ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 11/12 rup. 32
  • Ico abana bakeneye ku bavyeyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico abana bakeneye ku bavyeyi
  • Be maso!—2012
Be maso!—2012
g 11/12 rup. 32

Ico abana bakeneye ku bavyeyi

● Muri iki gihe abana barabona ku rugero rutari bwigere rubaho ubukozi bw’ikibi hamwe n’ingeso zijanye n’ubuhumbu. Ni co gituma, ubu kuruta ikindi gihe cose, abana bacu bakeneye ubuyobozi mu vy’inyifato runtu no mu vy’Imana. Abavyeyi bokura hehe icobafasha kwigisha abana babo? Abavyeyi benshi bavyifatamwo neza barikora kuri Bibiliya, bemera yuko ubuyobozi itanga ku bijanye n’ubuzima be n’inyifato runtu ari ntangere.

Kugira ngo Ivyabona vya Yehova bafashe abavyeyi kwigisha abana babo, barateguye igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Mu bigabane 48 vyo muri ico gitabu, harimwo ibi bikurikira: “Ukugamburuka kuragukingira,” “Igituma dukwiye kubabarira abandi,” “Igituma tudakwiye kubesha,” “Icodufasha gutsinda ubwoba,” na “Igituma dukeneye gukora.”

Woshobora gusaba ico gitabu c’impapuro 256 kirimwo amafoto aryoheye ijisho, gifise ubwaguke nk’ubw’iki kinyamakuru. Niwuzuze agace kabigenewe kari kuri uru rupapuro, ugakate uheze ukarungike kuri aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.

□ Ndabasavye mundungikire iki gitabu cerekanywe ng’aha ata co murinze kunsaba.

□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.

[Ifoto ku rup. 32]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika