ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 11/12 rup. 23-31
  • Abagize umuryango bavyihwereze hamwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagize umuryango bavyihwereze hamwe
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Huza ayo mafoto n’ivyo Vyanditswe
  • Nuze uratwegeranya maze utwige
  • Abantu n’ibihugu babamwo
  • Abana barondere ahari aya mafoto
  • Inyishu z’ibibazo biri ku rupapuro rwa 30 n’urwa 31
  • Yonatani “yafatanije n’Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Umugenzi nyawe kandi adatinya
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yaragize umutima rugabo aranka guhemukira umugenzi
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Yonatani: ‘Nta kibuza Yehova gukiza’
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Be maso!—2012
g 11/12 rup. 23-31

Abagize umuryango bavyihwereze hamwe

Huza ayo mafoto n’ivyo Vyanditswe

Soma Itanguriro 1:1-31. Nuce umurongo uhuza buri foto n’icanditswe co muri Bibiliya bihuye. (Ayo mafoto ntatondetse neza.)

1. Umurongo w 3-5

2. Umurongo wa 6-8

3. Umurongo wa 9-13

4. Umurongo wa 14-19

5. Umurongo wa 20-23

6. Umurongo wa 24-31

A

B

C

D

E

F

IVYO KUGANIRAKO:

Tuzi dute ko imisi y’irema itari imisi y’amasaha 24?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Itanguriro 2:4; Zaburi 90:4.

Wiga iki ku bijanye na Yehova uravye ibikorwa vyiwe vy’irema?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Zaburi 115:16; Abaroma 1:20; 1 Yohani 4:8; Ivyahishuwe 4:11.

ABAGIZE UMURYANGO BABIKORERE HAMWE:

Uko mugize umuryango nimutegekanye kugira urugendo rujanye no kwiga. Nimugendere aho batungira ibikoko, ubusitani canke inzu yerekanirwamwo ukuntu ikirere n’ibiri muri co bimeze kugira ngo mwige ido n’ido ibijanye n’ibikoko, ibiterwa canke imibumbe mwikundira. Ubukurikira, nimuyage uko mugize umuryango ivyo mwamenye ku vyerekeye Yehova biciye ku kwiga ivyo yaremye.

Nuze uratwegeranya maze utwige

Nugakate, ukazingemwo kubiri hanyuma ukabike

AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 23 YONATANI

IBIBAZO

A. Yonatani yari umuhungu w’imfura wa ․․․․․.

B. Ni vyo canke si vyo? Yonatani yaratewe icumu na se.

C. Ni nde Yonatani yakunda cane, kandi kubera iki?

[Igicapo]

4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.

Adamu aremwa Yavutse nko Igitabu ca nyuma

mu 1138 B.G.C. ca Bibiliya candikwa

[Ikarata]

Yaranesheje Abafilisitiya i Geba n’i Mikimashi

YERUZALEMU

Geba

Mikimashi

YONATANI

IVYIWE MURI MAKE

Naho Yonatani yari samuragwa kandi akaba ashobora kuba yarusha Dawidi imyaka 30, yarashigikiye Dawidi nka we mwami yagenywe n’Imana. (1 Samweli 23:15-18) Yarahatswe mbere kuhasiga ubuzima arondera gukingira Dawidi ngo ntiyicwe na Sauli, se wa Yonatani w’umunyeshari. (1 Samweli 20:1-42) Akarorero ka Yonatani ko kwicisha bugufi karatwigisha guhimbarwa igihe abandi baronse ivyiza bivuye ku Mana.

INYISHU

A. Umwami Sauli.—1 Samweli 14:47, 49.

B. Ni vyo.—1 Samweli 20:33.

C. Dawidi. Yarabonye umutima rugabo Dawidi yari afise be n’urukundo yakunda Yehova igihe yarwanya Goliyati.—1 Samweli 17:1–18:4.

Abantu n’ibihugu babamwo

7. Twitwa Pyae Sone Aung (imyaka 11), na Hsu Myat Yadanar Lwin (imyaka 7). Tuba muri Birmaniya. Muri Birmaniya hari Ivyabona vya Yehova nka bangahe? Boba ari 3.600, 6.300 canke 10.000?

8. Ni akaburungu akahe kerekana aho tuba? Shira akaburungu aho uba, uce uraba ingene ikirere kigutandukanya na Birmaniya kingana.

A

B

C

D

Abana barondere ahari aya mafoto

Wokwerekana aho aya mafoto ari muri iki kinyamakuru? Nuvuge mu majambo yawe ivyo ubona kw’ifoto imwimwe.

Nimba wipfuza ayandi makopi y’ikiganiro “Abagize umuryango bavyihwereze hamwe,” nuyasohore ku muhora wa Internet www.jw.org

● Inyishu z’ikiganiro “ABAGIZE UMURYANGO BAVYIHWEREZE HAMWE” ziri ku rupapuro rwa 23

Inyishu z’ibibazo biri ku rupapuro rwa 30 n’urwa 31

1. 1 ihuye na F.

2. 2 ihuye na B.

3. 3 ihuye na A.

4. 4 ihuye na E.

5. 5 ihuye na C.

6. 6 ihuye na D.

7. 3,600.

8. D.

[Amafoto ku rup. 30]

[Ifoto ku rup. 31]

[Ifoto ku rup. 31]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika