INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA
Imigani 22:6: «Toza umwana indero akwiye kwamana»
«Niwigishe umwana inzira akwiye gucamwo. Azorinda asaza atarayivamwo.»—Imigani 22:6, Bibiliya y’isi nshasha.
«Toza umwana indero akwiye kwamana. Azorinda asāza atarayivamwo.»—Imigani 22:6, Bibiliya Yera.
Ico mu Migani 22:6 hasobanura
Abavyeyi bigisha abana babo gukunda Imana no kwubaha amabwirizwa yabo bokwitega ko bizogirira akamaro abo bana ubuzima bwabo bwose.
«Niwigishe umwana inzira akwiye gucamwo.» Ayo majambo arashobora guhindurwa kandi ngo «fasha umwana gutangura kugendera mu nzira ibereye.» Igitabu c’Imigani kiraremesha abavyeyi akatari gake kwigisha abana babo ikibereye n’ikitabereye kuva bakiri bato. (Imigani 19:18; 22:15; 29:15) Ariko rero, abavyeyi beza barazi ko abana babo bafise uburenganzira bwo kwihitiramwo, cokimwe n’abakuze. Rero, ntibapfa kubwira abana babo ico bokora gusa, ahubwo barabafasha kuzirikana no kuba abantu bahumuye kandi bitwararika ibintu, ku buryo bashobora kwifatira ingingo nziza.—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7; Abakolosayi 3:21.
Hari abahinga mu vya Bibiliya bavuga ko iyo mvugo isobanura ngo «niwigishe umwana bivanye n’uko ameze», ni ukuvuga bivanye n’uko asanzwe yimereye. Iyo nsobanuro yoshobora gusa n’iyumvikana, ariko imvugo y’igiheburayo yahinduwe ngo «inzira akwiye gucamwo» ishobora kuba yerekeza ku kwigenza mu buryo bwiza kandi bubereye. Igitabu c’Imigani kirerekana inzira zibiri umuntu ashobora gucamwo. Imwe yitwa «inzira y’abantu beza», «inzira y’ubukerebutsi» n’«inzira igororotse.» (Imigani 2:20; 4:11; 23:19) Iyindi yitwa «inzira y’inkozi z’ikibi», ‘inzira y’ikijuju’ n’«inzira mbi.» (Imigani 4:14; 12:15; 16:29) Rero inzira umwana «akwiye gucamwo» ni «inzira igororotse», ni ukuvuga kubaho nk’uko Ijambo ry’Imana Bibiliya ryigisha.—Zaburi 119:105.
«Azorinda asaza atarayivamwo.» Igihe abavyeyi bigishije umwana wabo ingingo ngenderwako z’Imana zigenga ikibi n’iciza, birashoboka cane ko uwo mwana azoguma mu nzira ibereye ubuzima bwiwe bwose. Ariko rero, ivyo ntibisigura ko umwana yigishijwe neza atazokwigera ‘ava’ mu nzira ibereye, ni ukuvuga atazokwigera arenga ku mategeko y’Imana. Nk’akarorero, igihe umuntu amarana umwanya n’abantu bosha abandi gukora ikibi, arashobora kuva mu «nzira igororotse» agakora ikibi. (Imigani 2:12-16; 1 Abakorinto 15:33) Naho ari ukwo, igihe abavyeyi bigishije abana babo kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana, baba babahaye umushinge mwiza uzotuma baroranirwa mu buzima.—Imigani 2:1, 11.
Amakikuro y’Imigani 22:6
Imigani ikigabane ca 22 kigizwe n’imvugo zidufasha gushira mu ngiro ubukerebutsi bw’Imana mu mice itandukanye y’ubuzima. Izo mvugo zirashimika ku kamaro ko kugira izina ryiza imbere ya Yehova,a iryo zina umuntu akaba aryihesha igihe yicisha bugufi, atanga cane kandi ari umunyamwete. (Imigani 22:1, 4, 9, 29) Ariko hari iyindi mirongo yerekana ko abirengagiza ingingo ngenderwako z’Imana bagacinyiza abakene, bazoshikirwa n’ingaruka zibabaje.—Imigani 22:8, 16, 22-27.
Naho imirongo nka yose yo mu Migani ikigabane ca 22 iterekeza ku kwigisha umwana, irerekana ukuntu twobaho mu buryo buhimbara Imana kandi butera umunezero nyakuri. (Imigani 22:17-19) Igihe abavyeyi bigishije abana babo kubaho muri ubwo buryo, baba berekanye ko babipfuriza ineza.—Abanyefeso 6:1-3.
Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’ibivugwa mu gitabu c’Imigani.
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»