Udukuru tw’irya n’ino
Mu Budagi, nk’ibice 33 kw’ijana vy’abana bavutse mu 2010 bari abana b’ibivyarwa, mu 1993 hoho bakaba bari ibice 15 kw’ijana gusa.—IBINYAMAKURU BIMWE (ÄRZTE ZEITUNG na THE LOCAL) VYO MU BUDAGI.
Twisunze ibitigiri vy’urusansuma rwagizwe mu 2010, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ibice 69,4 kw’ijana vy’abana babana n’abavyeyi bompi, ibice 23,1 kw’ijana babana na ba nyina gusa, ibice 3,4 kw’ijana babana na ba se gusa, ibice 4,1 kw’ijana na bo baribana.—IBIRO BIJEJWE URUSANSUMA VYO MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA.
Amahera yakoreshejwe mu 2011 ku bw’ivyago vy’ivyaduka ashika ku madolari y’Abanyamerika amamiliyaridi 380 (amarundi nka 547.200.000.000.000). Ca kinyamugigima caba mu Buyapani ni co “cago catwaye amahera menshi kuruta ibindi, kikaba catwaye amadolari y’Abanyamerika amamiliyaridi 210 (amarundi nka 302.400.000.000.000), aho hakaba hatarimwo rya sanganya ry’i Fukushima.”—IKINYAMAKURU KIMWE (NEW SCIENTIST) CO MU BWONGEREZA.
Kw’isi yose, ibifungurwa bikunda kwibwa ni iforomaji. Buri mwaka, hazimira ibice 3 kw’ijana birenga gato vy’iforomaji zigurishwa kw’isi, ahanini bivuye ku busuma bw’abasumyi canke bw’abakozi bazidandaza.—IKIGO KIMWE (CENTRE FOR RETAIL RESEARCH) CO MU BWONGEREZA.
Akaga kari mu guteza umutwe umupira w’amaguru
Mu rukino rw’umupira w’amaguru harimwo n’ivyo kuwuteza umutwe. Ariko rero, ivyigwa biheruka kugirwa hakoreshejwe ubuhinga buhanitse bwo gufata amasanamu be n’ibipimo vyo mu bwonko vyaravyuye amakenga ku vyerekeye akaga kari mu kuza umuntu arateza umutwe umupira w’amaguru. Abashakashatsi bo mu gisata kimwe c’ivy’ubuvuzi (Albert Einstein College of Medicine) i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bavuga yuko ukwo guteza umutwe “birushiriza kubamwo akaga k’uko ubwonko bukomereka kandi ntibukore neza.” Ibikomere vyibonekeza vyarabonetse mu bwonko bw’abantu bawukina rimwe na rimwe bateje umutwe umupira incuro zirenga 1.000 gushika ku 1.500 ku mwaka, ‘ku wama awukina wewe bikaba vyibonekeza n’igihe ateje umutwe umupira incuro nka zingahe ku musi.’
Imiduga ikoreshwa n’umuyagankuba irabangamira abagenda n’amaguru
Raporo y’Ubushikiranganji bwo gutwara ibintu n’abantu bwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika isigura iti: “Imigwi y’abaharanira agateka k’abagenda n’amaguru yarerekanye ko irajwe ishinga n’uko mwene ya miduga ikoreshwa n’umuyagankuba yoba ibangamiye umutekano wabo. Ikibaraje ishinga ni uko mwene iyo miduga idatera urwamo ku buryo abagenda n’amaguru n’abagendera ku makinga badashobora kumenya ko iri mu kubashikira haba mw’ibarabara canke mu masanganzira.” Nkako, nk’uko iyo raporo ibivuga, igihe mwene uwo muduga wariko uragenda warahatswe kugonga abagenda n’amaguru, ku rugero rungana incuro zibiri kuruta imiduga isanzwe. Ni co gituma Urwego rujejwe umutekano wo mw’ibarabara rwatanze iciyumviro c’uko uwugendesha mwene uwo muduga asabwa gutuma uvuza urwamo na rukeyi mu gihe ariko agenda buhorobuhoro.
[Ifoto ku rup. 29]