ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/12 rup. 4
  • Nube umunyarutonde

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nube umunyarutonde
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Nokora neza gute kw’ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?
    Urwaruka ruribaza
  • Ni gute nokoresha neza umwanya wanje?
    Urwaruka ruribaza
  • Wofasha gute umwana wawe kugira aronke amanota meza?
    Icofasha umuryango
Ibindi
Be maso!—2012
g 10/12 rup. 4

Nube umunyarutonde

Akigoro gatoyi ugira kugira ngo ube umunyarutonde karashobora kuvamwo ivyiza vyinshi, ivyo na vyo bikaba ari umwanya wiyongereye, ukudata umutwe cane no kuronka amanota meza.

DUFATE yuko uriko uragendagenda mw’iduka urondera kugura ikintu kimwe gusa, mugabo ibidandazwa vyose bikaba bisanzaye. Vyogutwara umwanya ungana gute kugira ngo utore ico urondera? Ntivyorushiriza none kukworohera usanze ivyo bidandazwa biri ku rutonde, utuyira turi hagati yavyo na two turiko udupapuro tubiranga tuboneka neza? Urashobora kubigenza gutyo nyene ku bijanye n’ishure. Gute?

Nugire urutonde. Uwitwa Zachary w’imyaka 18 wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: “Igihe kimwe naribagiye rwose gukora agakorwa bari baduhaye kw’ishure ko gukorera i muhira, nongera ndirengagiza udukorwa nsabwa gukora i muhira, kubera ko nari namaze impera y’indwi nibereye ku mugenzi wanje. Ku wa mbere, nabwirijwe kwinginga abigisha bacu ngo bandeke nzotange ako gakorwa mu nyuma. Ubu ndagira urutonde, runo rukaba rumfasha kwibuka ivyo nkwiye gukora.”

Kugira urutonde vyaranafashije uwitwa Celestine, akaba ari umwigeme wo muri Papouasie-Nouvelle-Guinée. Azirikanye igihe yari akiri ku ntebe y’ishure, avuga ati: “Naguma mfise urutonde rw’ibikorwa vyose nategerezwa gukora, harimwo udukorwa nahabwa kw’ishure two gukorera i muhira, ibibazo be n’ivyo kwisamaza turi kumwe n’abandi. Kubigenza gutyo vyaramfashije kumenya ibikwiye kuja imbere y’ibindi no kurangura kimwekimwe cose ku gihe nagishingiye.”

Impanuro: Niwandike mu gakaye urutonde rw’ivyo ubwirizwa gukora, canke urubike muri telefone yawe ngendanwa kibure mu kindi gikoresho co mu buhinga bwa none.

Ntube nzobandabikora. Biroroshe kuvuga ngo “Ndaba ndabikora.” Usanga ari vyiza gukora ibintu udatebaganye, na canecane agakorwa wahawe kw’ishure ko gukorera i muhira.

Impanuro: Niwiyemeze gukora agakorwa wahawe ugishika i muhira, imbere y’uko watsa televiziyo canke wisamaza mu bundi buryo.

Nutunganye ivyo uza gukoresha kw’ishure. Woba umaze gushika mw’ishure maze ugasanga wibagiye ikarine, ikaramu canke ibitabu? Urashobora kwirinda iyo ngorane. Gute? Uwitwa Aung Myo Myat, akaba ari umusore wo muri Myanmar, avuga ati: “Nama nshira ibikoresho vyose mw’isakoshi natwara kw’ishure imbere y’igihe.”

Impanuro: Isakoshi utwara kw’ishure nigume isukuye kandi ipanzwemwo neza ibikoresho ku buryo birushiriza kukworohera gutora ivyo urondera.

Mu ncamake: Kuba umunyarutonde bizotuma udata umutwe kubera ko hari ivyo wibagiye, bitume utihutagiza kubera ko wacerewe vyongere bitume utigera ubona ko ata mwanya uhagije ufise wo gukora ibindi bintu bihambaye.

Ubona gute utanguye? Niwiyumvire aho ubona ko ukeneye kuryohora kugira ube umunyarutonde. Nuce uzikirana uri kumwe n’umuvyeyi canke umugenzi ibintu bimwebimwe vyogufasha kubishikako.

[Ifoto ku rup. 4]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika