Urupapuro rwa kabiri
Ingene wororanirwa kw’ishure
Ubona gute ishure?
Rirakurambira canke rituma ugira ingoga?
Riraguhagarika umutima canke rirakugirira akamaro?
Riragushusha umutwe canke rirakuryohera?
Nimba ubona ishure ahanini mu buryo bubi, wokora iki? Nimba uribona mu buryo bwiza, ushobora gute kuryohora ubuhanga bwawe kugira ngo urushirize kwungukira ku vyo wiga? Twisunze Bibiliya, turerekana ibintu nyamukuru bitanu vyogufasha kuroranirwa, bino bikaba biri ku rupapuro rwa 3 gushika ku rwa 7.
Nyinshi mu ngingo ngenderwako zirimburwa muri ivyo biganiro bikurikirana zirakwerekeye, waba wiga mu mashure ya Leta canke mu y’abikorera utwabo.
[Ifoto ku rup. 2]