba. Uwitwa Marco yaraja ku nzira y’amagariyamoshi ica mu kuzimu nk’umwe Leon twavuga. Agira ati: “Sinahera inyota. Nararyoherwa akanya gato ariko ngasigara numva nokwiyongera.”

Justin wewe, yagenda aranyerera mw’ibarabara yambaye ibirato biriko amapine, yafashe ku miduga. Avuga ati: “Nararyoherwa, nkumva nosubira. Nashaka ko abantu banyemera, mugabo naruhukiye mu bitaro.”

Akosho k’abandi kotuma urwitamwo utiyumviriye. Umusore yitwa Marvin agira ati: “Abagenzi baguma banyosha ngo nurire inyubakwa ndende bakambwira ngo: ‘Ntugire ubwoba urabishoboye.’ Narumva ubwoba. Narajugumiye igihe natangura kwurira.” Larissa umwe twavuga, agira ati: “Nagira ivyo abandi bose bagira. Napfa gukurikira agakuku.”

Hari n’abakoresha internet kugira boshe abandi. Barahayagiza abiryohera mu buryo burimwo akaga, bakerekana ko ata ngorane. Amasanamu amwamwe y’ibintu biteye akaga abantu bakoze arakwiragizwa cane kuri internet, bigatuma bene kubikora bamenyekana cane.

Nk’akarorero hari utuvidewo twerekana abantu basimba canke burira impome, amazu, ingazi n’ibindi, bakabigira banyarutsa cane kandi badahusha, ata kintu na kimwe bafise kibakingira. Ivyo birashobora gutuma wiyumvira ko (1) ata kaga birimwo be n’uko (2) bose babigira. Hari aho woca wumva nawe wogerageza kubikora.

Urashobora gupima aho ugeza utiriwe urishira mu kaga. Bibiliya ivuga ko “kumenyereza umubiri bigira akamaro kuri bike.” (1 Timoteyo 4:8) Ikuremesha kandi “kubaho [ufise] ukurorana kw’umuzirikanyi.” (Tito 2:12) Ivyo wobigira gute?

ICO WOKORA

Iyumvire akaga birimwo. Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge wese azokorana ubumenyi, mugabo ikijuju kizokwiragiza hose ubupfu.” (Imigani 13:16) Imbere y’uko ukora ikintu, banza wiyumvire akaga karimwo. Ibaze uti: ‘Sinohava ndahasiga agatwe canke nkakomereka cane?’​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 14:15.

Rondera abagenzi bubaha ubuzima. Nta mugenzi mwiza azokuremesha kwishira mu kaga canke ngo akwoshe gukora ikintu utiyumvamwo. Larissa avuga ati: “Abagenzi beza kandi biyumvira neza baramfashije guhitamwo ibintu vyiza nokora. Igihe nahindura abagenzi tugendana, n’ubuzima bwanje bwarahindutse.”​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 13:20.

Ibaze uti: ‘Sinohava ndahasiga agatwe canke nkakomereka cane?’

Ryohererwa ubushobozi bwawe utarinze kwishira mu kaga. Igitabu kimwe kivuga ko uwukiri muto “amenye kwishingira akarimbi no kwihitiramwo ivyiyumviro agenderako mu buzima” aba ariko urakura. Urashobora gupima aho ugeza ukabigirira ahantu hameze neza, ukiyubara kandi ukikingira.

Rondera icubahiro nyaco. Abantu ntibazokwubaha kubera ibintu biteye akaga ukora, ahubwo bazokwubaha kubera uvyifatamwo neza mu ngorane zo mu buzima. Larissa avuga ati: “Gusimbira mu mazi mvuye ku manga, yabaye intango gusa. Nahavuye nkora n’ibindi biteye akaga. Ese iyo menya.”

Muri make: Aho kwishira mu kaga urondera gusa kwiryohera, koresha ubwenge uhitemwo neza uburyo bwo kwinezereza.​—Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 15:24.

a Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose.”​—Imigani 14:15.

  • “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”​—Imigani 13:20.

  • “Ku wukorana ugutahura kwimbitse, umunyuro w’ubuzima ugenda amaduga, kugira ngo akevye ntagwe mu kuzimu epfo.”​—Imigani 15:24.

Peter

PETER

“Naho bisa n’ibiryoshe, ukwiye gutahura neza akaga birimwo. Nakare nta wukiri muto yoshima gutahira mu gakinga k’abamugaye.”

Rio

RIO

“Nimba abagenzi bawe bashaka gukora ikintu utiyumvamwo, vyiza ntiwobakurikira. Kuko niwajana na bo bizokugora kubankira canke guhindura ivyiyumviro.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika