Ntiharengerana ko umuntu aba umugenzi w’Imana
nk’uko vyavuzwe na Olavi J. Mattila
“Woba urigera wiyumvira yuko ushobora kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Umuremyi?” Ico ni ikibazo nabajijwe n’Icabona ca Yehova, kikaba catumye nzirikana. Ico gihe, nari mfise imyaka irenga 80 kandi nari nzinanye n’abantu benshi bakomakomeye, eka mbere n’indongozi mu vya politike. Ariko none, ico gihe noba vy’ukuri nari gushobora kumenya Imana nkaba umugenzi wayo?
NAVUKIYE i Hyvinkää muri Finlande muri Gitugutu 1918. Nkiri muto cane, naratanguye gukora ibikorwa bitandukanye vy’uburimyi n’ubworozi. Umuryango wacu wari woroye inka, amafarasi, inkoko n’imbata. Narize gukora cane no kuryoherwa n’igikorwa canje.
Uko nagenda nkura, abavyeyi barandemesha kwiga amashure. Maze gukura bihagije, naravuye i muhira nja kwiga kaminuza. Naraja no mu vyo kwinonora imitsi, nkaba nahavuye menyana n’umuhagarikizi w’Ishirahamwe ry’inkino zo kwinonora imitsi ryo muri Finlande yitwa Urho Kekkonen. Sinari nzi ko uwo Kekkonen yohavuye aba umushikiranganji wa mbere wa Finlande, mu nyuma na ho akaba umukuru w’igihugu, ayo mabanga abiri akaba yayamazemwo imyaka nka 30. N’ikindi kandi, sinari nzi ko uyo mugabo yogize akosho ukuraho ku buzima bwanje.
Ingene nabaye umukuru
Mu 1939, haradutse icuka kibi hagati ya Finlande na Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Muri Munyonyo uwo mwaka, narinjijwe ku nguvu mu gisoda. Mu ntango, nari umumenyereza w’abasoda bahaseruka bikenewe, mu nyuma na ho mba umukomanda w’ingabo zirasisha za nkoho zicira insoro nyinshinyinshi. Twarwanira i Karelia, akarere kari ku rubibe rwa Finlande na Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Mu ci ryo mu 1941, turiko turwanira hafi y’igisagara ca Vyborg, narakomerekejwe n’ibimanyu vy’igisasu nca njanwa mu bitaro vya gisirikare. Ivyo vyatumye ntasubira kuja ku rugamba.
Muri Nyakanga 1944, narakuwe mu gisoda, nca nsubira kuri kaminuza. Narabandanije n’ivyo kwinonora imitsi. Incuro zitatu narabaye uwa mbere mu gihugu cose; kabiri muri ako mu vy’ukwiruka duhana udukoni, rimwe na ho mu vyo kwiruka dusimba imitego. Nararonse kandi impapuro z’umutsindo zo muri kaminuza mu vy’ubuhinga bwa none no mu vy’ubutunzi.
Muri ico gihe, Urho Kekkonen yari asigaye ari umuntu akomeye mu vya politike. Mu 1952, ari umushikiranganji wa mbere, yaransavye kuja guserukira Finlande mu Bushinwa. Aho mu Bushinwa, narahabonaniye n’abategetsi batari bake, eka na Mao Tsé-toung yatwara Ubushinwa ico gihe. Ariko umuntu ahambaye kuruta abandi twahuriye mu Bushinwa ni umwigeme asa n’irirenga yitwa Annikki yakorera Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Finlande n’ayandi makungu. Yahavuye aba umugore wanje muri Munyonyo 1956.
Mu mwaka wakurikiye, narungitswe guserukira Finlande muri Arjantine. Muri ico gihugu twaraharonkeye abana bacu ba mbere, abahungu babiri. Muri Nzero 1960, twarasubiye muri Finlande. Gatoyi inyuma y’aho, twararonse umwana wacu agira gatatu, akaba yari umukobwa.
Nshikira amabanga akomeye cane muri Leta
Naho ntari bwigere nja mu mugambwe, muri Munyonyo 1963, Prezida Kekkonen yaransavye ngo ndamubere umushikiranganji ajejwe ivy’urudandaza n’ayandi makungu. Mu myaka 12 yakurikiye, narabaye umushikiranganji incuro zitandatu, zibiri muri izo nkaba nabaye umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu. Muri iyo misi, nabona neza yuko ingorane z’isi zishobora gutorerwa umuti biciye ku bukerebutsi bw’abantu. Ariko sinatevye gutahura neza ko abantu usanga banyotewe ubutegetsi. Nariboneye ingaruka mbi z’ukutizigirwa n’uguhahamira ubutegetsi.—Umusiguzi 8:9.
Ariko ntiwumve, narabonye ko hariho n’abantu benshi bagerageza vy’ukuri gutuma ibintu birushiriza kumera neza. Mugabo uburuhiro, n’indongozi zikorana imvo nziza usanga zidashika ku migambi yazo.
Mu ci ryo mu 1975, abakuru b’ibihugu 35 baraje i Helsinki mu Nama y’umutekano n’ugufashanya mu bihugu vya Buraya. Ico gihe, nari umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Finlande n’ayandi makungu nkaba n’umuhanuzi mwishikira wa Prezida Kekkonen. Ni je nashinzwe gutunganya ivy’iyo nama, nkaba narabonanye n’indongozi z’ibihugu zose zari zitavye iyo nama.
Muri iyo misi mikeyi, ubuhanga nari mfise mu vyo gukorana n’abantu bwaragejejwe gushika ku rugero rwa nyuma. Honyene gutuma abitavye iyo nama bumvikana ku rutonde baza kwicaramwo rwabaye urugamba! Naho ari ukwo, iyo nama be n’ayandi manama yagizwe mu nyuma yo gukurikirana ivyavuye muri iyo nama, nabonye ko yafashije cane guteza imbere iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu be n’ukwihanganirana hagati y’ibihugu vya rutura.
Ntahura ko nkeneye ivy’Imana
Mu 1983, narakukurutse nca nimukira mu Bufaransa aho umukobwa wanje yaba. Hinge rero nshikirwe n’ivyago. Muri Munyonyo 1994, umukenyezi wanje bamutoye kanseri yo mu mabere. Muri uwo mwaka nyene, sinzi ingene nasanze nagiye mu mugambi w’ivy’amahera wahavuye uboneka ko urimwo forode. Mu buzima bwanje bwose, nta ko ntari naragize ngo ngume mfise izina ryiza. Ariko ukwo kwihenda kumwe kwonyene kwaranduje izina ryiza nari mfise.
Mu buzima bwanje bwose, nari narabonanye n’Ivyabona vya Yehova. Naho naryoherwa n’uko bangendera nkakira n’ibinyamakuru vyabo, nari mfatiriwe cane ku buryo ata mwanya nari mfitiye ivy’Imana. Ariko mu 2000, nariko nditwararika Annikki, akaba yari akinyinyana na kanseri. Umusi umwe muri Nyakanga 2002, naragendewe n’Icabona ca Yehova, arambaza ca kibazo kiri mu ntango y’iki kiganiro. Naribajije nti: ‘Ubwo koko birashoboka ko umuntu amenya ukuri ku vyerekeye Imana? Birashoboka ko umuntu aba umugenzi wayo?’ Naratoye Bibiliya yanje aho yari imaze igihe kirekire ibitswe, maze ntangura kuza ndayaga n’Ivyabona vya Yehova.
Muri Ruheshi 2004, umugore wanje nikundira yarapfuye, nsigara ndi jenyene. Ariko ntiwumve, abana banje barampojeje. Mugabo nari ngifise ibibazo bijanye n’ingene bitugendera iyo dupfuye. Narabajije ico kintu abapasitori babiri bo mw’idini ry’abaluteri. Bishuye gusa ngo: “Ivyo bibazo biragoye.” Iyo nyishu ntiyanyuze. Naciye ndushiriza kubona ko nkeneye kumenya ivy’Imana.
Uko nabandanya kwigana Bibiliya n’Ivyabona ni ko narushiriza kuronka ubumenyi butagira amakosa nari nyotewe. Nk’akarorero, Bibiliya isigura yuko uwupfuye ata kintu na kimwe aba azi, kurya kw’umuntu ari mw’itiro, be n’uko abapfuye bazosubira kuba kw’isi ari abantu. (Yohani 11:25) Ivyo vyarampaye icizigiro vyongera birampoza cane.
Haciye igihe gito, narasomye Bibiliya yose. Icanditswe kimwe cankoze ku mutima ni Mika 6:8, ikigira giti: “Hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane no gukunda ubuntu no kugendana n’Imana yawe wifashe ruto?” Ico ciyumviro c’ubukerebutsi kandi kivuzwe mu buryo bworoshe carandyoheye. Caranyeretse kandi ko Yehova ari Imana ikundana kandi y’ubutungane.
Icizigiro ca kazoza
Uko niga ukuri ku vyerekeye Imana, ni ko narushiriza kuyizera no kuyizigira. Hagati yanje n’Umuremyi wanje hariko haratsimbatara ubucuti nyakuri! Narakozwe ku mutima n’amajambo yo muri Yesaya 55:11 agira ati: “Ni ko n’ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera. Ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo, mugabo rizokora koko icampimbaye, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye.” Emwe, Imana iramaze gushitsa ivyo yasezeranye, kandi ni ko izobigira muri kazoza. Izoshitsa ivyo intwaro z’abantu n’amanama menshi zigira y’ivya politike bitashoboye gushikako. Nk’akarorero, muri Zaburi 46:9 havuga hati: “Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi.”
Kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova vyarangiriye akamaro cane. Muri ayo makoraniro nariboneye urukundo nyakuri rwa gikirisu ruranga abayoboke b’ukuri ba Yezu. (Yohani 13:35) Urwo rukundo rurarengera ukwiratira igihugu, kandi ni ikintu tutigera twumva mu vya politike no mu rudandaza.
Agateka karuta utundi twose
Ubu mfise imyaka irenga 90, kandi mbona ko kuba ndi Icabona ca Yehova ari agateka ntangere. Nararonse ivyo nari mbuze koko mu vy’Imana. Naratewe agateka ko kumenya intumbero y’ubuzima hamwe n’ukuri kwerekeye Imana.
Ndahimbarwa kandi n’uko nshobora kugira uruhara mu mirimo ya gikirisu naho nitereye mu myaka. Naho nagiye ndamenyana n’abantu benshi bakomakomeye kandi nkazezwa amabanga akomeye mu buzima bwanje, nta kintu na kimwe coza kingana n’agateka ko kumenya Umuremyi Yehova Imana no kuba umugenzi wiwe. Ndamukengurukira cane kandi ndipfuza kumushemeza kubona yarampaye akaryo ko kuba umwe mu “bakozi bakorana” na we. (1 Abakorinto 3:9) Emwe, ntiharengerana ko umuntu aba umugenzi w’Umuremyi, Yehova Imana!
[Ifoto ku rup. 26]
Ndi kumwe na Prezida Kekkonen na Prezida Ford wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihe c’inama yabereye i Helsinki mu 1975
[Ifoto ku rup. 26]
Ndi kumwe na Prezida Kekkonen be n’indongozi Brezhnev yo muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti
[Ifoto ku rup. 27]
Ndagira uruhara mu mirimo ya gikirisu
[Abo dukesha ayo makuru ku rup. 26]
Epfo ibubamfu: Ensio Ilmonen/Lehtikuva; epfo iburyo: Esa Pyysalo/Lehtikuva