Nuvyurirwe umutima
Kugira ngo uvyurirwe umutima wo gukora igikorwa kinaka, urakeneye kubanza kubona akamaro kaco.
ISHURE rifise akamaro akahe? Rizogufasha kuronka ubukerebutsi, Bibiliya na yo ikaba ivuga yuko “ubukerebutsi bukingira.” (Umusiguzi 7:12) Uti gute? Tubitangire akarorero: Dufate ko uriko uragendagenda mu karere gateye akaga. Woba wohitamwo kukayereramwo uri wenyene canke wohitamwo kukayereramwo uri kumwe n’umugwi w’abagenzi boshobora kugukingira igihe vyoba bikenewe? Uronse inyigisho nziza, uba ufise ico twokwita abagenzi batari bake bakomeye bama hafi yawe. Aho harimwo:
Ubushobozi bwo kwiyumvira. Kuja kw’ishure birashobora kugufasha gutsimbataza ico Bibiliya yita “ubushobozi bwo gutandukanya ikibere n’ikitabereye.” (Imigani 3:21, Contemporary English Version) Kuronka ubwo buhanga bizogufasha gutorera umuti ingorane zawe aho kwama wiheka ku bandi ngo bagufashe.
Kumenya kubana n’abandi. Bibiliya ihanura abakirisu gutsimbataza kamere nk’ukwiyumanganya n’ukwigumya. (Abagalatiya 5:22, 23) Kubera ko kw’ishure uba uri kumwe n’abantu batandukanye, uraronka uturyo twinshi two gutsimbataza izo kamere, hamwe n’ukwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi, ukwubaha be n’ikibabarwe, izo kamere zikaba zizogufasha umaze gukura.
Ukumenyerezwa ngirakamaro. Ishure rirashobora kukwigisha akamaro ko gukora cane, ivyo bikaba bizogufasha kuronka akazi no kukagumamwo. Vyongeye, uko urushiriza kumenya isi igukikuje, ni ko urushiriza gutahura uwo uri be n’ico ubona ko gihambaye kuruta ibindi. (Imigani 14:15) Ufise ukwo kujijuka, uzoshobora kuburanira ivyo wemera ubigiranye icubahiro.—1 Petero 3:15.
Mu ncamake: Kubera yuko ukeneye kuronka inyigisho, nta co vyokumarira kwibanda ku bintu bitagushimisha vyerekeye ishure. Ahubwo nyabuna, nuvyurirwe umutima wo kurikunda mu kurimbura ivyo bintu twavuze aho haruguru. Woshobora mbere kwiyumvira n’ibindi bikeyi!
Ubona gute utanguye? Niwiyumvire ikintu wewe ubona ko gihambaye kuruta ibindi vyose cotuma uroranirwa kw’ishure.
[Uruzitiro ku rup. 3]
Abigisha beza barashimwa!
“Umwigisha yatwigisha icigwa c’ivy’ubutunzi kw’ishure ryisumbuye yari gushobora gukora mw’ishirahamwe ry’ivy’amahera, mugabo yahisemwo kwigisha kw’ishure ryacu ryisumbuye riri mu gisagara kibamwo abantu baciye bugufi, aho wasanga abana nka bose batitaho ivy’ubutunzi. Ariko rero, yigisha ico cigwa mu buryo bworoshe, agashiramwo n’utuntu dutwenza kandi akacigisha mu buryo butuma tubona ko kidufitiye akamaro. Yarigeze mbere gutumako mawe kugira ngo amubwire ukuntu nari nakoze neza ivyo nari nanditse ku ciyumviro kanaka. Igihe abanyeshure bamubaza igituma yigisha kw’ishure ryacu, yavuze ko ari ho hantu heza kuruta ahandi hose yari amaze gukorera. Yaradutahura, akatwitwararika akongera akadukeza. Ni we yari umwigisha mwiza kuruta abandi bose banyigishije!”—Reyon wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
[Igicapo ku rup. 3]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico kinyamakuru)
Ubushobozi bwo kwiyumvira
Kumenya kubana n’abandi
Ukumenyerezwa ngirakamaro