Icogufasha gutahura Bibiliya
“Mbega uzi gute yuko utahura neza Bibiliya? Erega irashobora gutahurwa mu buryo bwinshi!”
Woba umaze kwumva abantu bavuga gutyo? Ariko none wari uzi yuko ushobora gutohoza Bibiliya mu buryo yisigura ubwayo? Ng’aka akabanga: Nimba imirongo ikikuje icanditswe kinaka idatomora neza insobanuro yaco, nukigereranye n’iyindi mirongo yo muri Bibiliya ica irya n’ino ico ciyumviro nyene. Tubigenjeje gutyo, tuba turetse Bibiliya ikaba ari yo iyobora ivyiyumviro vyacu, aho kuyoborwa n’ukuntu tubona ibintu.
Nk’akarorero, rimbura ico Bibiliya yigisha ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe. Aho hepfo hari imirongo itandatu yakuwe ahantu hatandukanye muri Bibiliya. Raba ukuntu ihuza.
● “Abapfuye ntibahimbaza Uhoraho, cank’ abamanuka, baja ahantu h’agacerere.”—Zaburi 115:17.a
● “Ntimukishimire abahambaye, cank’ umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza. Impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.”—Zaburi 146:3, 4.
● “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi.”—Umusiguzi 9:5.
● “I kuzimu [ntiha]shobora kuguhimbaza, n’urupfu ntirushobora kugutazira . . . Umuntu muzima, umuntu muzima ni we azoguhimbaza, nk’uko ndiko ndaguhimbaza uyu musi.”—Yesaya 38:18, 19.
● “Umuntu akora icaha ni we azopfa.” —Ezekiyeli 18:4.
● Yezu Kristu yavuze ku bijanye n’umugenzi wiwe Lazaro yari aherutse gupfa, ati: “Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura. Nukw abigishwa baramubgira, bati Mugenzi, asangw’ asinziriye, azokira. . . . Buno Yesu avuga abifoboye, ati Lazaro yahwereye.”—Yohani 11:11-14.
Woba ubona ukuntu iyo mirongo ihuza? Egome, mu buryo butandukanye n’ivyo abantu benshi bemera, Bibiliya yigisha ko abapfuye bapfuye vy’ukuri. Ntibaba mw’ijuru canke ahandi hantu ahubwo bari muri rinini mu buryo bw’ikigereranyo, nta na kimwe bazi. Ntibashobora rero gushemeza Imana canke mbere kwiyumvira.b
Iciyumviro nyamukuru: Igihe dutohoje Bibiliya dufatiye ku ciyumviro kanaka, ivyo yigisha birarushiriza gutahurika. Ni ivy’ukuri ko ubwo buryo, ari na bwo Ivyabona bakoresha, busaba akigoro. (Imigani 2:1-5) Mugabo ukwo ni ko biri kubera ko uwushaka umubira abira akuya.
[Utujambo tw’epfo]
a Ivyo vyanditswe vyakuwe muri Bibiliya Yera.
b Bibiliya yigisha ko abapfuye Imana yibuka ‘bazokangurwa’ ari kwo kuzurwa igihe Imana yashinze kigeze.—Raba Yobu 14:14, 15; Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15.
[Ifoto ku rup. 28]