ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/10 rup. 32
  • Amajambo y’indemesho ‘avuye mu kanwa k’abana’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amajambo y’indemesho ‘avuye mu kanwa k’abana’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Abantu b’abanyamahoro baburanira izina ryabo ryiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Baritanze babikunze​—Mu Burusiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • «Abana ni ingabire Yehova atanga»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Raporo y’ivy’imanza
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/10 rup. 32

Amajambo y’indemesho ‘avuye mu kanwa k’abana’

Muri Kigarama 2009, Sentare Nkuru yo mu Burusiya yaremeje ingingo yatumye ishirahamwe ry’ivy’idini ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Taganrog mu Burusiya rihagarikwa, Ingoro y’Ubwami yaho irafatwa hongera haramenyeshwa yuko ibitabu 34 mu bitabu vyacu vyabonwa ko birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa. Ico kintu gitangaje carashizwe ku muhora wo kuri Internet wemewe w’Ivyabona vya Yehova hamwe n’amafoto y’Ivyabona bafatiwe iyo ngingo harimwo n’abana.

Haciye amezi makeyi, Ibiro nyobozi vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Burusiya vyararonse agakarato kari kumwe n’ikete birungitswe n’umuryango umwe w’Ivyabona w’i Queensland muri Ostraliya, uno ukaba wari warabonye raporo ijanye n’iyo ngingo yafashwe n’iyo Sentare. Iryo kete ryagira riti: “Bavukanyi bakundwa, abana bacu Cody na Larissa barakozwe ku mutima cane n’ukwizera kw’abo bagenzi bo mu Burusiya be n’ibigeragezo vyabashikiye. Baranditse udukarata n’amakete, tukaba twarateguye agakemanyi k’ingabirano twipfuza kurungikira abo bana b’i Taganrog, kugira gusa tubamenyeshe yuko mu mihingo ya kure cane hariyo abandi bana na bo nyene bakorera Yehova badahemuka kandi babazirikana. Bose barabagumbiriye cane kandi barabakunda.”

Abo bana b’i Taganrog bamaze kuronka izo ngabirano, barandikiye uwo muryango wo muri Ostraliya amakete yo kuwukengurukira ariko uducapo. Icabona umwe akorera kw’ishami ryo mu Burusiya yarakozwe ku mutima n’ayo majambo y’indemesho “[a]vuye mu kanwa k’abana” maze yandikira Cody na Larissa ati: “Urazi ukuntu abana n’abakuze bose bababara igihe bahanywe bazira ubusa! Abavukanyi bacu na bashiki bacu b’i Taganrog nta kibi na kimwe bakoze, mugabo baratswe Ingoro y’Ubwami yabo. Ivyo vyarabababaje cane. Bazoremeshwa no kumenya yuko hari umuntu wo mu kandi gace k’isi abazirikana. Turabashimiye ku gatima kanyu k’igishika n’ugutanga cane!”​—Zab. 8:2.

Mu vy’ukuri turi umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose, kandi urukundo dufitaniye ruradufasha twese kwihanganira ibigeragezo n’ingorane bishika mu buzima. Magingo amasentare agira impari arondera kumenya niba ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova bituma abantu bankana, abana bacu bobo barerekana batekanye yuko bitwararikana, bakarengera ibibatandukanya bishingiye ku bihugu no ku mico kama, gutyo bakerekana ko aya majambo ya Yezu ari ay’ukuri, ayagira ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”​—Yoh. 13:35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika